Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 14

‘Dukurikire neza intambuko ziwe’

‘Dukurikire neza intambuko ziwe’

“Kristu yababajwe ku bwanyu, aba abasigiye akarorero kugira ngo mukurikire neza intambuko ziwe.”​—1 PET. 2:21.

URURIRIMBO RWA 13 Kristu, Karorero kacu

INCAMAKE *

Yezu yaradusigiye amakanda twokurikira neza (Raba ingingo ya 1-2)

1-2. Ni mu buryo ubuhe dushobora gukurikira intambuko za Yezu? Tanga akarorero.

DUFATE ko uri mu mugwi w’abantu bariko baca mu nzira irimwo ivyondo, mu gahinga gateye akaga. Hari umuntu ahamenyereye ariko arabayobora. Aho aciye, agenda arahasiga amakanda y’ibirenge vyiwe. Haragera igihe mudasubira kumubona! Ariko ivyo ntibibahagarika umutima, kubera yuko mwe n’abo muri kumwe muguma mwitwararika gukurikira neza amakanda y’aho yaciye.

2 Na twebwe abakirisu b’ukuri, ni nk’aho turiko turaca mu gahinga gateye akaga, ni ukuvuga iyi si mbi. Amahirwe dufise, ni uko Yehova yaturonkeje Indongozi itunganye, na yo ikaba ari Umwana wiwe Yezu Kristu, kandi tukaba dushobora gukurikira neza intambuko ziwe. (1 Pet. 2:21) Nk’uko bivugwa n’igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya, ng’aho Petero agereranya Yezu n’uwuyobora ingenzi. Nka kurya nyene uwuyobora ingenzi asiga amakanda aho aciye, Yezu yaradusigiye amakanda, canke intambuko twokurikira. Nimuze turimbure ibibazo bitatu bijanye no gukurikira intambuko za Yezu: Gukurikira intambuko za Yezu bisobanura iki? Kubera iki twozikurikira? Kandi twozikurikira gute?

GUKURIKIRA INTAMBUKO ZA YEZU BISOBANURA IKI?

3. Gukurikira intambuko z’umuntu bisobanura iki?

3 Gukurikira intambuko z’umuntu bisobanura iki? Muri Bibiliya, ijambo “kugenda” be n’ijambo “ibirenge,” hari igihe yerekeza ku kuntu umuntu yigenza mu buzima. (Ita. 6:9; Imig. 4:26) Akarorero umuntu atanga, koshobora kugereranywa n’intambuko canke amakanda umuntu asiga aho yaciye. Gukurikira intambuko z’umuntu rero, bisobanura gukurikira akarorero kiwe, canke kumwigana.

4. Gukurikira intambuko za Yezu bisobanura iki?

4 None gukurikira intambuko za Yezu bisobanura iki? Muri make, bisobanura kwigana akarorero kiwe. Mu canditswe c’ishimikiro, intumwa Petero ashimika ahanini ku karorero keza Yezu yatanze mu bijanye no kwihanganira imibabaro. Ariko rero, turashobora kwigana Yezu no mu bindi bintu vyinshi. (1 Pet. 2:18-25) Mu vy’ukuri, ingene Yezu yabayeho, ni ukuvuga ivyo yavuze n’ivyo yakoze, ni akarorero keza twokurikira.

5. Abantu badatunganye boba vy’ukuri bashobora kwigana akarorero ka Yezu katagira agahaze? Sigura.

5 None twebwe abantu badatunganye, twoba vy’ukuri dushobora gukurikira akarorero ka Yezu? Cane nyene. Niwibuke ko Petero aduhimiriza ‘gukurikira neza intambuko za Yezu,’ mugabo ataduhimiriza kuzikurikira ata gahaze. Dukurikiye intambuko ziwe tuvyitondeye, tugakora uko dushoboye kwose naho turi abantu badatunganye, tuba dushize mu ngiro ivyo intumwa Yohani yavuze, yuko dukwiye ‘kubandanya tugenda nk’uko Yezu yagenda.’​—1 Yoh. 2:6.

KUBERA IKI TWOKURIKIRA INTAMBUKO ZA YEZU?

6-7. Kubera iki twovuga ko gukurikira intambuko za Yezu bituma turushiriza kwiyegereza Yehova?

6 Gukurikira intambuko za Yezu biratuma turushiriza kwiyegereza Yehova. Uti kubera iki? Ubwa mbere, Yezu yaradusigiye akarorero kadasanzwe mu bijanye no kubaho mu buryo buhimbara Imana. (Yoh. 8:29) Iyo rero dukurikiye intambuko za Yezu, turahimbara Yehova. Vyongeye, turahera amazinda ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru azokwiyegereza abakora uko bashoboye kwose kugira ngo bamubere abagenzi.​—Yak. 4:8.

