Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 36

Niwikorere imitwaro ikenewe, wiyambure iyidakenewe

Niwikorere imitwaro ikenewe, wiyambure iyidakenewe

«Twiyambure . . . ibituremera vyose . . . twongere twiruke twihanganye muri rya siganwa twashirwa imbere.»​—HEB. 12:1.

URURIRIMBO RWA 33 Terera umuzigo wawe kuri Yehova

INCAMAKE a

1. Twisunze Abaheburayo 12:1, dukwiye gukora iki kugira ngo turangize isiganwa turimwo ry’ubuzima?

 BIBILIYA igereranya ubuzima bwacu bw’abakirisu n’isiganwa. Abirutsi barangiza iryo siganwa bahabwa ubuzima budahera. (2 Tim. 4:7, 8) Dukwiye kugira uko dushoboye kwose kugira tubandanye kwiruka, na canecane ko hasigaye igihe gito cane ngo iryo siganwa rirangire. Intumwa Pawulo yararangije iryo siganwa ry’ubuzima. Yaratweretse ivyodufasha natwe kurirangiza. Yaduhanuye ngo «twiyambure . . . ibituremera vyose . . . twongere twiruke twihanganye muri rya siganwa twashirwa imbere.»​—Soma Abaheburayo 12:1.

2. Bisobanura iki “kwiyambura ibituremera vyose”?

2 Igihe Pawulo yandika ngo “twiyambure ibituremera vyose”, yoba yashaka kuvuga ko umukirisu ata mutwaro n’umwe akwiye kwikorera? Ivyo si vyo yashaka kuvuga. Ahubwo yashaka kuvuga ko dukwiye kwikurako ibintu vyose tudakeneye bituremera. Ivyo bintu vyoshobora kutubera intambamyi, bigatuma turuha. Kugira twihangane, dutegerezwa kwihutira kumenya ikintu cose kidakenewe kituremera maze tukacikurako. Ariko rero, ntidukwiye kwirengagiza imitwaro dukwiye kwikorera. Ahandiho, twoshobora gusanga twikuye mw’isiganwa. (2 Tim. 2:5) Ni imitwaro iyihe dutegerezwa kwikorera?

3. (a) Twisunze Abagalatiya 6:5, ni igiki dutegerezwa kwikorera? (b) Ni ibiki tuza kubona muri iki kiganiro, kandi kubera iki?

3 Soma Abagalatiya 6:5. Pawulo yaravuze ikintu dutegerezwa kwikorera. Yanditse ko «umwe wese azokwikorera umutwaro wiwe bwite.» Aho Paulo yashaka kuvuga ivyo Imana yiteze kuri umwe wese muri twebwe, uwo akaba ari umutwaro umwe wese ategerezwa kwikorera ku giti ciwe. Muri iki kiganiro turaza kubona ibigize uwo “mutwaro wacu bwite” n’ingene twowikorera. Turaza no kubona ibintu bidakenewe bituremera dushobora kuba twikoreye twongere tumenye ukuntu twovyiyambura. Kwikorera umutwaro wacu bwite no kwiyambura ibintu bidakenewe bituremera, biradufasha kwiruka neza muri rya siganwa ryacu ry’ubuzima.

IMITWARO DUTEGEREZWA KWIKORERA

Mu mutwaro wacu bwite dusabwa kwikorera harimwo gushitsa indagano yacu yo kwiyegurira Yehova, kwitwararika amabanga tujejwe mu muryango no kwemera inkurikizi z’ingingo dufata (Raba ingingo ya 4-9)

4. Kubera iki indagano yacu yo kwiyegura atari umuzigo? (Raba n’ishusho.)

4 Indagano yacu yo kwiyegura. Igihe twiyegurira Yehova, twaramusezeraniye kumusenga no gukora ivyo agomba. Dutegerezwa gushitsa iyo ndagano. Gushitsa indagano yacu ni ibanga riremereye ariko si umuzigo. Nakare Yehova yaturemye ngo dukore ivyo agomba. (Ivyah. 4:11) Yaturemye mw’ishusho yiwe, aturemana icipfuzo co kumumenya no kumusenga. Ivyo bituma dushobora kumwiyegereza kandi tugahimbarwa no gukora ivyo agomba. (Zab. 40:8) Vyongeye, igihe dukora ivyo Imana igomba kandi tugakurikira Umwana wayo, “turumva turuhurirwe”.​—Mat. 11:28-30.

