Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 35

URURIRIMBO RWA 123 Tugamburuke ubuyobozi tudahemuka

Ingene abakurambere bofasha abakuwe mw’ishengero

Ingene abakurambere bofasha abakuwe mw’ishengero

«Mw’ijuru [haraba] umunezero iyo umucumuzi umwe yigaye, kuruta abagororotsi 99 badakeneye kwigaya.»LUKA 15:7.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turabona igituma biba ngombwa ko abantu bamwebamwe bakurwa mw’ishengero be n’ingene abakurambere bobafasha kwigaya maze bagasubira kugiranira ubucuti bwiza za Yehova.

1-2. (a) Yehova abona gute abacumura ntibigaye? (b) Yehova yipfuza ko abacumuzi bokora iki?

 YEHOVA si Imana irekerana ibintu. Ni co gituma yanka igicumuro. (Zab. 5:​4-6) Yiteze ko dukurikiza ingingo ngenderwako ziwe zigororotse dusanga muri Bibiliya. Ariko kubera ko tudatunganye, aratahura ko bishika tugatirimuka. (Zab. 130:​3, 4) Naho ari ukwo, ntarekerana ‘abantu batubaha Imana, bitwaza ubuntu buhebuje bwayo kugira bagendere mu nyifato iteye isoni kandi y’akagagazo.’ (Yuda 4) Nkako, Bibiliya iravuga ko ‘abantu batubaha Imana bazotikizwa’ kuri ya ntambara ya Harumagedoni.—2 Pet. 3:7; Ivyah. 16:16.

2 Ariko ntiwumve, Yehova ntiyipfuza ko hagira n’umwe ahona. Nk’uko twabibonye mu biganiro vy’imbere y’iki, Bibiliya irerekana neza ko Yehova «ashaka ko [abantu] bose baronka akaryo ko kwigaya.» (2 Pet. 3:9) Cokimwe na Yehova, abakurambere barihangana igihe bafasha umucumuzi kugira ngo yigaye maze asubire kugiranira ubucuti bwiza na Yehova. Ariko ntiwumve, si bose bemera kwigaya. (Yes. 6:9) Hari abahitamwo kuguma mu ngendo yabo mbi, n’igihe nyene abakurambere baba bagumye bagira utwigoro two kubafasha ngo bigaye. None ico gihe, abakurambere baca bakora iki?

«NIMUKURE UWO MUBISHA MURI MWEBWE»

3. (a) Bibiliya ivuga ko umucumuzi atigaya akwiye gukorerwa iki? (b) Kubera iki twovuga ko uwo mucumuzi aba ari we ahisemwo gukurwa mw’ishengero?

3 Igihe umuntu akoze igicumuro ntiyigaye, nta kindi abakurambere bokora atari ugukurikiza ibivugwa mu 1 Abakorinto 5:​13, ahagira hati: «Nimukure uwo mubisha muri mwebwe.» Ni nk’aho uwo mucumuzi aba ari vyo yahisemwo. Aba ariko arimbura ivyo yabivye. (Gal. 6:7) Kubera iki tuvuze gutyo? Kubera ko aba yarateye akagere utwigoro twose abakurambere bagumye bagira ngo bamufashe kwigaya. (2 Abm. 17:​12-15) Aba yerekanye ko adashaka kubaho yisunga ingingo ngenderwako za Yehova.—Gus. 30:​19, 20.

4. Igihe umucumuzi atigaya akuwe mw’ishengero, ni kubera iki hashikirizwa itangazo?

4 Igihe umucumuzi atigaya akuwe mw’ishengero, harashikirizwa itangazo rimenyesha ko atakiri Icabona ca Yehova. a Intumbero y’iryo tangazo si ukumaramaza uwo mucumuzi. Ahubwo rishikirizwa kugira abagize ishengero bakurikize impanuro yo mu Vyanditswe ibasaba ‘kutifatanya’ n’uwo muntu, mbere ‘no kudasangira’ na we. (1 Kor. 5:​9-11) Iyo mpanuro irabereye, kubera ko intumwa Pawulo yanditse ati: «Akambiro gakeyi kambira igikandu cose.» (1 Kor. 5:6) Umucumuzi atigaya rero adakuwe mw’ishengero, yoshobora gutuma abandi bataba bagiha agaciro ivyo kubaho bisunga ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse.—Imig. 13:20; 1 Kor. 15:33.

