IKIGANIRO C’UKWIGA CA 17
Yehova azogufasha niwashikirwa n’ingorane utari witeze
“Ivyago vy’umugororotsi ni vyinshi, yamara Yehova aramurokora akabimukiza vyose.”—ZAB. 34:19.
URURIRIMBO RWA 44 Isengesho ry’umuntu mutoyi
INCAMAKE a
1. Ni igiki twemera tudakeka?
TURI abasavyi ba Yehova. Rero turazi ko adukunda kandi ko yipfuza ko tugira ubuzima bwiza bushoboka. (Rom. 8:35-39) Turemera kandi tudakeka ko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zama zitugirira akamaro igihe tuzishize mu ngiro. (Yes. 48:17, 18) Ariko none twovyifatamwo gute igihe dushikiwe n’ingorane tutari twiteze?
2. Ni ingorane izihe zoshobora kudushikira, kandi zituma twibaza ibibazo ibihe?
2 Abasavyi ba Yehova bose barashikirwa n’ingorane. Nk’akarorero, uwo mu bagize umuryango wacu yoshobora gukora ikintu kitaduhimbara. Turashobora kugira ingorane zikomeye z’amagara zituma tudashobora gukora vyinshi mu gikorwa ca Yehova. Turashobora gushikirwa n’ingaruka ziterwa n’ibiza n’isibe, canke tugahamwa duhorwa ukwizera kwacu. Igihe dushikiwe n’ingorane nk’izo, twoshobora kwibaza duti: ‘Kubera iki biriko biranshikira? Hari ikintu kibi nakoze? Vyoba bisigura ko Yehova atariko ampezagira?’ Woba umaze kwiyumvira gutyo? Nimba bimaze gushika ntucike intege. Benshi mu basavyi ba Yehova b’intahemuka vyarashitse bariyumva gutyo.—Zab. 22:1, 2; Hab. 1:2, 3.
3. Twigira iki ku bivugwa muri Zaburi 34:19?
3 Soma Zaburi 34:19. Raba ibintu bibiri bihambaye biri muri iyi zaburi: (1) Abantu b’abagororotsi barashikirwa n’ingorane. (2) Yehova araturokora mu ngorane. Yehova aturokora gute? Uburyo bumwe ni mu kudufasha kubona mu buryo bwiza ubuzima bwo muri iyi si. Naho Yehova adusezeranira ko kumukorera bituma tugira umunezero, ntadusezeranira kubaho muri iki gihe tudafise ingorane. (Yes. 66:14) Aduhimiriza kwibanda kuri kazoza, igihe tuzoba dufise ubuzima yipfuza ko tugira ibihe bidahera. (2 Kor. 4:16-18) Mu kurindira, aradufasha kuguma tumukorera buri musi.—Int. 3:22-24.
4. Ni ibiki tuza kubona muri iki kiganiro?
4 Reka turabe ivyigwa dukura ku basavyi ba Yehova b’intahemuka bavugwa muri Bibiliya n’abo muri iki gihe. Nk’uko tuza kubibona, turashobora gushikirwa n’ingorane tutari twiteze. Ariko igihe twihetse kuri Yehova, azokwama adushigikira. (Zab. 55:22) Uko turimbura ubwo burorero, niwibaze uti: ‘Nari kuvyifatamwo gute iyo nshikirwa n’ikintu nk’iki? Ni gute ubu burorero butuma ndushiriza kwizigira Yehova? Ni ivyigwa ibihe vyomfasha mu buzima bwanje?’
UBURORERO BUVUGWA MURI BIBILIYA
5. Ni ingorane izihe zashikiye Yakobo bivuye kuri Labani? (Raba ishusho iri ku gipfukisho.)
5 Abasavyi ba Yehova bo mu bihe vya Bibiliya barahuye n’ingorane batari biteze. Rimbura akarorero ka Yakobo. Se wiwe yamutegetse kuja kuronderera umugore mu bakobwa ba Labani, akaba yari incuti yabo yasenga Yehova. Vyongeye, se wiwe yaramukuye amazinda ko Yehova yomuhezagiye cane. (Ita. 28:1-4) Rero Yakobo yarakoze ikibereye. Yaravuye mu gihugu ca Kanani, aja kwa Labani, uno akaba yari afise abakobwa babiri, Leya na Rasheli. Yakobo yarakunze umukobwa mutoyi wa Labani ari we Rasheli, maze aremera gukorera Labani imyaka indwi kugira azomumuhe. (Ita. 29:18) Ariko ibintu ntivyagenze nk’uko Yakobo yari avyiteze. Labani yaramuhenze mu kumuha umukobwa wiwe w’imfura Leya. Labani yaremeye ko Yakobo yotwara Rasheli inyuma y’indwi imwe, ariko akamwemerera kumukorera iyindi myaka indwi. (Ita. 29:25-27) Vyongeye, Labani yararenganije Yakobo mu vyo bakorana. Ufatiye hamwe, Labani yamaze imyaka 20 arenganya Yakobo.—Ita. 31:41, 42.
