IKIGANIRO C’UKWIGA 12
Urukundo ruratuma twihanganira urwanko
“Ivyo ndabibategetse, ngo mukundane. Isi niyabanka, mumenye ko yanyanse imbere y’uko ibanka.”—YOH. 15:17, 18.
URURIRIMBO RWA 129 Tugume twihangana
INCAMAKE *
1. Twisunze Matayo 24:9, kubera iki tudakwiye gutangazwa n’uko isi itwanka?
YEHOVA yaturemye kugira ngo dukunde abandi kandi na bo badukunde. Igihe rero hagize uwutwanka biratubabaza, kumbure tukagira n’ubwoba. Nk’akarorero, mushiki wacu w’i Buraya yitwa Georgina, avuga ati: “Igihe nari mfise imyaka 14, mawe yaranyanse ampora gukorera Yehova. Numvise ndi nk’akahebwe, ntangura no gukekeranya nimba nari umuntu mwiza.” * Umuvukanyi yitwa Danylo na we avuga ati: “Igihe abasoda bankubita, bakantuka, bakantera ubwoba ko bongiriye nabi kubera ko ndi Icabona ca Yehova, naragize ubwoba nongera numva ko nsuzuguritse.” Naho urwanko nk’urwo rubabaza, ntibikwiye kudutangaza. Yezu yaravuze ko twokwanswe.—Soma Matayo 24:9.
2-3. Kubera iki abayoboke ba Yezu bankwa?
2 Isi iranka abayoboke ba Yezu. Kubera iki? Kubera ko cokimwe na Yezu, ‘tutari ab’isi.’ (Yoh. 15:17-19) Naho rero twubaha intwaro z’abantu, ntituzisenga canke ngo dusenge ibimenyetso biziranga. Dusenga Yehova wenyene gusa. Turashigikira uburenganzira Imana ifise bwo gutegeka abantu, ubwo Shetani n’“uruvyaro” rwiwe barwanya bivuye inyuma. (Ita. 3:1-5, 15) Turigisha abantu ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene bakwiye kwizigira, be n’uko vuba bugiye gukuraho ababurwanya bose. (Dan. 2:44; Ivyah. 19:19-21) Ako ni agakuru keza ku bantu batekereza, ariko ikaba inkuru mbi ku bantu b’ababisha.—Zab. 37:10, 11.
3 Turankwa kandi duhorwa ko tubaho twisunga ingingo ngenderwako z’Imana zigororotse. Izo ngingo ngenderwako zirahushanye cane n’izo iyi si yataye ubuntu yisunga. Nk’akarorero, muri iki gihe abantu benshi barashigikira ku mugaragaro Yuda 7) Kubera ko tubaho twisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ziyamiriza izo ngeso, abantu benshi baradutwenga bakongera bakabona ko twinuba abandi.—1 Pet. 4:3, 4.
ubuhumbu buteye isoni, nka bumwe bwatuma Imana ihonya Sodomu na Gomora. (4. Ni kamere izihe zidukomeza igihe abantu batwanse?
4 None ni igiki codufasha kwihangana igihe abantu batwanse bakongera bakadutuka? Turakwiye kwizigira tugaherezako ko Yehova azodufasha. Kurya kw’inkinzo, ukwizera kwacu kurashobora “kuzimya imyampi yose yaka umuriro ya wa mubisha.” (Ef. 6:16) Ariko rero hariho n’ikindi dukeneye uretse ukwizera, na co kikaba ari urukundo. Uti kubera iki? Kubera ko urukundo ‘rudakaza ishavu.’ Rurenzako ibintu vyose bibabaza, rukongera rukavyihanganira. (1 Kor. 13:4-7, 13) Nimuze ubu na ho turabe ingene urukundo dukunda Yehova, urwo dukunda abo dusangiye ukwemera, eka mbere n’urwo dukunda abansi bacu rutuma twihanganira urwanko.
