Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 17

Yehova aragukunda!

Yehova aragukunda!

“Yehova [arakunda] abantu biwe.”​—2 NGO. 2:11.

URURIRIMBO RWA 108 Urukundo rudahemuka rw’Imana

INCAMAKE *

Data wa twese wo mw’ijuru ‘arakunda’ umwe wese muri twebwe (Raba ingingo ya 1)

1. Ni ibiki Yehova abona mu basavyi biwe?

YEHOVA IMANA “[arakunda] abantu biwe.” (2 Ngo. 2:11) Ese ukuntu ico kintu gihimbaye! Yehova arabona kamere nziza dufise; arabona ko hari ico tuzovamwo kandi aradufasha kuba abagenzi biwe. Nitwaguma turi intahemuka kuri we, ntazokwigera aduheba.​—Yoh. 6:44.

2. Kubera iki hari abo bigora kwemera ko Yehova abakunda?

2 Hari abovuga bati: ‘Ndazi ko Yehova akunda abasavyi biwe uko bagize umugwi, ariko nokwemezwa n’iki ko ankunda ku giti canje?’ Ni igiki coshobora gutuma umuntu yiyumvira gutyo? Uwitwa Oksana * yarashikiwe n’ibintu bibabaje cane mu bwana bwiwe. Avuga ati: “Naranezerewe cane igihe nabatizwa ngatangura n’ubutsimvyi. Ariko haciye imyaka 15, naratanguye kwibuka ibintu bibabaje vyanshikiye mu bwana. Naciye ntangura kwiyumvira ko Yehova atakinshima be n’uko ntabereye ko ankunda.” Mushiki wacu w’umutsimvyi yitwa Yua, na we nyene akaba yarashikiwe n’ingorane nyinshi mu bwana, avuga ati: “Niyeguriye Yehova kubera nipfuza kumuhimbara. Ariko narumva neza ko atokwigera ankunda.”

3. Ni ibiki tugiye kurimbura muri iki kiganiro?

3 Cokimwe n’abo bashiki bacu duhejeje kuvuga, urakunda Yehova cane. Ariko ushobora kuba wibaza ko atagukunda. Kubera iki none ukwiye guhera amazinda ko agukunda vy’ukuri? Kandi ni igiki cogufasha bishitse ukibaza ko atagukunda? Reka turimbure inyishu z’ivyo bibazo.

KWIYUMVIRA KO YEHOVA ATADUKUNDA BIRIMWO AKAGA

4. Kubera iki kwiyumvira ko Yehova atadukunda birimwo akaga?

4 Igihe twemera tudakeka ko Yehova adukunda kandi adushigikira, biratuma twipfuza kumukorera n’umutima wacu wose, mbere no mu bihe bitoroshe. Ariko igihe twiyumvira ko Imana itatwitwararika, “inkomezi za[cu] zizoba nke.” (Imig. 24:10) Kandi igihe ducitse intege tugatangura kwiyumvira ko Imana itadukunda, bituma tudashobora kunanira ibitero vya Shetani.​—Ef. 6:16.

5. Ni ibiki vyashikiye abantu bamwebamwe igihe batangura kwiyumvira ko Imana itabakunda?

5 Abavukanyi na bashiki bacu bamwebamwe baratanguye kwiyumvira ko Yehova atabakunda be n’uko atabitwararika. Ivyo vyatumye ukwizera kwabo kugoyagoya. Umukurambere umwe yitwa James avuga ati: “Naho nakorera kuri Beteli nkaba no mw’ishengero rikoresha urundi rurimi, sinabona neza ko Yehova ahimbarirwa igikorwa ndamurangurira. Vyaranashitse ndiyumvira ko atumviriza amasengesho yanje.” Uwitwa Eva, na we nyene akaba ari mu murimo w’igihe cose, avuga ati: “Nasanze kwiyumvira ko Yehova atadukunda birimwo akaga kubera ko bigira ingaruka ku bintu vyose tumukorera. Biratuma tutaba tucipfuza gukorera Yehova kandi tugatakaza umunezero.” Umukurambere akaba n’umutsimvyi yitwa Michael na we avuga ati: “Igihe utanguye kwiyumvira ko Imana itagukunda uca utangura kugenda akayombekere.”

