Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 17

URURIRIMBO RWA 111 Imvo zituma tunezerwa

Nturote uva mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu

Nturote uva mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu

«Nimwigine rero, munezererwe ibihe vyose ibintu ngira ndeme.»YES. 65:18.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona ivyiza twironkera mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, n’ingene twofasha abandi kuyizamwo.

1. Iparadizo yo mu buryo bw’impwemu ni iki, kandi twokwiyemeza gukora iki?

 MURI iki gihe, kw’isi hariho iparadizo yuzuyemwo abantu bafise ibikorwa vyinshi. Abantu amamiliyoni bayirimwo barafise amahoro nyakuri. Abamaze gushika muri iyo paradizo ntibarota bayivamwo. Vyongeye, baripfuza ko n’abandi bantu benshi babasanga aho hantu hadasanzwe. None aho hantu ni hehe? Ni mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu. a

2. Kubera iki twovuga ko iparadizo yo mu buryo bw’impwemu ari igitangaro?

2 Kubona Yehova yaratunganije ahantu hatekanye muri iyi si ya Shetani yuzuye urwanko, ububisha kandi iteye akaga, ni igitangaro. (1 Yoh. 5:19; Ivyah. 12:12) Imana yacu y’urukundo irabona ingene iyi si iruhije abantu, akaba ari co gituma itegurira abasavyi bayo ahantu hatekanye kugira ngo babandanye kuyikorera bahimbawe. Bibiliya idondora iyo paradizo yo mu buryo bw’impwemu ko ari «ahantu ho guhungira» hatekanye be n’«umurima uvomerewe neza.» (Yes. 4:6; 58:11) Yehova arafasha ababa muri iyo paradizo kubaho batekanye kandi bahimbawe muri iyi misi ya nyuma itoroshe.—Yes. 54:14; 2 Tim. 3:1.

3. Ibivugwa muri Yesaya ikigabane ca 65 vyarangutse gute mu gihe ca kera?

3 Yehova abicishije ku muhanuzi Yesaya, yaravuze ingene abobaye mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu bobayeho bamerewe. Ivyo tubisanga muri Yesaya ikigabane ca 65, aharangutse ubwa mbere mu mwaka wa 537 imbere ya Kristu. Ico gihe, Abayuda bigaye barasubiye iwabo bavuye mu bunyagano i Babiloni. Yehova yarabahezagiye yongera arabafasha gusanura igisagara ca Yeruzalemu cari carasambutse, kirasubira kuba ciza cane. Yaranabafashije gusubira kwubaka urusengero kugira rube ikibanza nyamukuru co kumusengeranwo muri Isirayeli.—Yes. 51:11; Zak. 8:3.

4. Ibivugwa muri Yesaya ikigabane ca 65 vyarangutse gute mu gihe ca none?

4 Iranguka rya kabiri ry’ubwo buhanuzi bwa Yesaya ryatanguye mu 1919 inyuma ya Kristu, igihe abasavyi ba Yehova bo mu gihe ca none bava mu bunyagano bwa Babiloni Akomeye. Ico gihe rero, iparadizo yo mu buryo bw’impwemu yaciye itangura kwibonekeza hirya no hino kw’isi. Abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete baratanguje amashengero menshi bongera baratsimbataza kamere nziza. Abagabo n’abagore bari bahoze bafise agatima k’ubukoko n’ububisha, «[barambaye] kamere nshasha yaremwe hisunzwe ivyo Imana igomba.» (Ef. 4:24) Naho vyinshi mu bintu vyiza Yesaya yavuze bizoranguka nya kuranguka mw’isi nshasha, no muri iki gihe hariho ivyiza vyinshi twinovora. Reka turabe bimwebimwe muri ivyo vyiza twironkera muri iyo paradizo be n’igituma tutarota tuyivamwo.

INGENE ABARI MW’IPARADIZO YO MU BURYO BW’IMPWEMU BAMEREWE

5. Twisunze Yesaya 65:​13, ni ivyiza ibihe twironkera mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu?

5 Bafise amagara meza. Ubuhanuzi bwa Yesaya burerekana itandukaniro rikomeye riri hagati y’abari mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu n’abatayirimwo. (Soma Yesaya 65:13.) Yehova araronsa ku bwinshi abasavyi biwe ivyo bakeneye kugira ngo bamererwe neza mu vy’impwemu. Araturonsa impwemu yiwe nyeranda, Ijambo ryiwe Bibiliya be n’ibifungurwa vyinshi vyo mu buryo bw’impwemu kugira ngo ‘turye, tunywe twongere tunezerwe.’ (Gereranya n’Ivyahishuwe 22:17.) Ariko abatari muri iyo paradizo bobo, baricwa ‘n’inzara, inyota be n’ibimaramare.’ Nta co baronka mu vy’impwemu.—Am. 8:11.