7 Ica kabiri, Yezu yariganye Se wiwe mu buryo butagira agahaze. Ni co gituma Yezu yavuze ati: “Uwubonye jewe aba abonye na Data.” (Yoh. 14:9) Iyo twiganye kamere za Yezu be n’ingene yafata abandi, nk’akarorero ingene yumviye ikigongwe umunyamibembe, ingene yagiriye impuhwe umukenyezi yari arwaye indwara ikomeye, n’ingene yagiriye ikibabarwe ababuze ababo, tuba twiganye na Yehova. (Mrk. 1:40, 41; 5:25-34; Yoh. 11:33-35) Uko turushiriza kumera nka Yehova ni ko turushiriza kumwiyegereza.

8. Sigura igituma gukurikira intambuko za Yezu bidufasha ‘gutsinda’ isi.

8 Gukurikira intambuko za Yezu biratuma tudasamazwa n’iyi si mbi. Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaze kw’isi, yavuze ati: “Jewe naratsinze isi.” (Yoh. 16:33) Ng’aho yashatse kuvuga ko yanse kubaho yisunga ivyiyumviro vy’iyi si, imigambi yayo, be n’ibikorwa vyayo. Yezu ntiyigeze yibagira imvo yari yatumye aza ng’aha kw’isi, na yo ikaba ari ukwemeza izina rya Yehova. Tweho bite? Muri iyi si, hariho ibintu vyinshi vyodusamaza. Ariko nitwagumiza umutima ku vyo Yehova agomba nk’uko kwa Yezu, na twebwe ‘tuzotsinda’ isi.​—1 Yoh. 5:5.

9. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo tugume mu nzira ijana mu buzima budahera?

9 Gukurikira intambuko za Yezu birashobora gutuma turonka ubuzima budahera. Igihe umusore umwe w’umutunzi yabaza Yezu ivyo yari akwiye gukora kugira ngo aronke ubuzima budahera, Yezu yamwishuye ati: “[Ingo] unkurikire.” (Mat. 19:16-21) Abayuda bamwebamwe na bo batemera ko yari Kristu yababwiye ati: “Intama zanje . . . zirankurikira. Nanje ndaziha ubuzima budahera.” (Yoh. 10:24-29) Nikodemu na we, umwe mu bari bagize Inama Nkuru y’Abayuda akaba kandi yari yarashimishijwe n’inyigisho za Yezu, Yezu yamubwiye yuko ‘uwomwizeye yoronse ubuzima budahera.’ (Yoh. 3:16) Twerekana ko twizera Yezu mu gushira mu ngiro ivyo yigishije no mu kwigana akarorero kiwe. Nitwabigenza gutyo, bizotuma tuguma mu nzira ijana mu buzima budahera.​—Mat. 7:14.

TWOKURIKIRA NEZA GUTE INTAMBUKO ZA YEZU?

10. ‘Kumenya’ neza Yezu bisaba iki? (Yoh. 17:3)

10 Imbere y’uko dukurikira neza intambuko za Yezu, dutegerezwa kubanza kumumenya. (Soma Yohani 17:3.) ‘Kumenya’ Yezu ni igikorwa kibandanya. Dutegerezwa kurushiriza kumumenya neza, ni ukuvuga tukamenya kamere ziwe, ingene yiyumvira be n’ingene abona ibintu. Naho twoba tumaze igihe kinini mu kuri, dutegerezwa kuguma twihatira ‘kumenya’ Yehova n’Umwana wiwe.

11. Ni ibiki dusanga muri za Njili zine?

11 Yehova abigiranye urukundo, yarandikishije mw’Ijambo ryiwe za Njili zine kugira ngo adufashe kumenya Umwana wiwe. Izo Njili zirimwo inkuru zivuga ibijanye n’ubuzima bwa Yezu be n’igikorwa ciwe. Izo nkuru ziratubwira ivyo Yezu yavuze, ivyo yakoze, be n’ukuntu yiyumva. Izo Njili zine ziradufasha ‘kurimbura twitonze’ akarorero ka Yezu. (Heb. 12:3) Nkako, turazisangamwo amakanda ya Yezu. Kwiga izo Njili rero, birashobora gutuma turushiriza kumenya Yezu. Ivyo bica bidufasha gukurikira neza intambuko ziwe.

12. Twokora iki kugira ngo twungukire bimwe bishitse ku bivugwa mu Njili?

12 Kugira ngo twungukire bimwe bishitse ku bivugwa muri izo Njili, dutegerezwa gukora n’ibindi uretse kuzisoma gusa. Turakeneye gufata umwanya wo kuziga twitonze no kuzizirikanako bimwe bigera kure. (Gereranya na Yosuwa 1:8) Nimuze twihweze ivyiyumviro bibiri vyodufasha kuzirikana kuri izo Njili, no gushira mu ngiro ivyo dusoma muri zo.

