Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 18

Turemeshanye ku makoraniro y’ishengero

Turemeshanye ku makoraniro y’ishengero

“Twiyumvirane . . . , turemeshany[e].”​—HEB. 10:24, 25.

URURIRIMBO RWA 88 Numenyeshe inzira zawe

INCAMAKE a

1. Kubera iki dutanga insasanuro ku makoraniro?

 KUBERA iki twitaba amakoraniro y’ishengero? Imvo nyamukuru, ni kugira dushemeze Yehova. (Zab. 26:12; 111:1) Vyongeye, turitaba amakoraniro kugira turemeshanye muri ibi bihe bitoroshe. (1 Tes. 5:11) Igihe dukirije hanyuma tugatanga insasanuro, tuba dushikije izo ntumbero zompi.

2. Ni uturyo utuhe dufise two gutanga insasanuro mu makoraniro yacu?

2 Buri ndwi, turaronka uturyo two gutanga insasanuro ku makoraniro yacu. Nk’akarorero, mu makoraniro tugira ku mpera y’indwi, turashobora kugira uruhara mu cigwa c’Umunara w’Inderetsi. Mu makoraniro yo mu ndwi hagati, turashobora gutanga insasanuro mu gice ca Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya, mu Nyigisho ya Bibiliya y’ishengero no mu bindi biganiro vyo guhana ijambo.

3. Ni ibiki vyoshobora gutuma bitugora gutanga insasanuro, kandi mu Baheburayo 10:24, 25 hodufasha gute?

3 Twese twipfuza gushemeza Yehova no kuremesha abakirisu bagenzi bacu. Ariko hari ibintu vyoshobora gutuma bitugora gutanga insasanuro. Twoshobora kwumva gutanga insasanuro biduhagaritse umutima canke na ho tukumva twipfuza gutanga insasanuro kenshi, ariko ntibadutore nk’uko twavyipfuza. None ni ibiki vyodufasha igihe ibintu vyifashe gutyo? Inyishu tuyisanga mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abaheburayo. Igihe yariko aravuga akamaro ko gukoranira hamwe, yavuze ko dukwiye gushira imbere ‘kuremeshanya.’ (Soma Abaheburayo 10:24, 25.) Igihe twibutse ko dushobora kuremesha abitavye amakoraniro, mbere n’igihe twatanze insasanuro isanzwe iserura ukwizera kwacu, bizotuma tudahagarika umutima cane hageze ko dutanga insasanuro. Bishitse ntibadutore kenshi na ho, twoshobora guhimbarwa no kuba abandi baca baronka akaryo ko gutanga insasanuro.​— 1 Pet. 3:8.

4. Ni ibintu bitatu ibihe tuza kurimbura muri iki kiganiro?

4 Muri iki kiganiro, tuza guhera ku kurimbura ukuntu tworemeshanya igihe turi mw’ishengero ritoyi, aho abatanga insasanuro baba ari bake. Ubukurikira, turaza kurimbura ingene tworemeshanya igihe turi mw’ishengero rinini, aho abakiriza ngo batange insasanuro baba ari benshi. Ubwa nyuma, turaza kurimbura ukuntu twohitamwo ivyo twoshira mu nsasanuro zacu kugira zibe iziremesha abandi.

NUREMESHE ABANDI MW’ISHENGERO RITOYI

5. Tworemesha gute abandi igihe turi bake mw’ikoraniro?

5 Igihe ishengero ari ritoyi canke ari umugwi, usanga abatanga insasanuro atari benshi. Rimwe na rimwe, hari aho vyosaba ko uwuhagarikiye arindira akanya kugira haboneke uwukiriza ngo yishure. Ivyo vyoshobora gutuma ikoraniro riboneka nk’aho rirambira, kandi ivyo ntivyoba biremesha. None wokora iki? Niwibwirize gukiriza kenshi. Ivyo ubigize, vyoshobora gutuma n’abandi bakiriza kenshi.

6-7. Twokora iki kugira ubwoba dufise bwo gutanga insasanuro bugabanuke?

