Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene wokwiyigisha

Ingene wokwiyigisha

Woba uriko urungukira ku nsobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya dusanga muri ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova?

Ukuntu imirongo yo muri Bibiliya isigurwa birashobora kugufasha kwiga Ijambo ry’Imana mu buryo bwimbitse. Hoshobora kuba harimwo amakuru y’ido n’ido yerekana ukuntu ibintu vyari vyifashe igihe uwo murongo wo muri Bibiliya wandikwa, igituma wanditswe, abo wari werekeye, canke insobanuro y’amajambo canke amungane kanaka.

Ca CEGERANYO C’IBITABU CO KURI INTERNET na ka gaprograma ka JW Library® biragufasha gushikira amarabiro yo mu Gitabu c’ubushakashatsi ufyonze gusa ku murongo kanaka wo muri Bibiliya. Urashobora gushikira mwene ayo marabiro muri buri mpinduro ya Bibiliya ihari mu gufyonda ku kamenyetso k’Igitabu c’ubushakashatsi.

Igihe wikora kuri ayo marabiro, uraraba neza ukuntu ibiganiro bikurikirana. Ibiganiro vya vuba ni vyo biza hejuru. Ibihereza munsi na vyo ni ivya kera kandi bishobora kuba birimwo amakuru yaryohowe.

  • Amarabiro y’umurongo ari muri ca Gitabu c’ubushakashatsi araboneka muri ca CEGERANYO C’IBITABU CO KURI INTERNET.

  • Kugira ubone amarabiro y’umurongo muri JW Library, nuvome Igitabu c’ubushakashatsi hanyuma uze uragishira ku gihe igihe cose bikenewe. Ivyo wobikora mu gufyonda ku kamenyetso k’Igitabu c’ubushakashatsi kari hejuru kuri buri kigabane co muri Bibiliya.