Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 19

Tworushiriza gute kwizigira umuhango Yehova yatanze werekeye isi nshasha?

Tworushiriza gute kwizigira umuhango Yehova yatanze werekeye isi nshasha?

‘Mbega ico Yehova avuze, ntagikora?’​—GUH. 23:19.

URURIRIMBO RWA 142 Tugumye icizigiro cacu

INCAMAKE a

1-2. Dukwiye gukora iki mu kurindira ko isi nshasha ishika?

 TURAHA agaciro umuhango Yehova yatanze wo gukuraho iyi si mbi, akazana isi nshasha igororotse. (2 Pet. 3:13) Naho tutazi igihe iyo si nshasha izoshikira, ibiriko biraba birerekana yuko ata gihe kinini dusigaje co kurindira.​—Mat. 24:32-34, 36; Ivyak. 1:7.

2 Mu kurindira ko ico gihe gishika, twese turakeneye kuguma dukomeza ukwizera kwacu ku vyerekeye uwo muhango, naho twoba tumaze igihe kingana gute mu kuri. Uti kubera iki? Kubera ko n’ukwizera gukomeye bishobora gushika kukagoyagoya. Nkako, intumwa Paulo yavuze ko ukubura ukwizera ari “igicumuro kitwizingirako bitagoranye.” (Heb. 12:1) Kugira ukwizera kwacu kugume gukomeye, turakwiye kwama dusuzuma ibimenyamenya bitwemeza ko isi nshasha igiye kuza.​—Heb. 11:1.

3. Turimbura iki muri iki kiganiro?

3 Muri iki kiganiro, turaza gusuzuma ibintu bitatu twokora kugira turushirize kwizigira umuhango Yehova yatanze werekeye isi nshasha: (1) kuzirikana ku ncungu, (2) kuzirikana ku bubasha bwa Yehova, no (3) kumara umwanya mu bikorwa vy’impwemu. Mu nyuma, turaza kurimbura ukuntu ubutumwa Yehova yahaye Habakuki bukomeza ukwizera kwacu. Reka duhere ku kwihweza ibintu bishobora kuba biriko biradushikira, bisaba ko turushiriza kwizigira umuhango werekeye isi nshasha.

IBINTU BISABA UKWIZERA GUKOMEYE

4. Ni ingingo izihe dufata zisaba ukwizera gukomeye?

4 Buri musi, turafata ingingo zisaba ko tugira ukwizera gukomeye. Nk’akarorero, turafata ingingo zijanye no guhitamwo abagenzi, ivyo kwisamaza, amashure twokwiga, kwubaka urwacu, kuvyara abana be n’akazi twokora. Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Ingingo mfata zoba zerekana ko nemera ntakeka ko iyi si ya Shetani isigaje igihe gito, kandi ko vuba Imana igiye kuyisubiriza isi nshasha? Canke na ho noba mfata ingingo nk’iz’abantu batemera ko bashobora kubaho ibihe bidahera?’ (Mat. 6:19, 20; Luka 12:16-21) Tuzofata ingingo nziza nitwarushiriza kwizigira ko isi nshasha iri hafi cane.

5-6. Kubera iki dukeneye ukwizera gukomeye igihe turi mu bintu bitesha umutwe? Tanga akarorero.

5 Turashikirwa kandi n’ibigeragezo bisaba ukwizera gukomeye. Twoshobora gushikirwa n’uruhamo, indwara idakira canke ibindi bintu vyoshobora gutuma ducika intege. Mu ntango, twoshobora kwumva dushoboye guhangana n’ico kigeragezo. Ariko iyo kimaze igihe kirekire nk’uko bikunze kugenda, usanga bisaba ukwizera gukomeye kugira dushobore kwihangana kandi tubandanye gukorera Yehova dufise umunezero.​—Rom. 12:12; 1 Pet. 1:6, 7.

6 Igihe tumaze igihe duhanganye n’ikigeragezo, twoshobora kwumva umengo isi nshasha Yehova yasezeranye ntizokwigera iza. None ivyo vyoca bisigura ko ukwizera kwacu kugoyagoya? Ntivyama ari ukwo biri. Rimbura aka karorero. Igihe hamaze imisi hagwa imvura, vyoshika tukumva umengo izuba ntirizokwigera risubira kwaka. Ariko turazi ko ata mvura idahita. Muri ubwo buryo nyene, igihe twacitse intege cane, vyoshika tukumva umengo isi nshasha ntizokwigera iza. Ariko igihe dufise ukwizera gukomeye, tuba tuzi ko ivyo Imana isezerana bizoranguka. (Zab. 94:3, 14, 15; Heb. 6:17-19) Dufise ukwizera nk’ukwo, turashobora kuguma dushira imbere gukorera Yehova mu buzima bwacu.