6 Wokora iki igihe gutanga insasanuro vyoba biguhagarika umutima? Hari benshi biyumva gutyo. Ariko, ubona gute urondeye uburyo bwo kugabanya ubwoba ufise kugira urushirize kuremesha abandi? Ivyo none wobigira gute?

7 Hari aho wosanga kurimbura ibiganiro bimwebimwe vyasohotse mu Minara y’Inderetsi bigufashije. b Nk’akarorero, nutegure neza. (Imig. 21:5) Igihe uzi neza ivyo muza kwiga, biroroha ko wumva utekanye hageze ko wishura. Vyongeye, nutange inyishu ngufi. (Imig. 15:23; 17:27) Igihe utanze inyishu ngufi ntuhagarika umutima cane. Gutanga inyishu ngufi nko mu ryungane rimwe canke abiri gusa, biratuma vyoroha ko abavukanyi na bashiki bacu bayitahura, kuruta inyishu ndende irimwo ivyiyumviro vyinshi. Iyo utanze inyishu ngufi mu majambo yawe bwite, uba werekanye ko wateguye neza kandi ko utahura ivyo muriko muriga.

8. Yehova abona gute utwigoro tugira tuvuye ku mutima?

8 Bite ho hamwe woba waragerageje bimwe muri ivyo vyiyumviro ariko ukaguma ufise ubwoba bwo gutanga insasanuro incuro irenga imwe canke zibiri? Numenye ko Yehova azokenguruka utwigoro ugira tuvuye ku mutima kugira wishure. (Luka 21:1-4) Yehova ntadusaba gukora ibirenze ivyo dushoboye gukora. (Flp. 4:5) Nurimbure ivyo ushoboye gukora, wishingire umugambi wo kubikora hanyuma usenge kugira utekane mu mutima. Mu ntango, woshobora kwishingira umugambi wo gutanga insasanuro imwe ngufi.

NUREMESHE ABANDI MW’ISHENGERO RININI

9. Ni intambamyi iyihe yoshika igihe uri mw’ishengero rigizwe n’abamamaji benshi?

9 Igihe ishengero urimwo rigizwe n’abamamaji benshi, vyoshika ugahura n’iyindi ntambamyi. Vyoshobora gushika abavukanyi na bashiki bacu benshi bagakiriza ku buryo usanga bataguma bagutora. Nk’akarorero, Danielle yarakunda gutanga insasanuro ku makoraniro. c Yabibona nka kimwe mu bigize umurimo arangurira Yehova, nk’uburyo bwo kuremesha abandi, kandi ko bimufasha kurushiriza kwizera ivyo Bibiliya yigisha. Ariko amaze kwimukira mw’ishengero ririmwo abamamaji benshi, vyarashika agakiriza bakamutora gake, rimwe na rimwe mbere ntiyishure mw’ikoraniro ryose. Avuga ati: “Narumva mbabaye. Numva umengo natakaje agateka. Igihe bigumye bishika kenshi, birashika ukibaza ko babigira babishaka.”

10. Tworondera gute uturyo twiyongereye two gutanga insasanuro?

10 Vyoba birashika ukiyumva nk’uko kwa Danielle? Nimba bimaze gushika, woshobora kwumva umengo vyoba vyiza wihoreye kw’ikoraniro, ukumviriza insasanuro abandi batanga. Ariko ntucike intege. None wokora iki? Hari aho wosanga gutegura inyishu zitandukanye kuri buri koraniro bigufashije cane. Rero nivyashika ntibagutore mu ntango y’icigwa, uzoronka uturyo two gutanga insasanuro uko icigwa kibandanya. Igihe uriko urategura icigwa c’Umunara w’Inderetsi, nuzirikane ukuntu ingingo imwimwe yose ifitaniye isano n’umutwe w’ikiganiro. Ubigenjeje gutyo, uzokwama ufise ico woterera muri ico kiganiro. Vyongeye, urashobora kwitegurira kwishura ku ngingo zirimwo ukuri kwo muri Bibiliya kwimbitse kugoye gusigura. (1 Kor. 2:10) Uti kubera iki? Kubera ko kuri mwene izo ngingo, usanga atari benshi bakiriza ngo bishure. Bite ho hamwe woba waragerageje ivyo vyiyumviro vyose, ariko inyuma y’incuro nka zingahe witaba amakoraniro ugasanga ntiwaronse akaryo ko gutanga insasanuro? Imbere y’uko ikoraniro ritangura, urashobora kwegera uwuja guhagarikira ikiganiro, ukamubwira aho wipfuza kwishura.