6. Twokora iki bishitse tugatangura kwiyumvira ko Imana itadukunda?

6 Ubwo burorero burerekana ukuntu kwiyumvira ko Yehova atadukunda bishobora gutuma ukwizera kwacu kugoyagoya. None twokora iki hamwe ivyiyumviro mwene ivyo vyotangura gushinga imizi mu mutima wacu? Dukwiye guca tuvyamirira kure tudatebaganye. Nusabe Yehova agufashe kwikuramwo ivyo ‘vyiyumviro bidurumbanya’ maze atume ‘amahoro y’Imana arinda umutima wawe n’ububasha bwawe bwo kwiyumvira.’ (Zab. 139:23; Flp. 4:6, 7) Kandi wibuke ko utari wenyene. N’abandi basavyi ba Yehova birashika bakagira inyiyumvo zica intege. Mbere n’abasavyi ba Yehova bo mu bihe vya kera vyarabashikiye. Reka turabe ivyo twigira ku karorero k’intumwa Paulo.

IVYO TWIGIRA KU KARORERO KA PAULO

7. Ni ingorane izihe zashikiye Paulo?

7 Vyoba birashika ukumva uremerewe n’amabanga menshi ku buryo wumva utoyarangura yose? Nimba bimaze kugushikira, urashobora gutahura ingene Paulo yiyumva. Yaragira amaganya, atari ku bw’ishengero rimwe, ahubwo “ku bw’amashengero yose.” (2 Kor. 11:23-28) Woba ufise ingorane z’amagara zituma utakaza umunezero? Paulo yari afise “ihwa mu mubiri,” irishobora kuba ryari indwara yagendana, kandi yaripfuza cane ko rimuvamwo. (2 Kor. 12:7-10) Vyoba bihora bishika ukumva uracitse intege kubera utunenge twawe? Rimwe na rimwe na Paulo vyaramushikira. Kubera ko yama mu rugamba rudahera arondera gukora ibigororotse, yavuze ati: “Ewe jewe ndagowe!”​—Rom. 7:21-24.

8. Ni igiki cafashije Paulo kwihanganira ingorane zamushikiye?

8 Naho Paulo yashikiwe n’ibigeragezo bitandukanye hamwe n’ibintu bica intege, yagumye akorera Yehova. Ni igiki none camuha inkomezi zo kwumirako? Naho yari azi neza udusembwa twiwe, yarizera incungu adakekeranya. Yari azi neza umuhango Yezu yatanze w’uko ‘umuntu wese amwizera azoronka ubuzima budahera.’ (Yoh. 3:16; Rom. 6:23) Nta gukeka ko na Paulo yari umwe muri abo bizera incungu. Yari yarajijutse ko Yehova yiteguriye guharira n’abo bose bakoze ibicumuro bikomeye mu gihe bigaye.​—Zab. 86:5.

9. Twigira iki ku majambo Paulo yavuze mu Bagalatiya 2:20?

9 Paulo kandi yarizera ko Imana imukunda kubera ko yari yararungitse Kristu ngo amupfire. (Soma Abagalatiya 2:20.) Raba ingene yavyerekanye mu mpera z’uwo murongo ati: “Umwana w’Imana ya[ra]nkunze a[ra]nyigura.” Paulo ntiyabona ko yari umunyamakosa cane ku buryo Imana itomukunda. Ntiyibwira ati: ‘Abandi bo Yehova yobakunda, ariko jewe simbereye.’ Yibukije Abaroma ati: “Kristu yadupfiriye tukiri abacumuzi.” (Rom. 5:8) Nta kintu na kimwe gishobora gutuma Imana itadukunda.

10. Ni igiki twigira ku Baroma 8:38, 39?

10 Soma Abaroma 8:38, 39. Paulo yari yarajijutse ko Imana idukunda cane. Yanditse ko “ata [kintu na kimwe] kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana.” Yari azi ingene Yehova yihanganiye cane ihanga rya Isirayeli. Yari azi kandi ingene Yehova yari yaramugiriye imbabazi. Rero, ni nk’aho Paulo yariko avuga ati: ‘Nimba Yehova yararungitse Umwana wiwe ngo ampfire, none ni kubera iki nokekeranya ko ankunda?’​—Rom. 8:32.