URWO DUKUNDA YEHOVA RURATUMA TWIHANGANIRA URWANKO
5. Urukundo Yezu yakunda Se wiwe rwamushoboje gukora iki?
5 Mw’ijoro buca abansi biwe bamwica, Yezu yabwiye abigishwa biwe b’intahemuka ko ‘yakunda Se wiwe, akaba ari co gituma yakora ibintu nk’uko Se yamutegetse gukora.’ (Yoh. 14:31) Urukundo Yezu yakunda Yehova, rwaratumye yihanganira ibigeragezo vyari biraririye kumushikira. Na twebwe urwo dukunda Yehova rurashobora kudufasha nk’ukwo nyene.
6. Twisunze Abaroma 5:3-5, abasavyi ba Yehova babona gute kwihanganira urwanko rw’isi?
6 Urukundo abasavyi ba Yehova bamukunda, rwamye rubafasha kwihanganira uruhamo. Nk’akarorero, igihe sentare nkuru y’Abayuda ikomeye yabuza intumwa kwamamaza, urukundo bakunda Imana rwaratumye ‘bayigamburukira nka yo mutware aho kugamburukira abantu.’ (Ivyak. 5:29; 1 Yoh. 5:3) Urwo rukundo rudahemuka rurakomeza n’abavukanyi bacu muri iki gihe, abenshi muri bo bakaba bashikamye naho bariko barahamwa n’intwaro zikomeye kandi zikora ikibi. Aho gucika intege, tubona ko ari agateka kwihanganira urwanko rw’isi.—Ivyak. 5:41; soma Abaroma 5:3-5.
7. Dukwiye kuvyifatamwo gute abo mu muryango wacu baturwanije?
7 Kumbure kimwe mu bintu bishobora kutugora kwihanganira, ni ukurwanywa n’abo mu muryango. Iyo dutanguye kwiga ukuri, hari abo mu muryango boshobora kwiyumvira ko twahenzwe. Abandi na bo boshobora kwiyumvira ko twasaze. (Gereranya na Mariko 3:21.) Boshobora mbere kuturwanya bunyamaswa. Ivyo ntibikwiye kudutangaza. Yezu yavuze ati: “Abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe bwite.” (Mat. 10:36) Ariko rero naho abo mu muryango bodufata nabi gute, ntiduca tubabona nk’abansi. Ahubwo riho, uko turushiriza gukunda Yehova ni ko turushiriza gukunda abantu. (Mat. 22:37-39) Naho ari ukwo, ntitwigera twirengagiza amategeko be n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kugira gusa duhimbare abantu.
8-9. Ni ibiki vyafashije mushiki wacu umwe kuguma ashikamye naho yarwanijwe bimwe bikomeye?
8 Umwe Georgina twavuga, yarashoboye kuguma ashikamye naho nyina yamurwanije bimwe bikomeye. Avuga ati: “Twe na mawe twatanguriye rimwe kwiga Bibiliya n’Ivyabona. Ariko haciye amezi atandatu igihe nashaka kwitaba amakoraniro, mawe yaciye ampinduka bimwe bikomeye. Nahavuye menya ko yifatanya n’abahuni, maze agaca akoresha ivyiyumviro vyabo igihe twaba
turiko turavugana. Yaranantuka, akankwega imishatsi, akanigura, agata n’ibitabu vyanje. Nshikanye imyaka 15, narabatijwe. Kugira ngo mawe ambuze gukorera Yehova, yarandungitse mu kigo c’igororero ry’imiyabaga, bamwe muri bo bakaba barafata ibiyayuramutwe bagakora n’ivyaha bikomeye. Ntivyoroshe kwihanganira uruhamo, canecane igihe ruvuye ku muntu yari akwiye kugukunda no kukwitwararika.”9 None Georgina yavyihanganiye gute? Avuga ati: “Umusi mawe ampinduka, niho nari ngiheza gusoma Bibiliya yose. Nari najijutse ko nubuye ukuri, kandi narumva ko nari mfitaniye ubucuti somambike na Yehova. Naramusenga kenshi, kandi yaranyumviriza. Igihe nari muri ico kigo, hari umudada yantumira muhira iwe maze tukigira hamwe Bibiliya. Muri ico gihe nyene, turi ku Ngoro y’Ubwami, abo dusangiye ukwizera barankomeza. Bamfata nk’uwo mu muryango wabo. Nariboneye ko Yehova akomeye cane kuruta abaturwanya, naho boba bameze gute.”
