Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 15

Twigira iki ku bitangaro Yezu yakoze?

Twigira iki ku bitangaro Yezu yakoze?

“[Yaca] mu gihugu akora ivyiza yongera akiza.”​—IVYAK. 10:38.

URURIRIMBO RWA 13 Kristu, Karorero kacu

INCAMAKE a

1. Dondora ukuntu ibintu vyari vyifashe igihe Yezu yakora igitangaro ciwe ca mbere.

 NIWIHE ishusho y’ivyabaye mu mpera z’umwaka wa 29 N.K. mu ntango y’igikorwa ca Yezu. Yezu, nyina wiwe Mariya hamwe na bamwe mu bigishwa biwe batumiwe ku rubanza rw’ubugeni i Kana, ikigwati kiri mu buraruko bw’aho Yezu yakuriye i Nazareti. Mariya arazinanye cane n’uwo muryango kandi biboneka ko ariko arafasha mu kwakira abashitsi. Ariko urubanza rugeze hagati, hari ikibazo kivyuka coshobora gutera ubuyega cane umuryango n’abageni: Umuvinyu uraheze. b Birashoboka ko abatumire babaye benshi kurusha abo bari biteze. Mariya aca abarira umuhungu wiwe ati: “Nta muvinyu bafise.” (Yoh. 2:1-3) None Yezu aca akora iki? Arakora ikintu kidasanzwe: Arahindura ku gitangaro amazi agacika “umuvinyu mwiza.”​—Yoh. 2:9, 10.

2-3. (a) Yezu yakoresheje gute ububasha yari afise bwo gukora ibitangaro? (b) Twigira iki ku kurimbura ibitangaro Yezu yakoze?

2 Yezu yarakoze n’ibindi bitangaro vyinshi mu kiringo c’igikorwa ciwe. c Yarakoresheje ububasha bwiwe bwo gukora ibitangaro mu gufasha abantu ibihumbi. Nk’akarorero, yarakoze ibitangaro bibiri, aho yagaburiye abagabo 5.000, mu nyuma agaburira abagabo 4.000. Dufatiye hamwe abagore n’abana bari bahari, ashobora kuba yagaburiye abantu barenga 27.000. (Mat. 14:15-21; 15:32-38) Muri ivyo bihe vyompi, Yezu yarakijije kandi abantu benshi bari barwaye. (Mat. 14:14; 15:30, 31) Iyumvire ukuntu amasinzi yatangaye, igihe Yezu yabagaburira yongera arabakiza ku gitangaro!

3 Muri iki gihe, turafise ibintu vyinshi dushobora kwigira ku bitangaro Yezu yakoze. Muri iki kiganiro, turaza kurimbura ivyigwa bimwebimwe bikomeza ukwizera ivyo bitangaro bishobora kutwigisha. Mu nyuma, turaza kubona ingene twokwigana kamere y’ukwicisha bugufi n’impuhwe Yezu yagaragaza igihe yaba ariko arakora ibitangaro.

ICO BITWIGISHA KU VYEREKEYE YEHOVA NA YEZU

4. Ibitangaro Yezu yakoze bituma turushiriza kwizigira nde?

4 Ibitangaro Yezu yakoze biratuma turushiriza kumwizera, ariko kandi bigatuma turushiriza kwizera na Se wiwe. Nkako, Yehova ni we yamuha ububasha bwo gukora ivyo bitangaro. Mu Vyakozwe 10:38 hatubwira hati: “Imana yamurobanuje [ni ukuvuga Yezu] impwemu nyeranda be n’ububasha, hanyuma [aca] mu gihugu akora ivyiza yongera akiza abo bose bahahazwa na Shetani; kubera ko Imana yari kumwe na we.” Niwibuke kandi ko Yezu yiganye Se wiwe ata gahaze mu kuntu yabona ibintu be n’uko yiyumva, mu bintu vyose yavuga n’ivyo yakora, udasize inyuma ibitangaro. (Yoh. 14:9) Rimbura ivyigwa bitatu dushobora kwigira ku bitangaro Yezu yakoze.