5. Dukwiye kubona gute uwakuwe mw’ishengero, kandi kubera iki?

5 Dukwiye kubona gute none umuvukanyi canke mushiki wacu yakuwe mw’ishengero? Naho tutifatanya na we, dukwiye kumubona gusa nk’intama yazimiye, aho kumubona nk’akahebwe. Intama yazimiye yoshobora kugaruka mu ruhongore. Niwibuke ko uwo muntu yari yariyeguriye Yehova. Ikibabaje ni uko gusa ubu atakibaho yisunga ukwiyegura kwiwe, ivyo na vyo bikaba bishobora kumuta mu kaga. (Ezk. 18:31) Ariko rero, magingo hakiri umwanya wo kwungukira ku mbabazi za Yehova, haba hakiriho icizigiro c’uko uwo muntu azogaruka. None abakurambere bokwerekana gute ko bizigiye yuko n’umucumuzi aba yakuwe mw’ishengero ashobora kugaruka?

INGENE ABAKURAMBERE BAFASHA UWAKUWE MW’ISHENGERO

6. Ni ibiki abakurambere bakora kugira bafashe uwakuwe mw’ishengero?

6 Iyo umuntu yakuwe mw’ishengero, abakurambere boba baca bamureka akazokwimenya ingene agaruka kuri Yehova? Habe namba. Igihe komite y’abakurambere imenyesheje umucumuzi yuko akuwe mw’ishengero, iramusigurira ivyo akwiye gukora kugira azogarukanwe. Ariko si ivyo gusa bakora. Akenshi barabwira uwo mucumuzi ko boshima gusubira kubonana na we inyuma y’amezi makeyi, kugira ngo barabe ko yahinduye ingendo. Uwo mucumuzi avyemeye, abakurambere basubiye kubonana na we bazomuremesha kwigaya kugira ngo agarukanwe. N’ico gihe nyene basanze atarahindura ingendo, bazoza baragira akigoro ko gusubira kubonana na we.

7. Abakurambere bigana gute imbabazi za Yehova igihe hari uwakuwe mw’ishengero? (Yeremiya 3:12)

7 Igihe hari uwakuwe mw’ishengero, abakurambere barihatira kwigana imbabazi za Yehova. Nk’akarorero, Yehova ntiyarindiriye ko Abisirayeli bari bamugararije baba ari bo batera intambwe ya mbere. Ahubwo ni we yibwirije kubafasha, n’imbere y’uko bagaragaza ikimenyetso na kimwe co kwigaya. Nk’uko twabibonye mu kiganiro kigira kabiri c’uru rukurikirane, Yehova yarerekanye imbabazi nyinshi agirira abasavyi biwe, biciye ku karorero k’umuhanuzi Hoseya n’umugore wiwe, igihe yamusaba ngo agarukane uwo mugore naho yari akiri mu busambanyi. (Hos. 3:1; Mal. 3:7) Cokimwe na Yehova, abakurambere baripfuza bimwe bivuye ku mutima ko uwo mucumuzi yogaruka, akaba ari co gituma birinda ivyomubera intambamyi yo kugaruka.—Soma Yeremiya 3:12.

8. Wa mugani wa Yezu werekeye umwana w’icangazi, udufasha gute gutahura impuhwe za Yehova n’imbabazi ziwe? (Luka 15:7)

8 Subira wibuke wa mugani wa Yezu werekeye umwana w’icangazi twabona mu kiganiro ca kabiri. Igihe se w’uwo mwana yamubona agarutse, ‘yaciye yirukanga, aramugumbira yongera aramusoma n’ikibabarwe.’ (Luka 15:20) Urabona ko uwo muvyeyi atarindiriye ko uwo mwana abanza gusaba imbabazi. Ahubwo ni we yibwirije arirukanga iyo ari kubera ko yamukunda. N’abakurambere barihatira kubigenza gutyo nyene ku ntama zazimiye. Bipfuza ko zigaruka mw’ishengero. (Luka 15:​22-24, 32) Igihe umucumuzi agarutse, haraba umunezero mw’ijuru no kw’isi.—Soma Luka 15:7.