13. Wokora iki kugira ngo urushirize gutahura inkuru zivugwa mu Njili?

13 Ica mbere, nurondere kurushiriza gutahura izo nkuru. Niwihe ishusho uriko urabona ibiriko biraba, uriko uravyumva, n’ingene bica bituma wiyumva. Kugira ngo ubishikeko, nugire ubushakashatsi mu bikoresho bidufasha kwiga, vyasohowe n’ishirahamwe rya Yehova. Nusuzume ivyabaye imbere y’inkuru uriko uriga canke ivyabaye inyuma yayo. Nurondere ayandi makuru yerekeye uwo muntu be n’uko ivyiwe vyari vyifashe. Iyo nkuru, nuyigereranye n’iyindi isa na yo ivugwa mu yindi Njili. Hari igihe usanga umwanditsi umwe w’Injili avuga utuntu tw’ido n’ido uwundi yirengagije.

14-15. Twoshira mu ngiro gute ivyigwa dukura mu nkuru zivugwa mu Njili?

14 Ica kabiri, nugire ivyo wigiye kuri izo nkuru. (Yoh. 13:17) Uhejeje kwiga witonze inkuru kanaka yo mu Njili, niwibaze uti: ‘Hoba hari icigwa nkuye muri iyi nkuru noshira mu ngiro mu buzima bwanje? Iyi nkuru noyifashisha gute abandi?’ Niwiyumvire umuntu kanaka woyifashisha, maze igihe ubona ko bibereye umubwire icigwa wayikuyemwo, ubigiranye urukundo n’ukwiyubara.

15 Nimuze twihweze akarorero katwereka ingene twoshira mu ngiro ivyo vyiyumviro bibiri. Tugiye kurimbura inkuru ya wa mupfakazi w’umukene Yezu yitegereza ari mu rusengero.

UMUPFAKAZI W’UMUKENE MU RUSENGERO

16. Dondora ibivugwa muri Mariko 12:41.

16 Nurondere kurushiriza gutahura iyo nkuru. (Soma Mariko 12:41.) Nuse n’uwobona ibiriko biraba. Ni ku wa 11 Nisani 33, akaba ata ndwi isigaye ngo Yezu apfe. Yezu aramaze umwanya munini yigishiriza mu rusengero. Indongozi z’idini zimurwanya ntizamworohereje. Imbere y’aho, bamwe muri bo bari bamuharirije ku bijanye n’aho akura ububasha, abandi na bo bagerageza kumutega bakoresheje ibibazo bigoye. (Mrk. 11:27-33; 12:13-34) Ubu na ho Yezu ageze mu kindi gice c’urusengero. Ari ng’aho, ahashobora kuba ari ahitwa Ikigo c’abagore, arashobora kubona udusandugu two mw’ishikaniro turi ku mpome z’ico kigo. Aricara, agatangura kwihweza ingene abantu batiburira intererano zabo muri utwo dusandugu. Arabona abatunzi benshi batiburirayo ibiceri vyinshi. Birashoboka ko ari hafi cane y’utwo dusandugu, ku buryo yumva ingene ivyo biceri bijegera bitibukiyeyo.

17. Umupfakazi w’umworo avugwa muri Mariko 12:42 yakoze iki?

17 Soma Mariko 12:42. Haciye akanya, Yezu aca abona umugore umwe. Ni ‘umupfakazi w’umukene.’ (Luka 21:2) Abayeho nabi, kumbure bikaba bitamworohera kuronka ivya nkenerwa mu buzima. Naho ari ukwo, aciye agenda kuri kamwe muri twa dusandugu, maze ata kwiyerekana agatiburirayo uduceri tubiri dutoyi, bikaba bishoboka ko tutanajegera igihe dukorokera mu gasandugu. Ariko Yezu aramenya ico atanze. Ni uduceri tubiri twitwa leputoni, tukaba ari two duceri dutoyi cane mu bindi biceri vyakora ico gihe. Ayo mahera ntiyari kugura n’akajuri kamwe, bukaba bwari ubwoko bw’inyoni bwari buzimbutse cane mu nyoni zaribwa.

18. Twisunze Mariko 12:43, 44, Yezu yavuze iki ku bijanye n’intererano ya wa mupfakazi?

18 Soma Mariko 12:43, 44. Yezu arakorwa ku mutima cane n’uwo mupfakazi. Aca rero ahamagara abigishwa biwe akamubereka, maze akavuga ati: “Uyu mupfakazi w’umworo yatiburiyeyo vyinshi gusumvya abo bose.” Aca asigura ati: “Bose [canecane abatunzi] batiburiyeyo ibivuye ku musesekara wabo, mugabo we, ku bukene bwiwe, yatiburiyeyo ivyo yari afise vyose, ivyari bimubeshejeho vyose.” Kuri uwo musi, igihe uwo mupfakazi yatanga utwo duhera yari asigaranye, yari ashize ubuzima bwiwe mu maboko ya Yehova yizigiye ko yomwitwararitse.​—Zab. 26:3.

