Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 11

Ingene wokwitegurira kubatizwa

Ingene wokwitegurira kubatizwa

“Ni igiki kimbuza kubatizwa?”​—IVYAK. 8:36.

URURIRIMBO RWA 50 Isengesho ryanje ry’ukwiyegura

INCAMAKE a

Hirya no hino kw’isi, abato n’abakuze bariko baratera imbere bakabatizwa (Raba ingingo ya 1-2)

1-2. Nimba utaritegurira kubatizwa, ni kubera iki udakwiye gucika intege? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

 NIMBA wipfuza kubatizwa, ufise umugambi mwiza cane. None woba witeguriye gutera iyo ntambwe? Nimba uvyiteguriye kandi n’abakurambere bakaba babona ko ukwije ibisabwa, ntiwigizeyo ivyo kubatizwa. Niwabigira, Yehova azoguhezagira cane mu murimo umurangurira.

2 Ku rundi ruhande, woba warabwiwe ko hari ivyo ukwiye kuryohora imbere y’uko ubatizwa? Canke na wewe ubwawe uravyibonera? Nimba ari ko biri, ntucike intege. Urashobora gutera imbere ukabatizwa, waba ukiri muto canke ukuze.

“NI IGIKI KIMBUZA?”

3. Ni igiki wa Munyetiyopiya yakorera ku kirimba yabajije Filipo, kandi ni ikibazo ikihe gica kivyuka? (Ivyakozwe 8:36, 38)

3 Soma Ivyakozwe 8:36, 38. Umukozi wo ku kirimba w’Umunyetiyopiya yabajije Filipo umwamamazanjili ati: “Ni igiki kimbuza kubatizwa?” Naho uwo mugabo yipfuza kubatizwa, hoba hari hageze vy’ukuri ko atera iyo ntambwe ihambaye?

Wa Munyetiyopiya yari yiyemeje kumenya n’ibindi ku vyerekeye Yehova (Raba ingingo ya 4)

4. Wa Munyetiyopiya yerekanye gute ko yipfuza kumenya n’ibindi?

4 Uwo mugabo w’Umunyetiyopiya “yari yagiye i Yeruzalemu gusenga.” (Ivyak. 8:27) Ategerezwa rero kuba yari aherutse kwinjira idini ry’Abayuda. Nta nkeka ko yari yamenyeye ivyerekeye Yehova mu vyanditswe vyeranda vy’igiheburayo. Ariko rero, yari ashashaye kumenya n’ibindi. Nkako, igihe Filipo yahura n’uwo mugabo yasanze ariko akora iki? Yariko asoma umuzingo w’umuhanuzi Yesaya. (Ivyak. 8:28) Izo zari inyigisho zimbitse. Uwo mugabo ntiyipfuza kumenya inyigisho z’ishimikiro gusa, ariko yaripfuza kumenya n’ibindi.

5. Ivyo wa Munyetiyopiya yize yabikoresheje iki?

5 Uwo mugabo yari umukozi mukuru yakorera Kanidake umwamikazi wa Etiyopiya, akaba ari we “yari ashizwe itunga ryiwe ryose.” (Ivyak. 8:27) Uwo mugabo ategerezwa rero kuba yari afise amabanga menshi. Naho ari ukwo, yarafata umwanya wo gusenga Yehova. Ntiyiga ukuri gusa, ariko kandi yarashira mu ngiro ivyo yiga. Ni co gituma yafashe urugendo rurerure akava muri Etiyopiya akaja ku rusengero i Yeruzalemu gusenga Yehova. Naho urwo rugendo rutegerezwa kuba rwatwara umwanya munini n’uburyo bwinshi, ivyo ntivyabujije uwo mugabo kugira akigoro ko kuja gusenga Yehova.

6-7. Urukundo wa Munyetiyopiya yakunda Yehova rwarushirije gute kwongerekana?

