Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IVYO WOKWIYIGISHA

Umuntu w’ivy’impwemu afata ingingo nziza

Umuntu w’ivy’impwemu afata ingingo nziza

Soma Itanguriro 25:​29-34 kugira urabe uwafashe ingingo nziza hagati ya Esawu na Yakobo.

Rondera kumenya ingene ibintu vyari vyifashe. Ni ibiki vyari vyabaye imbere y’aho? (Ita. 25:​20-28) Mu nyuma na ho habaye iki?—Ita. 27:​1-46.

Rondera kumenya amakuru y’ido n’ido. Ico gihe, umuhungu w’imfura yari afise uburenganzira ubuhe, kandi ni amabanga ayahe yazezwa?—Ita. 18:​18, 19; w10 1/5 13.

  • Umuntu yoba yategerezwa kuba imfura kugira ngo abe muri ba sekuruza ba Mesiya? (w17.12 14-15)

Rondera ivyigwa wohakura, uce ubishira mu ngiro. Kubera iki Yakobo yahaye agaciro uburenganzira bwo kuba imfura kuruta Esawu? (Heb. 12:​16, 17; w03 15/10 28-29) Yehova yabona gute abo bahungu babiri, kandi kubera iki? (Mal. 1:​2, 3) Esawu yari akwiye gukora iki kugira ngo afate ingingo nziza?

  • Niwibaze uti: «Mu vyo ntegekanya gukora buri ndwi, nokwerekana gute ko mpa agaciro ibintu vy’impwemu? Nk’akarorero, noba ntegekanya umwanya w’ugusenga kwo mu muryango?»