Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 16

“Musazawe arazuka”!

“Musazawe arazuka”!

“Yezu [abwira Marita] ati: ‘Musazawe arazuka.’”​—YOH. 11:23.

URURIRIMBO RWA 151 Izohamagara

INCAMAKE a

1. Agahungu kamwe kerekanye gute ko gafise icizigiro c’izuka?

 AGAHUNGU kamwe kitwa Matthew karwaye indwara ikomeye kandi kaza karabagwa kenshi. Igihe kari gafise imyaka indwi, kariko kararaba ikiganiro c’ukwezi kuri televiziyo ya JW kari kumwe n’umuryango wako. Amaja mu mpera y’ico kiganiro, bararavye ividewo y’umuziki ijanye no guha ikaze abacu twikundira mu gihe c’izuka. b Ikiganiro giheze, Matthew yaregereye abavyeyi biwe, abafata amaboko, aca ababwira ati: “Papa, mama, mwabonye? Nivyashika ngapfa nzozuka. Muzondindira kandi bizogenda neza.” Iyumvire ukuntu abo bavyeyi bategerezwa kuba bumvise bamerewe igihe bamenya ko ako gahungu kabo gafise icizigiro gikomeye c’izuka!

2-3. Kubera iki ari vyiza ko twozirikana ku cizigiro c’izuka?

2 Ni vyiza ko twama tuzirikana ku bijanye n’izuka ryo muri kazoza Bibiliya isezerana. (Yoh. 5:28, 29) Kubera iki? Kubera ko tutigera tumenya igihe twohura n’ingorane zikomeye z’amagara canke twobura uwacu twikundira tutari tuvyiteze. (Umus. 9:11; Yak. 4:13, 14) Icizigiro cacu c’izuka kirashobora kudufasha kwihanganira izo ngorane. (1 Tes. 4:13) Ivyanditswe bidukura amazinda ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru atuzi neza kandi ko adukunda cane. (Luka 12:7) Niwiyumvire ingene Yehova Imana atuzi neza ku buryo ashoboye kutuzura dufise kamere n’ivyiyumviro nyene twari dusanganywe. Yehova aradukunda cane kandi yaraduhaye akaryo ko kubaho ibihe bidahera. Naho vyoshika tugapfa azotuzura.

3 Muri iki kiganiro, turaza kubona igituma dukwiye kwizigira izuka. Turaza kubona kandi inkuru yo muri Bibiliya ikomeza ukwizera irimwo amajambo agize umutwe w’iki kiganiro, ayavuga ati: “Musazawe arazuka.” (Yoh. 11:23) Mu nyuma, turaza kubona ico twokora kugira icizigiro cacu c’izuka kirushirize kuba ntakekeranywa kuri twebwe.

IGITUMA TWOKWIZIGIRA IZUKA

4. Kugira twizere ikintu, dutegerezwa kujijuka ku biki? Tanga akarorero.

4 Kugira twizere ikintu, dutegerezwa kuba twarajijutse ko uwagisezeranye yipfuza kugishitsa kandi ko abishoboye. Tubitangire akarorero: Dufate ko inzu yawe yononekaye cane kubera igihuhusi. Maze hari umugenzi aje akagusezeranira ko azogufasha gusubira kuyubaka. Ni imvugakuri kandi urabona ko yipfuza vy’ukuri kugufasha. Nimba ari umwubatsi w’umuhanga kandi akaba afise ibikoresho bikenewe, uca ubona ko ashoboye kugufasha. Rero uca wizera ivyo agusezeraniye. None tuvuge iki ku bijanye n’umuhango Imana yatanze w’izuka? Yoba vy’ukuri yipfuza kandi ishoboye kuwushitsa?

5-6. Twemezwa n’iki ko Yehova yipfuza kuzura abapfuye?

