Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 14

“Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje”

“Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje”

“Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.”​—YOH. 13:35.

URURIRIMBO RWA 106 Dutsimbataze kamere y’urukundo

INCAMAKE a

Urukundo rurangwa mu basavyi ba Yehova rugira ico rukoze gute ku bantu benshi batari Ivyabona? (Raba ingingo ya 1)

1. Ni igiki gikora ku mutima abantu benshi bitaba amakoraniro yacu? (Raba n’ishusho.)

 NIWIHE ishusho y’umugabo n’umugore wiwe bitavye ikoraniro ari bwo bwa mbere ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova. Barakorwa ku mutima cane n’ingene babakiranye igishika be n’urukundo bibonera mu bagize ishengero. Bariko barataha, umugore arabwira umugabo ati: ‘Ivyabona vya Yehova baratandukanye n’abandi, bimereye neza cane.’

2. Bamwebamwe batsitazwa n’iki?

2 Urukundo rwigaragaza mu Vyabona vya Yehova ntirusanzwe koko. Naho ari ukwo, ni abantu badatunganye. (1 Yoh. 1:8) Uko rero turushiriza kumenya abagize ishengero, ni ko turushiriza kubona utunenge bafise. (Rom. 3:23) Ikibabaje ni uko hari abemera gutsitazwa n’utunenge tw’abandi.

3. Ni igiki kiranga abigishwa ba Yezu b’ukuri? (Yohani 13:34, 35)

3 Subira urabe ca canditswe c’ishimikiro. (Soma Yohani 13:34, 35.) Ni igiki kiranga abigishwa ba Kristu b’ukuri? Ni urukundo, si ukutagira akanenge. Urabona kandi ko Yezu atavuze ngo: ‘Iki ni co muzomenyerako ko muri abigishwa banje.’ Ahubwo yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje.” Yezu rero yari yerekanye ko baba abigishwa biwe canke abo hanze y’ishengero, bomenyeye abayoboke biwe b’ukuri ku rukundo ruzira ubwikunzi rurangwa hagati yabo.

4. Ni ibiki abantu bamwebamwe bipfuza kumenya ku bijanye n’abakirisu b’ukuri?

4 Abantu bamwebamwe batari Ivyabona vya Yehova boshobora kwibaza bati: ‘Ni mu buryo ki urukundo ruranga abigishwa ba Yezu b’ukuri? Yezu yerekanye gute ko yakunda intumwa ziwe? Vyongeye, twokwigana gute akarorero ka Yezu muri iki gihe?’ Vyoba vyiza na twebwe Ivyabona tuzirikanye ku nyishu z’ivyo bibazo. Ivyo birashobora kudufasha kurushiriza kugaragaza urukundo, na canecane iyo hagize abo dusangiye ukwizera bakora amakosa.​—Ef. 5:2.

KUBERA IKI URUKUNDO ARI RWO CANECANE RURANGA ABIGISHWA BA YEZU B’UKURI?

5. Sigura ivyo Yezu yavuze muri Yohani 15:12, 13.

5 Yezu yarerekanye neza ko abigishwa biwe boranzwe n’urukundo rudasanzwe. (Soma Yohani 15:12, 13.) Urabona ko Yezu yabategetse ati: “Mukundan[e] nk’uko nabakunze.” None ivyo bisobanura iki? Nk’uko Yezu yabandanije abisigura, urwo rukundo ni urwo kwitangira abandi, rutuma mbere umukirisu yemera gupfira mugenziwe igihe bikenewe. b

6. Ijambo ry’Imana ryerekana gute ko urukundo ruhambaye?

6 Ijambo ry’Imana rirashimika cane ku rukundo. Nk’akarorero, mu vyanditswe abantu benshi bakunda usanga harimwo n’ibi bikurikira: “Imana [ni] urukundo.” (1 Yoh. 4:8) “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda” (Mat. 22:39) “Urukundo rupfuka ibicumuro indiri.” (1 Pet. 4:8) “Urukundo ntirwigera runanirwa.” (1 Kor. 13:8) Ivyo vyanditswe be n’ibindi birerekana ko bihambaye ko umwe wese atsimbataza urukundo akongera akarugaragaza.

