Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 14

Bakurambere, nimubandanye kwigana intumwa Paulo

Bakurambere, nimubandanye kwigana intumwa Paulo

“Munyigane.”​—1 KOR. 11:1.

URURIRIMBO RWA 99 Abavukanyi ibihumbi n’ibihumbi

INCAMAKE *

1-2. Akarorero k’intumwa Paulo kofasha gute abakurambere muri iki gihe?

 INTUMWA Paulo yarakunda abavukanyi biwe. Yaritanga atiziganya ku bw’ineza yabo. (Ivyak. 20:31) Ivyo vyatuma abakirisu bagenziwe bamukunda cane. Igihe kimwe, abakurambere b’i Efeso baramenye ko batosubiye kumubona, baca “baraturikisha bararira.” (Ivyak. 20:37) Abo bakurambere bacu bakora bagatama, na bo nyene barakunda cane abavukanyi babo kandi bakitanga batiziganya kugira babafashe. (Flp. 2:16, 17) Ariko rero, rimwe na rimwe abakurambere barahura n’intambamyi. Ni ibiki none vyobafasha kuzitsinda?

2 Abakurambere bacu bakora cane, barashobora kugira ico bigiye ku karorero ka Paulo. (1 Kor. 11:1) Ntiyari umuntu adasanzwe. Paulo yari umuntu adatunganye, kandi rimwe na rimwe vyaramugora gukora iciza. (Rom. 7:18-20) Vyongeye, yari afise ingorane nyinshi. Naho ari ukwo, ntiyacitse intege canke ngo atakaze umunezero. Abakurambere biganye Paulo, barashobora gutsinda ingorane zibashikira, bakongera bakagumana umunezero mu gikorwa bakorera Yehova. Reka turabe ingene bobigenza.

3. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

3 Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura ibintu bine vyoshobora kutorohera abakurambere: (1) gufadikanya igikorwa co kwamamaza be n’ayandi mabanga bajejwe, (2) kuronka umwanya wo kugendera intama cungere, (3) kwihanganira ubugoyagoye bwabo, (4) kwihanganira ubugoyagoye bw’abandi. Turaza no kubona ingene Paulo yatsinze kimwekimwe cose muri ivyo, be n’ingene abakurambere bomwigana.

GUFADIKANYA IGIKORWA CO KWAMAMAZA BE N’AYANDI MABANGA

4. Kubera iki rimwe na rimwe abakurambere vyoshobora kubagora kuja imbere abandi mu gikorwa co kwamamaza?

4 Igituma bishobora kubagora. Uretse ko abakurambere baja imbere mu gikorwa co kwamamaza, barafise n’ayandi mabanga menshi barangura. Nk’akarorero, abenshi baza barakurakuranwa mu guhagarikira ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu be no mu kuyobora inyigisho ya Bibiliya y’ishengero. Barashobora no kuza barashikiriza ibindi biganiro be n’insiguro. Vyongeye, baramenyereza cane abakozi b’ishengero kandi bakabandanya baremesha abagize ishengero n’umutima ukunze. (1 Pet. 5:2) Abakurambere bamwebamwe, usanga bagira uruhara mu kwubaka no mu kubungabunga Ingoro z’Ubwami be n’izindi nyubakwa zijanye no gusenga Yehova. Ikigeretseko, cokimwe n’abandi bose mw’ishengero, igikorwa nyamukuru umukurambere ajejwe ni ukwamamaza inkuru nziza.​—Mat. 28:19, 20.

