Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 10

Kubera iki ukwiye kubatizwa?

Kubera iki ukwiye kubatizwa?

“Umwe wese muri mwebwe [n]abatizwe.”​—IVYAK. 2:38.

URURIRIMBO RWA 34 Tugendere mu gutungana

INCAMAKE a

1-2. Akenshi bigenda gute iyo abantu babatijwe, kandi ni igiki ukwiye kurimbura?

 WOBA umaze kwitegereza abagira babatizwe? Warumvise ingene bishuranye ukujijuka vya bibazo bibiri babazwa imbere yo kubatizwa. Warabonye ko abagize imiryango yabo n’abagenzi bari baryohewe cane. Igihe biburuka mu mazi warumvise amashi menshi, wongera uribonera akanyamuneza bari bafise mu maso. Buri ndwi, abantu nk’ibihumbi n’ibihumbi baratera iyo ntambwe, bakiyegurira Yehova Imana maze bakabatizwa.

2 Weho bite? Nimba uriko uriyumvira ivyo kubatizwa, uri umuntu adasanzwe muri iyi si mbi, kuko uriko “u[ra]rondera Yehova.” (Zab. 14:1, 2) Iki kiganiro kirakwerekeye, waba ukiri muto canke ukuze. Ariko na twebwe twamaze kubatizwa, turipfuza gukomeza umwiyemezo dufise wo gukorera Yehova ibihe vyose. Nimuze rero turabire hamwe zitatu mu mvo nyinshi zituma dukorera Yehova.

URAKUNDA UKURI N’UBUGOROROTSI

Shetani aramaze imyaka ibihumbi acafuza izina rya Yehova kandi n’ubu akiriko (Raba ingingo ya 3-4)

3. Kubera iki abasavyi ba Yehova bakunda ukuri n’ubugororotsi? (Zaburi 119:128, 163)

3 Yehova yategetse abasavyi biwe ‘gukunda ukuri.’ (Zek. 8:19) Yezu na we nyene yarahimirije abigishwa biwe gukurikirana ubugororotsi. (Mat. 5:6) Ivyo bisobanura ko umuntu akwiye kugira icipfuzo gikomeye co gukora ivyo Imana ibona ko bigororotse, bibereye kandi bidahumanye. Woba none ukunda ukuri n’ubugororotsi? Nta nkeka ko ubikunda. Uranka ibinyoma be n’ibintu vyose bibi kandi vy’ubugarariji. (Soma Zaburi 119:128, 163.) Uwuvuga ibinyoma aba yiganye Shetani, wa mutware w’iyi si. (Yoh. 8:44; 12:31) Umwe mu migambi ya Shetani, ni ugusiga iceyi izina ryeranda rya Yehova Imana. Kuva kuri bwa bugarariji bwaba muri Edeni, Shetani yagumye akwiragiza ibinyoma ku bijanye n’Imana yacu. Yavuze ko Yehova ari Umutware yikunda kandi abesha, yima abantu ivyiza. (Ita. 3:1, 4, 5) Ibinyoma Shetani yavuze ku bijanye na Yehova vyatumye abantu baguma bamwiyumvira uko atari. Iyo abantu bahisemwo ‘kudakunda ukuri,’ Shetani aca abakoresha ibintu vyose bitagororotse kandi vy’ububisha.​—Rom. 1:25-31.

4. Yehova yerekanye gute ko ari “Imana y’inyakuri”? (Raba n’ishusho.)

4 Yehova ni “Imana y’inyakuri,” kandi abamukunda arabigisha ukuri abigiranye umutima mwiza. (Zab. 31:5) Ivyo bica bibafasha kudahendwa n’ibinyoma vya Shetani. Yehova kandi arigisha abasavyi biwe kuba imvugakuri no gukora ibigororotse. Ivyo bica bituma barushiriza kwiyubahiriza no kugira amahoro mu mutima. (Imig. 13:5, 6) None si vyo yakugiriye igihe wiga Bibiliya? Waramenye ko inzira za Yehova ari zo nziza cane abantu bose bokwisunga, na wewe ku giti cawe. (Zab. 77:13) Uripfuza rero gukora ivyo Imana ibona ko bigororotse. (Mat. 6:33) Wipfuza kuburanira ukuri no kwerekana ko ivyo Shetani yavuze ku bijanye n’Imana yacu Yehova ari ikinyoma. None ivyo wobigira gute?