6 Uwo Munyetiyopiya yaramenyeye kuri Filipo ibintu bimwebimwe bihambaye, ushizemwo no kumenya Mesiya uwo ari we. (Ivyak. 8:34, 35) Nta nkeka ko uwo mugabo yakozwe ku mutima no kumenya ivyo Yezu yari yaramukoreye. None na we yari guca akora iki? Yari gushobora kwigumira uko yari, ni ukuvuga umwubahwa yinjiye idini ry’Abayuda. Aho kwigumira gutyo, yararushirije kwongereza urukundo yakunda Yehova n’Umwana wiwe. Yaciye afata ingingo ihambaye yo kubatizwa, aba umuyoboke wa Yezu Kristu. Filipo abonye ko uwo mugabo yari akwije ibisabwa, yaciye amubatiza.

7 Nawe wiganye akarorero k’uwo Munyetiyopiya, urashobora kubatizwa. Urashobora kuvuga ata makenga uti: “Ni igiki kimbuza kubatizwa?” Reka turabe ingene wokwigana intambwe yateye: Yagumye arondera kumenya n’ibindi, arashira mu ngiro ivyo yiga, kandi aguma arushiriza gukunda Imana.

NUGUME URONDERA KUMENYA N’IBINDI

8. Muri Yohani 17:3, hakuremesha gukora iki?

8 Soma Yohani 17:3. Ayo majambo ya Yezu yoba ari yo yatumye ufata ingingo yo kwiga Bibiliya? Abenshi muri twebwe ni ko vyagenze. None ayo majambo nyene yoba aturemesha no kuguma turondera kumenya n’ibindi? Ego cane. ‘Kuguma twironsa ubumenyi bwerekeye Imana yonyene y’ukuri’ ntibizokwigera bigira iherezo. (Umus. 3:11) Tuzoguma twiga ibiyerekeye gushika ibihe bidahera. Uko tuzorushiriza kumenya vyinshi ku vyerekeye Yehova, ni ko tuzorushiriza kumwiyegereza.​—Zab. 73:28.

9. Tumaze kumenya ukuri kw’ishimikiro, dukwiye gukora iki?

9 Birumvikana ko mu kwiga ivyerekeye Yehova, umuntu ahera ku nyigisho z’ishimikiro. Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abaheburayo, izo nyigisho z’ishimikiro yazise “ibintu vyo mu ntango.” Ntiyariko arasuzugura izo ‘nyigisho z’intango,’ ahubwo yariko azigereranya n’amata agaburira uruyoya. (Heb. 5:12; 6:1) Ariko kandi yarahimirije abakirisu bose kwiga ibintu vyimbitse vyo mw’Ijambo ry’Imana, aho kuguma kuri izo nyigisho z’intango gusa. Woba ufise inyota yo kwiga inyigisho zimbitse zo muri Bibiliya? Woba wipfuza gutera imbere, ukaguma wiga ivyerekeye Yehova n’imigambi yiwe?

10. Kubera iki bamwebamwe usanga bitaborohera kwiga?

10 Ariko rero abenshi muri twebwe, usanga bitatworohera kwiga. Weho bite? Kw’ishure, woba warize gusoma no kwiyigisha neza? Woba wasanze kwiyigisha biryoshe kandi bivamwo ivyiza? Canke waciye ubona ko bikugora kwiga ibitabu? Nimba ari ukwo, nturi wenyene. Ariko rero Yehova arashobora kugufasha. Ni we Mwigisha ntangere kuruta abandi bose.