5. Ni akarorero akahe Paulo yatanze mu bijanye no kwamamaza?

5 Akarorero ka Paulo. Ikintu nyamukuru catuma Paulo aroranirwa tugisanga mu Bafilipi 1:10, aho yavuze ati: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta.” Paulo ubwiwe yarakurikije iyo mpanuro. Yari yarashinzwe igikorwa co kwamamaza, kandi mu myaka myinshi yamaze agikora, yabona ko gihambaye kuruta ibindi vyose. Yamamaza “ku mugaragaro be n’inzu ku nzu.” (Ivyak. 20:20) Nta masaha kanaka canke umusi kanaka mu ndwi yari yarahariye ico gikorwa. Ntiyagisha akaryo na kamwe ko kwamamaza. Nk’akarorero, igihe yari i Atene arindiriye abo bari basangiye igikorwa, yarabwiye inkuru nziza abantu bakomakomeye, kandi bamwe muri bo barayakiriye neza. (Ivyak. 17:16, 17, 34) N’igihe Paulo yari mu “mvuto,” yarabwira inkuru nziza abaza kumuraba bose.​—Flp. 1:13, 14; Ivyak. 28:16-24.

6. Paulo yamenyereje abandi mu biki?

6 Paulo yarakoresha neza umwanya wiwe. Yarakunda gukorana n’abandi mu ndimiro. Nk’akarorero, mu rugendo rwiwe rwa mbere rw’ubumisiyonari, yagiye ajanye na Yohani Mariko, mu rugira kabiri na ho ajana na Timoteyo. (Ivyak. 12:25; 16:1-4) Nta nkeka ko Paulo yabigishije ingene botunganya ishengero, ingene bogendera cungere abavukanyi, n’ingene boba abigisha babishoboye.​—1 Kor. 4:17.

Niwigane Paulo mu kwama witeguriye gushinga intahe (Raba ingingo ya 7) *

7. Abakurambere bokurikiza gute impanuro Paulo yatanze mu Banyefeso 6:14, 15?

7 Icigwa. Abakurambere ntibigana Paulo mu kwamamaza inzu n’inzu gusa, ariko kandi baramwigana mu kwama biteguriye gushinga intahe igihe cose akaryo kabonetse. (Soma Abanyefeso 6:14, 15.) Nk’akarorero, barashobora gushinga intahe igihe bariko baragura ibintu canke igihe bari ku kazi. Canke na ho, igihe bari mu bikorwa vy’ubwubatsi, barashobora kubwira inkuru nziza ababanyi be n’abadandaza bagurirako ibikoresho. Cokimwe na Paulo, abakurambere barashobora kumenyereza abandi igihe bari kumwe mu ndimiro, ushizemwo n’abakozi b’ishengero.

8. Rimwe na rimwe, ni igiki vyoba ngombwa ko umukurambere agira?

8 Abakurambere ntibakwiye kwigera bafatirwa cane n’ibikorwa vyo mw’ishengero canke vyo mu muzunguruko, ku buryo babura umwanya wo kwamamaza. Kugira ngo baronke umwanya wo kwamamaza, rimwe na rimwe vyoba ngombwa ko batemera ibikorwa bimwebimwe bashingwa. Bamaze kubizirikanako bakongera bagasenga, boshobora kubona ko hamwe bokwemera gukora igikorwa kanaka, vyotuma batitwararika ibintu bihambaye kuruta. Muri ivyo bintu, harimwo ukuyobora ugusenga kwo mu muryango buri ndwi, kwamamaza babigiranye umwete, canke kumenyereza abana babo muri ico gikorwa. Naho bamwebamwe bibagora kwanka agateka kanaka, barakwiye kumenya ko Yehova atahura icipfuzo bafise co kugira uburimbane muri vyose.

KUGENDERA INTAMA CUNGERE

9. Ni igiki gishobora kutorohera abakurambere narirya bafise ibikorwa vyinshi?

9 Igituma bishobora kubagora. Abasavyi ba Yehova bashikirwa n’ingorane nyinshi. Muri iyi misi ya nyuma, twese turakenera kuremeshwa, gushigikirwa no guhumurizwa. Rimwe na rimwe, hari n’abakenera gufashwa kwirinda inyifato mbi. (1 Tes. 5:14) Ego ni ko, abakurambere ntibashobora gukuraho ingorane zose abasavyi ba Yehova bafise. Naho ari ukwo, Yehova yiteze ko abakurambere bakora ibishoboka vyose kugira baremeshe intama ziwe bongere bazikingire. None ko abakurambere bafise vyinshi bakora, bokura hehe umwanya wo gufasha abagize ishengero?

