Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 16

Nubandanye gukenguruka incungu

Nubandanye gukenguruka incungu

“Umwana w’umuntu yaje . . . kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.”​—MRK. 10:45.

URURIRIMBO RWA 18 Dukenguruke incungu

INCAMAKE *

1-2. Incungu ni iki, kandi ni kubera iki tuyikeneye?

IGIHE wa mugabo yari atunganye Adamu yacumura, yaratakaje akaryo ko kubaho ibihe bidahera yongera agatesha n’abomukomotseko. Nta kintu na kimwe Adamu yari kwireguza, kubera ko yacumuye n’ibigirankana. None abamukomotseko bo bite? Nta ruhara na rumwe bagize muri ico gicumuro ca Adamu. (Rom. 5:12, 14) Igihano c’urupfu Adamu yaciriwe cari kibereye. Ariko none, hoba hari icari gukorwa kugira abamukomokako barokoke? Ego cane! Gatoyi inyuma y’aho Adamu acumuriye, Yehova yaratanguye guhishura ukuntu yorokoye abantu bakomoka kuri Adamu kugira bakurweko umuvumo w’icaha n’urupfu. (Ita. 3:15) Igihe Yehova yashinze kigeze, yorungitse Umwana wiwe kw’isi “kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.”​—Mrk. 10:45; Yoh. 6:51.

2 Incungu ni iki? Igihe iryo jambo rikoreshwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, riba ryerekeza ku buzima Yezu yatanze kugira arihe ubwo Adamu yatakaje. (1 Kor. 15:22) Kubera iki ivyo vyari ngombwa? Ni kubera ko ingingo zigenga ubutungane za Yehova zari mw’Itegeko rya Musa zasaba ko ubuzima bukabwa ubundi. (Kuv. 21:23, 24) Adamu yatakaje ubuzima butunganye. Kugira ubutungane bw’Imana bwubahirizwe, Yezu na we yatanze ubuzima bwiwe butunganye. (Rom. 5:17) Ku bw’ivyo, Yezu yaciye aba “Data ahoraho” kuri abo bose bizera incungu.​—Yes. 9:6; Rom. 3:23, 24.

3. Twisunze Yohani 14:31 na 15:13, ni kubera iki Yezu yemeye gutanga ubuzima bwiwe butunganye?

3 Kubera ko Yezu yakunda cane Se wiwe wo mw’ijuru na twebwe abantu, yaremeye gutanga ubuzima bwiwe kugira aducungure. (Soma Yohani 14:31; 15:13.) Urwo rukundo rwaratumye yiyemeza kuguma ari intahemuka gushika kw’iherezo no gukora ivyo Se agomba. Ivyo bizotuma umugambi Yehova yari afitiye abantu n’isi kuva mu ntango uranguka. Muri iki kiganiro turaza kubona igituma Yehova yaretse Yezu akababazwa cane imbere y’uko apfa. Turaza kandi kubona ingene intumwa Yohani yakenguruka cane incungu. Tuza gusozera tubona ukuntu twokwerekana ko dukenguruka incungu be n’ivyo twokora kugira turushirize gukenguruka ivyo Yehova na Yezu badukoreye.

KUBERA IKI VYABAYE NGOMBWA KO YEZU ABABAZWA?

Nuzirikane imibabaro yose Yezu yihanganiye kugira aducungure (Raba ingingo ya 4)

4. Dondora ukuntu Yezu yapfuye.

4 Zirikana ibintu biba ku musi wa nyuma w’ubuzima bwa Yezu bwo ng’aha kw’isi. Naho ashoboye gutumako abamarayika benshi ngo bamukingire, arareka abasoda b’Abaroma bakamufata, bakamukubita ata kagongwe. (Mat. 26:52-54; Yoh. 18:3; 19:1) Bamukubitisha ikimoko, kikaguma gitabagura inyama ziwe. Mu nyuma bamuremeka ku rutugu igiti kiremereye cane kandi ariko aravirirana. Yezu arinanata ngo atware ico giti ahantu aza kwicirwa, ariko haciye akanya ba basoda barategeka uwundi muntu ngo akimutwaze. (Mat. 27:32) Bashitseyo, abo basoda baramukomera imisumari ku maboko no ku birenge. Uburemere bw’umubiri wa Yezu butuma aho bateye imisumari harushiriza gutabuka. Abagenzi biwe baratuntuye, nyina wiwe ariko ararira, ariko abategetsi b’Abayuda bo bariko baramushinyaguriza. (Luka 23:32-38; Yoh. 19:25) Yezu aramara amasaha ariko arababara. Umutima wiwe n’amahaha biraruha ku buryo bimugora guhema. Arabona ko yagumye ari intahemuka, rero aca atura isengesho rya nyuma imbere y’uko acikana. Aca ajondamika umutwe hanyuma agacikana. (Mrk. 15:37; Luka 23:46; Yoh. 10:17, 18; 19:30) Apfa arushe, ababaye cane kandi agapfa urupfu rw’agasuzuguro.