11. Yehova yerekana gute ko ari ‘Umwigisha Ahambaye’?

11 Yehova yiyita “Umwigisha wawe Ahambaye.” (Yes. 30:20, 21) Ni Umwigisha yihangana, w’umutima mwiza, kandi atahurana. Arondera iciza mu bo yigisha. (Zab. 130:3) Vyongeye, ntatwitegako ivyo tudashoboye. Niwibuke ko ari we yahinguye ubwonko bwawe, ikaba ari ingabire idasanzwe. (Zab. 139:14) Mu bisanzwe, tuvukana icipfuzo co kwiga ibintu. Umuremyi wacu yipfuza ko tuguma twiga gushika ibihe bidahera, kandi tukabihimbarirwa. Birabereye rero ko muri iki gihe ‘ducambirwa’ ukuri kwo muri Bibiliya. (1 Pet. 2:2) Niwishingire imigambi ushobora gushikako, kandi wumire ku rutonde wishingiye rwo gusoma no kwiga Bibiliya. (Yos. 1:8) Yehova abigufashijemwo, urashobora gukunda gusoma no kurushiriza kwiga ibimwerekeye.

12. Igihe twiyigisha, kubera iki dukwiye gushimika kuri Yezu?

12 Niwame ufata umwanya wo kuzirikana ku buzima bwa Yezu no ku gikorwa yaranguye. Kugira ngo dukorere Yehova, na canecane muri ibi bihe bigoye, birahambaye ko dukurikira neza intambuko za Yezu. (1 Pet. 2:21) Yezu yaravuze adacisha ku ruhande ingorane zoshikiye abigishwa biwe. (Luka 14:27, 28) Ariko rero, yari azi neza ko abigishwa biwe b’ukuri bororaniwe nk’uko na we nyene yaroraniwe. (Yoh. 16:33) Niwige ibijanye n’ubuzima bwa Yezu wongere wishingire umugambi wo kumwigana mu buzima bwawe bwa misi yose.

13. Ni igiki ukwiye kuguma usaba Yehova, kandi kubera iki?

13 Kugira ubumenyi gusa ntibihagije. Akamaro nyamukuru budufitiye, ni uko budufasha kurushiriza kumenya ivyerekeye Yehova no gutsimbataza kamere nziza, nko kumukunda no kumwizera. (1 Kor. 8:1-3) Uko ubandanya kwiga, nugume usaba Yehova agufashe kurushiriza kugira ukwizera. (Luka 17:5) Amasengesho nk’ayo ntabura kuyishura. Ukwizera nyakuri gushingiye ku kumenya neza Imana yacu, kuzotuma utera iyindi ntambwe.​—Yak. 2:26.

NUGUME USHIRA MU NGIRO IVYO WIGA

Imbere y’uko Umwuzure utera, Nowa n’umuryango wiwe barashize mu ngiro badahemuka ivyo bari bamenye (Raba ingingo ya 14)

14. Intumwa Petero yerekanye gute ko bihambaye ko dushira mu ngiro ivyo twiga? (Raba n’ishusho.)

14 Intumwa Petero yarerekanye igituma bihambaye ko abayoboke ba Kristu baguma bashira mu ngiro ivyo biga. Yafatiye kuri ya nkuru yo muri Bibiliya ivuga ivyerekeye Nowa. Yehova yabwiye Nowa ko yagira ahonye abanyakibi b’ico gihe akoresheje umwuzure. Kuba Nowa n’umuryango wiwe bari bamenye ko hari hagiye gutera umwuzure ntivyari bihagije kugira ngo barokoke. Urabona ko Petero yariko avuga igihe c’imbere y’Umwuzure, “igihe bwa bwato bwariko burubakwa.” (1 Pet. 3:20) Ego cane, Nowa n’umuryango wiwe barakoze bisunga ivyo Imana yari yababwiye, barubaka ubwato bunini cane. (Heb. 11:7) Ivyo Nowa yakoze, Petero yaciye abigereranya n’ibatisimu, mu kuvuga ati: “Igihuye n’ico ni na co ubu kiriko kirabakiza, ni ukuvuga ibatisimu.” (1 Pet. 3:21) Ivyo uriko urakora ubu kugira ngo witegurire ibatisimu, turashobora rero kubigereranya n’igikorwa co kwubaka ubwato Nowa n’umuryango wiwe bamaze imyaka bakora. Ni ibiki none ukwiye gukora kugira ngo witegurire kubatizwa?

