Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 16

URURIRIMBO RWA 64 Tujemwo mw’iyimbura tunezerewe

Ivyotuma uronkera umunezero mwinshi mu gikorwa co kwamamaza

Ivyotuma uronkera umunezero mwinshi mu gikorwa co kwamamaza

«Nimukorere Yehova munezerewe.»ZAB. 100:2.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Iki kiganiro kiraca irya n’ino ibintu twokora kugira ngo turushirize kuronkera umunezero mu gikorwa co kwamamaza.

1. Abamamaji bamwebamwe babona gute ibijanye no kuganiriza abantu mu ndimiro? (Raba n’ifoto.)

 TWEBWE abasavyi ba Yehova, turabwira inkuru nziza abandi kubera ko dukunda Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru no kubera ko twipfuza kubafasha kumumenya. Abamamaji benshi usanga vy’ukuri baronkera umunezero muri ico gikorwa, ariko abandi ntibakironkeremwo umunezero. Uti kubera iki? Bamwe usanga ari abanyamasoni cane kandi bikengera. Abandi ntibiborohera kuja kuyagisha abantu ku mihana iwabo kandi batabivuganye. Hari n’abatinya ko batobakira neza. Abandi na bo usanga bakuze bigishwa kwirinda kugiranira ingorane n’abantu. Naho abo bavukanyi na bashiki bacu bakunda Yehova cane, usanga bitaborohera kubwira inkuru nziza abantu batazi. Ariko kubera ko bazi yuko ico gikorwa gihambaye cane, bama bihatira kugikora. Ese ukuntu ivyo bihimbara Yehova!

Woba unezererwa igikorwa co kwamamaza? (Raba ingingo ya 1)


2. Nimba bikugora kuronkera umunezero mu gikorwa co kwamamaza, kubera iki udakwiye gucika intege?

2 Vyoba bishika ivyo bintu duhejeje kuvuga, bigatuma ubura umunezero mu gikorwa co kwamamaza? Nimba bigushikira ntucike intege. Kwikengera vyoshobora kuba ari ikimenyetso c’uko utipfuza kwerekana ko uri agakomeye be n’uko udashaka guhazuka n’abantu. Vyongeye, nta n’umwe yipfuza kwakirwa nabi n’abantu na canecane igihe aba ariko arondera kubakorera iciza. Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru arazi neza ukwo kuntu wiyumva kandi aripfuza kugufasha. (Yes. 41:13) Muri iki kiganiro, tugiye kuraba ibintu bitanu vyodufasha igihe dufise izo ngorane, turabe n’ingene tworushiriza kuronkera umunezero mu gikorwa co kwamamaza.

NUKOMEZWE N’IJAMBO RY’IMANA

3. Ni igiki cafashije umuhanuzi Yeremiya kuburira abandi?

3 Kuva kera na rindi, ijambo ry’Imana ryarakomeza abasavyi bayo igihe baba bashinzwe igikorwa kitoroshe. Raba akarorero k’umuhanuzi Yeremiya. Yarahagaritse umutima igihe Yehova yamushinga igikorwa co kuburira abantu. Yeremiya yavuze ati: «Sinzi kuvuga. Ndacari muto.» (Yer. 1:6) Ni igiki none camufashije gutsinda ubwoba? Yakomejwe n’ijambo ry’Imana. Yavuze ati: «Ijambo ryiwe ryabaye nk’umuriro ururumba, wugaraniwe mu magufa yanje. Naruhishijwe no kuwigumizamwo.» (Yer. 20:​8, 9) Naho abantu Yeremiya yaburira bari bagoye, ubutumwa yababwira bwaramuronkeje inkomezi zo gukora ico gikorwa.

4. Iyo dusomye Ijambo ry’Imana tukongera tukarizirikanako bica bigenda gute? (Abakolosayi 1:​9, 10)

4 Abakirisu barakomezwa n’amajambo y’Imana dusanga muri Bibiliya. Mw’ikete intumwa Pawulo yandikiye abo mw’ishengero ry’i Kolosayi, yavuze ko kumenya neza ivyo Imana igomba vyotumye babandanya «kwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose», gutyo «[bakagenda] nk’uko bibereye abakorera Yehova.» (Soma Abakolosayi 1:​9, 10.) Muri ico gikorwa ciza harimwo no kwamamaza inkuru nziza. Iyo rero dusomye Ijambo ry’Imana tukongera tukarizirikanako, turarushiriza kwizera Yehova no kubona ko igikorwa co kwamamaza Ubwami gihambaye.