5. Ni igiki catuma Yezu akora ibitangaro? (Matayo 20:30-34)

5 Ica mbere, Yezu na Se wiwe baradukunda cane. Igihe Yezu yari ngaha kw’isi, yarerekanye urukundo rugera kure yakunda abantu mu gukoresha ububasha bwo gukora ibitangaro kugira afashe ababa bafise ingorane. Umusi umwe, abagabo babiri b’impumyi barasemereye ngo abafashe. (Soma Matayo 20:30-34.) Urabona ko Yezu ‘bamuteye ikigongwe,’ mu nyuma arabakiza. Irivuga ry’ikigiriki ryakoreshejwe hano ryahinduwe ngo “bimutera ikigongwe,” ryerekeza ku mpuhwe zigera kure umuntu yumva ibwina mu mutima wiwe. Izo mpuhwe zigera kure ni ikimenyetso c’urukundo. Ni na zo zatumye Yezu agaburira abashonje yongera arakiza umunyamibembe. (Mat. 15:32; Mrk. 1:41) Turemera tudakeka ko Yehova, ya Mana y’“impuhwe z’ikibabarwe” be n’Umwana wiwe badukunda bigera kure, kandi ko bababazwa n’imibabaro idushikira. (Luka 1:78; 1 Pet. 5:7) Ese ingene bategerezwa kuba bashashaye gukuraho ingorane zishikira abantu!

6. Imana yahaye Yezu ububasha ubuhe?

6 Ica kabiri, Imana yarahaye Yezu ububasha bwo gutorera umuti ingorane zose zishikira abantu. Biciye ku bitangaro Yezu yakoze, yarerekanye ko afise ububasha bwo gukuraho ingorane tutoshobora kwikurako ubwacu. Nk’akarorero, arafise ububasha bwo kudukurako icateje ingorane zose zishikira abantu, na co kikaba ari igicumuro twarazwe hamwe n’ingaruka zaco, harimwo indwara n’urupfu. (Mat. 9:1-6; Rom. 5:12, 18, 19) Ibitangaro yakoze vyarerekanye ko ashobora gukiza “indwara z’ubwoko bwose,” mbere akazura n’abapfuye. (Mat. 4:23; Yoh. 11:43, 44) Vyongeye, arafise ububasha ku bihuhusi bikomeye, kandi arashobora gukiza abantu impwemu mbi. (Mrk. 4:37-39; Luka 8:2) Ese ukuntu biremesha kumenya ko Yehova yahaye Umwana wiwe ububasha nk’ubwo!

7-8. (a) Ibitangaro Yezu yakoze bituma twizigira iki? (b) Ni igitangaro ikihe ushashaye kubona mw’isi nshasha yimirije?

7 Ica gatatu, turashobora kwizigira duherejeko ko imihezagiro Ubwami bw’Imana buzozana atari umugani. Ibitangaro Yezu yakoze ari ngaha kw’isi biratwereka ko azokora n’ibiruta ivyo kubera ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. Rimbura imihezagiro tuzokwironkera vuba, Yezu niyatangura kuganza ng’aha kw’isi. Tuzoronka ubuzima butagira agahaze kubera ko azokuraho indwara z’ubwoko bwose n’ubumuga bituma abantu bashikirwa n’imibabaro. (Yes. 33:24; 35:5, 6; Ivyah. 21:3, 4) Ntituzokwigera dusubira gusonza canke ngo dushikirwe n’ingaruka ziterwa n’ibiza n’isibe. (Yes. 25:6; Mrk. 4:41) Tuzogira umunezero mwinshi wo guha ikaze abacu twikundira nibazuka bavuye “mu mva.” (Yoh. 5:28, 29) Ni igitangaro ikihe ushashaye kubona mw’isi nshasha yimirije?

8 Igihe Yezu yakora ibitangaro, yaragaragaje ukwicisha bugufi n’impuhwe, izo akaba ari kamere dukwiye kwigana. Reka turimbure uburorero bubiri. Aka mbere, ni ya nkuru y’urubanza rw’ubugeni rwabereye i Kana.