15. Ukwigaya nyakuri kugaragarira ku ki?

15 Kimwe mu bintu dutegerezwa gukora, ni ukwigaya vy’ukuri ibicumuro vyacu. (Ivyak. 2:37, 38) Ukwigaya nyakuri gutuma umuntu agira ihinduka nyakuri. Woba waravavanuye n’ingeso zidahimbara Yehova, nk’ubuhumbu, kunywa itabi canke imvugo iranga ukutisonera? (1 Kor. 6:9, 10; 2 Kor. 7:1; Ef. 4:29) Nimba utarabigira, nugume ugerageza kugira ivyo uhinduye. Nusabe uwukwigisha Bibiliya canke abakurambere bagufashe bongere bakugire inama y’ukuntu wobigenza. Nimba ukiri muto kandi ukaba ukibana n’abavyeyi bawe, nugume ubasaba kugufasha kuvavanura n’ingeso mbi zotuma udatera imbere ngo ubatizwe.

16. Kugumana urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu birimwo n’ibiki?

16 Birahambaye kandi ko tugumana urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu. Ivyo birimwo kwitaba amakoraniro no kuyagiramwo uruhara. (Heb. 10:24, 25) Igihe na ho ukwije ibisabwa vyo kuja kwamamaza, niwame ubigira udahorereza. Uko urushiriza kugira uruhara muri ico gikorwa kirokora ubuzima ni ko urushiriza kugikunda. (2 Tim. 4:5) Nimba ukiri muto ukaba ukibana n’abavyeyi, niwibaze uti: ‘Noba ndindira ko abavyeyi banje banyibutsa kwitaba amakoraniro no kuja mu ndimiro? Canke ndavyibwiriza ubwanje?’ Igihe wibwirije ivyo bikorwa, uba werekanye ko ufise ukwizera, ko ukunda Yehova be n’uko umukengurukira. Ivyo ni “ibikorwa vy’ukwihebera Imana,” ingabire uba uhaye Yehova. (2 Pet. 3:11; Heb. 13:15) Ingabire zose dutanga tubikuye ku mutima, zirahimbara cane Imana yacu. (Gereranya na 2 Abakorinto 9:7.) Ivyo tubigira kubera ko twipfuza guha Yehova ivyiza kuruta ibindi vyose dufise.

NUGUME URUSHIRIZA GUKUNDA YEHOVA

17-18. Ni kamere ihambaye iyihe izogufasha kuguma utera imbere ugana kw’ibatisimu, kandi kubera iki? (Imigani 3:3-6)

17 Uko uzoguma utera imbere ugana kw’ibatisimu, uzohura n’intambamyi. Abantu bamwebamwe boshobora kugutwenga baguhora ivyo wizera, canke mbere bakakurwanya canke bakaguhama. (2 Tim. 3:12) Igihe uriko urihatira kurwanya ingeso kanaka, karashobora gucamwo ugasubira kuyigwamwo. Canke na ho woshobora kubura ukwihangana kandi ugacika intege, kubera ko ubona umengo nta co uriko urashikako. Ico gihe, ni igiki none cogufasha kwihangana? Ni kamere ihambaye cane, na yo akaba ari urukundo ukunda Yehova.

18 Urukundo ukunda Yehova ni kamere nziza igitangaza, kikaba ari co kintu ciza kuruta ibindi vyose ufise. (Soma Imigani 3:3-6.) Gukunda Imana cane birashobora kugufasha kuvyifatamwo neza mu ngorane zigushikira mu buzima. Bibiliya iravuga kenshi ko Yehova akunda abasavyi biwe urukundo rudahemuka. Ivyo bisobanura ko atazokwigera abaheba canke ngo ahagarike kubakunda. (Zab. 100:5) Na wewe waremwe mw’ishusho y’Imana. (Ita. 1:26) None nawe wokwigana gute urwo rukundo?