10. Ni igiki twokwemera tudakeka ku bijanye na Yehova Imana yacu?
10 Intumwa Paulo yanditse ko ata kintu na kimwe gishobora “kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristu Yezu Umukama wacu.” (Rom. 8:38, 39) Mbere naho twomara igihe tubabazwa, Yehova azokwama ari kumwe natwe kugira aduhumurize yongere adukomeze. Vyongeye, nk’uko ivyashikiye Georgina bivyerekana, Yehova aranadufasha biciye ku bavukanyi na bashiki bacu twikundira.
URWO DUKUNDA ABAVUKANYI RURATUMA TWIHANGANIRA URWANKO
11. Urukundo Yezu yavuze muri Yohani 15:12, 13, rwofashije gute abigishwa biwe? Tanga akarorero.
11 Mw’ijoro buca Yezu apfa, yaribukije abigishwa biwe gukundana. (Soma Yohani 15:12, 13.) Yari azi ko urukundo ruzira ubwikunzi rwotumye baguma bunze ubumwe kandi bakihanganira urwanko rw’iyi si. Rimbura akarorero k’ishengero ry’i Tesalonika. Abo muri ryo batanguye guhamwa kuva rigishingwa. Ariko rero abo bavukanyi na bashiki bacu, barabaye akarorero mu kudahemuka no mu kugaragaza urukundo. (1 Tes. 1:3, 6, 7) Paulo yabaremesheje kubandanya bagaragaza urukundo, mbere ‘bakarushiriza rwose.’ (1 Tes. 4:9, 10) Urukundo rwobavyuriye umutima wo kuremesha abadendebukiwe no gufata mu mugongo abagoyagoya. (1 Tes. 5:) Impanuro Paulo yabahaye barazikurikije, kubera ko mw’ikete rya kabiri yabandikiye haciye nk’umwaka, yababwiye ati: “Urukundo rw’umwe wese n’urwa mwese . . . ruriko rurongerekana, umwe wese kuri mugenziwe.” ( 142 Tes. 1:3-5) Urukundo rwabo rwaratumye bihanganira ibihe bigoye be n’uruhamo.
12. Mu gihe c’intambara, abavukanyi na bashiki bacu bo mu gihugu kimwe bagaragaje gute ko bakundana?
12 Rimbura ivyashikiye umwe Danylo twavuga mu ntango be n’umukenyezi wiwe. Igihe intambara yatera mu gisagara babamwo barabandanije kwitaba amakoraniro, baramamaza uko bashoboye kwose, bongera barasangira n’abavukanyi ibifungurwa bari bafise. Umusi umwe, Danylo yagiye abona abasoda bamutera muhira iwe. Danylo avuga ati: “Bambwiye ngo mpebe kuba Icabona. Babonye ko nanse, barankubise bongera bamforerako inkoho nk’abagira bandase, mugabo baca barasa hejuru y’umutwe. Imbere y’uko bagenda, baranteye ubwoba ko bazogaruka gufata ku nguvu umugore wanje. Mugabo abavukanyi baciye bihutira kutwuriza igariyamoshi baturungika mu kindi gisagara. Sinzokwigera nibagira urukundo abo bavukanyi twikundira batugaragarije. Igihe na ho twashika muri ico gisagara twari tugiyemwo, abavukanyi baho baraduhaye ibifungurwa bongera baradufasha kuronka akazi n’inzu yo kubamwo. Ivyo vyatumye dushobora guha indaro abandi bavukanyi bariko barahunga ka karere karimwo intambara.” Ivyo bintu vyabaye birerekana ko urukundo dukundana rushobora gutuma twihanganira urwanko.