Nukeze abandi wongere ubaremeshe (Raba ingingo ya 10, 12) *

10. Twisunze ibivugwa mu 1 Abatesalonika 2:7, Paulo yitwararika gute abasavyi ba Yehova?

10 Akarorero ka Paulo. Paulo yama akeza abavukanyi biwe akongera akabaremesha. Birabereye ko abakurambere bigana ako karorero kiwe mu gufatana ikibabarwe abasavyi ba Yehova. (Soma 1 Abatesalonika 2:7.) Paulo yarahumuriza abo bari basangiye ukwizera ko yabakunda be n’uko na Yehova yabakunda. (2 Kor. 2:4; Ef. 2:4, 5) Paulo yafata abo mw’ishengero nk’abagenzi biwe, akamarana umwanya na bo. Yarerekana ko abizigira mu kubabwira atabahisha ivyari bimuraje ishinga, be n’ubugoyagoye bwiwe. (2 Kor. 7:5; 1 Tim. 1:15) Ariko rero Paulo ntiyaguma yiyumvira ingorane ziwe. Ahubwo yipfuza gufasha abavukanyi biwe.

11. Kubera iki Paulo yahaye impanuro abavukanyi biwe?

11 Rimwe na rimwe, vyaraba ngombwa ko Paulo ahanura abavukanyi biwe. Ariko rero, ntiyigeze abigira abitumwe n’ishavu. Yabahanura kubera ko yabakunda no kubera ko yipfuza kubakingira ivyobagirira nabi. Yaragerageza gutuma impanuro atanga zoroha gutahura no gushira mu ngiro. Nk’akarorero, mw’ikete Paulo yandikiye Abakorinto, yaratanze impanuro ikomeye. Inyuma y’iryo kete, yahavuye arungikayo Tito. Paulo yari ashashaye kumenya ingene bakiriye iryo kete. Ese ingene yanezerewe yumvise ko impanuro yari yarabahaye bayakiriye neza!​—2 Kor. 7:6, 7.

12. Abakurambere bokomeza gute abo basangiye ukwizera?

12 Icigwa. Abakurambere barashobora kwigana akarorero ka Paulo mu kumarana umwanya n’abo basangiye ukwizera. Uburyo bumwe bobigira ni ugushika kare ku makoraniro kugira baremeshanye n’abandi. Akenshi bisaba iminuta mikeyi gusa kugira ngo baremeshe umuvukanyi canke mushiki wacu. (Rom. 1:12; Ef. 5:16) Umukurambere yigana akarorero ka Paulo, azokomeza kandi abo basangiye ukwizera mu gukoresha Ijambo ry’Imana, kugira ngo abaremeshe yongere abahumurize ko Imana ibakunda. Vyongeye, arabakura amazinda ko abakunda. Yama aganira na bo akongera akarondera uturyo two kubakeza. Igihe bibaye ngombwa ko atanga impanuro, ayishingira kw’Ijambo ry’Imana. Atanga impanuro adacisha ku ruhande mugabo kandi abigiranye umutima mwiza, kubera yipfuza ko bayakira neza.​—Gal. 6:1.

KWIHANGANIRA UBUGOYAGOYE BWABO

13. Ubugoyagoye umukurambere afise bushobora gutuma yumva amerewe gute?

13 Igituma bishobora kubagora. Abakurambere ntibatunganye. Cokimwe na twebwe twese, barakora amakosa. (Rom. 3:23) Rimwe na rimwe, boshobora kurenza urugero ku bijanye n’ingene babona ubugoyagoye bwabo. Ahandi na ho boshobora guhagarika umutima ku bijanye n’ivyo badashoboye, bigatuma bacika intege. Abandi na bo boshobora gufatira mu rwara ubugoyagoye bwabo, bigatuma batabona ko bakwiye kugira ivyo bahinduye.