5. Twokora iki kugira ngo gusoma Bibiliya no kwiyigisha birushirize kutugirira akamaro?

5 Kugira ngo Ijambo ry’Imana rirushirize kutugirira akamaro, turakwiye kwirinda kwihutagiza igihe dusoma Bibiliya, igihe twiyigisha be n’igihe tuzirikana. Nubifatire umwanya ukwiye. Usomye umurongo udatahura neza, ntuce uwirengagiza. Ahubwo nukoreshe ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova canke igitabu Index des publications kugira ngo umenye insobanuro yawo. Niwafata umwanya ukwiye wo kwiyigisha, bizotuma urushiriza kwizigira ko Ijambo ry’Imana ari ukuri. (1 Tes. 5:21) Uko urushiriza kujijuka ku vyo wiga mw’Ijambo ry’Imana, ni ko urushiriza kubibwira abandi unezerewe.

NIWITEGURE NEZA

6. Kubera iki dukwiye kwitegurira neza indimiro?

6 Igihe witeguriye neza indimiro usanga bica bikworohera kuyagisha abantu. Yezu yarafashije abigishwa biwe kwitegura imbere y’uko baja kwamamaza. (Luka 10:​1-11) Igihe abigishwa ba Yezu bashira mu ngiro ivyo yari yabigishije, barashitse ku bintu vyatumye bagira umunezero mwinshi.—Luka 10:17.

7. Twokwitegurira gute indimiro? (Raba n’ifoto.)

7 None twokwitegurira gute indimiro? Turakwiye kuzirikana ku vyo twovuga kugira ngo dushikirize abandi ukuri mu buryo bukora ku mutima dukoresheje amajambo yacu bwite. Vyoba vyiza kandi twiyumviriye uburyo bubiri canke butatu abantu bo mu cibare cacu bokwakira inkuru nziza, tugaca twiyumvira n’ingene twovyifatamwo. Dutanguye kuyagisha abantu na ho, dukwiye kugerageza kubayagisha nk’abagenzi, dutekanye kandi tubamwenyurira.

Niwitegurire neza igikorwa co mu ndimiro (Raba ingingo ya 7)


8. Ni mu buryo ki abakirisu bameze nk’inkono z’ibumba intumwa Pawulo yavuze?

8 Intumwa Pawulo yarerekanye uruhara rwacu mu gikorwa co kwamamaza igihe yavuga ati: «Dufise iryo tunga mu nkono z’ibumba.» (2 Kor. 4:7) None iryo tunga ni iki? Ni igikorwa kirokora ubuzima co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. (2 Kor. 4:1) Izo nkono z’ibumba zozo zigereranya iki? Zigereranya abasavyi b’Imana baja kubwira abandi bantu inkuru nziza. Mu gihe ca Pawulo, abadandaza barakoresha inkono z’ibumba mu gutwara ibintu vy’agaciro, nk’ibifungurwa, umuvinyu be n’amahera. Na twebwe nyene, Yehova yaratujeje ubutumwa bw’agaciro, ari yo nkuru nziza. Yehova araturonsa inkomezi dukeneye kugira ngo tubandanye gushikiriza ubwo butumwa tudahemuka.

NUSENGE USABA UMUTIMA RUGABO

9. Ni igiki codufasha kudatinya abantu? (Raba n’ifoto.)

9 Vyoshobora gushika tugatinya abantu. None iyo ngorane twoyitsinda gute? Zirikana kw’isengesho intumwa zatuye igihe bazitegeka kutamamaza. Aho guca batekerwa n’ubwoba, basavye Yehova ngo abafashe «kuguma bavuga ijambo [ry[i]we] n’ubutinyutsi bwose.» Yehova yaciye yishura isengesho ryabo. (Ivyak. 4:​18, 29, 31) Bishitse natwe tukagira ubwoba, turakwiye guca twitura Yehova ngo adufashe. Numusabe agufashe kugira ngo urwo ukunda abantu rurengere ubwoba wogira bwo kubabwira inkuru nziza.