URWO DUKUNDA ABANSI BACU RURATUMA TWIHANGANIRA URWANKO
13. Impwemu nyeranda idufasha gute kwihangana mu gikorwa turangurira Yehova naho abantu boba batwanka?
13 Yezu yabwiye abayoboke biwe ngo bakunde abansi babo. (Mat. 5:44, 45) None vyoba vyoroshe? Uwokubesha! Mugabo twobishobora tubifashijwemwo n’impwemu nyeranda y’Imana. Mu bigize icamwa c’impwemu nyeranda y’Imana harimwo urukundo, ukwihangana, ubuntu, ubwitonzi be n’ukwigumya. (Gal. 5:22, 23) Izo kamere ziratuma twihanganira urwanko. Hari benshi bahoze baturwanya bahinduye ivyiyumviro, kubera ko serugo, inarugo, umwana wabo, canke umubanyi wabo w’Icabona yagaragaje izo kamere. Benshi muri bo mbere baracitse abavukanyi na bashiki bacu twikundira. Nimba rero bikugora gukunda abakwanka baguhora gukorera Yehova, nusenge usaba impwemu nyeranda. (Luka 11:13) Vyongeye, nuhere amazinda ko kugamburukira Imana vyama ari vyo vyiza kuruta.—Imig. 3:5-7.
14-15. Ibivugwa mu Baroma 12:17-21 vyafashije gute Yasmeen kugaragariza urukundo umugabo wiwe naho yamurwanya bimwe bibi?
14 Rimbura akarorero ka Yasmeen wo mu Karere k’ibihugu vy’Abarabu. Igihe yaba Icabona ca Yehova, umugabo wiwe yiyumviriye ko yahenzwe aca agerageza kumubuza gukorera Imana. Yaramututse yongera asaba incuti hamwe n’umukuru w’idini barimwo be n’umupfumu, ngo bamutere ubwoba bongere bamwagirize ko agomba gusenyura urugo rwiwe. Umugabo wiwe yaragiye mbere no gutuka abavukanyi bari mw’ikoraniro. Akenshi Yasmeen yararira kubera ko bamufata nabi cane.
15 Igihe Yasmeen yaba ari ku Ngoro y’Ubwami, abavukanyi baramuhumuriza bakongera bakamukomeza. Abakurambere baramuremesheje gushira mu ngiro ibivugwa mu Baroma 12:17-21. (Soma.) Yasmeen avuga ati: “Ntivyari vyoroshe. Mugabo narasaba Yehova ngo amfashe, nkongera nkihatira gushira mu ngiro ivyo Bibiliya ivuga. Igihe rero umugabo wanje yaba aje gusesa imicafu mu gikoni abigiranye inzigo, naca ndayiyora. Igihe yaba antutse, namwishurana ubugwaneza. Arwaye na ho, naramwitwararika.”
16-17. Wigira iki ku karorero ka Yasmeen?
16 Yasmeen yarironkeye ivyiza kubera ko yagaragarije urukundo umugabo wiwe. Avuga ati: “Umugabo wanje yaratanguye kurushiriza kunyizigira kubera ko yabonye ko nama mvugisha ukuri. Yaratanguye kuza aranyumviriza abigiranye icubahiro igihe twaba turiko turayaga ibijanye n’idini, yongera ariyemeza kudahungabanya amahoro mu rugo. Ubu asigaye anyipfuriza kugira amakoraniro meza. Ubu ibintu vyarahindutse cane mu rugo, kandi twibaniye mu mahoro. Ndizigiye ko umugabo wanje azoteba akemera ukuri, maze tukifatanya mu gukorera Yehova.”