6. Muri Yoweli 2:​21-24 hadondora gute ibifungurwa turonka mu vy’impwemu, kandi bitugirira akamaro gute?

6 Umuhanuzi Yoweli mu kudondora ibintu vyinshi Yehova aronsa abasavyi biwe, ushizemwo n’ibifungurwa vy’impwemu, yakoresheje imvugo yerekeza ku bintu vya nkenerwa mu buzima nk’intete, umuvinyu be n’amavuta. (Yow. 2:​21-24) Ivyo bintu abituronsa biciye kuri Bibiliya, ku bitabu vyacu, ku rubuga rwacu, ku makoraniro, ku materaniro no ku mahwaniro. Tugiye turihereza ivyo bifungurwa buri musi, biratuma turushiriza kugira amagara meza.

7. Ni igiki gituma ‘tumererwa neza mu mutima’? (Yesaya 65:14)

7 Barahimbawe. Abasavyi ba Yehova bariha «akamo k’umunezero», kubera ko bamukengurukira cane. (Soma Yesaya 65:14.) Ukuri n’imihango biremesha dusanga mw’Ijambo ry’Imana be n’icizigiro ca kazoza dufise kubera incungu ya Kristu, biratuma ‘tumererwa neza mu mutima.’ Kuza turayaga ivyo bintu n’abavukanyi bacu biratuma duhimbarwa vy’ukuri.—Zab. 34:8; 133:​1-3.

8. Ni ibintu bibiri nyamukuru ibihe biranga iparadizo yo mu buryo bw’impwemu?

8 Urukundo n’ubumwe dusanga mu basavyi ba Yehova, ni vyo bintu bibiri nyamukuru biranga iparadizo yo mu buryo bw’impwemu. Ni imponjo y’ukuntu ubuzima buzoba bumeze mw’isi nshasha, aho abasavyi ba Yehova bazoba bakundana kandi bunze ubumwe kuruta uko biri muri iki gihe. (Kol. 3:14) Mushiki wacu umwe, aratwiganira icamukoze ku mutima igihe yahura n’Ivyabona vya Yehova ari bwo bwa mbere. Avuga ati: «Sinari nzi ingene nogira agahimbare, eka mbere no mu muryango iwanje. Urukundo nya rukundo natanguye kurubonera mu Vyabona vya Yehova.» Umuntu wese yipfuza guhimbarwa vy’ukuri, akwiye kuza mw’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu. Iyi si ishake itubone gute, kazima tuzwi neza na Yehova be n’abavukanyi bacu.—Yes. 65:15.

9. Muri Yesaya 65:​16, 17 hadusezeranira iki ku bintu bidutesha umutwe mu buzima?

9 Baratekanye. Muri Yesaya 65:14 havuga ko abahitamwo kutaza mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu «[ba]rira kubera umubabaro wo mu mutima», kandi ‘bakaboroga kubera kuvunika umutima.’ Tuvuge iki hoho ku bintu vyose vyababaje abasavyi b’Imana bikongera bikabatuntuza? Amaherezo ‘bizokwibagirwa, Imana ntisubire kubibona.’ (Soma Yesaya 65:​16, 17.) Ingorane zose twagize, Yehova azozikuraho burundu ku buryo tutazosubira no kuzibuka.

10. Ni igiki gituma ubona ko kwifatanya n’abakirisu bagenzi bacu ari umuhezagiro? (Raba n’ifoto.)

10 Mbere no muri iki gihe, iyo turi mu makoraniro yacu turumva turuhuriwe, kuko bituma twibagira imyitwarariko y’iyi si mbi. Turatuma kandi abavukanyi na bashiki bacu barushiriza gutekana, igihe tugaragaza kamere zitandukanye impwemu y’Imana yama nk’urukundo, umunezero, amahoro, ubuntu n’ubwitonzi. (Gal. 5:​22, 23) Emwe, kuba turi mw’ishirahamwe rya Yehova ni umuhezagiro! Abaguma muri iyo paradizo yo mu buryo bw’impwemu bazokwibonera ingene umuhango Imana yatanze wo kurema «ijuru rishasha n’isi nshasha» uranguka bimwe vyuzuye.