7. Kubera iki Shetani adashobora kwigera atuma abantu bakundana kandi bunga ubumwe?

7 Abantu benshi barabaza bati: ‘Ko amadini yose avuga ko yigisha ukuri mugabo akigisha Imana ugutandukanye, none twomenya gute idini ry’ukuri?’ Shetani yaravuruze ubwenge bw’abantu mu gutuma haba amadini y’ikinyoma umuyoro. Ariko rero, ntashobora gutuma habaho umuryango w’abakirisu ukundana ukwiye kw’isi yose. Yehova wenyene ni we abishoboye. Ivyo birumvikana kuko urukundo nyakuri ruva kuri we. Abantu rero aha impwemu yiwe akongera agahezagira ni bo bonyene bashobora kugaragaza urukundo nyakuri. (1 Yoh. 4:7) Ntibitangaje rero kubona Yezu yavuze ko urukundo ruzira ubwikunzi ari rwo rworanze abigishwa biwe b’ukuri?

8-9. Abantu benshi bakozwe gute ku mutima n’urukundo biboneye mu Vyabona vya Yehova?

8 Nk’uko Yezu yabivuze, abantu benshi bamenyera abigishwa biwe b’ukuri ku kuntu bakundana vy’ukuri. Nk’akarorero, umuvukanyi umwe yitwa Ian aribuka ihwaniro rya mbere yitavye ryabereye kuri stade iri hafi y’i muhira iwabo. Amezi makeyi imbere y’aho, hari urukino yari yagiye kurorera kuri ico kibuga. Avuga ati: “Iryo hwaniro ryoryo ryari agakura. Ivyabona vya Yehova bari ng’aho bari bafise urupfasoni, bambaye neza, abana babo na bo nyene bigenza neza.” Yongerako ati: “Ikiruta vyose, abo bantu basa n’abafise amahoro n’agahimbare, ivyo nyene bikaba ari vyo nipfuza. Nta nsiguro n’imwe nibuka mu zashikirijwe kuri uwo musi, ariko ukuntu Ivyabona vya Yehova bigenjeje vyovyo vyangumye mu bwenge.” c Birumvikana ko iyo nyifato nziza iva ku rukundo nyakuri bafitaniye. Urukundo dukunda abavukanyi na bashiki bacu rutuma tubafatana ubuntu n’icubahiro.

9 Umuvukanyi yitwa John na we nyene yabonye ibintu gutyo nyene igihe yatangura kwitaba amakoraniro. Avuga ati: “Narakozwe ku mutima n’ukuntu bose bafatana nk’abagenzi . . . ; wamengo ni aberanda. Urukundo rwabo nyakuri rwarankuye amazinda yuko nari nubuye idini ry’ukuri.” d Ivyo bintu vyama vyabaye, birerekana ko abasavyi ba Yehova ari bo bakirisu b’ukuri.

10. Ni ryari canecane tuba turonse akaryo ko kugaragariza urukundo abavukanyi bacu? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

10 Nk’uko twabivuze mu ntango, nta n’umwe mu bo dusangiye ukwizera atunganye. Bizoshika rero bavuge canke bakore ibintu bitubabaza. e (Yak. 3:2) Mu bihe nk’ivyo, tuba turonse akaryo kadasanzwe ko kwerekana ko dukunda abakirisu bagenzi bacu mu kuntu tubafata. None muri uwo muce, ni ibiki twokwigira ku karorero ka Yezu?​—Yoh. 13:15.

YEZU YEREKANYE GUTE KO YAKUNDA INTUMWA ZIWE?

Igihe intumwa za Yezu zakora amakosa, yarazihanganiye abigiranye urukundo (Raba ingingo ya 11-13)

11. Ni agatima kabi akahe Yakobo na Yohani berekanye? (Raba n’ishusho.)

11 Yezu ntiyigeze yitega ko abigishwa biwe baba abantu batunganye. Ahubwo yarabafashije gukosora utunenge twabo abigiranye urukundo kugira ngo bemerwe na Yehova. Igihe kimwe, babiri mu ntumwa ziwe, ari bo Yakobo na Yohani, baratumye nyina wabo kuri Yezu ngo abasabire ibibanza bihambaye mu Bwami. (Mat. 20:20, 21) Yakobo na Yohani bari berekanye agatima k’ubwibone no guhahamira ubukuru.​—Imig. 16:18.