17 Akarorero ka Yasmeen karerekana ko urukundo “rurenzako muri vyose, . . . rwizigira vyose, rwihanganira vyose.” (1 Kor. 13:4, 7) Naho urwanko rushobora kugira ububasha kandi rukababaza, urukundo rufise ububasha bukomeye kuruta. Ruratururuza imitima. Vyongeye, ruratuma Yehova anezerwa. Naho mbere abaturwanya bobandanya kutwanka, turashobora kugumana umunezero. Uti gute?
TURAHIMBARWA IGIHE TWANKWA
18. Kubera iki twohimbarwa igihe batwanka?
18 Yezu yavuze ati: “Muzoba muhiriwe igihe cose abantu bazoba babanse.” (Luka 6:22) Nta wipfuza kwankwa. Ntitwipfuza guhamwa duhorwa ukwizera kwacu. Kubera iki none twohimbarwa igihe batwanka? Kubera izi mvo zitatu. Iya mbere, igihe twihanganye turashimwa n’Imana. (1 Pet. 4:13, 14) Iya kabiri, ukwizera kwacu kuratyororwa kandi kukarushiriza gukomera. (1 Pet. 1:7) Iya gatatu, tuzoronka impera y’agaciro ntangere, na yo akaba ari ubuzima budahera.—Rom. 2:6, 7.
19. Intumwa zanezerejwe n’iki inyuma y’aho bazitonaguriye?
19 Inyuma gato y’aho Yezu azukiye, intumwa zaragize agahimbare yari yarazibwiye. Inyuma y’aho babatonaguriye bakongera bakabategeka kureka kwamamaza, baranezerewe. Kubera iki? ‘Kubera ko bari babonywe ko babereye guteterezwa ku bw’izina rya Yezu.’ (Ivyak. 5:40-42) Barakunda cane Shebuja wabo kuruta uko batinya kwankwa n’abansi babo. Vyongeye, baragaragaje urukundo rwabo mu kubwira inkuru nziza abandi “badatezura.” Abavukanyi bacu benshi muri iki gihe, barabandanya gukorera Yehova badahemuka naho bari mu ngorane. Barazi ko Yehova atazokwibagira igikorwa cabo be n’urukundo berekana ku bw’izina ryiwe.—Heb. 6:10.
20. Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?
20 Iyi si izobandanya kutwanka igihe cose izoba ikiriho. (Yoh. 15:19) Ariko ntidukwiye gutekerwa n’ubwoba. Nk’uko tuzobibona mu kiganiro gikurikira, Yehova ‘azoshikamisha intahemuka ziwe yongere azirinde.’ (2 Tes. 3:3) Nimuze rero tubandanye gukunda Yehova, gukunda abavukanyi na bashiki bacu, eka mbere n’abansi bacu. Nitwakurikiza iyo mpanuro, tuzoguma twunze ubumwe, ukwizera kwacu na kwo gukomere, dutere iteka Yehova, twongere twerekane ko urukundo rukomeye cane kuruta urwanko.
URURIRIMBO RWA 106 Dutsimbataze kamere y’urukundo
^ ing. 5 Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene urukundo dukunda Yehova, urwo dukunda abo dusangiye ukwemera, eka mbere n’urwo dukunda abansi bacu rutuma twihanganira urwanko isi itwanka. Turaza kubona kandi igituma Yezu yavuze ko dushobora kunezerwa igihe batwanse.
^ ing. 1 Si ko basanzwe bitwa.
^ ing. 58 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Inyuma y’aho abasoda batereye ubwoba Danylo, abavukanyi baramufashije guhunga be n’umukenyezi wiwe, iyo bahungiye na ho abavukanyi babakirana igishika.
^ ing. 60 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yasmeen yararwanijwe n’umugabo wiwe, mugabo abakurambere baramugiriye inama nziza. Yarerekanye ko yari umugore ameze neza, yongera aritwararika umugabo wiwe igihe yari arwaye.