5. Wokwerekana gute ko ushigikiye ukuri n’ubugororotsi?

5 Urashobora guhitamwo kubaho mu buryo bwerekana ko udashigikiye ibinyoma vya Shetani, ahubwo ko ushigikiye ukuri, ko wipfuza yuko Yehova akubera Segaba kandi ugakora ivyo avuga ko bigororotse. None wobigenza gute? Wobigira mu kwiyegurira Yehova mw’isengesho, mu nyuma ukavyereka abandi mu kubatizwa. Urukundo ukunda ukuri n’ubugororotsi, ni co kintu gikomeye gikwiye gutuma uhitamwo kubatizwa.

URAKUNDA YEZU KRISTU

6. Ni imvo izihe dusanga muri Zaburi 45:4 zituma ukunda Yezu Kristu?

6 Kubera iki ukunda Yezu Kristu? Raba imvo zimwezimwe zibigutuma dusanga muri Zaburi 45:4. (Soma.) Yezu arakunda ukuri, ukwicisha bugufi n’ubugororotsi. Nimba rero nawe ukunda ukuri n’ubugororotsi, birumvikana ko na Yezu Kristu umukunda. Zirikana ukuntu yaburaniye ukuri n’ubugororotsi abigiranye umutima rugabo. (Yoh. 18:37) None Yezu aturemesha gute kwicisha bugufi?

7. Ni igiki kigukora ku mutima ku bijanye n’ukwicisha bugufi kwa Yezu?

7 Yezu aturemesha kwicisha bugufi biciye ku karorero atanga. Nk’akarorero, yerekeza ubuninahazwa bwose kuri Se, ntiyigera abwiyerekezako. (Mrk. 10:17, 18; Yoh. 5:19) Ukwo kwicisha bugufi kwiwe gutuma wiyumva gute? Ntikukuvyurira umutima wo gukunda Umwana w’Imana no kumukurikira? Nta nkeka ko kuwukuvyurira. Kubera iki none Yezu yicisha bugufi? Kubera ko akunda Se kandi akamwigana, Se na we akaba yicisha bugufi. (Zab. 18:35; Heb. 1:3) None kuba Yezu agaragaza neza kamere za Yehova, ntibituma wumva umukunze?

8. Kubera iki duhimbarwa kubona Yezu ari Umwami wacu?

8 Turahimbarwa kubona Yezu ari Umwami wacu, kuko ari we Mutware mwiza kuruta abandi bose. Yehova ubwiwe yaramenyereje uwo Mwana wiwe maze aramugena ngo abe Umutware. (Yes. 50:4, 5) Zirikana kandi ku rukundo rwo kwitanga Yezu yagaragaje. (Yoh. 13:1) Kubera ko Yezu ari Umwami wawe, birabereye ko umukunda uherejeko. Yavuze ko abamukunda vy’ukuri, ni ukuvuga abo yita abagenzi biwe, bavyerekana mu kugamburuka amategeko yiwe. (Yoh. 14:15; 15:14, 15) Ese ukuntu ari agateka kuba umugenzi w’Umwana wa Yehova!

9. Ibatisimu y’abakirisu ihuriye ku ki n’iya Kristu?

9 Kimwe mu vyo Yezu yategetse abigishwa biwe, ni uko bakwiye kubatizwa. (Mat. 28:19, 20) Yarabahaye akarorero. Mu buryo bumwe, ibatisimu yiwe iratandukanye n’iy’abigishwa biwe. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ibatisimu ya Yezu itandukaniye he n’iy’abigishwa biwe?”) Ariko hariho ivyo zihuriyeko. Igihe Yezu yabatizwa, yari yishikanye kugira ngo akore ivyo Se agomba. (Heb. 10:7) Igihe abigishwa ba Yezu na bo nyene babatijwe, baba berekanye ku mugaragaro ko biyeguriye Yehova Imana. Ico gihe, ubuzima bwabo babukoresha mu gukora ivyo Imana igomba aho kubukoresha mu gukora ivyabo bwite. Baba rero bariko barigana akarorero ka Shebuja wabo.