ICIGWA KU BIJANYE NO KWICISHA BUGUFI

9. Kubera iki Yezu yakoze igitangaro ku rubanza rw’ubugeni? (Yohani 2:6-10)

9 Soma Yohani 2:6-10. Igihe umuvinyu wahera ku rubanza rw’ubugeni, vyoba vyari ngombwa ko Yezu agira ico akoze? Eka da. Nta buhanuzi na bumwe bwari bwaravuze ko Yezu yohinduye amazi umuvinyu. Ariko niwiyumvire ukuntu wokwumvise umerewe ibinyobwa biguheranye ku bugeni bwawe. Bishoboka ko Yezu yumviye impuhwe uwo muryango, na canecane umukwe n’umugeni, akaba atipfuza ko bamaramara. Ku bw’ivyo, nk’uko vyavuzwe mu ntango, yaciye akora igitangaro. Yarahinduye amazi angana n’amalitiro nka 390 aba umuvinyu mwiza cane. Ashobora kuba yatanze umuvinyu mwinshi gutyo kugira ngo uwusigaye bazowikoreko muri kazoza, canke kumbure bawugurishe kugira abo bageni baronke amahera bokoresha. Nta gukeka ko abo bari barushinze bahimbawe cane.

Niwigane Yezu mu kutishimira ivyo ukora (Raba ingingo ya 10-11) e

10. Ni amakuru y’ido n’ido ahambaye ayahe ari mu nkuru ivugwa muri Yohani ikigabane ca 2? (Raba n’ishusho.)

10 Rimbura amakuru y’ido n’ido ahambaye avugwa muri iyo nkuru iri muri Yohani ikigabane ca 2. Woba wabonye ko Yezu atari we yujuje amazi mu mibindi? Aho gutuma abantu bamutangarira, yabwiye abasuku kwuzuza iyo mibindi. (Umurongo wa 6 n’uwa 7) Yezu amaze guhindura amazi umuvinyu, ntiyafashe mukeyi ngo ashire umuhagarikizi w’urubanza kugira ahonje. Ahubwo, yaciye abwira abasuku ngo babigire. (Umurongo wa 8) Yezu ntiyaciye afata igikombe c’umuvinyu ngo ahagarare imbere y’abashitsi bose, maze yiyemere ababwira ati: ‘Nimuhonje ku muvinyu mpejeje gukora!’

11. Igitangaro Yezu yakoze kitwigisha iki?

11 Igitangaro Yezu yakoze co guhindura amazi umuvinyu kitwigisha iki? Kiratwigisha ibijanye no kwicisha bugufi. Yezu ntiyiyemeye kubera ico gitangaro. Mbere mu bintu vyose yakoze, ntiyigeze yiyemera. Ahubwo yaremera yicishije bugufi ko abikesha Se wiwe. (Yoh. 5:19, 30; 8:28) Nitwigana Yezu tukicisha bugufi, ntituzokwiyemera kubera ibintu dushoboye gukora. Ivyo twokora vyose mu gikorwa ca Yehova, nimuze ntitwirate ubwacu, ahubwo twirate kuba dufise agateka ko gukorera iyo Mana ihimbaye. (Yer. 9:23, 24) Turakwiye guha Yehova iteka abereye. Nkako, ni igiki twokwishoboza Yehova atadufashije?​—1 Kor. 1:26-31.

12. Ni mu bundi buryo ubuhe twokwigana ukwicisha bugufi kwa Yezu? Tanga akarorero.

12 Rimbura ubundi buryo twokwigana ukwicisha bugufi kwa Yezu. Iyumvire iki kintu: Umukurambere amaze igihe kinini ariko arafasha umukozi w’ishengero akiri muto gutegura insiguro yiwe ya mbere y’icese. Kubera ko uwo mukurambere yamufashije, uwo muvukanyi akiri muto atanze insiguro nziza, kandi abagize ishengero barahimbawe. Inyuma y’ikoraniro, umuntu umwe aregereye uwo mukurambere, akamubwira ati: ‘Urya muvukanyi yashikirije insiguro nziza.’ Uwo mukurambere yoba akwiye guca avuga ati: ‘Egome, ariko namaze umwanya munini ndamufasha.’ Canke yomubwira yicishije bugufi ati: ‘Egome, yabigize neza. Yampimbaye cane.’ Igihe twicisha bugufi, ntitwiratira ibintu tuba twakoreye abandi. Kumenya ko Yehova abona ivyo dukora kandi ko abiha agaciro, birahagije. (Gereranya na Matayo 6:2-4; Heb. 13:16) Ata gukeka, igihe twiganye Yezu tukicisha bugufi, birahimbara Yehova.​—1 Pet. 5:6.