5. Ni igiki cari kiraje ishinga cane Yezu?

5 Icari kiraje ishinga Yezu ntikwari ukuntu aza kwicwa. Ahubwo yari arajwe ishinga n’ikirego bamurega. Bamwagirije ko yarogose, ni ukuvuga ko yasuzuguye Imana hamwe n’izina ryayo. (Mat. 26:64-66) Kwiyumvira ico kirego vyaramutera intuntu nyinshi mu mutima. Kandi yari yizigiye ko Yehova atoretse ngo uwo Mwana wiwe asuzugurwe gutyo. (Mat. 26:38, 39, 42) None ni kubera iki Yehova yaretse uwo Mwana wiwe akunda cane akababazwa hanyuma agapfa? Reka turabe imvo zitatu.

6. Kubera iki Yezu yabwirizwa kumanikwa ku giti?

6 Imvo ya mbere, Yezu yabwirizwa kumanikwa ku giti kugira Abayuda bakurweko umuvumo. (Gal. 3:10, 13) Bari bariyemeje kugamburuka Itegeko ry’Imana ariko barabirengako. Uwo muvumo waje wiyongera ku gicumuro barazwe na Adamu. (Rom. 5:12) Itegeko ry’Imana ryavuga ko umuntu akoze icaha cotuma apfa, aca yicwa ubwo nyene, maze ikiziga ciwe kigaca kimanikwa ku giti. * Iryo tegeko ryavuga kandi ko umuntu amanitswe ku giti aba abaye ikivume ku Mana. (Gus. 21:22, 23; 27:26) Rero kuba Yezu yari amanitswe ku giti, yari yemeye kuba ikivume mu kibanza c’Abayuda gutyo aba atumye bishoboka ko bakurwako uwo muvumo naho bari baramuteye akagere.

7. Imvo igira kabiri yatumye Imana ireka Umwana wayo akababazwa ni iyihe?

7 Reka turabe imvo igira kabiri yatumye Imana ireka Umwana wayo akababazwa. Imana yariko imenyereza Yezu ku bw’ibanga yoranguye muri kazoza ryo kuba Umuherezi mukuru. Yezu yariboneye ukuntu bigoye kugamburukira Imana mu bigeragezo bikomeye. Yaragize amaganya adasanzwe ku buryo yatakambiye Imana ngo imufashe “hariko n’amaborogo akomeye be n’amosozi.” Kubera ko Yezu yashikiwe n’iyo mibabaro ikomeye, aratahura ivyo dukeneye kandi ‘arashoboye kudutabara igihe turiko turageragezwa.’ Ese ukuntu dukengurukira Yehova kuba yaraduhaye Umuherezi mukuru w’umunyembabazi, ashoboye “gusangira natwe umubabaro mu bugoyagoye bwacu.”​—Heb 2:17, 18; 4:14-16; 5:7-10.

8. Imvo ya gatatu yatumye Imana ireka Umwana wayo akageragezwa bimwe bidasanzwe ni iyihe?

8 Ubwa gatatu, Yehova yararetse Yezu arababazwa bikomeye kugira haboneke inyishu y’iki kibazo gihambaye: Abantu boba bashobora kuguma ari intahemuka kuri Yehova n’igihe bashikiwe n’ibigeragezo bikomeye? Shetani avuga ko ata wuhari. Avuga ko abantu bakorera Imana kubera ibintu ibaha. Avuga kandi ko abantu badakunda Yehova nk’uko vyari kuri sekuruza wabo Adamu. (Yobu 1:9-11; 2:4, 5) Kubera ko Yehova yari yizigiye ko Umwana wiwe atomuhemukiye, yaramuretse arageragezwa gushika ku rugero umuntu ashobora kwihanganira. Yezu yaragumanye ugutungana kwiwe gutyo aba yerekanye ko Shetani ari umubeshi.