7. Dukwiye kwirinda kubona ibintu gute?

7 Rimbura uwundi muce usaba ko tugira ukwizera gukomeye, akaba ari igikorwa co kwamamaza. Abantu benshi twigisha babona ko “inkuru nziza” yerekeye isi nshasha ari indoto nsa. (Mat. 24:14; Ezk. 33:32) Dutegerezwa kuba maso kugira ntitwigere dukekeranya ku vyo Yehova atwigisha nk’uko babigira. Kugira ivyo tubishikeko, dutegerezwa kubandanya dukomeza ukwizera kwacu. Reka turimbure uburyo butatu twobigira.

NUZIRIKANE KU NCUNGU

8-9. Kuzirikana ku ncungu bikomeza gute ukwizera kwacu?

8 Uburyo bumwe twokomeza ukwizera kwacu, ni ukuza turazirikana ku ncungu. Incungu ni icemeza ko ivyo Imana yasezeranye bizoranguka. Igihe tuzirikanye twitonze ku catumye incungu itangwa hamwe n’ico vyasavye, biratuma turushiriza kwizigira ko umuhango Imana yatanze wo kuduha ubuzima budahera mw’isi nshasha uzoranguka. Kubera iki twovuga ukwo?

9 Kugira incungu iboneke vyasavye iki? Yehova yararungitse Umwana wiwe w’ikinege yakunda cane, akaba n’umugenzi wiwe somambike, aza kuvukira kw’isi ari umuntu atunganye. Igihe Yezu yari ngaha kw’isi, yarihanganiye imibabaro y’ubwoko bwose. Mu nyuma yarababajwe mu kwicwa urupfu rubabaje. Mbega ikintu c’agaciro Yehova yatanze! Imana yacu idukunda ntiyokwemeye ko Umwana wayo ababazwa kandi agapfa kugira gusa turonke ubuzima bwiza ariko bw’akanya gatoyi. (Yoh. 3:16; 1 Pet. 1:18, 19) Kuba Yehova yaratanze Umwana wiwe w’ikinege, bizotuma yiyemeza ko turonka ubuzima budahera mw’isi nshasha.

NUZIRIKANE KU BUBASHA BWA YEHOVA

10. Twisunze Abanyefeso 3:20, ni ibiki Yehova ashoboye gukora?

10 Uburyo bugira kabiri twokomeza ukwizera kwacu ni kuzirikana ku bubasha bwa Yehova. Arafise ububasha bwo gushitsa ibintu vyose asezerana. Ni ivy’ukuri ko abantu benshi babona ko kubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha bidashoboka. Ariko akenshi, ibintu Yehova asezerana abantu ntibaba bashoboye kubishitsa. Nakare, ni Imana Mushobora vyose. (Yobu 42:2; Mrk. 10:27) Rero ntibidutangaza igihe Yehova adusezeraniye ibintu twumva ko biturengeye.​—Soma Abanyefeso 3:20.

11. Tanga akarorero k’ibintu bidasanzwe Imana yasezeranye. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Imwe mu mihango idasanzwe yarangutse.”)

11 Rimbura ibintu vyasa n’ibidashoboka Yehova yasezeraniye abasavyi biwe bo muri kahise. Yarakuye amazinda Aburahamu na Sara yuko boronse umwana naho bari bashaje. (Ita. 17:15-17) Yabwiye kandi Aburahamu ko uruvyaro rwiwe rwohawe igihugu ca Kanani. Mu myaka myinshi abakomoka kuri Aburahamu, ari bo Bisirayeli, bamaze ari abashumba mu Misiri, wamengo ivyo Yehova yabasezeraniye ntivyorangutse. Ariko vyararangutse. Mu nyuma, Yehova yaravuze ko Elizabeti yoronse umwana naho yari ashaje. Imana yabwiye kandi Mariya, uwari akiri isugi, ko yovyaye Umwana wayo. Ivyo vyoshikije uwundi muhango Yehova yari yaratanze imyaka ibihumbi imbere y’aho, mw’itongo ryo muri Edeni.​—Ita. 3:15.