10. Kubera iki urukundo ukunda Yezu rukwiye kukuvyurira umutima wo kubatizwa?

10 Uremera ko Yezu ari Umwana w’ikinege wa Yehova, akaba n’Umwami Imana yagenye ngo atuganze. Urazi ko Yezu atagira akanenge kandi yicisha bugufi nka Se. Waramenye ko yagaburiye abashonje, araremesha abacitse intege, mbere arakiza n’abarwaye. (Mat. 14:14-21) Wariboneye ingene ayobora ishengero ryiwe muri iki gihe. (Mat. 23:10) Vyongeye, urazi ko azokora n’ibiruta ivyo muri kazoza igihe azoba ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. None wokwerekana gute ko umukunda? Ni mu kwigana akarorero kiwe. (Yoh. 14:21) Kimwe mu vyo woherako mu kumwigana, ni ukwiyegurira Yehova maze ukabatizwa.

URAKUNDA YEHOVA IMANA

11. Wovuga ko imvo ihambaye ikwiye gutuma umuntu abatizwa ari iyihe, kandi kubera iki wishuye gutyo?

11 Ni imvo ihambaye iyihe ikwiye gutuma ubatizwa? Yezu yarerekanye itegeko ry’Imana risumba ayandi yose, mu kuvuga ati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose.” (Mrk. 12:30) Woba nawe ukunda Imana gutyo?

Yehova ni we Soko ry’ibintu vyiza vyose waronse be n’ivyo uzoronka (Raba ingingo ya 12-13)

12. Kubera iki ukunda Yehova? (Raba n’ishusho.)

12 Hari imvo nyinshi cane zotuma dukunda Yehova. Nk’akarorero, waratahuye ko ari we “sôko ry’ubuzima,” be n’uko ari we atanga “ingabirano nziza yose be n’impano yose itagira akanenge.” (Zab. 36:9; Yak. 1:17) Ibintu vyiza vyose dufise tubikesha Imana yacu itanga cane kandi ikundana.

13. Kubera iki incungu ari ingabire nziza igitangaza?

13 Incungu ni ingabire nziza igitangaza Yehova yaturonkeje. Tuvyemezwa n’iki? Zirikana ubugenzi somambike Yehova afitaniye n’Umwana wiwe. Yezu yavuze ko ‘Se amukunda be n’uko na we akunda Se.’ (Yoh. 10:17; 14:31) Ubwo bugenzi buri hagati yabo bwararushirije gukomera mu myaka amamiriyaridi n’amamiriyaridi bamaranye. (Imig. 8:22, 23, 30) Iyumvire rero ingene Imana itegerezwa kuba yarababaye igihe yatanga Umwana wayo ngo ababazwe yongere apfe. Yehova arakunda cane abantu, na wewe urimwo, ku buryo yemeye gutanga Umwana wayo yakunda cane ngo abe incungu kugira ngo wewe n’abandi muzoronke ubuzima budahera. (Yoh. 3:16; Gal. 2:20) Emwe, nta mvo yotuma dukunda Imana yoza iruta iyo.

14. Ni ihangiro ryiza irihe wokwishingira mu buzima?

14 Uko warushiriza kumenya Yehova ni ko warushiriza kumukunda. Nta nkeka ko wipfuza kurushiriza kumwiyegereza, eka mbere n’ibihe bidahera. Kandi ivyo birashoboka. Agutera akamo ngo unezereze umutima wiwe. (Imig. 23:15, 16) Ivyo ntuvyerekana mu mvugo gusa, ariko uravyerekana no mu ngiro. Ukuntu ubaho birerekana yuko ukunda Yehova vy’ukuri. (1 Yoh. 5:3) Nta hangiro wogira mu buzima ryoza riruta iryo.