(Raba ingingo ya 4-5)

5. Ni ibiki vyogufasha gushitsa indagano yawe? (1 Yohani 5:3)

5 Uwo mutwaro wowikorera gute? Hari ibintu bibiri vyoshobora kugufasha. Ubwa mbere, nubandanye gukomeza urwo ukunda Yehova. Ivyo urashobora kubikora mu kuzirikana ivyiza vyose amaze kugukorera n’imihezagiro azokuronsa. Uko uzorushiriza gukunda Imana, ni ko bizorushiriza kukworohera kuyigamburukira. (Soma 1 Yohani 5:3.) Ubwa kabiri, niwigane Yezu. Yarashoboye gukora ivyo Imana igomba kubera ko yasaba Yehova ngo amufashe kandi akagumiza ijisho ku mpera yohawe. (Heb. 5:7; 12:2) Nk’ukwo kwa Yezu, nusabe Yehova inkomezi kandi ugume uzirikana icizigiro c’ubuzima budahera. Niwarushiriza gukunda Imana no kwigana Umwana wayo, uzoshobora gushitsa indagano yawe.

6. Kubera iki dukwiye gushitsa ivyo tujejwe mu muryango? (Raba n’ishusho.)

6 Amabanga tujejwe mu muryango. Mw’isiganwa ryacu ry’ubuzima, dutegerezwa gukunda Yehova na Yezu kuruta uko dukunda incuti zacu. (Mat. 10:37) Ariko ivyo ntibisigura ko dushobora kwirengagiza amabanga tujejwe mu muryango nk’aho umengo yoba atubuza guhimbara Imana na Kristu. Ahubwo kugira twemerwe n’Imana na Kristu, dukwiye gushitsa ibanga tujejwe mu muryango. (1 Tim. 5:4, 8) Tubikoze, turarushiriza guhimbarwa. Nakare Yehova arazi ko imiryango ihimbarwa igihe umugabo n’umugore bakundana kandi bakubahana, igihe abavyeyi bakunda kandi bakigisha abana babo, abana na bo bakagamburukira abavyeyi babo.​—Ef. 5:33; 6:1, 4.

(Raba ingingo ya 6-7)

7. Woshitsa gute uruhara ujejwe mu muryango?

7 Uwo mutwaro wowikorera gute? Uruhara ujejwe mu muryango rwaba uruhe, niwizigire impanuro zo muri Bibiliya aho kwisunga inyiyumvo gusa, imico canke ibivugwa n’abitwa abahinga. (Imig. 24:3, 4) Niwikore ku bitabu bishingiye kuri Bibiliya. Birimwo impanuro ngirakamaro zidufasha gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Nk’akarorero, ibiganiro vyo mu rukurikirane rwitwa «Icofasha umuryango» birimwo amakuru ahuye n’ibibazo bihanze abubakanye, abavyeyi n’imiyabaga muri iki gihe. b Niwiyemeze gukurikiza ivyo Bibiliya ivuga naho abandi bo mu muryango boba batabikora. Niwabikora, umuryango wawe uzohungukira kandi Yehova azoguhezagira.​—1 Pet. 3:1, 2.

8. Ingingo dufata zishobora kutugirako ingaruka izihe?

8 Inkurikizi z’ingingo dufata. Yehova yaraduhaye ubushobozi bwo kwihitiramwo, kandi yipfuza ko duhimbarwa kubera ko twafashe ingingo nziza. Ariko ntadukingira inkurikizi z’ingingo mbi dufata. (Gal. 6:7, 8) Ni co gituma twemera ingaruka z’amahitamwo mabi tugira, ivyo tuvuga tutiyumviriye canke ivyo dukora tutazirikanye neza. Ivyo twakoze birashobora gutuma twiyagiriza. Ariko kumenya ko hari ico tubazwa ku bijanye n’ingingo dufata birashobora gutuma twigaya ibicumuro vyacu, tugakosora amakosa twakoze, tukirinda no gusubira kuyakora. Ivyo birashobora kudufasha kuguma muri rya siganwa ry’ubuzima.

(Raba ingingo ya 8-9)

9. Wokora iki bishitse ugafata ingingo mbi? (Raba n’ishusho.)

9 Uwo mutwaro wowikorera gute? Nimba udashobora gusubiza inyuma ingingo mbi wafashe, nuvyakire ukwo nyene. Nutahure ko udashobora guhindura ivyabaye. Ntiwiruhishe mu mutwe no mu mutima urondera kwisigura, kwitako amakosa canke kuyata ku bandi kubera ingingo mbi wafashe. Niwemere nyabuna amakosa wakoze maze ukore ivyo ushoboye bivanye n’uko ivyawe vyifashe. Nimba wumva ijwi ryo mu mutima rikwagiriza ikosa wakoze, nusenge Yehova wicishije bugufi, wemere iryo kosa hanyuma umusabe ikigongwe. (Zab. 25:11; 51:3, 4) Nusabe imbabazi abo woba warababaje wongere usabe abakurambere bagufashe, nimba bikenewe. (Yak. 5:14, 15) Nukure icigwa ku makosa wakoze kandi ugerageze kutayasubiramwo. Ivyo niwabikora, numenye neza ko Yehova azokugirira imbabazi, akakuronsa n’imfashanyo ukeneye.​—Zab. 103:8-13.