Cokimwe na Yezu, nukeze abariko baraha Yehova ivyiza kuruta ibindi vyose bafise (Raba ingingo ya 19-20) *

19. Ni icigwa gihambaye ikihe twigira ku vyo Yezu yavuze ku bijanye na wa mupfakazi w’umworo?

19 Nugire ico wigiye kuri iyo nkuru. Niwibaze uti: ‘Ni icigwa ikihe nokura ku vyo Yezu yavuze kuri uwo mupfakazi w’umworo?’ Iyumvire uko ivy’uwo mupfakazi vyari vyifashe. Nta nkeka ko yari gushima guha Yehova ibiruta ivyo yatanze. Naho ari ukwo, yakoze ivyo yari ashoboye, aha Yehova ivyiza kuruta ibindi yari afise. Na Yezu yarabonye ko intererano uwo mupfakazi yatanze yari n’agaciro kuri Se wiwe. Ng’iki rero icigwa gihambaye tuhigira: Yehova arahimbarwa iyo tumuhaye ivyiza kuruta ibindi vyose dufise, ni ukuvuga iyo tumukoreye n’umutima wacu wose, kandi tutiziganya. (Mat. 22:37; Kol. 3:23) Yehova arahimbarwa igihe abona ko turiko turakora ivyo dushoboye vyose. Ivyo birerekeye umwanya n’inguvu dukoresha mu bikorwa bijanye no gusenga Yehova, ushizemwo indimiro be n’amakoraniro.

20. Woshira mu ngiro gute icigwa dukura mu nkuru ya wa mupfakazi? Tanga akarorero.

20 Woshira mu ngiro gute ico cigwa ukuye mu nkuru y’uwo mupfakazi? Nugerageze kwiyumvira abantu kanaka boba bakeneye gusubirizwa umutima mu nda ko Yehova ashima utwigoro bagira. Nk’akarorero, woba uzi mushiki wacu yitereye mu myaka ashobora kuba yitako umwikomo canke abona ko ata co akimaze, bitumwe n’uko atagishoboye gukora vyinshi mu ndimiro nka kera kubera amagara make? Canke na ho, hoba hari umuvukanyi arwaye indwara idakira kandi ibabaza, acitse intege kubera ko adashobora kwitaba amakoraniro yose ku Ngoro y’Ubwami? Nuremeshe abantu nk’abo mu kubabwira amajambo ‘meza yubaka.’ (Ef. 4:29) Nubabwire ca cigwa kiremesha twakura mu nkuru ya wa mupfakazi w’umworo. Amajambo aremesha wobabwira, arashobora kubasubiriza umutima mu nda ko Yehova ahimbarwa iyo tumuhaye ivyiza kuruta ibindi dufise. (Imig. 15:23; 1 Tes. 5:11) Iyo ukeje abandi kubera ko baha Yehova ivyiza kuruta ibindi bafise, naho womengo ni bike, uba uriko urakurikira neza intambuko za Yezu.

21. Wiyemeje gukora iki?

21 Ese ukuntu dukenguruka kubona inkuru zo mu Njili zitubwira ibintu vyinshi ku bijanye n’ubuzima bwa Yezu, zigatuma dushobora kumwigana, tugakurikira neza intambuko ziwe! Ubona gute wishingiye umugambi wo gusuzuma izo Njili mu kwiyigisha kwawe canke mu Gusenga kwo mu muryango? Nimuze twame twibuka ko kugira ngo twungukire bimwe bishitse kuri izo nkuru, dukwiye kurondera kurushiriza kuzitahura, no gushira mu ngiro ivyigwa tuzikuramwo. Ariko rero uretse kwigana ivyo Yezu yakoze, turakwiye no kwumviriza ivyo yavuze. Mu kiganiro gikurikira, tuzoraba ivyo twigira ku majambo ya nyuma Yezu yavuze imbere y’uko apfa.

URURIRIMBO RWA 15 Shemeza Imfura ya Yehova!

^ ing. 5 Twebwe abakirisu b’ukuri, turakwiye ‘gukurikira neza intambuko za Yezu.’ None “intambuko” yasize twokurikira ni izihe? Iki kiganiro kirishura ico kibazo. Kiraza no kutwereka igituma dukwiye gukurikira neza intambuko ziwe, be n’ingene twobigira.

^ ing. 60 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Inyuma yo kuzirikana ku vyo Yezu yavuze ku bijanye na wa mupfakazi w’umworo, mushiki wacu arakeza uwugeze mu zabukuru ku gikorwa arangura n’umutima wiwe wose.