5 Yehova yoba yipfuza kuzura abapfuye? Aho ntidukekeranya. Yarahumekeye abanditsi ba Bibiliya batari bake kwandika ibijanye n’umuhango yatanze w’izuka ryo muri kazoza. (Yes. 26:19; Hos. 13:14; Ivyah. 20:11-13) Kandi igihe Yehova asezeranye ikintu yama agishitsa. (Yos. 23:14) Yehova arashashaye kuzura abapfuye. Uti kubera iki tuvuze gutyo?

6 Zirikana amajambo Yobu yavuze. Yarizigira adakeka ko naho yopfuye, Yehova yobaye ashashaye gusubira kumubona. (Yobu 14:14, 15) Uko nyene ni ko Yehova yiyumva ku bijanye n’abasavyi biwe bose bapfuye. Arashashaye kubazura bafise amagara meza kandi bahimbawe. Bite ho ku bantu amamiliyaridi bapfuye bataronse akaryo ko kwiga ivyerekeye Yehova? Imana yacu y’urukundo iripfuza kubazura na bo nyene. (Ivyak. 24:15) Yipfuza ko boronka akaryo ko kuba abagenzi bayo no kubaho ibihe bidahera kw’isi. (Yoh. 3:16) Biragaragara ko Yehova yipfuza kuzura abapfuye.

7-8. Twemezwa n’iki ko Yehova ashoboye kuzura abapfuye?

7 Yehova yoba kandi ashoboye kuzura abapfuye? Neza cane. Ni “Mushoboravyose.” (Ivyah. 1:8) Rero arafise ububasha bukwiye bwo gutsinda umwansi uwo ari we wese harimwo n’urupfu. (1 Kor. 15:26) Kumenya ivyo, biradukomeza kandi bikaturemesha. Rimbura ivyashikiye mushiki wacu Emma Arnold. Mu ntambara ya kabiri y’isi yose, we n’umuryango wiwe barashikiwe n’ibintu vyinshi bigerageza ukwizera kwabo. Umukobwa wiwe yarabuze abantu benshi yikundira bapfiriye mu makambi y’itunatuniro y’Abanazi. Mu kumuremesha, Emma yavuze ati: “Hamwe abapfuye batozuka, vyoba bisigura ko urupfu rukomeye kuruta Imana. Ariko ivyo si ko biri. Nta kintu na kimwe gisumvya Yehova ububasha. Imana Mushoboravyose yo yaremye ubuzima, ata gukeka irashoboye gusubiza ubuzima abapfuye.

8 Iyindi mvo ituma twemera yuko Imana ishoboye kuzura abapfuye, ni uko ifise ubwenge butagira aho bugarukira. Irazi inyenyeri imwimwe yose mw’izina. (Yes. 40:26) Vyongeye, iribuka abo bose bapfuye. (Yobu 14:13; Luka 20:37, 38) Iribuka neza n’utuntu tw’ido n’ido twerekeye abo izozura, harimwo uko basa, uko bari bimereye hamwe n’ivyo baciyemwo mu buzima.

9. Kubera iki wizigira umuhango Yehova yatanze w’izuka?

9 Ata gukeka, turashobora kwizigira umuhango w’izuka Yehova yatanze kubera ko yipfuza kuwushitsa kandi akaba abishoboye. Raba iyindi mvo ituma twizigira uwo muhango Imana iduha w’izuka: Hari abantu Yehova amaze kuzura. Mu bihe vya Bibiliya, Yehova yarahaye abantu bakeyi b’abizigirwa ububasha bwo kuzura abapfuye, harimwo na Yezu. Reka turabe inkuru imwe y’umuntu Yezu yazuye ivugwa muri Yohani ikigabane ca 11.