9. Yehova yipfuza ko abacumuzi bakora iki?

9 Gushika aha, twabonye ko Yehova atigera arekerana abacumuzi batigaya. Naho ari ukwo, ntaca abakurako amaboko. Yipfuza ko bamugarukako. Ibivugwa muri Hoseya 14:4 biratwereka ingene Yehova abona abacumuzi bigaya. Hagira hati: «Nzokiza ubuhemu bwabo. Nzobakunda bivuye ku mutima, kuko nabakuyeko ishavu ryanje.» Ukuntu Yehova ababona, birakwiye gutuma abakurambere bitwararika akantu kose koba kerekana ko umucumuzi ariko arigaya. Birakwiye kandi gutuma abavuye kuri Yehova biyumvira kugaruka badatebaganye.

10-11. Abakurambere bazogerageza gute gufasha abakuwe mw’ishengero kera?

10 Tuvuge iki ku bantu bakuwe mw’ishengero kera, kumbure hakaba haciye imyaka myinshi? Abo bantu bashobora kuba batagikora igicumuro catumye bakurwa mw’ishengero. Hari n’abo wosanga mbere batacibuka icatumye bakurwa mw’ishengero. Igihe boba bamaze caba kingana gute, abakurambere bazogerageza kubarondera babagendere. Igihe cose bazoba babagendeye, bazobasaba nimba bosenga bari kumwe bongere babaremeshe kugaruka mw’ishengero. Ariko rero, iyo umuntu amaze imyaka myinshi hanze y’ishengero, nta nkeka ko aba agoyagoya mu vy’impwemu. Ku bw’ivyo, avuze ko yipfuza kugaruka mw’ishengero, abakurambere boshobora gutunganya ivy’uko hagira uwumwigisha Bibiliya naho aba ataragarukanwa. Mu bihe nk’ivyo, abakurambere ni bo bahitamwo uwokwigisha mwene uwo muntu.

11 Mu kwigana imbabazi za Yehova, abakurambere bazogerageza kurondera no gufasha abantu benshi bashoboka ngo bagaruke mw’ishengero. Igihe umucumuzi yigaye agaheba ingendo yiwe mbi, arashobora kugarukanwa bidatevye.—2 Kor. 2:​6-8.

12. (a) Ni ibintu bimwebimwe ibihe abakurambere bakwiye kubako maso cane? (b) Kubera iki tudakwiye kwiyumvira ko abacumuzi bamwebamwe badashobora kubabarirwa na Yehova? (Raba n’akajambo k’epfo.)

12 Mu bihe bimwebimwe, abakurambere barakwiye kuba maso cane imbere yo kugarukana umuntu mw’ishengero. Nk’akarorero, nimba uwo muntu yakuwe mw’ishengero kubera gukorera amabi abana, canke kubera ubuhuni, canke kubera gusambura umubano wiwe biciye ku mayeri, abakurambere bazobanza kwiyemeza neza ko yigaya vy’ukuri. (Mal. 2:14; 2 Tim. 3:6) Bategerezwa gukingira ishengero. Naho ari ukwo, turakwiye kwibuka ko Yehova yiteguriye guha ikaze umucumuzi uwo ari we wese yigaye vy’ukuri, agaheba ingendo yiwe mbi. Ku bw’ivyo rero, naho abakurambere baba maso cane ku bibazo bijanye n’abahemukiye abandi nkana, ntibakwiye kurenza urugero ngo bavuge ko abacumuzi bamwebamwe batazokwigera bababarirwa na Yehova. b1 Pet. 2:10.

IVYO ISHENGERO RYOKORA

13. Ingene dufata uwakangiriwe bitandukaniye he n’ingene dufata uwakuwe mw’ishengero?

13 Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, mu bihe bimwebimwe ishengero rirashikirizwa itangazo ry’uko hari uwakangiriwe. Mu bihe nk’ivyo, turabandanya kwifatanya n’uwo muntu kuko tuba tuzi ko yigaye agaheba ingendo yiwe mbi. (1 Tim. 5:20) Aba akiri mu bagize ishengero kandi aba akeneye indemesho zabo. (Heb. 10:​24, 25) Ariko si ko bigenda ku muntu yakuwe mw’ishengero. Wewe ‘ntitwifatanya’ na we canke mbere ngo ‘dusangire na we.’—1 Kor. 5:11.

14. Umukirisu yokoresha gute ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya mu kuntu afata uwakuwe mw’ishengero? (Raba n’ifoto.)