6. Ni izindi ngorane izihe Yakobo yihanganiye?
6 Hari izindi ngorane Yakobo yihanganiye. Yari afise umuryango munini, ariko abana biwe ntibama bumvikana. Vyarashitse mbere baragurisha mwenewabo Yozefu aja kuba umushumba. Babiri mu bahungu ba Yakobo, Simeyoni na Lewi, baramaramaje umuryango bongera barasiga iceyi izina rya Yehova. Vyongeye, umugore Yakobo yikundira Rasheli yarapfuye ariko aribaruka umwana wiwe agira kabiri. Kandi kubera ikigoyi gikomeye, vyarabaye ngombwa ko Yakobo yimukira mu gihugu ca Misiri kandi yari yisaziye.—Ita. 34:30; 35:16-19; 37:28; 45:9-11, 28.
7. Ni gute Yehova yeretse Yakobo ko yamushima?
7 Muri izo ngorane zose, Yakobo ntiyigeze areka kwizera Yehova n’imihango yiwe. Kandi Yehova na we yaramweretse ko yamushima. Nk’akarorero, naho Labani yamurenganije, Yehova yarahezagiye Yakobo mu kumuha itunga. Vyongeye, Yakobo ategerezwa kuba yarakengurukiye Yehova igihe yasubira kubona umuhungu wiwe Yozefu, uwo yari amaze igihe yibaza ko yapfuye. Kuba Yakobo yari afitaniye ubugenzi somambike na Yehova, vyaramufashije kwihanganira ingorane. (Ita. 30:43; 32:9, 10; 46:28-30) Igihe natwe tugumye dukomeza ubucuti dufitaniye na Yehova, tuzoshobora kwihanganira ingorane zodushikira tutari tuvyiteze.
8. Ni igiki umwami Dawidi yipfuza gukora?
8 Umwami Dawidi ntiyakoze ivyo yipfuza gukora vyose mu gikorwa ca Yehova. Nk’akarorero, yaripfuje kwubakira Imana urusengero. Yarabwiye ico cipfuzo ciwe umuhanuzi Natani. Mu kumwishura, Natani yamubwiye ati: “Ikintu cose kiri mu mutima wawe nugikore, kuko Imana y’ukuri iri kumwe nawe.” (1 Ngo. 17:1, 2) Turashobora kwiha ishusho ingene ayo majambo ategerezwa kuba yararemesheje Dawidi. Kumbure yaciye atangura kwitegurira ico gikorwa amahero.
9. Dawidi yakiriye gute amakuru aca intege?
9 Mu nyuma, umuhanuzi wa Yehova yaciye agaruka kubwira Dawidi amakuru ashobora kuba yaramuciye intege. Muri “iryo joro,” Yehova yarabwiye Natani ko Dawidi atari we yokwubatse urusengero, ahubwo ko ari umwe mu bahungu biwe yorwubatse. (1 Ngo. 17:3, 4, 11, 12) None Dawidi yavyakiriye gute igihe yaronka ubwo butumwa? Yarahinduye ukuntu yabona ibintu, aribanda ku kwegeranya amafaranga n’ibikoresho umuhungu wiwe Salomo yokeneye ku bw’ico gikorwa.—1 Ngo. 29:1-5.
10. Yehova yahezagiye gute Dawidi?
10 Ubwo nyene Dawidi amaze kubwirwa ko atari we yokwubatse urusengero, Yehova yaciye agiranira isezerano na we. Yehova yarasezeraniye Dawidi ko umwe mu bomukomotseko yoganje igihe kitagira urugero. (2 Sam. 7:16) Iyumvire ingene mw’isi nshasha, mu kiringo ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi, Dawidi azonezerwa cane no kumenya ko Umwami w’iyo ntwaro ari we Yezu, ari umwe mu bamukomotseko! Iyi nkuru iradufasha kubona ko naho tudashoboye gukorera Yehova ibintu vyose tuba twashaka kumukorera, Imana yacu ishobora kuba itubikiye iyindi imihezagiro tutari twiteze.
