Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 31

URURIRIMBO RWA 12 Mana ihambaye Yehova

Ivyo Yehova yakoze kugira ngo arokore abacumuzi

Ivyo Yehova yakoze kugira ngo arokore abacumuzi

«Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo itanga Umwana wayo w’ikinege.»YOH. 3:16.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona ivyo Yehova yagiye arakora kugira ngo adufashe kurwanya igicumuro, tubone n’ingene yatumye bishoboka ko tuzobaho ibihe bidahera tutagicumura.

1-2. (a) Igicumuro ni iki, kandi twogitsinda gute? (Raba kandi «Insiguro y’amajambo.») (b) Twihweza ibiki muri iki kiganiro no mu bindi biganiro biri muri uyu Munara? (Raba kandi «Ibimenyeshejwe abasomyi» muri uyu Munara.)

 WOBA wipfuza kumenya urukundo Yehova agukunda uko rungana? Uburyo bwiza bwo kubimenya ni ukwiga ivyo yakoze kugira ngo agukize icaha n’urupfu. Igicumuro a ni umwansi akomeye tutoshobora gutsinda turi twenyene. Ducumura imisi yose, kandi turapfa kubera igicumuro. (Rom. 5:12) Ariko rero igishimishije, ni uko tubifashijwemwo na Yehova dushobora gutsinda igicumuro, kandi iyo ntsinzi ni ntakekeranywa.

2 Mu myaka nka 6.000, Yehova yagiye arafasha abantu kurwanya igicumuro. Kubera iki? Kubera ko adukunda. Yadukunze kuva akiturema, akaba ari co gituma akora ibishoboka vyose kugira ngo adufashe muri urwo rugamba. Yehova arazi ko igicumuro gishikana ku rupfu, kandi ntiyipfuza ko dupfa. Yipfuza ko tubaho ibihe bidahera. (Rom. 6:23) Na wewe ni vyo akwipfuriza. Muri iki kiganiro, tugiye guca irya n’ino ibi bibazo bitatu: (1) Yehova yahaye gute icizigiro abantu b’abacumuzi? (2) Mu bihe vya Bibiliya, ni ibiki abantu b’abacumuzi bakora kugira ngo bashimwe na Yehova? (3) Yezu yakijije gute abacumuzi?

YEHOVA YAHAYE GUTE ICIZIGIRO ABANTU B’ABACUMUZI?

3. Vyagenze gute ngo abavyeyi bacu ba mbere bacumure?

3 Igihe Yehova yarema umugabo n’umugore ba mbere, yipfuza ko babaho bahimbawe. Yarabahaye ahantu heza ho kuba, arabahuza mu mubano, yongera abashinga ibanga rihimbaye. Bari kuvyara abana bakuzuza isi, gushika isi yose ibaye Iparadizo nka rya tongo rya Edeni. Yabahaye itegeko rimwe gusa kandi ryoroshe, aca arabagabisha ko baramutse barirenzeko bakamugambararira n’ibigirankana, vyobashikanye ku rupfu. Twese turazi ivyakurikiye. Hari umumarayika mubi atabakunda canke ngo akunde Imana, yaciye aza kubosha ngo bacumure. Aho kwizigira Umuvyeyi wabo yabakunda, Adamu na Eva baremeye gutwarwa n’iyo nyosha mbi baracumura. Nk’uko tubizi, iryo Yehova yavuze ryaratashe. Kuva ico gihe, baciye batangura gushikirwa n’ingaruka z’igicumuro: barashaje, amaherezo barapfa.—Ita. 1:​28, 29; 2:​8, 9, 16-18; 3:​1-6, 17-19, 24; 5:5.