Nusenge usaba umutima rugabo (Raba ingingo ya 9)


10. Yehova adufasha gute kurangura ibanga yadushinze ryo kuba Ivyabona vyiwe? (Yesaya 43:​10-12)

10 Yehova yaradushinze ibanga ryo kuba Ivyabona vyiwe kandi adusezeranira kudufasha kugira umutima rugabo. (Soma Yesaya 43:​10-12.) Raba uburyo bune gusa akoresha. Ubwa mbere, igihe cose twamamaza inkuru nziza Yezu aba ari kumwe natwe. (Mat. 28:​18-20) Ubwa kabiri, Yehova yaraduhaye abamarayika badufasha. (Ivyah. 14:6) Ubwa gatatu, yaraduhaye impwemu yiwe nyeranda kugira ngo idufashe kwibuka ibintu twize. (Yoh. 14:​25, 26) Ubwa kane, yaraduhaye abavukanyi dukorana. Kuba dushigikiwe na Yehova be n’abavukanyi badukunda, biratuma turangura neza ico gikorwa.

NUHUZE N’UKO IVY’ABANTU VYIFASHE KANDI UBONE IBINTU MU BURYO BWIZA

11. Woronka gute abantu benshi mu ndimiro? (Raba n’ifoto.)

11 Woba uhora ucika intege iyo ata bantu benshi usanze ku mihana? Nuce wibaza uti: «Ubu bari hehe?» (Ivyak. 16:13) «Boba bagiye ku kazi canke gusuma?» Nimba ari ko biri, ubwo uciye uja kwamama kw’ibarabara ntiworonka abantu benshi? Umuvukanyi umwe yitwa Joshua avuga ati: «Kugendagenda mu mazu y’ubudandaji be no ku bituro vy’imiduga, vyaratumye ndonka abantu benshi mbwira inkuru nziza.» We n’umugore wiwe Bridget barabonye ko basanga abantu benshi ku mihana igihe babagendeye ku mugoroba canke ku wa mungu ku muhingamo.—Ef. 5:​15, 16.

Nuze urahindura urutonde ukorerako (Raba ingingo ya 11)


12. Twomenya gute ivyo abantu bemera canke ibibaraje ishinga?

12 Nimba abantu badashotse bakira neza inkuru nziza, nugerageze kumenya ivyo bemera canke ibibaraje ishinga. Mu gutanguza ikiyago, Joshua na Bridget bakoresha kirya kibazo dusanga ku gapapuro k’inkuru nziza. Nk’akarorero, bakoresheje ka gapapuro kavuga ngo Ubona gute Bibiliya? baca babaza uwo bayagisha bati: «Abantu bamwebamwe babona ko Bibiliya ari igitabu kiva ku Mana, ariko abandi si ko babibona. Weho uvyibazako iki?» Akenshi ivyo biratuma ikiyago kibandanya.

13. Kubera iki dukwiye kubona ko twaroraniwe naho abantu batotwumviriza? (Imigani 27:11)

13 N’igihe abantu batatwumvirije, ntibisobanura ko tutaba twaroraniwe. Uti kubera iki? Kubera ko twebwe tuba twashinze intahe, ari na vyo Yehova n’Umwana wiwe badusaba. (Ivyak. 10:42) N’igihe tubuze umuntu n’umwe tuyagisha canke bakatwiyamiriza, turakwiye kunezerwa kuko tuba tuzi ko turiko turahimbara Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru.—Soma Imigani 27:11.

14. Kubera iki dukwiye kunezerwa igihe uwundi mwamamaji aronse umuntu ashimishwa n’ukuri?

14 Turakwiye kandi kunezerwa igihe uwundi mwamamaji aronse umuntu ashimishwa n’ukuri. Igikorwa cacu, Umunara w’Inderetsi wakigereranije n’igikorwa co kurondera umwana yatakaye. Gikorwa n’abantu benshi, kandi bakamuronderera hirya no hino. Iyo uwo mwana abonetse, ntihanezerwa gusa uwuba amutoye ahubwo banezerwa bose. N’igikorwa co guhindura abantu abigishwa ni igikorwa c’umugwi. Abamamaji bose barakenewe kugira ngo baheture icibare, kandi bose baranezerwa iyo hagize umuntu mushasha atangura kwitaba amakoraniro.

