Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 33

Niwigane Daniyeli

Niwigane Daniyeli

«Uri umuntu akundwa cane.»​—DAN. 9:23.

URURIRIMBO RWA 73 Nuduhe ubutinyutsi

INCAMAKE a

1. Kubera iki Abanyababiloni bashimye Daniyeli?

 UMUHANUZI Daniyeli yari muto igihe Abanyababiloni batera bakamujana ari imbohe kure y’iwabo. Mugabo biboneka ko abafashe Daniyeli bamushimye. Baravye «ibiboneka inyuma» babona ko yari umusore “atagira akanenge, asa neza” be n’uko yava mu muryango uhambaye. (1 Sam. 16:7) Ni co gituma Abanyababiloni bamumenyereje kugira abe umuntu akomeye wo ku kirimba.​—Dan. 1:3, 4, 6.

2. Yehova yabona gute Daniyeli? (Ezekiyeli 14:14)

2 Yehova yarakunda Daniyeli. Ntiyamukunda kubera ukuntu yasa canke ikibanza afise mu kibano, ahubwo yamukunda kubera ukuntu yari ameze. Daniyeli ashobora kuba yariko ararengana imyaka y’ubuyabaga canke ari mu ntango z’imyaka 20 igihe Yehova yamuvuga neza nka Nowa na Yobu, abo bakaba bari abagabo bamaze imyaka myinshi bihesha izina ryiza imbere y’Imana. (Ita. 5:32; 6:9, 10; Yobu 42:16, 17; soma Ezekiyeli 14:14.) Kandi Yehova yagumye akunda Daniyeli mu buzima bwiwe bwose bwaranzwe n’ibintu bikomeye.​—Dan. 10:11, 19.

3. Tuza kwiga iki muri iki kiganiro?

3 Muri iki kiganiro, turaza kwihweza ibintu bibiri vyatumye Daniyeli akundwa na Yehova. Mu ntango turaza kudondora kimwekimwe muri ivyo bintu vyamuranga, twongere turabe ibiringo yagaragajemwo ukwo kuntu yari ameze. Ubukurikira, turaza kuraba ivyafashije Daniyeli kumera gutyo turabe n’ingene twomwigana. Naho iki kiganiro cerekeza ahanini ku bakiri bato, twese turashobora kwigira ku karorero ka Daniyeli.

NUGIRE UMUTIMA RUGABO NKA DANIYELI

4. Daniyeli yagaragaje gute umutima rugabo? Tanga akarorero.

4 Abantu b’umutima rugabo barashobora kugira ubwoba, ariko ntibareka ngo bubabuze gukora ibibereye. Daniyeli yari umusore w’umutima rugabo. Ehe raba ibiringo bibiri yerekanye ko afise umutima rugabo. Ubwa mbere ni igihe umwami Nebukadinezari wa Babiloni yarota indoto iteye ubwoba yerekeye igishusho amahero. Ico gihe hashobora kuba hari haheze nk’imyaka ibiri Abanyababiloni batikije Yeruzalemu. Uwo mwami yabwiye incabwenge ziwe zose, harimwo na Daniyeli, yuko yozishe ziramutse zitamubwiye ivyo yarose n’insobanuro yavyo. (Dan. 2:3-5) Daniyeli yategerezwa kugira ico akoze ningoga kugira abantu benshi ntibahatikirire. Yaciye «yinjira aho umwami ari, amusaba umwanya kugira azomubwire insobanuro y’iyo ndoto.» (Dan. 2:16) Ivyo vyasavye umutima rugabo n’ukwizera. Nta na hamwe muri Bibiliya herekana ko Daniyeli yari amaze gusobanura indoto. Yasavye bagenziwe Shadrake, Meshake na Abedinego (ayo akaba ari amazina bahawe i Babiloni) «ngo basenge Imana yo mw’ijuru kugira ibagirire imbabazi ku bijanye n’iryo banga.» (Dan. 2:18) Yehova yarishuye ayo masengesho. Yarafashije Daniyeli gusobanura iyo ndoto ya Nebukadinezari, ivyo bituma Daniyeli na bagenziwe barusimba.