4. Kubera iki Yehova yanka igicumuro kandi na twebwe akadufasha kukirwanya? (Abaroma 8:​20, 21)

4 Yehova yarandikishije iyo nkuru ibabaje kugira ngo tuyikureko icigwa. Iradufasha gutahura igituma yanka igicumuro yivuye inyuma. Igicumuro kiradutandukanya n’uwo Muvyeyi wacu, kandi gishikana ku rupfu. (Yes. 59:2) Ni co gituma Shetani wa mugarariji, umwe yakwega izi ngorane zose, akunda igicumuro kandi akaguma yosha abantu kugikora. Igihe yosha Adamu na Eva, ashobora kuba yaciye yibaza ko atsinze rurayi. Ariko rero ntiyatahura aho urukundo rwa Yehova rugera. Yehova ntiyigeze ahindura umugambi yari afitiye abakomoka kuri Adamu na Eva. Kubera ko akunda abantu, ubwo nyene yaciye abaha icizigiro. (Soma Abaroma 8:​20, 21.) Yehova yari azi ko hari abo mu ruvyaro rwa Adamu bohisemwo kumukunda no kumugamburukira. Kubera ko ari Umuvyeyi wabo n’Umuremyi wabo, yobashiriyeho uburyo bwobafashije gukira icaha no kumwiyegereza. None Yehova yakoze iki kugira ngo ivyo vyose bishoboke?

5. Ni ryari Yehova yatanguye guha icizigiro abantu b’abacumuzi? Sigura. (Itanguriro 3:15)

5 Soma Itanguriro 3:15. Yehova yatanguye guha abantu icizigiro igihe yacira urubanza Shetani. Yaramenyesheje ko hobonetse «uruvyaro» rwokijije abantu. Urwo ruvyaro amaherezo rwofyonyoye Shetani maze rugakuraho ingorane zose yateje muri Edeni. (1 Yoh. 3:8) Ariko imbere y’uko ivyo vyose biranguka, Shetani yobanje gukomeretsa urwo ruvyaro agatuma rupfa. Ivyo vyotuntuje cane Yehova. Naho ari ukwo, yaremeye biramutuntuza kuko yari azi ko vyotumye abantu benshi bakira icaha n’urupfu.

MU BIHE VYA BIBILIYA, NI IBIKI ABANTU B’ABACUMUZI BAKORA KUGIRA NGO BASHIMWE NA YEHOVA?

6. Abeli na Nowa be n’abandi bantu baranzwe n’ukwizera, bakoze iki kugira ngo biyegereze Yehova?

6 Mu binjana vyakurikiye, Yehova yagiye arahishura intambwe ku yindi ingene abantu b’abacumuzi bomwiyegereza. Umwana agira kabiri wa Adamu na Eva, ari we Abeli, ni we muntu wa mbere yerekanye ko yizera Yehova, inyuma ya bwa bugarariji bwo muri Edeni. Kubera ko Abeli yakunda Yehova, akaba kandi yipfuza gushimwa na we no kumwiyegereza, yaciye amushikanira ikimazi. Abeli yaratoye imyagazi y’intama yo mu busho bwiwe, ayishikanira Yehova. None Yehova yavyakiriye gute? ‘Yarashimye Abeli n’ishikanwa ryiwe.’ (Ita. 4:4) Yehova yarashimye ibimazi nk’ivyo nyene vyatanzwe n’abandi bantu bamukunda kandi bamwizigira. Aho twovuga nk’ivyatanzwe na Nowa. (Ita. 8:​20, 21) Kuba Yehova yaremeye ivyo bimazi, vyarerekanye ko abantu b’abacumuzi bashobora gushimwa na we no kumwiyegereza. b

7. Kuba Aburahamu yari yiteguriye gutanga umwana wiwe w’ikinege ngo abe ikimazi, bitwigisha iki?

7 Yehova yarasavye Aburahamu wa mugabo yari afise ukwizera kudasanzwe, gukora ikintu kigoye cane. Yamusavye gutanga umwana wiwe w’ikinege Izahaki ngo abe ikimazi. Ico kintu Aburahamu yari asabwe gitegerezwa kuba caramubabaje cane. Naho ari ukwo, yaragamburutse. Ariko igihe Aburahamu yagira yice uwo mwana wiwe, Imana yaciye imubuza. Naho atabaye akimutangako ikimazi, ako karorero karatwigisha ikintu gihambaye: Yehova yotanze n’umutima ukunze Umwana wiwe w’ikinege akunda cane, kugira ngo apfire abantu. Iyumvire nawe urwo rukundo Yehova akunda abantu!—Ita. 22:​1-18.