UMUGENZI SOMAMBIKE WA YEZU APFA

10. Ni ibiki biba Yezu ariko aramamaza hakurya ya Yorodani, kandi aca akora iki? (Yohani 11:1-3)

10 Soma Yohani 11:1-3. Niwihe ishusho y’ivyabereye i Betaniya amaja mu mpera zo mu 32 inyuma ya Kristu. Yezu afise abagenzi biwe somambike muri ico kigwati, ari bo Lazaro hamwe na bashikiwe babiri, Mariya na Marita. (Luka 10:38-42) Ariko Lazaro ararwara, maze bashikiwe bagahagarika umutima. Baca barungikira ubutumwa Yezu, na we akaba ari hakurya ya Yorodani, ahari urugendo rw’imisi nk’ibiri kugira ushike i Betaniya. (Yoh. 10:40) Ikibabaje, Lazaro arapfa inyuma y’aho Yezu aronkeye ubwo butumwa. Naho Yezu amenya ko umugenzi wiwe yapfuye, aguma aho yari ari iyindi misi ibiri, mu nyuma agafata urugendo yerekeza i Betaniya. Rero Yezu ashika Lazaro amaze imisi ine apfuye. Yezu agiye gukora ikintu kigirira akamaro abo bagenzi biwe, ariko kandi gituma Imana ininahazwa.​—Yoh. 11:4, 6, 11, 17.

11. Iyi nkuru itwigisha iki ku bijanye no kugiranira ubugenzi?

11 Muri iyi nkuru, turahakura icigwa ku bijanye no kugiranira ubugenzi. Zirikana iki kintu: Igihe Mariya na Marita barungikira ubutumwa Yezu, ntibamusavye ngo aze i Betaniya. Bamumenyesheje gusa ko umugenzi somambike wiwe arwaye. (Yoh. 11:3) Igihe Lazaro yapfa, Yezu yari ashoboye kumuzura n’ubwo yobaye ari kure. Yamara, yahisemwo kuja i Betaniya kugira abe ari kumwe n’abagenzi biwe Mariya na Marita. Woba ufise umugenzi azoguserukako naho utobimusaba? Nimba ari ukwo biri, urashobora kwizigira ko azogufasha mu “gihe c’amarushwa.” (Imig. 17:17) Cokimwe na Yezu, nimuze tubere abandi umugenzi nk’uwo. Reka ubu na ho dusubire muri ya nkuru maze turabe ivyakurikiye.

12. Ni umuhango uwuhe Yezu aha Marita, kandi kubera iki yowizera? (Yohani 11:23-26)

12 Soma Yohani 11:23-26. Marita aramenya ko Yezu ari hafi y’i Betaniya. Aca agenda guhura na we, maze akamubwira ati: “Mukama, iyo uza kuba wari hano musazanje ntiyari gupfa.” (Yoh. 11:21) Mu vy’ukuri yari gushobora gukiza Lazaro. Ariko, Yezu yipfuza gukora ikindi kintu kidasanzwe. Yamusezeraniye ati: “Musazawe arazuka.” Vyongeye, yarahaye Marita iyindi mvo yotuma yizigira uwo muhango mu kumubwira ati: “Ni jewe zuka n’ubuzima.” Egome, Imana yarahaye Yezu ububasha bwo kuzura abapfuye. Imbere y’aho, yarazuye umwigeme yari ahejeje gupfa. Yarazuye kandi umusore, uwushobora kuba yari yapfuye kuri uwo musi nyene yamuzura. (Luka 7:11-15; 8:49-55) Ariko none, yoba yoshoboye kuzura umuntu amaze imisi ine apfuye, n’umubiri wiwe utanguye kubora?

“LAZARO, SOHOKA!”

Yezu yarumviye impuhwe abagenzi biwe bari bagandaye (Raba ingingo ya 13-14)

13. Nk’uko bivugwa muri Yohani 11:32-35, Yezu avyifatamwo gute abonye Mariya n’abandi bariko bararira? (Raba n’ishusho.)

13 Soma Yohani 11:32-35. Niwihe ishusho y’ivyakurikiye. Mariya, uwundi mushiki wa Lazaro, aca asohoka guhura na Yezu. Asubiramwo ivyo mwenewabo yavuze ati: “Mukama, iyo uza kuba wari hano, musazanje ntiyari gupfa.” We hamwe n’abo bari kumwe barababaye cane. Kubona no kwumva ingene barira, bituma Yezu ababara cane. Kubera ko yumviye ikigongwe abagenzi biwe, aciye arira. Aratahura ukuntu bibabaza iyo umuntu wakunda apfuye. Nta gukeka ko ashashaye gukuraho icatumye barira.