5. Ni ikindi kintu ikihe cashikiye Daniyeli kigasaba ko agaragaza umutima rugabo?

5 Haciye igihe gito Daniyeli asobanuye iyo ndoto y’igishusho amahero, harabaye ikindi kintu casavye ko yerekana umutima rugabo. Nebukadinezari yararose iyindi ndoto imutera ubwoba. Yarose igiti amahero. Daniyeli yaragize umutima rugabo abwira umwami insobanuro y’iyo ndoto, aranamubwira yuko yocitse umusazi akamara igihe ataganza. (Dan. 4:25) Umwami yari gushobora kubona ko Daniyeli ari umwansi maze akamwica. Mugabo Daniyeli yaragize umutima rugabo, arashikiriza ubwo butumwa.

6. Ni ibiki bishobora kuba vyarafashije Daniyeli kugira umutima rugabo?

6 Ni ibiki bishobora kuba vyarafashije Daniyeli kugira umutima rugabo mu buzima bwiwe bwose? Ni ivy’ukuri ko Daniyeli akiri muto, yigiye ku karorero ka se na nyina. Nta gukeka ko bamwigishije amategeko y’Imana nk’uko Yehova yari yarabitegetse abavyeyi b’Abisirayeli. (Gus. 6:6-9) Daniyeli ntiyari azi gusa amategeko y’ishimikiro, nka ya mabwirizwa cumi. Yari azi n’ivyo Umwisirayeli yari arekuriwe kurya n’ivyo atari arekuriwe. b (Lew. 11:4-8; Dan. 1:8, 11-13) Vyongeye, Daniyeli yari azi kahise k’abasavyi b’Imana n’ivyabashikira igihe bataba bakurikije amategeko ya Yehova. (Dan. 9:10, 11) Ivyagiye birashikira Daniyeli vyatumye yizigira ko Yehova n’abamarayika biwe b’ububasha bamushigikiye.​—Dan. 2:19-24; 10:12, 18, 19.

Kwiga, gusenga no kwizigira Yehova ni vyo vyatumye Daniyeli atsimbataza umutima rugabo (Raba ingingo ya 7)

7. Ni ibindi bintu ibihe vyafashije Daniyeli kugira umutima rugabo? (Raba n’ishusho.)

7 Daniyeli yariga ivyo abahanuzi b’Imana banditse, harimwo n’ubuhanuzi bwa Yeremiya. Ivyo vyahavuye bimufasha gutahura ko ikiringo kirekire Abayuda bomaze i Babiloni ari inyagano cari kigiye kurangira. (Dan. 9:2) Kubona ukuntu ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buranguka, nta gukeka ko vyatumye Daniyeli arushiriza kwizigira Yehova kandi igihe umuntu yizigira cane Imana, aragira umutima rugabo bimwe bidasanzwe. (Gereranya n’Abaroma 8:31, 32, 37-39) N’ikiruta vyose, Daniyeli yarasenga kenshi Se wiwe wo mw’ijuru. (Dan. 6:10) Yaraturira Yehova ibicumuro vyiwe, akamubwira uko yiyumva. Yaranatabaza Imana. (Dan. 9:4, 5, 19) Yari ameze nkatwe, ntiyavukanye umutima rugabo. Ahubwo, kwiga, gusenga no kwizigira Yehova ni vyo vyatumye agira uwo mutima rugabo.

8. Dushobora gute kugira umutima rugabo?

8 Ni ibiki vyodufasha kugira umutima rugabo? Abavyeyi bacu boshobora kuturemesha kugira umutima rugabo, mugabo ntibashobora gutuma tuwugira ngo ni uko na bo bawufise, nk’aho woba ari mvukanwa. Kugira umutima rugabo ni nko kwiga ubuhinga bushasha. Urashobora kuba umuhanga mu kintu mu kwihweza neza ivyo umwigisha akora maze ukamwigana. Muri ubwo buryo nyene, turiga kugira umutima rugabo mu kwihweza neza ukuntu abandi bawugaragaza maze tukabigana. None twigiye iki kuri Daniyeli? Cokimwe na we, turakeneye kumenya neza Ijambo ry’Imana. Dukwiye kwunga ubucuti somambike na Yehova mu kuyaga na we kenshi, tukamubwira ibiri ku mutima. Kandi dukwiye kwizigira Yehova tukajijuka yuko adushigikiye. Tuzoheza tugire umutima rugabo ukwizera kwacu nikwageragezwa.