Urashobora kwama ushimira Yehova buri musi (Raba ingingo ya 19) b

19. Ni gute worushiriza gukengurukira Yehova ku bintu vyose agukorera? (Abagalatiya 2:20)

19 Nuhere ku gukenguruka. (1 Tes. 5:18) Buri musi niwibaze uti: ‘Yehova yanyeretse gute ko ankunda?’ Nuce umusenga umushimira udomako ibintu yagukoreye. Nka kumwe kw’intumwa Paulo, nubone ko ivyo bintu yabikoreye wewe ku giti cawe kubera ko agukunda. (Soma Abagalatiya 2:20.) Niwibaze uti: ‘Noba nipfuza kumwereka ko nanje ndamukunda?’ Urukundo ukunda Yehova ruzogufasha kuguma unanira inyosha mbi no kuvyifatamwo neza mu ngorane. Ruzotuma uguma wumiye ku rutonde rwawe rw’ivy’impwemu, ku musi ku musi wame wereka uwo Muvyeyi wawe ko umukunda.

20. Umuntu yiyegurira gute Yehova, kandi ni kubera iki iyo ngingo ihambaye?

20 Mu nyuma, urwo ukunda Yehova ruzokuvyurira umutima wo kumutura isengesho ridasanzwe, umubwira ko umwiyeguriye. Niwibuke yuko iyo wiyeguriye Yehova uba uronse icizigiro ciza igitangaza c’uko ushobora kuba uwiwe ibihe bidahera. Iyo wiyeguriye Yehova, uba umusezeraniye ko uzomukorera mu mahirwe no mu magorwa. Ni indagano igirwa rimwe rizima. Mu vy’ukuri, iyo twiyeguriye Imana tuba duteye intambwe ihambaye. Zirikana iki kintu: Naho mu buzima bwawe uzofata ingingo nyinshi kandi zimwezimwe zikazoba ari nziza cane, nta n’imwe izoza ingana n’iyo yo kwiyegurira Yehova. (Zab. 50:14) Shetani azogerageza guhungabanya urwo rukundo ukunda uwo Muvyeyi wawe, yizigiye ko uzoca uhemuka. Ntuze wigere umukundira. (Yobu 27:5) Urukundo ukunda Yehova ruzogufasha kubaho wisunga ukwiyegura kwawe, no kurushiriza kwiyegereza Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru.

21. Kubera iki twovuga ko ibatisimu ari intango gusa?

21 Umaze kwiyegurira Yehova, niwegere abakurambere maze ubabwire ko wipfuza gutera iyo ntambwe ihambaye ikurikira. Ariko niwame wibuka ko ibatisimu ari intango gusa. Ni intango yo gukorera Yehova ibihe vyose. Nuhere ubu rero ukomeza urwo ukunda uwo Muvyeyi wawe. Niwishingire imigambi izotuma urwo umukunda rurushiriza gukomera ku musi ku musi. Ivyo bizokuvyurira umutima wo kubatizwa. Uwo musi uzoba ari uwudasanzwe. Ariko rero iyo ni intango gusa. Ese woguma urushiriza gukunda Yehova n’Umwana wiwe gushika ibihe bidahera!

URURIRIMBO RWA 135 ‘Ca ubwenge mwananje’

a Kugira ngo dutere imbere maze tubatizwe, dukwiye kuba tubitumwe n’imvo nziza. Turakwiye kandi gushira mu ngiro ivyo tuba twize. Dufatiye ku Munyetiyopiya umwe yakora ku kirimba, tugiye kwihweza intambwe umuntu yiga Bibiliya yotera kugira ngo akwize ibisabwa vyo kubatizwa.

b INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mushiki wacu akiri muto ariko arasenga Yehova amushimira ku vyiza yaturonkeje.