14. Ukuntu Yezu yavyifashemwo igihe yabona Mariya ariko ararira bitwigisha iki ku vyerekeye Yehova?

14 Uko Yezu avyifatamwo abonye Mariya ariko ararira, biratwigisha ko Yehova ari Imana ifise impuhwe z’ikibabarwe. Kubera iki tuvuze ukwo? Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Yezu arigana neza Se wiwe mu kuntu yiyumvira be n’ukuntu yiyumva. (Yoh. 12:45) Igihe rero dusomye ko Yezu yarize kubera yumviye impuhwe abagenzi biwe bari bagandaye, duca dutahura ko na Yehova atwumvira ikigongwe igihe abona turiko turarira kubera twabuze abacu. (Zab. 56:8) Ivyo none ntibituma wumva ushatse kwiyegereza Imana yacu y’ikibabarwe?

Yezu yarerekanye ko afise ububasha bwo kuzura abapfuye (Raba ingingo ya 15-16)

15. Nk’uko bivugwa muri Yohani 11:41-44, ni ibiki biba ku mva ya Lazaro? (Raba n’ishusho.)

15 Soma Yohani 11:41-44. Yezu arashika ku mva ya Lazaro, agaca asaba ngo bakureko ibuye. Marita aranka, akavuga ko ategerezwa kuba atanguye kunuka. Yezu yishura ati: “Sinakubwiye yuko hamwe wokwemera wobona ubuninahazwa bw’Imana?” (Yoh. 11:39, 40) Yezu aca araramura amaso mw’ijuru maze agasenga bose bumva. Yipfuza guha Yehova ubuninahazwa ku bw’ikintu kigira kibe. Yezu aca asemerera ati: “Lazaro, sohoka!” Lazaro aca asohoka akava mu mva. Yezu yari ahejeje gukora ikintu abantu bamwebamwe bibaza ko kitoshoboka.

16. Ni gute inkuru dusanga muri Yohani ikigabane ca 11 ituma turushiriza kwizigira izuka?

16 Inkuru dusanga muri Yohani ikigabane ca 11 iratuma turushiriza kwizigira izuka. Uti gute? Niwibuke ko Yezu yasezeraniye Marita ati: “Musazawe arazuka.” (Yoh. 11:23) Cokimwe na Se wiwe, Yezu aripfuza gushitsa uwo muhango kandi arabishoboye. Kuba yararize vyerekana ko yipfuza cane kuzura abapfuye no gukuraho umubabaro abantu bagira kubera urupfu. Igihe Lazaro yasohoka ava mu mva, Yezu yari asubiye kwerekana ko afise ububasha bwo kuzura abapfuye. Zirikana kandi ivyo Yezu yibukije Marita, ati: “Sinakubwiye yuko hamwe wokwemera wobona ubuninahazwa bw’Imana?” (Yoh. 11:40) Turafise imvo zumvikana zituma twizigira ko Imana izoshitsa umuhango yatanze wo kuzura abapfuye. Ni igiki kandi twokora cotuma turushiriza kwizigira uwo muhango tudakekeranya?

UKUNTU TWORUSHIRIZA KWIZIGIRA IZUKA TUDAKEKERANYA

17. Ni ibiki twogumiza ku muzirikanyi igihe turiko turasoma inkuru zo muri Bibiliya zerekeye izuka?

17 Nusome wongere uzirikane ku nkuru zo muri kahise zerekeye izuka. Bibiliya iravuga inkuru umunani z’abantu bazutse. c Ubona gute ufashe akanya ko kwiga witonze imwimwe yose muri izo nkuru? Uko wiga izo nkuru, nugumize ku muzirikanyi ko ari abantu babayeho koko, abagabo, abagore n’abana. Nurabe ivyigwa wohigira. Mu nkuru imwimwe yose, nuzirikane ukuntu Imana yipfuza kuzura abapfuye kandi ibishoboye. N’ikiruta vyose, nuzirikane kw’izuka rihambaye kuruta, ni ukuvuga izuka rya Yezu. Wibuke ko hari abantu amajana biboneye ko yazutse kandi ivyo birakomeza ukwizera kwacu.​—1 Kor. 15:3-6, 20-22.