11. Ni imihezagiro iyihe abakirisu bo mu kinjana ca mbere baronse naho Ubwami bw’Imana butatanguye kuganza igihe bari biteze? (Ivyakozwe 6:7)
11 Abakirisu bo mu kinjana ca mbere barahuye n’ingorane batari biteze. Nk’akarorero, bari biteze ko Ubwami bw’Imana bwari bugiye kuza, ariko ntibari bazi igihe vyorangukiyeko. (Ivyak. 1:6, 7) None baciye bakora iki? Barafatiriwe n’igikorwa co kwamamaza. Uko inkuru nziza yakwiragira, bariboneye ibimenyamenya vyerekana ko Yehova yahezagira utwigoro twabo.—Soma Ivyakozwe 6:7.
12. Ni ibiki abakirisu bo mu kinjana ca mbere bakoze igihe ikigoyi catera?
12 Igihe kimwe, ikigoyi gikomeye carateye “kw’isi yose.” (Ivyak. 11:28) Abakirisu bo mu kinjana ca mbere na bo nyene carabakozeko. Ibaze ingene ico kigoyi gikomeye gishobora kuba carabagizeko ingaruka. Nta gukeka ko abavyeyi bahagaritse umutima ku bijanye n’ingene boronkeje imiryango yabo ibifungurwa. Tuvuge iki ku bijanye n’abakiri bato bari barategekanije kwagura umurimo wabo? Boba bariyumviriye ko bosubira kurangura ico gikorwa ari uko ikigoyi kirangiye? Abo bakirisu barahuje n’uko ibintu vyari vyifashe naho bariko barashikirwa n’ingorane. Barabandanije kwamamaza uko bari bashoboye kwose. Vyongeye, barahimbawe no gusabikanya ivyo bari bafise n’abo bari basangiye ukwizera bo muri Yuda.—Ivyak. 11:29, 30.
13. Ni imihezagiro iyihe abakirisu bo mu kinjana ca mbere bironkeye mu kiringo c’ikigoyi?
13 Ni imihezagiro iyihe abakirisu bo mu kinjana ca mbere bironkeye mu kiringo c’ikigoyi? Abaronse imfashanyo bariboneye ukuntu Yehova yabafashije. (Mat. 6:31-33) Bategerezwa kuba bumvise biyegereje cane abavukanyi na bashiki babo babafashije. Vyongeye, abatanze intererano n’abagize uruhara mu bundi buryo butandukanye bwo gutabara, barironkeye agahimbare kava mu gutanga. (Ivyak. 20:35) Yehova yarabahezagiye kubera ko bahuje n’uko ibintu vyari vyifashe igihe ivyabo vyahinduka.
14. Ni ibiki vyashikiye Barunaba n’intumwa Paulo, kandi vyavuyemwo iki? (Ivyakozwe 14:21, 22)
14 Abakirisu bo mu kinjana ca mbere barashikirwa kenshi n’uruhamo, rimwe na rimwe batari bavyiteze. Rimbura ivyashikiye Barunaba n’intumwa Paulo igihe bariko baramamaza mu micungararo y’i Lusitira. Mu ntango, abantu barabakiranye igishika kandi barabumviriza. Ariko mu nyuma, ababarwanya ‘baroheje amasinzi,’ kandi bamwe muri bo barateye amabuye Paulo bamusiga ari intere. (Ivyak. 14:19) Ariko, Barunaba na Paulo barabandanije kwamamariza ahandi. None ivyo vyavuyemwo iki? Barahinduye “abatari bake abigishwa,” kandi amajambo yabo n’akarorero kabo vyarakomeje abo basangiye ukwizera. (Soma Ivyakozwe 14:21, 22.) Benshi barakomejwe kubera ko Barunaba na Paulo batigeze bahagarika kwamamaza naho bariko barahamwa. Igihe cose tutazohagarika kurangura igikorwa Yehova yadushinze gukora, tuzohezagirwa.