11. Mu Bafilipi 2:4 haturemesha gukora iki?

11 Soma Abafilipi 2:4. Intumwa Paulo ayobowe n’impwemu, yaremesheje abakirisu kuguma bitwararika ivy’abandi. Twoshira mu ngiro gute iyo mpanuro igihe turi mu makoraniro? Mu kwibuka ko n’abandi bakeneye kwishura cokimwe natwe.

Kurya nyene ureka abandi bakagira uruhara mu kiyago, ni na ko ukwiye kureka abandi bagatanga insasanuro ku makoraniro (Raba ingingo ya 12)

12. Ni uburyo bwiza ubuhe bwo kuremesha abandi ku makoraniro? (Raba n’ishusho.)

12 Iyumvire iki kintu: Hamwe woba uriko urayaga n’abagenzi bawe, woba woshima kuguma wiharije ijambo? Oya nawe nu! Woshima ko bajamwo mu kiyago. Muri ubwo buryo nyene, twipfuza guha abantu benshi bashoboka akaryo ko kwishura mu makoraniro. Bumwe mu buryo bwiza cane bwo kuremesha abavukanyi na bashiki bacu, ni kubaha akaryo ko guserura ukwizera kwabo. (1 Kor. 10:24) Reka turimbure ukuntu ivyo twobigira.

13. Ni gute twotuma abantu benshi baronka akaryo ko gutanga insasanuro?

13 Kimwe coco, turashobora gutanga insasanuro ngufi, gutyo abandi bakaronka akanya kiyongereye ko kwishura. Abakurambere be n’abandi bamamaji bazi utuntu n’utundi barashobora gutanga akarorero muri ivyo. Mbere n’igihe utanga insasanuro ngufi, niwirinde kuvuga ivyiyumviro vyinshi. Hamwe wovuga ivyiyumviro vyose biri mu ngingo, abandi ntiboheza ngo baronke ivyo bavuga. Nk’akarorero muri ino ngingo, hari ivyiyumviro bibiri vyatanzwe: Nuce make kandi wirinde kuvuga ivyiyumviro vyinshi. Nimba ari wewe wa mbere batoye ngo utange insasanuro muri iyi ngingo, ubona gute ushikirije iciyumviro kimwe muri ivyo vyose vyatanzwe?

Ni ryari twohitamwo kudakiriza igihe turi mw’ikoraniro? (Raba ingingo ya 14) f

14. Ni igiki codufasha guhitamwo incuro twokiriza? (Raba n’ishusho.)

14 Nukoreshe ubukerebutsi igihe uhitamwo incuro wokiriza ngo wishure. Igihe dukirije kenshi cane, turashobora gutuma umuhagarikizi yumva umengo yoguma adutora, naho abandi boba batararonka uturyo two kwishura. Ivyo vyoshobora gutuma abandi barambirwa no gukiriza.​—Umus. 3:7.

15. (a) Twovyakira gute igihe batadutoye ngo twishure? (b) Abahagarikizi bokwerekana gute ko bitwararika umwe wese? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Igihe ari wewe uhagarikiye ikiganiro.”)

15 Igihe turiko turiga icigwa maze hagakiriza abamamaji benshi, hari aho tutoronka uturyo two kwishura kenshi nk’uko twavyipfuza. Vyoshobora gushika umuhagarikizi ntadutore na rimwe. Ivyo vyoshobora kuduca intege. Ariko turakwiye kwirinda kubabara igihe batadutoye ngo twishure.​—Umus. 7:9.

16. Ni gute tworemesha abatanze insasanuro?

16 Nimba udashobora kwishura kenshi nk’uko ubishaka, ubona gute wumvirije witonze igihe abandi bariko baratanga insasanuro, hanyuma ikoraniro riheze ukabakeza ku nsasanuro batanze? Abavukanyi n’abadada boremeshwa cane n’ukwo kuntu ubakeje, nka kurya nyene wari kubaremesha utanze insasanuro. (Imig. 10:21) Nkako, gukeza abandi ni ubundi buryo bwo kuremeshanya.

