Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Kubera iki imbere y’uko Yezu acikana yasubiyemwo ivyo Dawidi yavuze muri Zaburi 22:1?

Mu majambo ya nyuma Yezu yavuze imbere y’uko apfa, harimwo ayo dusanga muri Matayo 27:46, ayagira ati: “Mana yanje, Mana yanje, kubera iki umpevye?” Igihe Yezu yavuga ayo majambo, yari ashikije ivyo umwanditsi wa zaburi Dawidi yavuze muri Zaburi 22:1. (Mrk. 15:34) Umuntu yoba yihenze ashitse ku ciyumviro c’uko Yezu yavuze ayo majambo kubera yari yavunitse umutima, canke kubera ko vyari vyashitse akabura ukwizera. Yezu yari azi neza igituma yategerezwa gupfa kandi yari avyiteguriye. (Mat. 16:21; 20:28) Yari azi kandi ko hageze ko apfa, Yehova yokuyeho ikintu cose comukingiye. (Yobu 1:10) Gutyo rero, Yehova yararetse Yezu ngo agaragaze ko yogumye ari intahemuka, naho yopfuye urupfu rumeze gute.​—Mrk. 14:35, 36.

None ni kubera iki Yezu yasubiyemwo amajambo yo muri iyo zaburi? Nimuze turimbure imvo zimwezimwe zishobora kuba zarabitumye, naho tutovyemeza neza. *

Igihe Yezu yavuga ayo majambo, yoba yashaka kwerekana ko Yehova yomurekeranye mu gihe c’urupfu rwiwe? Yezu yategerezwa gutanga incungu Yehova atabimufashijemwo. Yari umuntu w’inyama n’amaraso, akaba rero yategerezwa gupfa kugira “ahonjereze urupfu umuntu wese.”​—Heb. 2:9.

Mu kuvuga amajambo makeyi yo muri iyo zaburi, Yezu yoba yashatse gutuma abantu baca biyumvira ibivugwa muri iyo zaburi yose? Ico gihe, vyari bimenyerewe ko Abayuda bafata ku mutwe amazaburi atari make. Kwumva ibivugwa mu murongo umwe w’izaburi kanaka, mu bisanzwe vyociye bituma bibuka ibivugwa muri iyo zaburi yose. Nimba ari yo ntumbero Yezu yari afise, ashobora rero kuba yarafashije abayoboke biwe b’Abayuda kwibuka ubuhanuzi bwinshi buri muri iyo zaburi, buvuga ibijanye n’ivyobaye mu gihe c’urupfu rwiwe. (Zab. 22:7, 8, 15, 16, 18, 24) N’ikindi kandi, iyo zaburi isozera ishira hejuru Yehova, ikamudondora nk’Umwami aganza gushika ku mpera z’isi.​—Zab. 22:27-31.

Mu gusubiramwo ayo majambo ya Dawidi, Yezu yoba yashaka kwerekana ko ata co yazira? Imbere y’uko Yezu apfa, sentare yaramuciriye urwa ngondagonde imwagiriza kurogota. (Mat. 26:65, 66) Iyo sentare yakoranye ubutarariye mw’ijoro bwije, ivyo bikaba vyari binyuranye n’amategeko. (Mat. 26:59; Mrk. 14:56-59) Igihe rero Yezu yabaza ico kibazo, ashobora kuba yariko arerekana ko ata kibi na kimwe yari yakoze cari gutuma yicwa.

Yezu yoba kandi yashaka kwibutsa abantu ko naho Yehova yaretse umwanditsi w’iyo zaburi Dawidi akababazwa, bitasobanura ko Dawidi atari agishimwa n’Imana? Kuba Dawidi yarabajije ico kibazo, ntivyerekana ko ata kwizera yari afise. Amaze kubaza ico kibazo, yaciye abandanya avuga ko yizigira ububasha Yehova afise bwo gukiza, kandi Yehova yagumye amuhezagira. (Zab. 22:23, 24, 27) Na Yezu, “Umwana wa Dawidi,” naho yariko arababarizwa ku giti co kubabarizwako, ntivyasobanura ko Yehova atari akimushima.​—Mat. 21:9.

Yezu yoba yariko agaragaza akababaro yari afise kubera ko Yehova atari yamukingiye, kugira ngo ageragezwe bimwe vyuzuye? Kuva mu ntango, nta mugambi Yehova yari afise w’uko Umwana wiwe yobabajwe akongera agapfa. Ivyo vyagiye gukenerwa inyuma y’aho Adamu na Eva bagambarariye Imana. Naho Yezu ata kibi yari yarakoze, vyarabaye nkenerwa ko ababazwa akongera akicwa kugira ngo yishure ibibazo Shetani yari yaravyuye, yongere atange incungu yari ikenewe kugira ngo agaruze ivyo abantu bari baratakaje. (Mrk. 8:31; 1 Pet. 2:21-24) Ivyo vyari gushoboka ari uko gusa Yehova acishijemwo ari bwo bwa mbere akareka gukingira Yezu.

Yezu yoba yariko agerageza gufasha abigishwa biwe kuzirikana ku mvo yari yatumye Yehova amureka ngo apfe muri ubwo buryo? * Yezu yari azi ko kwicirwa ku giti co kubabarizwako nk’inkozi y’ikibi vyotsitaje benshi. (1 Kor. 1:23) Abigishwa biwe bazirikanye ku mvo yatumye Yezu apfa, ni ho botahuye neza insobanuro y’urupfu rwiwe. (Gal. 3:13, 14) Bociye rero bamubona nk’Umukiza aho kumubona nk’inkozi y’ikibi.

Icatumye Yezu avuga ayo majambo caba ikihe, yari azi ko kwicirwa ku giti co kubabarizwako cari kimwe mu vyo Yehova yari amwitezeko. Gatoyi inyuma y’aho Yezu asubiriyemwo ayo majambo y’iyo zaburi, yaciye avuga ati: “Birarangutse!” (Yoh. 19:30; Luka 22:37) Ego cane, kuba Yehova atakingiye Yezu muri ico kiringo gitoyi, vyatumye Yezu arangura bimwe vyuzuye ibintu vyose vyari vyatumye arungikwa ng’aha kw’isi. Vyatumye kandi ashitsa ibintu vyose vyari vyanditswe kuri we “mw’itegeko rya Musa no mu Bahanuzi no mu Mazaburi.”​—Luka 24:44.

^ ing. 2 Raba kandi ingingo ya 9 n’iya 10 mu kiganiro kivuga ngo “Ivyo twigira ku majambo ya nyuma Yezu yavuze,” kiri muri uwu Munara.

^ ing. 4 Igihe Yezu yariko ararangura igikorwa ciwe ng’aha kw’isi, rimwe na rimwe yaravuga ibintu canke akabaza ibibazo atari mu ntumbero yo guserura ukuntu yiyumva. Ivyo yabigira kugira ngo atume abigishwa biwe baserura iryo bagona.​—Mrk. 7:24-27; Yoh. 6:1-5; raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 2010, rup. 4-5.