12. Muri Yosuwa 23:14 no muri Yesaya 55:10, 11 hadukura amazinda ku biki ku bijanye n’ububasha bwa Yehova?

12 Iyo tuzirikanye ku mihango yose Yehova yatanze n’ingene yarangutse, duca dutahura ko afise ububasha budasanzwe. Ivyo biradufasha kurushiriza kwizigira umuhango werekeye isi nshasha. (Soma Yosuwa 23:14; Yesaya 55:10, 11.) Biratuma kandi twama twiteguriye gufasha abandi gutahura ko umuhango w’isi nshasha atari umugani canke indoto nsa. Ku vyerekeye amajuru n’isi nshasha, Yehova ubwiwe yavuze ati: “Aya majambo [ni] ayo kwizigirwa n’ay’ukuri.”​—Ivyah. 21:1, 5.

NUHE UMWANYA IBIKORWA VY’IMPWEMU MU BUZIMA BWAWE

AMAKORANIRO

Ni gute kimwekimwe muri ibi bikorwa vy’impwemu kigufasha gukomeza ukwizera kwawe? (Raba ingingo ya 13)

13. Amakoraniro y’ishengero akomeza gute ukwizera kwacu? Sigura.

13 Uburyo bugira gatatu twokomeza ukwizera kwacu, ni kumara umwanya mu bikorwa vy’impwemu. Zirikana nk’akarorero ukuntu amakoraniro y’ishengero atugirira akamaro. Uwitwa Anna yamaze imyaka myinshi ari mu mice itandukanye y’umurimo w’igihe cose. Avuga ati: “Amakoraniro aratuma ukwizera kwanje kuguma gukomeye. Mbere n’igihe uwuriko arashikiriza ikiganiro yoba atari umwigisha abimenyereye, canke ntavuge iciyumviro gishasha, akenshi ntihabura ikintu nkuramwo kimfasha kurushiriza gutahura ukuri kwo muri Bibiliya, kandi ivyo birakomeza ukwizera kwanje.” b Na twebwe ukwizera kwacu kurakomera igihe twumviriza neza insasanuro zitangwa n’abavukanyi na bashiki bacu ku makoraniro.​—Rom. 1:11, 12; 10:17.

KWAMAMAZA

Ni gute kimwekimwe muri ibi bikorwa vy’impwemu kigufasha gukomeza ukwizera kwawe? (Raba ingingo ya 14)

14. Igikorwa co kwamamaza gikomeza gute ukwizera kwacu?

14 Turakomeza kandi ukwizera kwacu igihe tugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. (Heb. 10:23) Barbara, uwumaze imyaka irenga 70 akorera Yehova, avuga ati: “Nasanze igikorwa co kwamamaza gikomeza ukwizera. Uko mbwira abandi ivyerekeye imihango myiza igitangaza Yehova adusezeranira, ni ko ukwizera kwanje kuguma gukomera.”

KWIYIGISHA

Ni gute kimwekimwe muri ibi bikorwa vy’impwemu kigufasha gukomeza ukwizera kwawe? (Raba ingingo ya 15)

15. Kwiyigisha bikomeza gute ukwizera kwacu? (Raba n’amashusho.)

15 Hari ikindi kintu gikomeza ukwizera kwacu, na co akaba ari ukwiyigisha. Uwitwa Susan yasanze bifasha cane kugira urutonde rwo kwiyigisha. Avuga ati: “Ku wa mungu, ndategura ikiganiro c’Umunara w’Inderetsi tuzokwiga mu ndwi ikurikira. Ku wa mbere no ku wa kabiri, ndategura ikoraniro ryo hagati mu ndwi. Imisi isigaye, nca ndiyigisha ibindi bintu.” Susan arabandanya gukomeza ukwizera kwiwe mu kugumana urutonde rwo kwiyigisha rudahindagurika. Uwitwa Irene amaze imyaka mirongo akorera ku cicaro gikuru, yasanze kwiga ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bikomeza ukwizera. Avuga ati: “Nasanze bikora ku mutima kubona ukuntu ubuhanuzi Yehova avuga buranguka urudome ku rundi.” c

‘NTIBIZOBURA KURANGUKA’