UBUNDI BURYO BWO KUREMESHANYA

17. (a) Abavyeyi bofasha gute abana babo gutegura insasanuro zibereye? (b) Wisunze ibiri muri iyo videwo, ni intambwe zine izihe wokwisunga mu gutegura insasanuro? (Raba akajambo k’epfo.)

17 Ni ubundi buryo ubuhe tworemeshanya ku makoraniro? Nimba uri umuvyeyi, nufashe abana bawe bakiri bato gutegura insasanuro zihuye n’uko bangana. (Mat. 21:16) Hari igihe ikiganiro kiba kijanye n’ingorane zikomeye, nk’ingorane zo mu rugo canke ibijanye no kwigenza runtu. Ariko kumbure ntihobura ingingo imwe canke zibiri aho umwana ashobora kwishura. Vyongeye, nufashe abana bawe gutahura igituma bishobora gushika ntibabatore igihe bakirije. Ubibasiguriye birashobora gutuma badacika intege igihe batabatoye ngo bishure.​—1 Tim. 6:18. d

18. Twokwirinda gute kwiyerekana igihe dutanga insasanuro? (Imigani 27:2)

18 Twese turashobora gutegura insasanuro zubaka, zishemeza Yehova kandi ziremesha abakirisu bagenzi bacu. (Imig. 25:11) Naho bishobora gushika tukigana muri make ivyadushikiye, turakwiye kwirinda kuvuga menshi ku bitwerekeye. (Soma Imigani 27:2; 2 Kor. 10:18) Ahubwo turihatira gushira imbere Yehova, Ijambo ryiwe hamwe n’abasavyi biwe muri rusangi. (Ivyah. 4:11) Igihe ikibazo c’ingingo kidusaba kuvuga ibitwerekeye, birabereye ko tubigira. Ikibazo nk’ico turaza kukibona mu ngingo ikurikira.

19. (a) Ni ivyiza ibihe tuzokwironkera nitwashira imbere ineza y’abandi ku makoraniro? (Abaroma 1:11, 12) (b) Ni ibiki wewe ushima ku bijanye no gutanga insasanuro ku makoraniro?

19 Naho ata mategeko ahari avuga ibijanye no gutanga insasanuro, twese turashobora kwihatira gutuma insasanuro zacu ziba iziremesha abandi. Ivyo vyoshobora gusaba ko twongereza gatoyi incuro twishura, canke na ho tugashima uturyo twaronse two kwishura, tukongera tugahimbarwa ko n’abandi baronse akaryo ko gutanga insasanuro. Nitwashira imbere ineza y’abandi ku makoraniro y’ishengero, turashobora twese guhimbarwa no “guhanahana indemesho.”​—Soma Abaroma 1:11, 12.

URURIRIMBO RWA 93 Hezagira amakoraniro yacu

a Turaremeshanya igihe dutanga inyishu ku makoraniro. Ariko bamwebamwe baratinya gutanga inyishu ku makoraniro. Abandi barahimbarwa no gutanga inyishu ariko bakipfuza ko bokwishura kenshi gashoboka. Ukwo vyoba biri kwose, ni gute twokwerekana ko twiyumvirana kugira twese twumve ko turemeshejwe? Vyongeye, ni gute insasanuro dutanga zovyurira abavukanyi na bashiki bacu ugukundana n’ibikorwa vyiza? Iki kiganiro kirabica irya n’ino.

b Kugira ubone ibindi vyiyumviro vyogufasha, nurabe Umunara w’Inderetsi wo muri Nzero 2019, rup. 8-13 n’uwo ku wa 1 Nyakanga 2003, rup. 19-22.

c Si ko asanzwe yitwa.

e Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2013, rup. 32 hamwe n’uwo ku wa 1 Nyakanga 2003, rup. 21-22.

f INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mw’ikoraniro ryitabwe n’abantu benshi, umuvukanyi yamaze kwishura araretse gukiriza kugira abandi baronke akaryo ko kwishura.