ICIGWA KU BIJANYE N’IMPUHWE

13. Ni ibiki Yezu abona hafi y’igisagara ca Nayini, kandi aca akora iki? (Luka 7:11-15)

13 Soma Luka 7:11-15. Iyumvire iki kintu cabaye igihe Yezu yari amaze nk’imyaka ibiri atanguye igikorwa ciwe. Yari yagendeye i Nayini, igisagara c’i Galilaya cari hafi y’i Shunemu, aho umuhanuzi Elisha yari yakoreye igitangaro co kuzura umuhungu w’umugore umwe, hakaba hari haciye nk’imyaka 900 ivyo bibaye. (2 Abm. 4:32-37) Uko Yezu yegera irembo, arabona abantu basohotse igisagara bagiye guhamba. Ico kintu kirababaje cane kubera ko ari umupfakazi yabuze umwana wiwe w’ikinege. Ariko uwo muvyeyi atuntuye ntari wenyene. Yaherekejwe n’isinzi ry’abantu bo muri ico gisagara. Yezu arabahagarika, agaca akorera uwo muvyeyi atuntuye ikintu gitangaje: Arazura umuhungu wiwe. Ico ni igitangaro ca mbere mu bitangaro bitatu vy’izuka Yezu yakoze bivugwa mu Njili.

Niwigane Yezu mu kugaragariza impuhwe abagandaye (Raba ingingo ya 14-16)

14. Ni ibintu bimwebimwe ibihe vy’ido n’ido bihambaye bivugwa muri Luka ikigabane ca 7? (Raba n’ishusho.)

14 Reka twihweze bimwe mu bintu vy’ido n’ido bihambaye dusanga mu nkuru iri muri Luka ikigabane ca 7. Woba wabonye ko Yezu ‘akubise ijisho’ uwo muvyeyi atuntuye yaciye “amutera ikigongwe”? (Umurongo wa 13) Kumbure Yezu yoba yarihweje ingene arira ariko aragendera imbere y’ikiziga c’umuhungu wiwe, maze aca amwumvira impuhwe. Yezu yarumviye ikigongwe uwo muvyeyi; ariko kandi aramugaragariza impuhwe. Nta gukeka ko yamuvugishije n’ijwi ryirura ati: “Reka kurira.” Aca agira ico akoze kugira amufashe. Arazura umuhungu wiwe, ‘agaheza akamuha nyina.’​—Umurongo wa 14 n’uwa 15.

15. Twigira iki ku gitangaro Yezu yakoze?

15 Twigira iki ku gitangaro Yezu yakoze co kuzura umuhungu w’umupfakazi? Turahigira ko dukwiye kugaragariza impuhwe abatuntuye. Ni ivy’ukuri ko tudashobora kuzura abapfuye nk’uko Yezu yabigize. Ariko cokimwe na Yezu, turashobora kugirira impuhwe ababuze ababo mu kuba abantu bihweza. Turashobora kwibwiriza tukabagaragariza impuhwe mu kubabwira ijambo canke kubakorera ikintu cobafasha kandi cotuma bumva ko bahojejwe. d (Imig. 17:17; 2 Kor. 1:3, 4; 1 Pet. 3:8) Mbere n’ibintu bisanzwe ariko biranga ubuntu, birashobora kubaremesha cane no kubahoza.