14 Ivyo duhejeje kubona, vyoba bisigura ko dukwiye kwirinda buhere umuntu yakuwe mw’ishengero? Si ngombwa. Ego ni ko ntitwifatanya na we. Ariko umukirisu wese arashobora gukoresha ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya mu guhitamwo nimba yotumira uwakuwe mw’ishengero kw’ikoraniro. Uwo muntu ashobora kuba ari incuti yiwe canke akaba yari umugenzi wiwe somambike. None aryitavye twomufata gute? Kera umuntu nk’uyo ntitwamuramutsa. Ariko rero ubu, umukirisu wese azokwisunga ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya mu guhitamwo ico yokora. Hari abumva ko yitavye ikoraniro bomuramutsa canke bakamuha ikaze. Naho ari ukwo, ntidukwiye kugiranira ibiyago birebire n’uwo muntu canke ngo tumarane na we umwanya munini.

Umukirisu arashobora kwisunga ijwi ryiwe ryamenyerejwe na Bibiliya mu guhitamwo nimba yotumira umuntu yakuwe mw’ishengero kugira yitabe ikoraniro, canke nimba yomuramutsa bisanzwe igihe aryitavye (Raba ingingo ya 14)


15. Abacumuzi bavugwa muri 2 Yohani 9-11, ni bande? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo « Yohani na Pawulo boba bariko bavuga igicumuro kimwe?»)

15 Hari abokwibaza bati: «Bibiliya none ntivuga ko umukirisu aramukije umuntu nk’uyo, aba amushigikiye mu bikorwa vyiwe bibi?» (Soma 2 Yohani 9-11.) Twisunze ivyariko biravugwa muri iryo kete, uwo muntu batari kuramutsa yari umuhuni canke uwaguma aremesha abandi gukora igicumuro. (Ivyah. 2:20) Ku bw’ivyo rero, nimba umuntu aguma aremesha inyigisho z’ubuhuni canke ibindi vyaha, abakurambere ntibazotunganya ivyo kumugendera. Naho ari ukwo, birashoboka ko uwo muntu yokwikubita agashi. Ariko mu gihe ivyo bitaraba, ntituzomuramutsa canke ngo tumutumire kw’ikoraniro.

TWIGANE IMPUHWE ZA YEHOVA N’IMBABAZI ZIWE

16-17. (a) Yehova yipfuza ko abacumuzi bakora iki? (Ezekiyeli 18:32) (b) Abakurambere bokwerekana gute ko bakorana na Yehova?

16 Ni ibiki twize muri uru rukurikirane rw’ibiganiro bitanu? Yehova ntiyipfuza ko hagira n’umwe ahona. (Soma Ezekiyeli 18:32.) Yipfuza ko abacumuzi basubiza hamwe na we. (2 Kor. 5:20) Ni co gituma kuva kera na rindi, Yehova yaguma ahimiriza abasavyi biwe baba bamucumuyeko ngo bigaye maze bamugarukeko. Abakurambere barerekana ko bakenguruka iteka batewe ryo gukorana na Yehova, mu kwihatira gufasha abacumuzi kugira ngo bigaye.—Rom. 2:4; 1 Kor. 3:9.

17 Iyumvire umunezero uba mw’ijuru igihe umucumuzi yigaye! Umuvyeyi wacu Yehova, ubwiwe aranezerwa igihe cose imwe mu ntama ziwe zazimiye igarutse mw’ishengero. Urukundo dukunda uwo Muvyeyi wacu rurarushiriza gukomera igihe tuzirikanye ku mpuhwe ziwe, ku mbabazi ziwe no ku buntu bwiwe buhebuje.—Luka 1:78.

URURIRIMBO RWA 111 Imvo zituma tunezerwa

a Abo bantu ntituzosubira kubita abaciwe. Twisunze ivyo Pawulo yavuze mu 1 Abakorinto 5:​13, tuzohora tuvuga ko ari abakuwe mw’ishengero.

b Twisunze Bibiliya, igicumuro kidaharirwa si ubwoko kanaka bw’igicumuro. Ahubwo ni igicumuro umuntu akora abigiranye umutima ukomantaye, utuma yama arwanya Imana. Nta muntu n’umwe ashobora kumenya uwakoze ico gicumuro kiretse Yehova na Yezu.—Mrk. 3:29; Heb. 10:​26, 27.