Kuba mu basavyi b’Imana bibereye mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, ni umuhezagiro ntangere (Raba ingingo ya 10) c


11. Twisunze ibivugwa muri Yesaya 65:​18, 19, iparadizo yo mu buryo bw’impwemu Yehova yatunganije ituma tumererwa gute?

11 Ni abantu bashima. Ubukurikira, Yesaya arerekana igituma dukwiye ‘kwigina no kunezererwa’ iyo paradizo yo mu buryo bw’impwemu. Ni uko yatunganijwe na Yehova. (Soma Yesaya 65:​18, 19.) Ntibitangaje rero kubona Yehova ariko aradukoresha kugira dufashe abantu kuva mu mashirahamwe y’iyi si ata co abamariye mu vy’impwemu, ngo baze mw’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu y’akaroruhore. Turakorwa cane ku mutima n’imihezagiro twironkera kubera ko turi mu kuri, ivyo bigaca bituma twumva dushashaye kuyibwira abandi.—Yer. 31:12.

12. Imihezagiro dusanga muri Yesaya 65:​20-24 ituma wumva umerewe gute, kandi kubera iki?

12 Twebwe abari mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, turakorwa kandi ku mutima n’icizigiro dufise tukongera tukagikenguruka. Iyumvire ibintu vyose tuzobona mw’isi nshasha be n’ivyo tuzokora. Ijambo ry’Imana ridusezeranira riti: «Ntihazokwongera kuba uruyoya rubaho imisi mikeyi, canke umutama apfa ataramvye.» ‘Tuzokwubaka amazu tuyabemwo, dutere imirima y’imizabibu turye ivyamwa vyayo.’ ‘Ntituzoruhira ubusa kuko tuzohezagirwa na Yehova.’ Adusezeranira ubuzima bwiza kandi butekanye. ‘N’imbere y’uko dutabaza’, azoba azi ico umwe wese muri twebwe akeneye, kandi azoca «[ahaza] icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose.»—Yes. 65:​20-24; Zab. 145:16.

13. Twisunze Yesaya 65:​25, abantu bahinduka gute iyo batanguye gukorera Yehova?

13 Ni abanyamahoro. Abantu benshi bahoze bafise kamere z’ubunyamaswa barahindutse bimwe bidasanzwe babifashijwemwo n’impwemu y’Imana. (Soma Yesaya 65:25.) Barihase cane baraheba ingeso mbi bahorana. (Rom. 12:2; Ef. 4:​22-24) Naho ari ukwo, twebwe abasavyi b’Imana ntidutunganye, akaba ari co gituma tuguma dukora amakosa. Ariko rero, Yehova yaratumye «abantu b’uburyo bwose» bunga ubumwe kubera ko bamukunda bakongera bagakundana hagati yabo, ivyo bikaba bituma bagiranira amahoro. (Tito 2:11) Ivyo nta wundi yobishobora atari Imana Mushoboravyose.

14. Ibivugwa muri Yesaya 65:25 vyarangukiye gute ku muvukanyi umwe?

14 Abantu boba vy’ukuri bashobora guhinduka? Raba aka karorero. Umusore umwe w’imyaka 20 yama yapfunzwe kubera ingeso mbi n’ubukozi bw’ikibi. Yari amaze gupfungwa kubera kwiba imiduga, gusenya amazu no gukora ibindi vyaha bikomeye. Yari umuntu akunda kurwana aho aciye hose. Igihe yumva ukuri ari bwo bwa mbere hanyuma agatangura kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova, yaciye abona ko yubuye ikintu gituma agira intumbero mu buzima, na co kikaba ari ugusenga Yehova ari mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu. Amaze kubatizwa, akenshi yariyumvira ingene ibivugwa muri Yesaya 65:25 vyamurangukiyeko. Yari yarahindutse aba umuntu atekereje nk’intama, naho yari yahoze akaze nk’intare.

15. Kubera iki dukwiye gutumira abandi ngo baze mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, kandi twobigira gute?

15 Muri Yesaya 65:13 hatangurwa n’amajambo agira ati: «Ibi . . . ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze.» Umurongo wa 25 na wo usozerwa n’amajambo agira ati: «Ni ko Yehova avuze.» Ivyo Yehova avuze vyama biranguka. (Yes. 55:​10, 11) Iparadizo yo mu buryo bw’impwemu Yehova yasezeranye turiko turayibonera. Yehova yaturonkeje umuryango w’abavukanyi udasanzwe koko. Muri uwo muryango turaharonkera amahoro n’umutekano naho turi mw’isi yuzuye ububisha. (Zab. 72:7) Ivyo vyose biratuma twipfuza gufasha abantu benshi bashoboka ngo baze muri uwo muryango wacu. Ivyo twobigira mu kwihatira guhindura abantu abigishwa.—Mat. 28:​19, 20.

