Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Kubera iki umugabo yitwa “naka” yavuze ko ‘yokwonona’ intoranwa yiwe hamwe yokwubakana na Rusi? (Rusi 4:1, 6)

Mu bihe vya Bibiliya, umugabo yubatse aramutse apfuye adasize umwana, haravyuka ibibazo bimwebimwe: Ni nde yotoranye amatongo yiwe? Izina ry’umuryango ryoba ryociye rizimangana? Rya Tegeko rya Musa ryaratorera umuti ivyo bibazo.

Umugabo aramutse apfuye canke agakena ku buryo agurisha itongo, vyaca birigendera gute? Mwene wabo canke incuti ya hafi yarashobora kuricungura. Ivyo vyaratuma iryo tongo riguma mu muryango.​—Lew. 25:23-28; Guh. 27:8-11.

None vyagenda gute kugira ngo izina ry’umuhisi ntirizimangane? Mwene wabo n’umuhisi yaracura umupfakazi yaba asizwe na mwene wabo, nk’uko vyagenze kuri Rusi. Yaratwara uwo mugore kugira ngo amuvyareko umwana yokwitiriwe izina ry’uwo muhisi, akongera akaragwa n’amatongo yiwe. Iyo ntunganyo iranga urukundo yaratuma kandi n’uwo mupfakazi aronka uwumwitwararika.​—Gus. 25:5-7; Mat. 22:23-28.

Rimbura akarorero ka Nawomi. Yari yubakanye n’umugabo yitwa Elimeleki. Igihe we n’abahungu biwe babiri bapfa, nta n’umwe Nawomi yari asigaranye muri uwo muryango yari kumwitwararika. (Rusi 1:1-5) Igihe Nawomi yasubira muri Yuda ari kumwe n’umukazana wiwe Rusi, yarabwiye Rusi ko yosaba Bowazi ngo acungure itongo ryabo. Bowazi yari incuti ya hafi ya Elimeleki. (Rusi 2:1, 19, 20; 3:1-4) Ariko rero Bowazi yari azi ko hari hariho iyindi ncuti ya hafi kumurusha, uwo Bibiliya yita “naka.” Ni we rero yari afise uburenganzira bwo kuba umucunguzi imbere ya Bowazi.​—Rusi 3:9, 12, 13.

Mu ntango, uwo “naka” yaremeye kuba umucunguzi. (Rusi 4:1-4) Naho gucungura iryo tongo vyomutwaye uburyo, yarabona ko Nawomi atoshoboye kuvyara umwana yotoranye itongo rya Elimeleki. Naka yabona ko kugura iryo tongo vyomugiriye akarusho, kuko ryomwegukiye rikiyongera ku yandi matongo yiwe.

Ariko igihe yamenya ko gucungura iryo tongo vyosavye ko aca acura na Rusi, yaciye ahindura ivyiyumviro. Yavuze ati: “Sinshoboye kuryicungurira, simpave nonona intoranwa yanje.” (Rusi 4:5, 6) Kubera iki none yaciye ahindura ivyiyumviro?

Iyo naka canke uwundi muntu acura Rusi, maze Rusi akavyara umuhungu, uwo mwana yociye atorana itongo rya Elimeleki. None ivyo ‘vyokwononye’ gute “intoranwa” ya naka? Bibiliya nta vyo ivuga. Ariko rero raba imvo zimwezimwe zari gushobora kubituma.

  • Ubwa mbere, amahera yokoresheje mu gucungura iryo tongo rya Elimeleki, yobaye nk’ayapfuye ubusa kuko iryo tongo ritomwegukiye. Ryokwegukiye umuhungu yovyawe na Rusi.

  • Ubwa kabiri, vyotumye agira ibanga ryo kugaburira no kwitwararika Nawomi na Rusi.

  • Ubwa gatatu, abana bose yovyaranye na Rusi, bogabuye intoranwa n’abandi bana yobaye asanzwe afise.

  • Ubwa kane, nimba naka ata bandi bana yari asanzwe afise, umuhungu Rusi yovyaye yociye atorana itongo rya Elimeleki n’iry’uwo naka. Naka apfuye, itongo ryiwe ryokwegukiye umwana yitirirwa izina rya Elimeleki, aho kwitirirwa izina ryiwe. Uwo naka rero ntiyashatse gushira mu kaga intoranwa yiwe, ngo ariko afasha Nawomi. Yahisemwo guha ubwo burenganzira umucunguzi akurikira, ari we Bowazi. Bowazi yaciye abigira, kuko yipfuza gutuma “izina ry’umuhisi rigaruka ku ntoranwa yiwe.”​—Rusi 4:10.

Uwo naka rero, biboneka ko yari arajwe ishinga no kuzigama izina ryiwe be n’intoranwa yiwe. Yari umuntu w’ubwikunzi. Ariko rero, ivyo yakoze aho gutuma izina ryiwe rizigamwa, vyatumye rizimangana. Yarahomvye n’agateka kadasanzwe Bowazi yahavuye aterwa ko kuja mu rutonde rwa ba sekuruza ba Mesiya, ni ukuvuga Yezu Kristu. Umve nawe izo ngaruka zibabaje zashikiye naka kubera ko yaretse ubwikunzi bugatuma adafasha uwari mu nkenero!​—Mat. 1:5; Luka 3:23, 32.