9. Kugira umutima rugabo bitugirira akamaro akahe?

9 Kugira umutima rugabo biratugirira akamaro mu buryo bwinshi. Ehe raba ivyashikiye Ben. Mw’ishure yigamwo mu Budagi, bose bemera yuko umuntu yabayeho biciye kw’ihindagurika, bakabona ko inkuru yo muri Bibiliya ivuga ivy’irema ari igitito. Umusi umwe Ben yarahawe akaryo ko guhagarara imbere y’abo bigana, agasigura igituma yemera Umuremyi. Yaragaragaje umutima rugabo, arashikiriza ivyo yemera. None vyahavuye bigenda gute? Ben avuga ati: «Umwigisha yarateze yompi maze araha umunyeshure wese twigana ikopi y’amakuru nafatiyeko ashigikira ivyo nashikirije.» None abo bigana na Ben bavyakiriye gute? Ben avuga ati: «Benshi muri bo baranteze yompi bongera bavuga ko banyemera.» Ivyashikiye Ben biratwereka yuko abantu bafise umutima rugabo usanga kenshi abandi babubaha. Barashobora no gutuma abafise agatima kabereye bamenya Yehova. Emwe, turafise imvo zumvikana zo kugira umutima rugabo.

NUBE INTAHEMUKA NKA DANIYELI

10. Ukudahemuka ni iki?

10 Muri Bibiliya, ijambo ry’igiheburayo rihindurwa ngo «kudahemuka» canke «urukundo rudahemuka» ritanga iciyumviro c’urukundo rwumirako rurangwa igishika. Bibiliya ikunda kuvuga urwo rukundo mu kudondora ingene Imana ikunda abasavyi bayo. Iryo jambo rirakoreshwa no mu kudondora urukundo abasavyi b’Imana bagaragarizanya. (2 Sam. 9:6, 7) Ukudahemuka kwacu kurashobora gukomera uko haca igihe. Ivyashikiye Daniyeli biravyerekana.

Kubera ko Daniyeli yagumye ari intahemuka, Yehova yararungitse umumarayika, azibira akanwa k’intambwe (Raba ingingo ya 11)

11. Daniyeli yerekanye gute ko ari intahemuka igihe yari ageze mu busaza? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

11 Daniyeli yagiye arashikirwa n’ibintu vyasaba ko yerekana ko ari intahemuka kuri Yehova. Mugabo kimwe mu bigeragezo bikomeye vyamushikiye caje igihe yari arengeje imyaka 90. Ico gihe Babiloni yari imaze gufatwa n’Abamedi n’Abaperesi, ikaba yatwarwa n’umwami Dariyo. Abakozi bo ku kirimba baranka Daniyeli, kandi ntibubaha Imana yasenga. Baciye biyumvira umugambi mubi wo kumwicisha. Batumye umwami yemeza itegeko ryokwerekanye ko Daniyeli ari intahemuka ku Mana canke ku mwami. Kugira Daniyeli yerekane ko ari intahemuka ku mwami no kugira amere nk’abandi bose, yasabwa gusa kumara imisi 30 adasenga Yehova. Ariko Daniyeli ntiyahemukiye Imana. Yaciye atererwa mu kinogo c’intambwe. Mugabo kubera ko Daniyeli yagumye ari intahemuka, Yehova yaramutabaye, izo ntambwe ntizamurya. (Dan. 6:12-15, 20-22) Dushobora gute kuba intahemuka kuri Yehova nka Daniyeli?

12. Ni ibiki vyafashije Daniyeli kuba intahemuka kuri Yehova?

12 Nk’uko twamaze kubivuga, ukudahemuka kuva ku rukundo rukomeye umuntu aba afise. Daniyeli yagumye ari intahemuka kuri Se wiwe wo mw’ijuru Yehova kubera ko yamukunda cane. Kugira Daniyeli akunde Imana gutyo, ategerezwa kuba yarazirikana ku biyiranga, no ku kuntu yagiye iravyerekana. (Dan. 9:4) Daniyeli yaranazirikana ku bintu vyiza vyose Yehova yamukoreye, n’ivyo yakoreye abasavyi biwe.​—Dan. 2:20-23; 9:15, 16.