12. Yakobo na Yohani boba ari bo bonyene bagaragaje agatima kabi? Sigura.

12 Ico gihe, Yakobo na Yohani si bo bonyene bagaragaje agatima kabi. Raba ingene izindi ntumwa zavyakiriye: “Aho bamwe cumi bandi bavyumviye, bashavurira abo babiri bavukana.” (Mat. 20:24) Twoshobora kwiha ishusho y’ukuntu habaye uguterana amajambo hagati ya Yakobo na Yohani be n’izo zindi ntumwa. Kumbure izindi ntumwa zavuze ziti: ‘Mwe muri bande ngo musabe ibibanza bihambaye mu Bwami? Erega si mwe mwenyene mwakoranye cane na Yezu. Na twebwe ivyo bibanza turabibereye.’ Uko vyoba vyaragenze kwose, ico kintu cabaye carahungabanije igihe gito urukundo izo ntumwa zakundana.

13. Yezu yavyifashemwo gute igihe intumwa ziwe zakora amakosa? (Matayo 20:25-28)

13 None ico gihe Yezu yavyifashemwo gute? Ntiyaciye ashavura. Ntiyaciye avuga ko yokwirondereye izindi ntumwa zimeze neza kubarusha, zicisha bugufi kubarusha kandi zokwamye zigaragarizanya urukundo. Ahubwo, Yezu yarabafashije kuzirikana abigiranye ubwitonzi, kuko yari azi ko batabitumwa n’umutima mubi. (Soma Matayo 20:25-28.) Yezu yagumye abagaragariza urukundo, naho ritari ryo rya mbere canke irya nyuma bagerageza guhazuka ku bijanye n’uwari mukuru muri bo.​—Mrk. 9:34; Luka 22:24.

14. Intumwa za Yezu zakuriye mu kibano kimeze gute?

14 Nta nkeka ko Yezu yibutse ikibano izo ntumwa zari zarakuriyemwo. (Yoh. 2:24, 25) Bari bakuriye mu kibano aho indongozi z’idini zashimika cane ku cubahiro be n’ubukuru. (Mat. 23:6; gereranya n’ikiganiro kivuga ngo Isinagogi​—Aho Yezu n’abigishwa biwe bamamariza inkuru nziza,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza 2010, rup. 16-18.) Indongozi z’idini ry’Abayuda zaribona kandi ubugororotsi. f (Luka 18:9-12) Yezu yaratahura ko ico kibano izo ntumwa zakuriyemwo cari kugira ico gikoze ku kuntu zibona ubwazo, be no ku kuntu zabona abandi. (Imig. 19:11) Yezu ntiyarenza urugero mu vyo yari abitezeko, kandi bishitse bagakora amakosa yarabihanganira. Kubera ko yari azi ko batabitumwa n’umutima mubi, yarabafashije yihanganye gutsinda agatima k’ubwibone no guhahamira ubukuru, baraheza bagasubiriza urukundo.

TWOKWIGANA GUTE AKARORERO KA YEZU?

15. Twigira iki ku vyashikiye Yakobo na Yohani?

15 Hari ibintu vyinshi dushobora kwigira ku vyashikiye Yakobo na Yohani. Baragize nabi gusaba ibibanza bihambaye mu Bwami. Ariko rero n’izindi ntumwa, zaragize nabi kureka ico kintu kigahungabanya ubumwe bari bafitaniye. Ariko Yezu wewe, izo ntumwa zose uko ari 12 yazifashe mu buryo buranga ubuntu n’urukundo. None ivyo bitwigisha iki? Ntidukwiye gusa kuraba ivyo abandi bakora, ahubwo dukwiye kuraba n’ingene tuvyifatamwo iyo bakoze amakosa. None ni igiki codufasha? Hagize uwo dusangiye ukwizera atubabaza, twokwibaza duti: ‘Kubera iki ivyo yakoze bimbabaje cane ukuraho? Ubwo ntivyoba bishize ahabona kamere nkwiye kuryohora? Ubwo ntiyoba yabitumwe n’ingorane ariko aracamwo? Naho noba mbona ko mfise imvo yo kubabara, sinobirengera nkamugaragariza urukundo ruzira ubwikunzi?’ Uko turushiriza gufata abandi mu buryo buranga urukundo, ni ko turushiriza kwerekana ko turi abigishwa ba Yezu b’ukuri.

16. Ni ikindi cigwa ikihe dukura ku karorero ka Yezu?

16 Akarorero ka Yezu karatwigisha kandi ko dukwiye kugerageza gutahura abo dusangiye ukwizera. (Imig. 20:5) Ego ni ko Yezu yarashobora kubona ibiri mu mutima w’umuntu. Twebwe nta vyo dushoboye. Naho ari ukwo, turashobora kwihanganira amakosa y’abavukanyi na bashiki bacu. (Ef. 4:1, 2; 1 Pet. 3:8) Ivyo birashobora kutworohera, igihe tumenye kahise kabo. Raba akarorero.