UBURORERO BWO MURI IKI GIHE
15. Wigira iki ku karorero k’umuvukanyi A. H. Macmillan?
15 Gatoyi imbere ya 1914, hari ibintu bidasanzwe abasavyi ba Yehova bari biteze. Rimbura akarorero k’umuvukanyi A. H. Macmillan. Cokimwe n’ukuntu abandi benshi babibona ico gihe, umuvukanyi Macmillan yari yiteze ko mu misi mikeyi yogiye mw’ijuru. Mu nsiguro yashikirije muri Nyakanga 1914, yavuze ati: “Iyi ishobora kuba ari yo nsiguro ya nyuma nshikirije.” Ariko iyo ntiyari insiguro yiwe ya nyuma. Mu nyuma, umuvukanyi Macmillan yanditse ati: “Kumbure bamwe muri twebwe twarihuse cane mu kwiyumvira ko hari hageze ko tuja mw’ijuru.” Yongeyeko ati: “Ico twari dukeneye gukora kwari kuguma dufatiriwe mu gikorwa c’Umukama.” Umuvukanyi Macmillan yagumye afise vyinshi vyo gukora. Yari afise umwete mu ndimiro. Yari afise agateka ko kuremesha abavukanyi benshi bari bapfunzwe bazira kutaja mu gisoda. Vyongeye, yagumye yitaba amakoraniro y’ishengero mbere n’igihe yari ashaje. None umuvukanyi Macmillan yungukiye gute ku gukorera Yehova n’igihe yari akirindiriye impera yiwe yo mw’ijuru? Gatoyi imbere y’uko arangiza ubuzima bwiwe bwo kw’isi mu 1966, yanditse ati: “Ubu ukwizera kwanje kurakomeye kuruta ikindi gihe cose.” Emwe, ako ni akarorero keza cane twokwigana, canecane igihe ingorane dufise zimaze igihe kirekire kuruta ico twari twiteze.—Heb. 13:7.
16. Umuvukanyi Herbert Jennings n’umugore wiwe bashikiwe n’ingorane iyihe batari biteze? (Yakobo 4:14)
16 Benshi mu Vyabona vya Yehova birashika bagakikwa n’amagara batari bavyiteze. Nk’akarorero, mu nkuru y’ubuzima y’umuvukanyi Herbert Jennings, b haravugwa ingene we n’umugore wiwe bakunda igikorwa bari barahawe co kuba abamisiyonari muri Gana. Ariko ico gihe, baramutoye indwara ituma mu mwanya yumva ashwashwanutse birenze, mu wundi mwanya na ho akumva yijiriwe birenze. Umuvukanyi Jennings, yisunze amajambo yo muri Yakobo 4:14, yavuze ko ivyariko biramushikira ‘ari ibintu atari yiteze.’ (Soma.) Yanditse ati: “Twarahuje n’uko ibintu vyari vyifashe, tuva muri Gana, turasiga abagenzi bacu somambike, dusubira muri Kanada kwivuza.” Yehova yarafashije umuvukanyi Jennings n’umugore wiwe, barabandanya kumukorera badahemuka, naho bariko barashikirwa n’ingorane.
17. Akarorero k’umuvukanyi Jennings kafashije gute abavukanyi na bashiki bacu?
17 Ibintu bivuye ku mutima umuvukanyi Jennings yavuze mu nkuru y’ubuzima yiwe vyarafashije cane abandi. Mushiki wacu umwe yanditse ati: “Narakozwe ku mutima cane igihe nariko ndasoma iki kiganiro. . . . Gusoma ingene umuvukanyi Jennings yahevye igikorwa yari yarahawe kugira yitwararike amagara yiwe, vyaramfashije kubona ibinyerekeye mu buryo buri ku burimbane.” Uwundi muvukanyi yavuze ati: “Nari maze imyaka cumi ndi umukurambere mw’ishengero, ariko vyabaye ngombwa ko mpagarika ako gateka kubera nari mfise indwara yo mu mutwe. Numva umengo nta co maze, ku buryo akenshi gusoma inkuru z’ubuzima vyatuma ndushiriza kuvunika umutima. . . . Ariko, ukuntu umuvukanyi Jennings yagumye ashikamye vyarandemesheje.” Ivyo biratwibutsa ko igihe dushikiwe n’ingorane tutari twiteze, dushobora kuremesha abandi. Naho ibintu bitogenda nk’uko twari tuvyiteze, turashobora kuguma tubera abandi akarorero k’ukwizera n’ukwihangana.—1 Pet. 5:9.