Cokimwe na Daniyeli, gukunda cane Yehova birashobora gutuma uba intahemuka kuri we (Raba ingingo ya 13)

13. (a) Ni ibigeragezo ibihe bishikira abakiri bato bacu? Tanga akarorero. (Raba n’ishusho.) (b) Nk’uko wabibonye muri iyo videwo, wovyifatamwo gute bakubajije ko Ivyabona vya Yehova boba bashigikira abahitamwo gukundana n’abo basangiye igitsina?

13 Cokimwe na Daniyeli, abakiri bato bacu bakikujwe n’abantu batubaha Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe. Abo bantu hari aho usanga banka uwo wese avuga ko akunda Imana. Hari n’abagerageza gutoteza abakiri bato bacu kugira bahemukire Yehova. Raba nk’akarorero ivyashikiye umusore umwe yitwa Graeme aba muri Ostraliya. Yarahuye n’ikigeragezo igihe yari mu mashure yisumbuye. Umwigisha yabajije abanyeshure uko bobibona hagize umugenzi ababwira ko akundana n’abo basangiye igitsina. Uwo mwigisha yasavye abanyeshure bose boshigikira uwo mugenzi ngo bahagarare ku ruhande rumwe, abatomushigikira na bo baje ku rundi ruhande. Graeme avuga ati: «Abanyeshure bose baciye baja ku ruhande rumushigikira, kiretse jewe n’ikindi Cabona.» Ivyaciye bikurikira, vyasavye ko Graeme yerekana ko ari intahemuka kuri Yehova. Avuga ati: «Isaha yose twari dusigaje kwiga, abandi banyeshure, eka mbere n’umwigisha, baraducokoye baradutuka. Nta ko ntagize ngo nsigure ivyo nemera ntekanye kandi mu buryo bwiza, ariko ntibanteze ugutwi.» Ico kigeragezo catumye Graeme yiyumva gute? Avuga ati: «Naho kubwirwa amajambo mabi bitandyoheye, nararyohewe cane no kuba naraburaniye ukwizera kwanje ntahemuka.» c

14. Vuga ikintu kimwe codufasha kuguma turi intahemuka kuri Yehova.

14 Cokimwe na Daniyeli, turashobora kuguma turi intahemuka kuri Yehova, hamwe tworushiriza kumukunda. Turarushiriza gukunda Yehova mu kwiga ibimuranga. Nk’akarorero, turashobora kwiga ibintu yaremye. (Rom. 1:20) Nimba wipfuza kurushiriza gukunda Yehova no kumwubaha, woshobora gusoma ibiganiro bigufibigufi vyo muri rwa rukurikirane «Vyoba vyariyadukije?» canke ukaraba amavidewo bijanye. Woshobora no kwihweza amayagwa ari mu gatabu Vyoba vyararemwe? no mu gatabu Cinq questions à se poser sur l’origine de la vie. Ku bijanye n’utwo dutabu, mushiki wacu akiri muto wo muri Danemarke yitwa Esther avuga ati: «Ivyiyumviro birimwo ni igitangaza. Utwo dutabu ntitukubwira ivyo ukwiye kwemera. Tukwereka gusa ibimenyamenya hanyuma ukifatira ingingo.» Ben, umwe twavuga kare, avuga ati: «Ayo mayagwa yarakomeje cane ukwizera kwanje. Yaranyeretse ko Imana ari yo yaremye ibiriho.» Niwamara kwiga ayo mayagwa, uzobona ko Bibiliya ivuga ukuri igihe igira iti: «Ewe Yehova Mana yacu, urabereye kuronka ubuninahazwa, iteka n’ububasha, kuko waremye vyose.»​—Ivyah. 4:11. d