16. Kubera iki ukuntu Yehova yahumurije Habakuki bituraba muri iki gihe? (Abaheburayo 10:36, 37)

16 Bamwe mu basavyi ba Yehova bamaze igihe kirekire barindiriye ko isi ya Shetani ikurwaho. Wisunze ukuntu abantu babona ibintu, womengo ivyo Imana yasezeranye vyaratevye kuranguka. Yehova aratahura uko abasavyi biwe biyumva, akaba rero yarahumurije umuhanuzi Habakuki ati: “Kuko ivyo bintu vyerekanywe bikirindiriye igihe vyashingiwe, kandi biguma vyihuta bigana kw’iherezo, kandi ntibizobesha. Naho vyoteba, ugume ubirindiriye; kuko bitazobura kuranguka. Ntibizocererwa.” (Hab. 2:3) None muri ayo majambo, Imana yoba yashaka guhumuriza Habakuki gusa? Canke ayo majambo araturaba na twebwe muri iki gihe? Intumwa Paulo ahumekewe, yarerekeje ayo majambo ku bakirisu barindiriye isi nshasha. (Soma Abaheburayo 10:36, 37.) Rero naho twoba tubona umengo umuhango Yehova yatanze w’uko azoturokora uriko urateba, turashobora kwizigira tudakeka ko ‘utazobura kuranguka. Ntuzocererwa!’

17. Umudada umwe yashize mu ngiro gute impanuro Yehova yahaye Habakuki?

17 Abasavyi ba Yehova benshi baramaze imyaka itari mike bashira mu ngiro impanuro Yehova aduha yo kuguma ‘turindiriye.’ Nk’akarorero, uwitwa Louise yatanguye gukorera Yehova mu 1939. Avuga ati: “Narigeze kwibaza ko Harumagedoni yoshitse ntaraheza amashure yisumbuye. Ariko ivyo ntivyabaye. Uko imyaka yagiye irarengana, nasanze bifasha gusoma inkuru ziri muri Bibiliya z’abantu bamaze igihe kirekire barindiriye ko Yehova ashitsa ivyo yabasezeraniye, nka Nowa, Aburahamu, Yozefu n’abandi. Kuguma ndindiriye vyaramfashije, eka birafasha n’abandi, kujijuka ko isi nshasha iri hafi.” N’abandi benshi bamaze igihe kirekire bakorera Yehova ni uko babibona.

18. Kwitegereza ivyaremwe bidufasha gute kurushiriza kwizigira ko isi nshasha izoza?

18 Ni ivy’ukuri ko isi nshasha itaraza. Ariko zirikana ibintu bihari ubu, nk’inyenyeri, ibiti, ibikoko n’abantu. Ivyo bintu vyarigeze kuba bitariho, ariko ubu nta woharira ko biriho vy’ukuri. Ivyo bintu biriho kubera gusa ko Yehova yabiremye. (Ita. 1:1, 26, 27) Vyongeye, Imana yacu yarasezeranye isi nshasha, kandi izoshitsa uwo muhango. Mw’isi nshasha, abantu bazobaho ibihe bidahera bafise amagara atagira agahaze. Turashobora kwizigira tudakeka ko isi nshasha izoza ku kiringo nyene Yehova yashinze.​—Yes. 65:17; Ivyah. 21:3, 4.

19. Wokomeza gute ukwizera kwawe?

19 Mu kurindira, nukore ivyo ushoboye vyose kugira ukomeze ukwizera kwawe. Niwame ukenguruka incungu. Nuzirikane ku bubasha bwa Yehova. Nuhe umwanya ibikorwa vy’impwemu mu buzima bwawe. Niwakora ivyo bintu, urashobora kuba mu “batorana ya mihango biciye ku kwizera n’ukwihangana.”​—Heb. 6:11, 12; Rom. 5:5.

URURIRIMBO RWA 139 Niwibone mw’isi nshasha

a Abantu benshi muri iki gihe ntibizera umuhango uri muri Bibiliya werekeye isi nshasha. Bibaza ko ari indoto nsa canke ko ari umugani. Yamara, turemera tudakeka ko ivyo Yehova asezerana vyose bizoranguka. Naho ari ukwo, kugira tugumane ico cizigiro, dutegerezwa kuguma dukomeza ukwizera kwacu. Ivyo twobigira gute? Iki kiganiro kiraza kubisigura.

b Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

c Ibiganiro vyinshi bivuga ibijanye n’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya urashobora kubisanga muri ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova musi y’agatwe kavuga ngo “Ubuhanuzi.” Nk’akarorero, raba ikiganiro kivuga ngo “Ivyo Yehova avuga imbere y’igihe biraranguka,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2008.