Igihambaye ku Mana ni ivyo dukora ubu n’ivyo tuzokora muri kazoza; si amakosa twakoze muri kahise (Raba ingingo ya 11) *

11. Naho Paulo yari yarakoze ibicumuro, nk’ivyo adondora muri 1 Timoteyo 1:12-15, ni kubera iki yemera adakeka ko Imana imukunda?

11 Soma 1 Timoteyo 1:12-15. Bishobora kuba vyarashika Paulo agatuntura yibutse kahise kiwe. Ntibitangaje kuba yarivugiye ko yari “agahebuza” mu gucumura. Imbere y’uko amenya ukuri, yarahamye abakirisu, ava mu gisagara kimwe aja mu kindi abahiga, bamwe akabata mw’ibohero abandi na bo agashigikira ko bicwa. (Ivyak. 26:10, 11) Iyumvire ingene Paulo yoba yariyumva ahuye n’umukirisu akiri muto yabuze abavyeyi biwe, bakaba bishwe bivuye kw’itegeko yemeje. Yaricuza ku makosa yari yarakoze, ariko yari azi ko ata co yari buhindure. Yaremera adakeka ko Kristu yari yaramupfiriye, akaba ari co gituma yanditse ati: “Bivuye ku buntu ata wari abukwiriye bw’Imana, ubu ndi ico ndi.” (1 Kor. 15:3, 10) None ivyo bitwigisha iki? Niwemere ko Kristu yagupfiriye be n’uko yatumye bishoboka ko ugiranira ubucuti na Yehova. (Ivyak. 3:19) Igihambaye ku Mana ni ivyo dukora ubu n’ivyo tuzokora muri kazoza; si amakosa twakoze muri kahise, twaba twari Ivyabona vya Yehova canke tutari bo.​—Yes. 1:18.

12. Igihe twumva ko ata co tumaze canke ko tutabereye gukundwa, amajambo ari muri 1 Yohani 3:19, 20 yodufasha gute?

12 Igihe uzirikanye ko Yezu yapfuye kugira uharirwe ibicumuro vyawe, woshobora kwibwira uti: ‘Numva ntabereye iryo teka.’ Ni igiki gishobora gutuma wiyumvira gutyo? Umutima wacu udatunganye urashobora kuduhenda, ugatuma twiyumvira ko ata co tumaze canke ko tudashobora gukundwa. (Soma 1 Yohani 3:19, 20.) Mu bihe nk’ivyo, turakwiye kwibuka ko “Imana iruta imitima yacu.” Naho twoba twiyumvira ko Yehova atadukunda kandi ko atazotubabarira, uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru aguma adukunda kandi akatubabarira. Turakwiye rero kujijuka ko Yehova adukunda. Kugira ivyo tubishikeko, dutegerezwa kwama twiga Ijambo ryiwe, tukamusenga ubudahengeshanya kandi tukama twifatanya n’abandi basavyi biwe b’intahemuka. Kubera iki ivyo bintu bihambaye?

INGENE GUSOMA BIBILIYA, GUSENGA NO KWIFATANYA N’ABAKIRISU B’INTAHEMUKA VYODUFASHA

13. Gusoma Ijambo ry’Imana vyodufasha gute? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Ukuntu Ijambo ry’Imana ribafasha.”)

13 Nusome Ijambo ry’Imana buri musi, gutyo uzorushiriza gutahura kamere nziza nyinshi Yehova afise. Uzotahura ukuntu agukunda cane. Kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana buri musi, bizogufasha kubona ibintu nk’uko biri koko, ‘bigorore’ ivyiyumviro vyawe. (2 Tim. 3:16) Umukurambere umwe yitwa Kevin yahora yikengera, avuga ati: “Gusoma no kuzirikana kuri Zaburi 103 vyaramfashije guhindura uko mbona ibintu no gutahura ukuntu Yehova ambona vy’ukuri.” Umwe Eva twavuga na we agira ati: “Nama nsozera umusi mu kuzirikana ku kuntu Yehova abona ibintu. Ivyo biratuma numva ntekanye kandi bigakomeza ukwizera kwanje.”