14. Twisunze Abafilipi 4:13, ni gute ukwicisha bugufi kwafashije Paulo kwihanganira ubugoyagoye bwiwe?

14 Akarorero ka Paulo. Paulo yaremera yicishije bugufi ko atashobora gutsinda ubugoyagoye bwiwe akoresheje inkomezi ziwe. Yari akeneye inkomezi Imana itanga. Imbere y’aho, Paulo yari intagondwa kandi agahama abakirisu yivuye inyuma. Ariko mu nyuma yaratahuye ko ivyo yakora vyari bibi, aca arahindura uko yari ameze. (1 Tim. 1:12-16) Paulo abifashijwemwo na Yehova, yarabaye umukurambere akundana, w’impuhwe kandi yicisha bugufi. Yari azi ubugoyagoye bwiwe, ariko si bwo yashirako umutima, kuko yizigira ko Yehova yomubabariye. (Rom. 7:21-25) Naho yari azi ko adatunganye, yarihatira kuryohora kamere ziwe akongera akiheka kuri Yehova yicishije bugufi, kugira ngo amufashe kurangura igikorwa yashinzwe.​—1 Kor. 9:27; soma Abafilipi 4:13.

Niwihatire gutsinda ubugoyagoye ufise (Raba ingingo ya 14-15) *

15. Abakurambere bakwiye kubona gute ubugoyagoye bwabo?

15 Icigwa. Abakurambere ntibagenwa muri iryo banga kubera ko batunganye. Ariko rero, Yehova yiteze ko bemera amakosa bakora bakongera bakaryohora kamere zabo za gikirisu. (Ef. 4:23, 24) Umukurambere akwiye kwisuzuma akoresheje Ijambo ry’Imana, maze agahindura ibintu vyose bikenewe. Gutyo, Yehova azomufasha kuba umukurambere aroranirwa kandi ahimbawe.​—Yak. 1:25.

KWIHANGANIRA UBUGOYAGOYE BW’ABANDI

16. Vyogenda gute hamwe umukurambere yoguma yibanda ku bugoyagoye bw’abandi?

16 Igituma bishobora kubagora. Igihe abakurambere bakorana n’abagize ishengero, barashobora kubona ubugoyagoye bwabo. Ariko rero abakurambere batabaye maso, barashobora gucika intege, gukara canke gutora amahinyu abandi. Paulo yaraburiye abakirisu ko ivyo nyene ari vyo Shetani ashaka ko bakora.​—2 Kor. 2:10, 11.

17. Paulo yabona gute abo bari basangiye ukwizera?

17 Akarorero ka Paulo. Paulo yaguma abona mu buryo bwiza abo bari basangiye ukwizera. Yari azi neza amakosa yabo, kuko rimwe na rimwe mbere ivyo bakora vyamubabaza. Naho ari ukwo, Paulo yari azi ko bishitse umuntu agakora ikosa, bitaba bisobanura ko ari umuntu mubi. Yarakunda abavukanyi biwe, akibanda kuri kamere zabo nziza. Bishitse abo basangiye ukwizera bikabagora gukora ikibereye, yabona ko bipfuza gukora iciza be n’uko gusa bari bakeneye gufashwa.

18. Wigiye iki ku kuntu Paulo yafashije Evodiya na Sintike? (Abafilipi 4:1-3)

18 Raba nk’akarorero ingene Paulo yafashije bashiki bacu babiri bo mw’ishengero ry’i Filipi. (Soma Abafilipi 4:1-3.) Biboneka ko Evodiya na Sintike bari bararetse ivyo badahurizako birabatandukanya. Paulo ntiyabakariye canke ngo abatore amahinyu. Ahubwo yashimitse kuri kamere zabo nziza. Abo bashiki bacu b’abizigirwa, bari bamaze igihe kitari gito bakorera Yehova. Paulo yari azi ko Yehova abakunda. Kuba Paulo yabona neza abo bashiki bacu, vyatumye abaremesha gutorera umuti ivyabatandukanya. Kubona neza abandi vyatumye kandi Paulo agumana umunezero, vyongera bituma agumana ubugenzi bukomeye n’abo muri iryo shengero.