NUSHIRE IMBERE URUKUNDO UKUNDA YEHOVA NA BAGENZAWE

15. Gukurikiza ibivugwa muri Matayo 22:​37-39 vyodufasha gute kurushiriza kugira umunezero mu ndimiro? (Raba n’ifoto yo ku .)

15 Gushira imbere urukundo dukunda Yehova na bagenzi bacu, birashobora kudufasha kurushiriza kugira umunezero mu gikorwa co kwamamaza. (Soma Matayo 22:​37-39.) Iyumvire ingene Yehova anezerwa iyo abonye turiko turakora ico gikorwa be n’ingene abantu banezerwa iyo batanguye kwiga Bibiliya! Niwibuke kandi ko ivyo bizotuma abumviriza inkuru nziza uvuga barokoka.—Yoh. 6:40; 1 Tim. 4:16.

Gushira imbere urukundo dukunda Yehova na bagenzi bacu bizotuma turushiriza kugira umunezero mu ndimiro (Raba ingingo ya 15)


16. Tworonkera gute umunezero mu gikorwa co kwamamaza naho twoba tutakiva aho turi? Tanga uburorero.

16 Hoba hari ingorane ufise ituma utakiva aho uri? Nimba ari ko bimeze, nushire umutima ku vyo ushoboye gukora kugira ngo werekane ko ukunda Yehova na bagenzawe. Mu kiringo ca korona, Samuel n’umugore wiwe Dania ntivyakunda ko bava imuhira. Muri ico kiringo kitari coroshe, bama bamamaza bakoresheje telefone, amakete, bakongera bakayobora inyigisho za Bibiliya biciye kuri zumu. Igihe Samuel yaba agiye kwa muganga aho yivuriza kanseri, yarabwira inkuru nziza abo yahasanga. Avuga ati: «Ingorane ziraturuhisha mu bwenge, ku mubiri, zigahungabanya n’ukwizera kwacu. Dukwiye rero kuronderera umunezero mu gikorwa ca Yehova.» Muri ico kiringo nyene, Dania yaratemvye aca amara amezi atatu atava aho ari. Inyuma y’aho yaciye amara ayandi mezi atandatu agendera mu gakinga k’abamugaye. Avuga ati: «Ico gihe narakora ivyo naba nshoboye vyose. Narabwira inkuru nziza umuforoma yaba aje kundaba be n’abantu baba bazanye ibintu muhira. Naranayagisha kuri telefone uwaserukira ikigo kimwe c’ubuvuzi, kandi yavyakira neza.» Naho Samuel na Dania batari bagikora vyinshi mu gikorwa co kwamamaza kubera ingorane barimwo, barakoze ivyo bashoboye kandi vyaratumye bagira umunezero.

17. Wokora iki kugira ngo ivyiyumviro vyatanzwe muri iki kiganiro bikugirire akamaro?

17 Wa wundi ngo imiti ikora ikoranye. N’ivyiyumviro vyatanzwe muri iki kiganiro ni ukwo nyene. Buri ciyumviro twokigereranya na kimwe mu birungo bikoreshwa mu gutegura imfungurwa. Iyo ukoresheje ibirungo vyose bikenewe, ibifungurwa bica biryoha. Natwe nitwashira mu ngiro ibi vyiyumviro vyose, bizotuma dutsinda ibintu vyose vyoduca intege, maze turonkere umunezero mwinshi mu gikorwa co kwamamaza.

IBI BINTU BIKURIKIRA VYOGUFASHA GUTE KUGIRA UMUNEZERO MU NDIMIRO?

  • Gufata umwanya wo kwitegura neza

  • Gusenga usaba umutima rugabo

  • Gushira imbere urukundo ukunda Yehova na bagenzawe

URURIRIMBO RWA 80 «Nimuhonje mubone ko Yehova aryoshe»