8. Ibimazi vy’ibitungwa vyatangwa mu gihe ca ya mategeko ya Musa, vyagereranya iki? (Abalewi 4:​27-29; 17:11)

8 Inyuma y’imyaka amajana, Imana yarahaye Abisirayeli amategeko yabasaba gutanga ibimazi kugira ngo bababarirwe ibicumuro. (Soma Abalewi 4:​27-29; 17:11.) Ivyo bimazi vyagereranya ikimazi gihambaye kuruta, cokijije abantu icaha burundu. Abahanuzi b’Imana baramenyesheje ko Umwana wayo adasanzwe, ari we rwa ruvyaro rwari rwarasezeranywe, yoshikiwe n’imibabaro hanyuma akicwa. Yokwishwe nk’intama y’ikimazi. (Yes. 53:​1-12) Iyumvire nawe: Yehova yotanze Umwana wiwe w’ikinege akunda cane kugira ngo akize abantu icaha n’urupfu, na wewe urimwo!

YEZU YAKIJIJE GUTE ABACUMUZI?

9. Yohani Umubatizi yavuze iki ku bijanye na Yezu? (Abaheburayo 9:22; 10:​1-4, 12)

9 Mu kinjana ca mbere, wa musavyi w’Imana Yohani Umubatizi, yavuze ku bijanye na Yezu w’i Nazareti ati: «Raba Umwagazi w’intama w’Imana, ukuraho igicumuro c’isi!» (Yoh. 1:29) Ayo majambo yahumetswe n’Imana yarerekanye ko Yezu ari we rwa ruvyaro rwari rwarasezeranywe kuva kera. Yotanze ubuzima bwiwe ngo bube incungu. Emwe, ca cizigiro c’uko abantu bokijijwe igicumuro burundu caza caranguka!—Soma Abaheburayo 9:22; 10:​1-4, 12.

10. Yezu yerekanye gute ko ‘yaje guhamagara’ abacumuzi?

10 Yezu yaritwararitse cane abantu bari baremerewe n’ibicumuro, arabaha akaryo ko kuba abayoboke biwe. Yari azi yuko ingorane zose abantu bafise zakwezwe n’igicumuro. Ni co gituma yitwararika cane abantu bari bazwi ko ari abacumuzi. Raba akarorero yakoresheje mu gusigura igituma yabitwararika. Yavuze ati: «Abakomeye ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.» Yongeyeko ati: «[Sinaje] guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi.» (Mat. 9:​12, 13) Ivyo nyene ni vyo Yezu yakoze. Nk’akarorero, igihe umugore umwe yamwoza ibirenge akoresheje amosozi yiwe, Yezu yamubwiye abigiranye ikibabarwe yuko ibicumuro vyiwe bihariwe. (Luka 7:​37-50) Vyongeye, yarahishuriye ukuri guhambaye wa Musamariyakazi bahuriye kw’iriba, naho yari azi ko yari abayeho mu buhumbu. (Yoh. 4:​7, 17-19, 25, 26) Imana yaranahaye Yezu ububasha bwo guhindura ubusa urupfu, rwo ngaruka ibabaje kuruta izindi zose zikwegwa n’igicumuro. Uti gute? Yezu yarazuye abapfuye, baba abagabo, abagore n’abana.—Mat. 11:5.

11. Kubera iki abacumuzi bakunda Yezu?

11 Ntibitangaje kubona n’abacumuzi katwa barakunda Yezu. Yarabagaragariza impuhwe n’ikibabarwe. Ivyo vyatuma badatinya kumwiyegereza. (Luka 15:​1, 2) Ikigeretseko, abantu nk’abo bamwizera, yarabakeza kandi akabagaragariza umutima mwiza. (Luka 19:​1-10) Yezu yaragaragaje neza imbabazi za Se. (Yoh. 14:9) Mu mvugo no mu ngiro, yarerekanye ko Umuvyeyi wiwe w’impuhwe n’imbabazi akunda abantu, kandi ko yipfuza gufasha umwe wese muri bo gutsinda urugamba rwo kurwanya igicumuro. Yezu yarafashije abacumuzi kugira icipfuzo co guhindura ingendo, bakamukurikira.—Luka 5:​27, 28.