14. Isengesho ryogufasha gute?

14 Nusenge ubudahengeshanya. (1 Tes. 5:17) Abagenzi nyakuri baraganira kandi bagaseruriranira akari ku mutima. Ni ko bimeze no ku bucuti dufitaniye na Yehova. Igihe tumuserurira mw’isengesho ukuntu twiyumva, ivyo twiyumvira n’ibituraje ishinga, tuba twerekanye ko tumwizigiye be n’uko tuzi ko adukunda. (Zab. 94:17-19; 1 Yoh. 5:14, 15) Umwe Yua twavuga agira ati: “Igihe ndiko ndasenga, simvuga gusa ivyabaye kuri uwo musi. Ndayagira Yehova, nkamubwira ivyo niyumvira n’ukuntu niyumva. Bukebuke nahavuye mbona ko Yehova ari Umuvyeyi akunda vy’ukuri abana biwe, atari nk’umushefu w’ihinguriro.”​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Woba waragisomye?”

15. Yehova yerekana gute ko atwitwararika?

15 Niwifatanye n’abagenzi b’intahemuka, kuko ari ingabire Yehova yaduhaye. (Yak. 1:17) Dawe wa twese wo mw’ijuru aratwitwararika mu kuduha umuryango w’abavukanyi “[u]kundana igihe cose.” (Imig. 17:17) Mw’ikete Paulo yandikiye Abakolosayi, yaradondaguye abakirisu bamwebamwe bamushigikiye. Yavuze ko bamubereye “imfashanyo ikomeza.” (Kol. 4:10, 11) Na Kristu Yezu yari akeneye gushigikirwa n’abagenzi biwe, baba abamarayika canke abantu, kandi yarakengurutse ukuntu bamufashije.​—Luka 22:28, 43.

16. Abagenzi b’intahemuka bodufasha gute kwiyegereza Yehova?

16 Woba uriko urungukira kuri iyo ngabire Yehova yaduhaye y’abagenzi b’intahemuka? Kubwira umugenzi ahumuye mu vy’impwemu ibituraje ishinga, si ikimenyetso c’ubugoyagoye, ahubwo birashobora kudukingira. Raba ivyo umwe James twavuga yigana, ati: “Kugira abagenzi bahumuye mu vy’impwemu vyaramfashije cane. Igihe ivyiyumviro bica intege bindengeye, baranyumviriza bihanganye kandi bakanyibutsa ko bankunda. Biciye kuri bo ndibonera ko Yehova ankunda kandi anyitwararika.” Ese ukuntu bihambaye ko tugiranira ubugenzi somambike n’abakirisu bahumuye mu vy’impwemu.

NUGUME MU RUKUNDO RWA YEHOVA

17-18. Dukwiye kwumviriza nde, kandi kubera iki?

17 Shetani ashaka ko dutana n’akabando mu rugamba turimwo rwo gukora ibigororotse. Ashaka ko twiyumvira ko Yehova atadukunda be n’uko tutabereye kurokorwa. Ariko nk’uko twabibonye, ico ni ikinyoma cambaye ubusa.

18 Yehova aragukunda kandi araguha agaciro. Niwamugamburukira, ‘uzoguma mu rukundo rwiwe’ nka kumwe kwa Yezu. (Yoh. 15:10) Rero ntuhe amatwi Shetani, kandi bishitse ugatangura kwiyumvira ko Yehova atagukunda, nuce uvyikuramwo. Niwumvirize Yehova, we akubonamwo iciza. Nuhere amazinda ko Yehova ‘akunda abasavyi biwe,’ na wewe urimwo.

URURIRIMBO RWA 141 Ubuzima ni igitangaro

^ ing. 5 Abavukanyi na bashiki bacu bamwebamwe bibaza ko Yehova atokwigera abakunda. Muri iki kiganiro turaza kubona igituma twokwemera tudakeka ko Yehova adukunda umwumwe wese ku giti ciwe. Turaza kandi kubona ico twokora bishitse tukibaza ko Yehova atadukunda.

^ ing. 2 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 67 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Imbere y’uko Paulo amenya ukuri, yarahama abakirisu akongera akabapfungisha. Igihe yatahura ivyo Yezu yari yaramugiriye, yarahindutse maze aza araremesha abavukanyi bagenziwe. Bamwe muri bo bashobora kuba zari incuti z’abo yahoze ahama.