18. Nk’uko vyerekanywe kuri iyo foto, twigira iki ku karorero k’umupfakazi umwe wo muri Nijeriya?
18 Ivyago bidushikira, nk’ikiza ca Korona, vyaragize ingaruka ku basavyi ba Yehova benshi. Nk’akarorero, umupfakazi umwe wo muri Nijeriya yari asigaranye udufungurwa dukeyi n’uduhera dukeyi. Umusi umwe mu gitondo, umukobwa wiwe yaramubajije ico boriye, bamaze igikombe c’umuceri bari basigaranye. Uwo mushiki wacu yabwiye umukobwa wiwe ko ata mahera canke ibifungurwa basigaranye, ariko ko bakwiye kwigana wa mupfakazi w’i Zarefati. Baciye bategura ibifungurwa bari basigaranye, maze bizigira Yehova baherejeko. (1 Abm. 17:8-16) N’imbere y’uko batangura kwiyumvira ivyo bari kurya uwo musi, baciye baronka imfashanyo zivuye ku bavukanyi. Izo mfashanyo zari zigizwe n’ibifungurwa vyinshi vyomaze nk’indwi zirenga zibiri. Uwo mushiki wacu yavuze ko atari yiyumviriye ko Yehova yariko yumviriza yitonze ivyo yariko arabwira umukobwa wiwe. Nkako, igihe twihetse kuri Yehova, ingorane zodushikira tutari tuvyiteze zoshobora gutuma tumwiyegereza.—1 Pet. 5:6, 7.
19. Ni uruhamo uruhe Aleksey Yershov yihanganiye?
19 Mu myaka iheze, abavukanyi na bashiki bacu benshi barihanganiye uruhamo batari biteze. Rimbura akarorero k’umuvukanyi Aleksey Yershov aba mu Burusiya. Abasavyi ba Yehova bo muri ako karere bari bafise umwidegemvyo igihe umuvukanyi Yershov yabatizwa mu 1994. Haciye imyaka, ibintu vyarahindutse mu Burusiya. Mu 2020, inzu y’umuvukanyi Yershov yaratewe yongera irasakwa, kandi vyinshi mu vyo yari atunze vyarafashwe. Inyuma y’amezi menshi, abagize intwaro bamwagirije ko ari inkozi y’ikibi. Mu kwunyura ibintu, ivyo bamwagirije vyari bishingiye kw’ividewo yafashwe n’umuntu yari amaze umwaka urenga yigira ko ari umutohoji wa Bibiliya. Mbega ibintu bibabaje!
20. Umuvukanyi Yershov yakomeje gute ubucuti afitaniye na Yehova?
20 Uruhamo rw’umuvukanyi Yershov rwoba rwaravuyemwo ikintu ciza? Egome. Ubucuti yari afitaniye na Yehova bwararushirije gukomera. Avuga ati: “Jewe n’umugore wanje twama dusengera hamwe kenshi. Ndabona ko ntari gushobora kuvyihanganira ntafashijwe na Yehova.” Yongerako ati: “Kwiyigisha vyaramfashije kudacika intege. Narazirikanye ku burorero bw’abasavyi b’Imana b’intahemuka bo muri kahise. Hari inkuru nyinshi zivugwa muri Bibiliya zerekana ingene bihambaye kuguma dutekanye kandi tukizigira Yehova.”
21. Twize iki muri iki kiganiro?
21 Twize iki muri iki kiganiro? Rimwe na rimwe turahura n’ingorane tutari twiteze muri iyi si. Naho ari ukwo, Yehova yama afasha abasavyi biwe igihe bamwihetseko. Icanditswe c’ishimikiro cavuze ko ‘ivyago vy’umugororotsi ari vyinshi, yamara ko Yehova amurokora akabimukiza vyose.’ (Zab. 34:19) Ese twobandanya kwiheka ku bubasha Yehova afise bwo kudushigikira, aho kwizigira inkomezi zacu. Gutyo, cokimwe n’intumwa Paulo, turashobora kuvuga duti: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.”—Flp. 4:13.
URURIRIMBO RWA 38 Imana izogukomeza
a Naho dushikirwa n’ingorane tutari twiteze mu buzima bwo muri iyi si, turashobora kwemera tudakeka ko Yehova azofasha abasavyi biwe b’intahemuka. Yehova yafashije gute abasavyi biwe bo muri kahise? Adufasha gute muri iki gihe? Kurimbura uburorero bwo muri Bibiliya n’ubwo muri iki gihe biradufasha kwizigira tudakeka ko nitwiheka kuri Yehova, na we azodufasha.