Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene Wokwiyigisha

Ingene Wokwiyigisha

Ingene wokoresha neza agace kavuga ngo “Ibishasha”

Kuri JW Library® no kuri jw.org, agace kavuga ngo “Ibishasha” karimwo ibiganiro biba biherutse gusohoka. None wokoresha gute ako gace kugira ntihagire ibiganiro bishasha bigucika?

Kuri JW Library

  • Iyo ivyo biganiro bihejeje kwongerwa mu migwi y’ibiganiro bitegerezwa kujamwo, ni ho bica biboneka muri ako gace kavuga ngo “Ibishasha.” Igihe rero umugwi kanaka w’ivyo biganiro ubonetse muri ako gace, urashobora guca uvoma ibiri muri uwo mugwi vyose. Woshobora guca usoma ikiganiro gishasha kiba kiri hejuru y’ibindi, bikaba biba bitondetswe hisunzwe uko vyagiye birakurikirana mu gusohoka.

  • Ibiganiro birebire, nk’ivyo mu binyamakuru, hari aho bitokunda ko ubisomera rimwe vyose. Kugira ngo umenye aho uzohera gusoma ubukurikira, nushire ico kinyamakuru kuri “Favoris” gushika uhejeje kugisoma.

KURI JW.ORG

Ibiganiro bimwebimwe, ushizemwo inkuru nshasha be n’amatangazo, bisohoka gusa kuri jw.org, ntibisohoka kuri JW Library. Uribuka kuza uraraba ako gace kavuga ngo “Ibishasha” kugira ngo ubone ibiganiro biba biherutse gusohoka.