15. Ni mu bundi buryo ubuhe twokomeza ubucuti dufitaniye na Yehova?

15 Ubundi buryo bwo gukomeza urukundo dufitiye Yehova ni ukwihweza neza ivyerekeye ubuzima bw’Umwana wiwe Yezu. Ivyo ni vyo mushiki wacu akiri muto wo mu Budagi yitwa Samira yakoze. Avuga ati: «Naramenye neza Yehova biciye kuri Yezu.» Samira akiri umwana, vyaramugora gutahura ukuntu Yehova yiyumva. Ariko yarashobora gutahura ukuntu Yezu yiyumva. Yongerako ati: «Narakunda Yezu kubera ko yari umuntu w’umutima mwiza kandi akunda abana.» Uko yamenya Yezu ni ko yarushiriza kwiyumvamwo Yehova. Uti kuki? Asigura ati: «Nagiye bukebuke ndatahura ko Yezu yigana Se mu buryo butagira agahaze. Ni Se ku gasaka. Naratahuye ko imvo imwe yatumye Yehova arungika Yezu kw’isi ari ukugira ngo atume abantu bashobora kumenya neza Yehova.» (Yoh. 14:9) Nimba wipfuza gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova, ubona gute urondeye umwanya wo kwiga cane ivyerekeye Yezu? Bizotuma urushiriza gukunda Yehova no kutamuhemukira.

16. Bimaze iki kuba intahemuka? (Zaburi 18:25; Mika 6:8)

16 Abantu badahemuka kenshi usanga bagiranira n’abandi ubugenzi somambike kandi buramba. (Rusi 1:14-17) Vyongeye, abantu badahemukira Yehova barumva bafise amahoro mu mutima. Uti kuki? Kubera ko Yehova asezerana yuko aba intahemuka ku batamuhemukira. (Soma Zaburi 18:25; Mika 6:8.) Ibaze ntuze: Umuremyi mushoboravyose yiteguriye kudukunda cane! Igihe ducuditse na we, nta kigeragezo, ukurwanywa canke mbere urupfu bishobora kudutandukanya na we. (Dan. 12:13; Luka 20:37, 38; Rom. 8:38, 39) Ese ukuntu bihambaye ko twigana Daniyeli, tukaguma turi intahemuka kuri Yehova!

NUBANDANYE KWIGA IVYEREKEYE DANIYELI

17-18. Ni ibindi bintu ibihe twigira kuri Daniyeli?

17 Muri iki kiganiro, twihweje gusa ibintu bibiri vyaranga Daniyeli. Ariko hariho n’ibindi vyinshi dushobora kumwigirako. Nk’akarorero, Yehova yaratumye Daniyeli yerekwa yongera ararota indoto. Yaramuhaye n’ubushobozi bwo gutahura ubutumwa menyeshakazoza. Bwinshi muri ubwo buhanuzi buramaze kuranguka. Ubundi buvuga ibintu bizoba muri kazoza bizogira ico bikoze ku baba kw’isi bose.

18 Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ubuhanuzi bubiri Daniyeli yanditse. Kubutahura birashobora kudufasha twese abato n’abakuze gufata ingingo nziza ubu. Ubwo buhanuzi burashobora no gutuma tugira umutima rugabo no kuba intahemuka, gutyo tukitegurira guhangana n’ibigeragezo vyimirije kudushikira.

URURIRIMBO RWA 119 Dutegerezwa kugira ukwizera

a Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova bakiri bato barashikirwa n’ibigeragezo bisaba ko bagaragaza umutima rugabo kandi bakaguma ari intahemuka kuri Yehova. Abo bigana barashobora kubatwenga kubera ko bemera Umuremyi. Canke abo mu runganwe rwabo boshobora kugerageza kubereka ko ari ibigugu kubera ko bakorera Imana kandi bakabaho bisunga ingingo ngenderwako zayo. Nk’uko iki kiganiro kiza kuvyerekana, abigana umuhanuzi Daniyeli bagakorera Yehova n’umutima rugabo kandi badahemuka ni inkerebutsi vy’ukuri.

b Hari imvo zitatu zishobora kuba zaratumye Daniyeli abona ko imfungurwa z’Abanyababiloni zihumanye: (1) Inyama babaha zishobora kuba zava ku bikoko bibujijwe n’amategeko y’Imana. (Gus. 14:7, 8) (2) Zishobora kuba zitakurwamwo neza amaraso. (Lew. 17:10-12) (3) Kurya izo mfungurwa bishobora kuba vyabonwa nk’uburyo bwo gusenga imana y’ikinyoma.​—Gereranya n’Abalewi 7:15; be na 1 Abakorinto 10:18, 21, 22.

c Raba ividewo iri kuri jw.org ivuga ngo «Igikorwa c’ubugororotsi nyakuri kizotegerezwa gucika amahoro.»

d Ikindi gikoresho cogufasha gukomeza urukundo ufitiye Yehova, ni igitabu Niwiyegereze Yehova. Kirasigura neza ingene Yehova ameze.