INTUMWA YOHANI YARAKENGURUKA CANE INCUNGU

9. Ni akarorero akahe intumwa Yohani yadusigiye?

9 Incungu yarakomeje ukwizera kw’abakirisu batari bake. Bagumye bamamaza naho bari mu ruhamo, bongera barihanganira ibigeragezo bitandukanye vyabashikiye mu buzima bwabo. Rimbura akarorero k’intumwa Yohani. Biboneka ko yamaze imyaka irenga 60 yamamaza adahemuka ukuri kwerekeye Kristu n’incungu. Igihe yari mu gushikana imyaka 100, abategetsi b’Abaroma babona ko ateye akaga baca bamupfungira mw’izinga rya Patimo. None bamuhora iki? Bamuhora “ukuvuga ivyerekeye Imana n’ugushingira intahe Yezu.” (Ivyah. 1:9) Yohani yaradusigiye akarorero keza k’ukwizera n’ukwihangana.

10. Ivyo Yohani yanditse bigaragaza gute ko yakenguruka incungu?

10 Mu bitabu vyo muri Bibiliya Yohani yanditse, yarerekanye ukuntu yakunda cane Yezu n’ingene yakenguruka incungu yatanze. Yaravuze ivyerekeye incungu n’ivyiza biva kuri yo incuro zirenga 100. Nk’akarorero, yanditse ati: “Nimba hagize uwukora igicumuro, turafise umufasha ari kumwe na Data, akaba ari Yezu Kristu, umugororotsi.” (1 Yoh. 2:1, 2) Mu vyo Yohani yanditse, yarashimitse kandi ku kamaro ko “gushingira intahe Yezu.” (Ivyah. 19:10) Biragaragara ko Yohani yakenguruka cane incungu. Natwe twokwerekana gute ko tuyikenguruka?

WOKWEREKANA GUTE KO UKENGURUKA INCUNGU?

Nimba vy’ukuri dukenguruka incungu, tuzonanira inyosha mbi (Raba ingingo ya 11) *

11. Twoshobora gute kunanira inyosha mbi?

11 Nunanire inyosha mbi. Nimba vy’ukuri dukenguruka incungu, tuzokwirinda kwiyumvira duti: ‘Ntibikenewe ko nihata cane ngo sinkore icaha. Ndashobora kugikora hanyuma ngasaba ikigongwe.’ Ahubwo nyabuna igihe tugeragejwe gukora icaha, dukwiye kucamirira kure duti: ‘Eka! Nokwubahuka gute gukora ikintu nk’ico n’ibintu vyose Yehova na Yezu bankoreye?’ Vyongeye, turashobora gusaba Yehova inkomezi tukamutakambira ngo ‘ntareke ngo tuje mu kigeragezo.’​—Mat. 6:13.

12. Twoshira mu ngiro gute impanuro iri muri 1 Yohani 3:16-18?

12 Nukunde abavukanyi bawe. Gukunda abavukanyi bacu birerekana kandi ko dukenguruka incungu. Uti kubera iki? Kubera ko na bo nyene Yezu yabapfiriye. Nimba rero yaremeye kubapfira, vyerekana ko abakunda cane. (Soma 1 Yohani 3:16-18.) Turerekana ko dukunda abavukanyi bacu mu kuntu tubafata. (Ef. 4:29, 31–5:2) Nk’akarorero, turabaserukako igihe barwaye canke igihe bariko baraca mu bigeragezo, nk’ivyago vy’ivyaduka. Ariko none, twokora iki igihe uwo dusangiye ukwemera akoze canke avuze ikintu kitubabaza?

13. Kubera iki dukwiye kubabarira abandi?

13 Vyoba bishika bikakugora kubabarira uwo musangiye ukwemera? (Lew. 19:18) Nimba bishika, nukurikize iyi mpanuro igira iti: “Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi. Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mugenze mutyo.” (Kol. 3:13) Igihe cose tubabariye uwo dusangiye ukwemera, tuba tweretse Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru ko dukenguruka vy’ukuri incungu. Twokora iki kugira turushirize gukenguruka iyo ngabire Imana yaduhaye?

WORUSHIRIZA GUTE GUKENGURUKA INCUNGU?