12. Yezu yavuze iki ku bijanye n’urupfu rwiwe?

12 Yezu yari azi ivyari biraririye kumushikira. Akatari gake yarabwiye abigishwa biwe ko yotanzwe ku bansi biwe be n’uko yokwishwe amanitswe ku giti. (Mat. 17:22; 20:​18, 19) Yari azi ko ikimazi yotanze cokuyeho igicumuro c’isi, nk’uko nyene Yohani Umubatizi be n’abandi bahanuzi bari barabivuze. Yaravuze kandi ko amaze gutanga ubuzima bwiwe, ‘yokwegakweze abantu b’uburyo bwose’ bakaza kuri we. (Yoh. 12:32) Abacumuzi bokwizeye Yezu bakongera bakigana akarorero kiwe, boshimwe na Yehova. Ivyo vyotumye amaherezo ‘bakurwa mu gicumuro.’ (Rom. 6:​14, 18, 22; Yoh. 8:32) Ni co gituma rero Yezu yemeye kwihanganira urupfu rubabaje abigiranye umutima rugabo.—Yoh. 10:​17, 18.

13. Yezu yapfuye urupfu rumeze gute, kandi urupfu rwiwe rutwigisha iki ku vyerekeye Yehova? (Raba n’ifoto.)

13 Yezu yaratanzwe ku bansi biwe, arafatwa, aratukwa, arabesherwa, aracirwa urubanza, aranasinzikarizwa ubuzima. Abasoda baciye bamutwara aho yari kwicirwa maze bamumanika ku giti. Igihe yariko arihanganira iyo mibabaro yose, Yehova wewe yari atuntuye cane. Naho yari afise ububasha bwo kubihagarika, yarifashe. Kubera iki? Ni igiki catumye uwo Muvyeyi w’urukundo, atahaseruka ngo agire ico akoze? Muri make yabitumwe n’urukundo. Yezu yavuze ati: «Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe, ahubwo aronke ubuzima budahera.»—Yoh. 3:16.

Naho urupfu rw’Umwana wiwe rwamuteye intuntu idasanzwe, Yehova yaremeye ko yicwa kugira ngo dukire icaha n’urupfu (Raba ingingo ya 13)


14. Incungu ya Yezu ikwigisha iki?

14 Incungu ya Yezu ni ikimenyamenya gikomeye cerekana ko Yehova akunda abakomotse kuri Adamu na Eva. Irerekana ko Yehova agukunda cane. Yaremeye gutuntura bimwe bidasanzwe kugira ngo agukize icaha n’urupfu. (1 Yoh. 4:​9, 10) Emwe, yipfuza gufasha umwe wese muri twebwe kurwanya igicumuro no kugitsinda!

15. Twokora iki kugira ngo twungukire ku ngabire y’incungu Imana yaduhaye?

15 Imana yaraduhaye ingabire, na yo ikaba ari incungu y’Umwana wayo w’ikinege. Iyo ngabire iratuma tubabarirwa ibicumuro. Ariko rero kugira ngo Imana iduharire, hariho ico dutegerezwa gukora. Uti ni ikihe? Yohani Umubatizi na Yezu Kristu ubwiwe baratanze inyishu y’ico kibazo, bati: «Nimwigaye kuko Ubwami bwo mw’ijuru buri hafi.» (Mat. 3:​1, 2; 4:17) Kwigaya rero ni ntahara nimba vy’ukuri twipfuza kurwanya igicumuro no kwiyegereza Umuvyeyi wacu adukunda. None kwigaya bisobanura iki, kandi bidufasha gute kurwanya igicumuro? Ico kibazo kizokwishurwa mu kiganiro gikurikira.

URURIRIMBO RWA 18 Dukenguruke incungu

a INSIGURO Y’AMAJAMBO: Muri Bibiliya, ijambo «igicumuro» hari igihe ryerekeza ku kintu kibi umuntu akora, ni ukuvuga kudakora ivyo Yehova agomba. Ariko kandi iryo jambo ryoshobora kwerekeza ku gasembwa twarazwe na Adamu. Ico gicumuro twarazwe ni co gituma twese dupfa.

b Icatuma Yehova yemera ibimazi vyatangwa n’abantu bamwizera babayeho imbere ya Kristu, ni uko yari azi ko Yezu Kristu yotanze ikimazi cokijije abantu icaha n’urupfu burundu.—Rom. 3:25.