16. Twisunze iyo foto, twigira iki ku vyashikiye inabibondo yaheruka kubura umwana wiwe?

16 Rimbura akarorero k’ivyabaye. Mu myaka iheze, hari umudada yabonye inabibondo yari iruhande yiwe ariko ararira mu gihe bariko bararirimba mw’ikoraniro. Urwo ruririmbo rwavuga ibijanye n’icizigiro c’izuka, uwo inabibondo na we akaba yari aherutse kubura umukobwa wiwe akiri muto. Kubera ko uwo mudada yari azi ico kintu, yaciye amwegera ningoga aramufata gushika bahejeje kuririmba. Haciye igiye, uwo inabibondo yavuze ati: “Narumvise nkunze cane abavukanyi n’abadada.” Yarakengurutse cane kuba yari yagiye kw’ikoraniro. Yavuze ati: “Ku Ngoro y’Ubwami ni ho turonkera imfashanyo.” Turashobora kwizigira ko Yehova abona kandi aha agaciro mbere n’ibintu bisanzwe tugira kugira tugaragarize impuhwe abatuntuye kandi “bajanjaguritse mu mutima.”​—Zab. 34:18.

KWIYIGISHA MU BURYO BUKOMEZA UKWIZERA

17. Twize iki muri iki kiganiro?

17 Kwiga inkuru ziri mu Njili zerekeye ibitangaro Yezu yakoze biraturemesha cane. Biratwigisha ko Yehova na Yezu badukunda cane, ko Yezu afise ububasha bwo gutorera umuti ingorane zose zihanze abantu be n’uko twokwizigira tudakeka imihezagiro igiye kuza vuba, igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza kw’isi. Uko twihweza izo nkuru, turashobora kuzirikana ku kuntu twokwigana kamere za Yezu. Ubona gute utegekanije kwihweza ibindi bitangaro Yezu yakoze mu kwiyigisha kwawe canke mu Gusenga kwo mu muryango? Nurabe ivyigwa wohigira uce ubibwira n’abandi. Ibaze ukuntu ivyo biyago vyoba biremesha!​—Rom. 1:11, 12.

18. Tuzokwiga iki mu kiganiro gikurikira?

18 Bibiliya iravuga ibitangaro bitatu Yezu yakoze bijanye no kuzura abapfuye. Ica gatatu muri vyo yagikoze mu mpera y’igikorwa ciwe. Ico co cari gitandukanye n’ibindi kubera ko yazuye umugenzi wiwe somambike yari amaze imisi ine mu mva. Ni ibiki twokwigira kuri ico gitangaro kivugwa mu Njili? Kandi twokomeza gute icizigiro cacu c’izuka? Ikiganiro gikurikira kirishura ivyo bibazo.

URURIRIMBO RWA 20 Watanze ca kinege cawe

a Yaratururuje igihuhusi gikaze, arakiza indwara yongera arazura abapfuye. Birakora ku mutima gusoma inkuru zerekeye ibitangaro Yezu yakoze. Izo nkuru zanditswe muri Bibiliya, atari kugira gusa zituryohere, ariko kugira zitwigishe. Uko twihweza zimwezimwe muri zo, turaza kubona ivyigwa bikomeza ukwizera ku vyerekeye Yehova na Yezu hamwe na kamere nziza dukwiye gutsimbataza.

b Umuhinga umwe mu vya Bibiliya asigura ati: “Mu bihe vya Bibiliya, hari uduce tumwe wasanga abantu babona ubwakiranyi nk’ibanga ridasanzwe, aho uwatumiye yategerezwa kwiyemeza neza ko afise ibikwiye vyo kuzimana abashitsi. Ubwakiranyi nyabwo, na canecane mu rubanza rw’ubugeni, bwasaba ko abatumire baronka imfungurwa n’ibinyobwa bikwiye.”

c Injili ziravuga ibitangaro birenga 30 Yezu yakoze. Yezu yarakoze n’ibindi bitangaro vyinshi, ariko Bibiliya ntiyerekana kimwekimwe ukwaco. Umusi umwe, “igisagara cose” caraje kuri we, maze “a[ra]kiza abantu benshi bari barwaye.”​—Mrk. 1:32-34.

d Kugira umenye ivyo wovuga n’ivyo wokora ngo uhoze abatuntuye, nurabe ikiganiro kivuga ngo: “Nuremeshe ababuze, nk’uko Yezu yabigize,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2010.

e INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mu gihe Yezu ahagaze inyuma, umukwe n’umugeni hamwe n’abatumire babo barahimbawe no kunywa umuvinyu mwiza.