INGENE TWOFASHA ABANDI KUZA MW’IPARADIZO YO MU BURYO BW’IMPWEMU

16. Twofasha gute abandi kuza mw’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu?

16 Umwe wese muri twebwe arafise ibanga ryo kugira ico akoze kugira ngo atume abandi bumva bashashaye kuza muri iyo paradizo yacu. Ivyo tubigira mu kwigana Yehova. Ntazana abantu mw’ishirahamwe ryiwe ku nkoni. Ahubwo ‘abakwegakwega’ yengenga. (Yoh. 6:44; Yer. 31:3) Iyo abantu b’umutima mwiza bize Bibiliya bakamenya ko Yehova ari Imana y’urukundo, bakamenya n’izindi kamere nziza zimuranga, kumwiyegereza bica vyizana. None natwe twokwegakwega gute abandi ngo baze muri iyo paradizo yacu yo mu buryo bw’impwemu biciye ku nyifato yacu nziza?

17. Twokwegakwega abandi gute ngo baze mw’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu?

17 Uburyo bumwe twokwegakwega abandi ngo baze mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, ni mu kugaragariza ubuntu n’urukundo abavukanyi bacu. Igihe abashasha bitavye amakoraniro yacu, twipfuza ko bikugura nk’abayitavye ari bwo bwa mbere mw’ishengero ry’i Korinto, abavuze bati: «Ni ukuri Imana iri kumwe namwe.» (1 Kor. 14:​24, 25; Zak. 8:23) Ni co gituma dukwiye kwama dukurikiza impanuro idusaba ‘kubana amahoro na bagenzi bacu.’—1 Tes. 5:13.

18. Ni ibiki vyotuma abantu bahurumbira ishirahamwe ryacu?

18 Turakwiye kwihatira kubona abavukanyi bacu nk’uko Yehova ababona. Ivyo tubigira mu kuguma twibanda kuri kamere nziza bafise aho kwibanda ku tunenge twabo, narirya amaherezo tuzovaho. Igihe hari ivyo tudahurijeko, turashobora kubitorera umuti tubigiranye urukundo mu kwama dukurikiza iyi mpanuro igira iti: «Mugirire neza bagenzi banyu, mugire impuhwe zuzuye ikibabarwe, mubabarirane ata gahigihigi.» (Ef. 4:32) Ivyo rero bica bituma abantu bipfuza gufatwa gutyo, bahurumbira iparadizo yacu yo mu buryo mw’impwemu. b

NUGUME MW’IPARADIZO YO MU BURYO BW’IMPWEMU

19. (a) Twisunze uruzitiro ruvuga ngo « Baragiye bongera baragaruka», ni ibiki bamwebamwe bavuze bamaze kugaruka mw’iparadizo yacu? (b) Dukwiye kwiyemeza iki? (Raba n’ifoto.)

19 Turakenguruka cane iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu. Iguma irushiriza kuba nziza, n’abayizamwo gushemeza Yehova bakaguma biyongera. Ese twokwama dukenguruka iyo paradizo Yehova yaduteguriye. Umuntu wese yipfuza kugira amagara meza, guhimbarwa, gutekana no kugira amahoro, arakwiye kuza muri iyo paradizo kandi ntiyigere arota ayivamwo. Ariko rero, uraba maso kuko Shetani aguma arondera ingene yoyidukuramwo. (1 Pet. 5:8; Ivyah. 12:9) Nturote ubimwemerera. Nimuze tugume dukora ibishoboka vyose kugira ngo iyo paradizo igume ari nziza, idahumanye kandi irangwa amahoro.

Abaguma mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu bazokwibera no muri ya paradizo izoba ng’aha kw’isi (Raba ingingo ya 19)


WOKWISHURA GUTE?

  • Iparadizo yo mu buryo bw’impwemu ni iki?

  • Ni imihezagiro iyihe twironkera muri iyo paradizo?

  • Twofasha abandi gute kuyihurumbira?

URURIRIMBO RWA 144 Guma uraba ku gashimwe!

a INSIGURO Y’AMAJAMBO: «Iparadizo yo mu buryo bw’impwemu», ni ahantu h’ikigereranyo dusengera Yehova. Muri iyo paradizo, turafitaniye ubucuti bwiza na Yehova be n’abavukanyi bacu.

b Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Ubu ivyabo vyifashe gute? Alena Žitníková: Ukuntu nashitse ku migambi yanje, maze wibonere imihezagiro yironkeye mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu.

c INSOBANURO Y’IFOTO: Umuvukanyi umwe arikumiriye, mu gihe abandi bariko bararemeshanya mu Ngoro y’Ubwami.