17. Umucungezi umwe w’umuzunguruko yungukiye gute ku kumenya neza uwundi muvukanyi?

17 Umucungezi umwe w’umuzunguruko wo muri Afrika yo mu Buseruko, aribuka umuvukanyi wo mw’ishengero rimwe yabona ko umengo ntiyoroshe. None uwo mucungezi yavyifashemwo gute? Avuga ati: “Aho kwirinda uwo muvukanyi, nafashe ingingo yo kugerageza kumumenya neza.” Ivyo vyatumye uwo mucungezi amenya ibintu bimwebimwe uwo muvukanyi yaciyemwo vyatumye amera uko ameze. Uwo mucungezi abandanya ati: “Maze gutahura ingene uwo muvukanyi yarwanye urugamba rwo kurengera ivyo bintu yaciyemwo no kubona intambwe yari agezeko, numvise ndamukunze. Twaciye tuba abagenzi.” Nkako, iyo tugerageje gutahura abavukanyi na bashiki bacu, akenshi bica bitworohera kubagaragariza urukundo.

18. Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza igihe hari uwo dusangiye ukwizera yatubabaje? (Imigani 26:20)

18 Rimwe na rimwe, twoshobora kwiyumvira kwegera umuvukanyi yatubabaje ngo tuyage. Ariko rero, vyoba vyiza tubanje kwibaza ibibazo nk’ibi: ‘Noba ntahura neza ivyabaye?’ (Imig. 18:13) ‘Yoba yabigize nkana?’ (Umus. 7:20) ‘Jeho noba maze gukora ikosa nk’iryo?’ (Umus. 7:21, 22) ‘Ndamwegereye ngo tuyage, sinohava nsanga ntumye ibintu vyunyuka?’ (Soma Imigani 26:20.) Dufashe umwanya wo kuzirikana kuri ivyo bibazo, twoshobora gusanga urwo dukunda uwo muvukanyi wacu rukwiye gutuma twirengagiza ikosa yadukoreye.

19. Wiyemeje iki?

19 Ivyabona vya Yehova uko bagize umugwi, barerekana ko ari abigishwa ba Yezu b’ukuri. Umwumwe ku giti ciwe, arerekana ko turi abigishwa ba Yezu b’ukuri mu kugaragariza abavukanyi bacu urukundo ruzira ubwikunzi, igihe bakoze amakosa. Tubigenjeje gutyo, twoshobora gufasha abandi kubona ko turi mw’idini ry’ukuri maze bakifatanya natwe mu gusenga Yehova, ya Mana y’urukundo. Nimuze rero twiyemeze kugaragaza urwo rukundo ruranga abakirisu b’ukuri.

URURIRIMBO RWA 17 “Ndabishaka”

a Abantu benshi baripfuza kumenya ukuri kubera urukundo nyakuri bibonera hagati yacu. Ariko kubera ko tudatunganye, hari igihe bitugora kugaragariza urukundo abo dusangiye ukwizera. Nimuze turabe igituma urukundo ruhambaye cane be n’ingene twokwigana akarorero ka Yezu igihe abandi bakoze amakosa.

c Raba ikiganiro kivuga ngo “Ubu ubuzima bwanje buri n’intumbero,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2012, rup. 13-14.

d Raba ikiganiro kivuga ngo “Nasa n’uwufise ubuzima bwiza,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 2012, rup. 18-19.

e Iki kiganiro ntikiriko kivuga ibicumuro bikomeye bikwiye kwitwararikwa n’abakurambere, nk’ibivugwa mu 1 Abakorinto 6:9, 10.

f Bivugwa ko haciye igihe kirekire inyuma y’aho, indongozi imwe y’idini yavuze iti: “Mw’isi, nta bantu barenga mirongo itatu bariho bagororotse nka Aburahamu. Nimba ari mirongo itatu, twe n’umuhungu wanje turimwo; nimba ari cumi, twe n’umuhungu wanje turimwo; nimba ari batanu, twe n’umuhungu wanje turimwo; nimba ari babiri, ni je n’umuhungu wanje; nimba ari umwe na ho, ni jewe.”