18. Wokoresha neza gute indirimbo zacu zivuga ivy’icizigiro c’izuka? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

18 Niwumvirize indirimbo zivuga ivy’izuka wongere uzirikane ku majambo ari muri zo. d (Ef. 5:19) Izo ndirimbo zirakomeza ukwizera kwacu, zigatuma tudakekeranya ku cizigiro ciza igitangaza dufise c’izuka. Nuzumvirize, wimenyereze kuziririmba, kandi muganire ku majambo ari muri zo mu gusenga kwo mu muryango. Nuzifate ku mutwe kandi uzizirikaneko cane kugira zigukore ku mutima zongere zikomeze ukwizera kwawe. Niwabigira, igihe uzoba uhanganye n’ikigeragezo coshobora kugutwara ubuzima canke ukabura uwawe wikundira, impwemu ya Yehova izogufasha kwibuka izo ndirimbo kugira zikuremeshe zongere zigukomeze.

19. Wokwiha ishusho ku biki ku vyerekeye izuka? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ni ibiki wobabaza?”)

19 Nugerageze kwiha ishusho. Yehova yaraduhaye ububasha bwo kwiha ishusho turi mw’isi nshasha. Mushiki wacu umwe avuga ati: “Narafashe umwanya munini wo kwiha ishusho ndi mw’isi nshasha, ku buryo hageze aho nsa n’uwumva akamoto k’amashurwe ndi mw’iparadizo.” Niwihe ishusho uri kumwe n’abagabo n’abagore b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya. Ni nde wumva ushashaye kubona? Ni ibibazo ibihe uzomubaza? Niwihe ishusho kandi wasubiye kubonana n’abawe wikundira bapfuye. Nuse n’uwubona ibintu bizoba mugihura, nk’amajambo muzovugana, ukuntu muzogumbirana n’umunezero muzogira.

20. Wiyemeje gukora iki?

20 Ese ukuntu dukenguruka kuba Yehova yaraduhaye icizigiro c’izuka! Turashobora kwizigira tudakeka ko abapfuye bazozuka kubera ko Yehova yipfuza kubishitsa kandi akaba abishoboye. Nimuze tugume dukomeza ico cizigiro ciza igitangaza c’izuka. Nitwabigira, tuzorushiriza kwiyegereza Imana, yo isezeranira umwe wese muri twebwe iti: ‘Abawe wikundira bazozuka!’

URURIRIMBO RWA 147 Dusezeranirwa ubuzima budahera

a Nimba warabuze uwawe wikundira, nta gukeka ko icizigiro c’izuka kiguhoza. None wosigurira gute abandi igituma ufise ico cizigiro? Vyongeye, wokora iki kugira ntukekeranye kuri ico cizigiro c’izuka? Intumbero y’iki kiganiro ni iyo kudufasha twese gukomeza ukwizera kwacu ku bijanye n’icizigiro cacu c’izuka.

b Iyo videwo y’umuziki ifise umutwe uvuga ngo Isi nshasha iri hafi, ikaba yerekanywe mu kiganiro c’ukwezi co muri Munyonyo 2016.

d Nurabe indirimbo zikurikira mu gitabu Turirimbire Yehova tunezerewe:Niwibone mw’isi nshasha” (Ururirimbo rwa 139), “Guma uraba ku gashimwe!” (Ururirimbo rwa 144), na “Izohamagara” (Ururirimbo rwa 151). Nurabe kandi indirimbo zisanzwe zikurikira ziri kuri jw.org: “Isi nshasha iri hafi,” “Ya si nshasha yimirije,” na “Niwibone uri mw’iparadizo.”