14. Uburyo bumwe tworushiriza gukenguruka incungu ni ubuhe?

14 Nukengurukire Yehova kubera incungu. Mushiki wacu w’imyaka 83 aba mu Buhindi yitwa Joanna, avuga ati: “Mbona yuko bihambaye ko mu masengesho ntura buri musi nkengurukira Yehova kubera incungu.” Mu masengesho utura uri wenyene, niwiyumvire amakosa wakoze kuri uwo musi hanyuma usabe Yehova akubabarire. Ariko ntiwumve, nimba wakoze igicumuro gikomeye, urakeneye no kwitura abakurambere. Bazokwumviriza hanyuma baguhe impanuro ziranga urukundo zishingiye kw’Ijambo ry’Imana. Bazosenga muri kumwe, basabe Yehova akubabarire kugira ngo usubire kugiranira ubucuti bwiza na we.​—Yak. 5:14-16.

15. Kubera iki bihambaye ko dufata umwanya tukiga ivyerekeye incungu kandi tukayizirikanako?

15 Nuzirikane ku ncungu. Mushiki wacu w’imyaka 73 yitwa Rajamani avuga ati: “Igihe cose nsomye ivyerekeye imibabaro yashikiye Yezu, nca nkorora amosozi.” Na wewe urashobora kwumva ubabaye uzirikanye ukuntu Umwana w’Imana yababajwe cane. Ariko uko urushiriza kuzirikana ku ncungu Yezu yatanze, ni ko urushiriza kumukunda no gukunda Se wiwe. Ubona gute mu kwiyigisha kwawe wize ivyerekeye incungu kugira urushirize kuyizirikanako?

Yezu akoresheje imfungurwa zisanzwe, yareretse abigishwa biwe ingene bokwibuka incungu yiwe (Raba ingingo ya 16)

16. Kwigisha abandi ivyerekeye incungu bitugirira akamaro akahe? (Raba ishusho iri ku gipfukisho.)

16 Niwigishe abandi ivyerekeye incungu. Igihe cose tubwiye abandi ivyerekeye incungu, ni ko ubwacu turushiriza kuyikenguruka. Turafise ibikoresho vyiza cane bidufasha kwigisha abandi igituma Yezu yadupfiriye. Nk’akarorero, turashobora gukoresha icigwa ca 4 c’agatabu Inkuru nziza iva ku Mana. Ico cigwa kivuga ngo “Yezu Kristu ni nde?” Canke na ho, tugakoresha ikigabane ca 5 c’igitabu Bibiliya itwigisha iki? Ico kigabane kivuga ngo “Incungu ni ingabire iruta izindi zose.” Vyongeye, buri mwaka turarushiriza gukenguruka incungu mu kwitaba Icibutso c’urupfu rwa Yezu no mu gutumira abandi tubigiranye umwete. Ese ukuntu ari agateka Yehova yaduteye kwigisha abandi ivyerekeye Umwana wiwe.

17. Kubera iki incungu ari ingabire iruta izindi zose Imana yahaye abantu?

17 Nta gukeka ko dufise imvo zumvikana zituma turushiriza kuguma dukenguruka incungu. Naho tudatunganye, turashobora kugiranira ubucuti somambike na Yehova biciye ku ncungu. Biciye kuri yo, ibikorwa vya Shetani vuba bigiye guhindurwa ubusa. (1 Yoh. 3:8) Bisubiye, kubera incungu, umugambi Yehova yari afitiye isi kuva mu ntango uzoranguka. Isi yose izocika iparadizo. Abazoba bayibamwo bose bazoba bakunda Yehova kandi bamukorera. Nimuze rero buri musi twame turondera uturyo two kugaragaza ko dukenguruka incungu, yo ngabire iruta izindi zose Imana yahaye abantu.

URURIRIMBO RWA 20 Watanze ca kinege cawe

^ ing. 5 Kubera iki Yezu yababajwe hanyuma akicwa rubi? Iki kiganiro kirishura ico kibazo. Kiraza kandi kutwereka ukuntu tworushiriza gukenguruka incungu.

^ ing. 6 Vyari bimenyerewe mu migenzo y’Abaroma kumanika abantu b’inkozi z’ikibi ku giti bakiri bazima, kandi Yehova yararetse Umwana wiwe aricwa muri ubwo buryo.

^ ing. 55 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Abavukanyi batatu bananiye ibigeragezo bitandukanye: Kuraba amashusho y’ibiterasoni, kunywa itabi no kwemera igiturire.