Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Kubera iki abakirisu bakwiye kuba maso igihe bakoresha programa zo kurungikiranira ubutumwa biciye ku buhinga bwa none?

Abakirisu bamwebamwe barakoresha ubuhinga bwa none mu guhanahana amakuru n’abo mu miryango yabo be n’abo basangiye ukwemera. Ariko rero, umukirisu ahumuye agumiza ku mutima iyi mpanuro igira iti: “Umunyabwenge abonye icago arihisha; abantu batazi utuntu n’utundi bararengana bakibonerako.”​—Imig. 27:12.

Turashima kuba Yehova yipfuza kudukingira. Ku bw’ivyo, ntitwifatanya n’abaremesha ukwicamwo imice, abaciwe, canke abaremesha inyigisho z’ikinyoma. (Rom. 16:17; 1 Kor. 5:11; 2 Yoh. 10, 11) Bamwebamwe mu bifatanya n’ishengero, boshobora kuba batigenza nk’uko bibereye. (2 Tim. 2:20, 21) Ivyo rero turakwiye kubigumiza ku mutima igihe duhitamwo abagenzi. Guhitamwo rero abagenzi beza, vyoshobora kutatworohera igihe dukoresha programa yo kurungikiranira ubutumwa.

Guhitamwo neza abo tugira abagenzi, birahambaye canecane igihe umugwi w’abo twandikiranira urimwo abantu benshi. Hari abakirisu bagize ingorane bitumwe n’uko bifatanije n’imigwi irimwo abantu benshi. None wumva umuvukanyi canke mushiki wacu yoshobora gute kwiyubara igihe ari mu mugwi ugizwe n’abantu amajana canke ibihumbi? Ntivyomworohera kumenya uko abari muri uwo murwi bose bameze vy’ukuri, be n’uko ivy’impwemu vyabo vyifashe. Muri Zaburi 26:4 hagira hati: “Sinicaranye n’abantu b’ababeshi. Kandi sininjirana n’abanyegeza ico bari.” Ivyo none ntivyerekana ko ukwiye gukoresha iyo programa mu kurungikiranira ubutumwa gusa n’abantu uzi neza?

Naho umukirisu yoba yandikiranira n’abantu bari mu mugwi mutoya, arakwiye kwiyubara ku mwanya bimutwara, no ku vyo bandikiranira. Si ngombwa ngo tuze turishura mesaje yose batwandikiye, tutiriwe turitaho umwanya bitwara canke ivyo batwandikiye. Paulo yaragabishije Timoteyo ku bijanye n’abantu bobaye “abanyarusaku n’abita mu vy’abandi.” (1 Tim. 5:13) Muri iki gihe, birashoboka ko umuntu akora ikintu nk’ico biciye ku buhinga bwa none.

Nta mukirisu ahumuye yoja mu vyo kuvuga canke kwumviriza ibityoza abo basangiye ukwemera, canke bihishura amabanga yabo. (Zab. 15:3; Imig. 20:19) Arakwiye kandi kwirinda amakuru yo gukavya, canke ayatagira ivyemezo. (Ef. 4:25) Turaronka amakuru menshi be n’amaraporo yo kwizigirwa biciye ku rubuga rwacu rwa jw.org, no ku biganiro vya buri kwezi vyo kuri ya televiziyo ya JW.

Ivyabona bamwebamwe barakoresha ubuhinga bwa none mu kurungika amamesaje ajanye n’ukugura n’ukugurisha, guhayanisha ibidandazwa canke gutanga akazi. Ivyo ni urudandaza, si ivy’impwemu. Abakirisu bipfuza ‘kudatwarwa n’urukundo rw’amahera,’ baririnda ikintu cose cotuma bironderera inyungu biciye ku bavukanyi.​—Heb. 13:5.

Tuvuge iki hoho ku bijanye no gukoresha izo programa mu ntumbero yo kwegeranya amahera yo gufasha abavukanyi bari mu nkenero, canke bashikiwe n’icago c’icaduka? Akenshi turerekana ko twitwararikana tubigiranye urukundo mu gufashanya no mu kuremeshanya. (Yak. 2:15, 16) Ariko rero kubigenza gutyo biciye mu murwi wo guhanahana amakuru urimwo abantu benshi, vyoshobora kubangamira intunganyo zashizweho n’ibiro vy’ishami vyanyu canke ishengero ryanyu. (1 Tim. 5:3, 4, 9, 10, 16) Vyongeye, ntitwokwipfuza ko abandi bibaza ko ari twebwe turi kw’isonga mu kwitwararika intama z’Imana.

Twipfuza gukora ibininahaza Imana. (1 Kor. 10:31) Imbere rero yo gufata ingingo yo gukoresha programa yo kurungikiranira amakuru canke ubundi buhinga, nuzirikane akaga bishobora guteza, uheze wiyubare.