IBITUREMERA DUTEGEREZWA “KWIYAMBURA”

10. Kubera iki kwitega ivyo tudashoboye ari umuzigo uremereye? (Abagalatiya 6:4)

10 Kwitega ivyo tudashoboye. Turashobora gusanga twiremereje iyo twigereranije n’abandi. (Soma Abagalatiya 6:4.) Kuguma twigereranya n’abandi birashobora gutuma tugira agashari kandi tugahiganwa. (Gal. 5:26) Iyo turondeye gushika ku vyo abandi bashitseko kandi tutabishoboye, birashobora kutuvuna. «Iyo umuntu yiteze ibintu bigateba aravunika umutima.» (Imig. 13:12) Hari akantu rero twiteze ivyo tutazopfa dushoboye. Birashobora kuduca intege, bigatuma tutiruka neza muri rya siganwa ryacu ry’ubuzima.​—Imig. 24:10.

11. Ni ibiki vyogufasha kwirinda kwitega ivyo udashoboye?

11 Wokwiyambura gute uwo muzigo? Nturondere ibirenze ivyo Yehova agusaba. Ntiyigera akwitegako ivyo udashoboye. (2 Kor. 8:12) Numenye ko Yehova atigera akugereranya n’abandi. (Mat. 25:20-23) Araha agaciro umurimo umurangurira n’umutima wawe wose, ukudahemuka kwawe n’ukwihangana kwawe. Niwifate ruto wemere ko hari ivyo udashoboye kubera imyaka, amagara canke ukuntu ivyawe vyifashe. Nka kurya kwa Baruzilayi, niwemere guheba uduteka kanaka igihe amagara yawe atabikwemerera. (2 Sam. 19:35, 36) Cokimwe na Musa, niwemere gufashwa wongere uzeze abandi amabanga igihe bibereye. (Kuv. 18:21, 22) Ukwo kwifata ruto kuzotuma utitega ibintu udashoboye vyoshobora kukuruhisha muri rya siganwa urimwo ry’ubuzima.

12. Twoba ari twe tubazwa ingingo mbi abandi bafata? Sigura.

12 Kwiyagiriza kubera ingingo mbi abandi bafashe. Ntidushobora gufatira abandi ingingo canke ngo twame tubarinda ingaruka z’ingingo mbi bafata. Nk’akarorero, umwana arashobora gufata ingingo yo guhagarika gukorera Yehova. Iyo ngingo irashobora gutuntuza cane abavyeyi biwe. Ariko abavyeyi biyagiriza kubera ingingo mbi umwana wabo yafashe, baba biremetse umuzigo uremereye. Uwo si umutwaro Yehova ashaka ko bikorera.​—Rom. 14:12.

13. Umuvyeyi yokora iki umwana wiwe afashe ingingo mbi?

13 Wokwiyambura gute uwo muzigo? Nutahure ko Yehova yaduhaye twese ubushobozi bwo kwihitiramwo. Arareka umwe wese akifatira ingingo. Aho harimwo n’ingingo yo kumukorera. Yehova arazi ko uri umuvyeyi adatunganye. Yipfuza gusa ko ukora uko ushoboye kwose. Amahitamwo umwana wawe agira ni ayiwe, si ayawe. (Imig. 20:11) Ariko woshobora kuguma wiyumvira amakosa wakoze mu kurera umwana wawe. Nimba ari ukwo, nubwire Yehova uko wiyumva wongere umusabe imbabazi. Arazi ko udashobora guhindura ivyabaye. Ariko kandi, ntiyiteze ko ukingira umwana wawe ingaruka z’ivyo yakoze. Niwibuke ko umwana wawe niyagerageza kugaruka kuri Yehova, azomwakirana urweze.​—Luka 15:18-20.

14. Kubera iki kwiyagiriza birenze urugero ari umuzigo dukwiye kwiyambura?

14 Kwiyagiriza birenze urugero. Ni ibisanzwe ko twiyagiriza iyo twacumuye. Ariko kwiyagiriza birenze urugero ni umuzigo Yehova atigera yipfuza ko twikorera. Dukwiye kuwiyambura. None twomenya gute ko twiyagiriza birenze urugero? Nimba twaratuye igicumuro cacu, turigaya, tukaba kandi turiko turagira uko dushoboye kwose ngo twirinde gusubira kugwa muri ico gicumuro, turashobora kwizigira ko Yehova yaduhariye. (Ivyak. 3:19) Ivyo tumaze kubikora, Yehova ntashaka ko tubandanya kwiyagiriza. Arazi ko kuguma twiyagiriza bitugirira nabi. (Zab. 31:10) Kurengerwa n’umubabaro vyoshobora gutuma duheba rya siganwa ry’ubuzima.​—2 Kor. 2:7.