Nugerageze kutanegura abandi (Raba ingingo ya 19) *

19. (a) Abakurambere bokora iki kugira bagume babona neza abo basangiye ukwizera? (b) Wigira iki kuri iyo shusho y’uwo mukurambere ariko aragira isuku mu Ngoro y’Ubwami?

19 Icigwa. Yemwe bakurambere, nimwibande kuri kamere nziza abavukanyi na bashiki bacu bafise. Naho twese tudatunganye, umwe wese arafise kamere nziza twoshima. (Flp. 2:3) Ni ivy’ukuri ko rimwe na rimwe vyokenerwa ko umukurambere ahanura umuvukanyi canke mushiki wacu. Ariko cokimwe na Paulo, abakurambere barakwiye kugerageza kwirengagiza amajambo be n’ibintu bibabaza uwo muntu aba yakoze. Ahubwo bakwiye gushimika ku rukundo uwo muntu akunda Yehova, ku kuntu amukorera yihanganye, no ku kuntu ashobora gukora ivyiza. Igihe abakurambere bibanda kuri kamere nziza abandi bafise, biratuma mw’ishengero harangwa igishika n’urukundo.

NIMUBANDANYE KWIGANA PAULO

20. Abakurambere bobandanya gute kwungukira ku karorero ka Paulo?

20 Yemwe bakurambere, nimwabandanya kwiga akarorero ka Paulo bizobagirira akamaro. Nk’akarorero, muri ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova (mu gifaransa), urashobora kuja ku mutwe uvuga ngo “Paul,” ugaca uraba ahavuga ngo “exemple pour les anciens.” Igihe uzoba uriko urasoma amarabiro yerekanywe ng’aho, uribaza uti: ‘Akarorero ka Paulo komfasha gute kugumana umunezero mu gikorwa ndangura ndi umukurambere?’

21. Ni igiki abakurambere bokwemera badakeka?

21 Bakurambere, nimwibuke yuko Yehova atabasaba kuba abantu batunganye. Ahubwo abasaba kuba abizigirwa. (1 Kor. 4:2) Yehova yarashimye igikorwa kitoroshe Paulo yaranguye be n’ubwizigirwa bwiwe. Na mwebwe murashobora kwemera mudakeka ko Yehova aha agaciro igikorwa mumurangurira. Yehova ntazokwigera “yibagi[ra] igikorwa canyu n’urukundo mwerekanye ko mufitiye izina [ryiwe], kuko mwakoreye aberanda kandi mukaba mubandanya kubakorera.”​—Heb. 6:10.

URURIRIMBO RWA 87 Ingo muruhurirwe!

^ Ese ingene dukenguruka kuba twungukira ku gikorwa kitoroshe kirangurwa n’abakurambere badukunda kandi batwitwararika! Muri iki kiganiro, turaza guca irya n’ino ibintu bine vyoshobora kutorohera abakurambere. Turaza no kubona ingene akarorero k’intumwa Paulo gashobora gufasha abakurambere muri iki gihe gutsinda izo ngorane. Iki kiganiro kiraza no kudufasha twese gutahura abakurambere bacu, congere kituvyurire umutima wo kubagaragariza urukundo no kubashigikira.

^ INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umuvukanyi avuye ku kazi, ariko arabwira inkuru nziza uwo bakorana.

^ INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umukurambere ariko araganiriza aryohewe umuvukanyi umwe asa n’uwikumiriye.

^ INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umuvukanyi ariko arahanura uwundi yababajwe n’ikintu kanaka cabaye.

^ INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umukurambere umwe yirinze kunegura umuvukanyi yasamaye, aho gukora igikorwa yari yiyemeje.