Umaze kwigaya bivuye ku mutima, Yehova ntaguma yiyumvira ibicumuro wakoze, kandi nawe ukwiye kugira ukwo nyene (Raba ingingo ya 15)

15. Ni ibiki vyogufasha kutiyagiriza birenze urugero? (1 Yohani 3:19, 20) (Raba n’ishusho.)

15 Wokwiyambura gute uwo muzigo? Nimba wiyagiriza birenze urugero, nugumize umutima ku «kubabarirwa nyakwo» Imana itanga. (Zab. 130:4) Iyo ibabariye abigaye bivuye ku mutima, isezerana iti: «Igicumuro cabo sinzosubira kucibuka.» (Yer. 31:34) Ivyo bisobanura ko Yehova atazosubira kuguharurako ibicumuro wakoze kera. Ntubone rero ko ingaruka z’ibicumuro wakoze zerekana ko ataguhariye. Kandi ntiwiteko umwikomo kubera ivyo udashobora gushikako mu murimo bivuye ku makosa wakoze muri kahise. Yehova ntaguma yiyumvira ibicumuro wakoze. Nawe ukwiye kugira ukwo nyene.​—Soma 1 Yohani 3:19, 20.

NIWIRUKE GUSHIKA UTSINZE

16. Bwa birutsi, ni igiki dutegerezwa kumenya?

16 Uko twiruka mw’isiganwa ryacu ry’ubuzima, dukwiye “kwiruka ku buryo dutsinda.” (1 Kor. 9:24) Kugira tubishikeko, turakwiye kumenya itandukaniro hagati y’imitwaro dutegerezwa kwikorera n’ibituremera dutegerezwa kwiyambura. Muri iki kiganiro, twabonye uburorero bukeyi gusa bw’ivyo tubwirizwa kwikorera n’ivyo tubwirizwa guheba. Ariko hariho n’ubundi. Yezu yavuze ko twoshobora «[kuremerwa] n’ukurya birenze, ukunywa birenze hamwe n’amaganya y’ubu buzima.» (Luka 21:34) Ibi vyanditswe hamwe n’ibindi birashobora kugufasha kubona aho woryohora, uko wiruka muri rya siganwa ry’ubuzima.

17. Twemezwa n’iki ko tuzotsinda rya siganwa ry’ubuzima?

17 Twohera amazinda ko tuzotsinda isiganwa ry’ubuzima kubera ko Yehova azoduha inkomezi dukeneye. (Yes. 40:29-31) Rero ntucike intege. Niwigane intumwa Pawulo, uwagize uko ashoboye kwose ngo aronke agashimwe yashizwe imbere. (Flp. 3:13, 14) Nta n’umwe ashobora kwiruka mu kibanza cawe, ariko ufashijwe na Yehova urashobora gutsinda. Yehova arashobora kugufasha kwikorera imitwaro yawe no kwiyambura iyidakenewe. (Zab. 68:19) Ufashijwe na Yehova, uzoshobora kwiruka wihanganye muri rya siganwa, kandi utsinde!

URURIRIMBO RWA 65 Tera uja imbere!

a Iki kiganiro kiradufasha kwiruka muri rya siganwa ry’ubuzima. Bwa birutsi, hari imitwaro dutegerezwa kwikorera. Muri iyo mitwaro harimwo indagano yacu yo kwiyegurira Yehova, amabanga tujejwe mu muryango n’inkurikizi z’ingingo dufata. Mugabo dutegerezwa kwiyambura imitwaro yose idakenewe yotubuza kwiruka neza muri iryo siganwa. Iyo mitwaro ni nk’iyihe? Iki kiganiro kiraza kwishura ico kibazo.

b Ibiganiro vyo mu rukurikirane «Icofasha umuryango» urabisanga kuri jw.org. Mu biganiro vyofasha abubakanye, hari ikivuga ngo «Kwubaha uwo mwubakanye», n’ikivuga ngo «Nushimire uwo mwubakanye.» Mu vyofasha abavyeyi, hari ikivuga ngo «Kwigisha abana ingene bokoresha neza telefone» n’ikivuga ngo «Ingene woyaga n’umwana wawe w’umuyabaga». Mu vyofasha imiyabaga hari ikivuga ngo «Ingene wotsinda akosho k’urunganwe» n’ikivuga ngo «Ingene wotsinda irungu.»