15. Wokwerekana gute ko ukunda Yehova?

15 None wokwerekana gute ko ukunda Yehova? Ubwa mbere, uramwiyegurira we Mana yonyene y’ukuri mw’isengesho ridasanzwe umutura. (Zab. 40:8) Ubukurikira urabatizwa, gutyo ukaba weretse abandi ko wamwiyeguriye. Nk’uko twabibonye mu ntango z’iki kiganiro, uba uteye intambwe ishimishije kandi ihambaye cane mu buzima bwawe. Uba utanguye kubaho ku bwa Yehova aho kubaho ku bwawe. (Rom. 14:8; 1 Pet. 4:1, 2) Iyo ngingo yoshobora gusa n’iyikomeye cane, kandi ni ko biri. Mugabo rero, ni yo izotuma ushobora kugira ubuzima bwiza cane. Uti gute?

16. Twisunze Zaburi 41:12, Yehova azoha impera iyihe abamwiyegurira ngo bamukorere?

16 Yehova ni ntangere mu gutanga. Naho womuha ibingana gute, yama agusubiza ibirengeye ivyo uba wamuhaye. (Mrk. 10:29, 30) Mbere no muri iyi si mbi, azotuma urushiriza kugira ubuzima buhimbaye kandi bumeze neza. Vyongeye, iyo ni intango gusa. Iyo ubatijwe, uba utanguye urugendo rubandanya. Urashobora kuguma ukorera Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru gushika ibihe bidahera. Urwo ukundana n’uwo Muvyeyi wawe ruzoguma rukomera, kandi urashobora kuzobaho igihe cose azoba ariho, ni ukuvuga ibihe bidahera.​—Soma Zaburi 41:12.

17. Ni ikintu ikihe Yehova adafise woshobora kumuha?

17 Iyo wiyeguriye Yehova ukongera ukabatizwa, uba uteye agateka uwo Muvyeyi mu kumuha ikintu c’agaciro cane. Ibintu vyiza vyose waronse be n’ibihe vyiza vyose waciyemwo, ni we yabiguhaye. Nawe urashobora guha uwaremye ijuru n’isi ico adafise, na co akaba ari ukumukorera bivuye ku mutima kandi udahemuka. (Yobu 1:8; 41:11; Imig. 27:11) None hari ikindi wokoresha ubuzima bwawe coza kiruta ico? Nta nkeka ko urukundo ukunda Yehova ari rwo rukwiye gutuma ubatizwa.

URINDIRIYE IKI?

18. Ni ibibazo ibihe wokwibaza?

18 Wokwishura gute none iki kibazo kibaza ngo ‘Woba uzobatizwa?’ Ni wewe wenyene wocishura. Ariko rero vyoba vyiza wibajije uti: ‘Ndindiriye iki?’ (Ivyak. 8:36) Niwibuke za mvo zitatu twarimbura zotuma ubatizwa. Iya mbere, urakunda ukuri n’ubugororotsi. Niwibaze rero uti: ‘Noba nipfuza kubona igihe abantu bose bazoba bavuga ukuri kandi bakora ibigororotse?’ Iya kabiri, urakunda Yezu Kristu. Niwibaze uti: ‘Noba nipfuza ko Umwana w’Imana ambera Umwami kandi nkaba nipfuza kumwigana?’ Iya gatatu, ari na yo ihambaye cane, urakunda Yehova. Niwibaze rero uti: ‘Noba nipfuza kunezereza umutima wa Yehova mu kumukorera?’ Nimba inyishu yawe kuri ivyo bibazo vyose ari egome, kubera iki none utobatizwa? Urindiriye iki?​—Ivyak. 16:33.

19. Kubera iki udakwiye kugonanwa kubatizwa? Tanga akarorero. (Yohani 4:34)

19 Nimba ugonanwa kubatizwa, zirikana kuri iki kigereranyo Yezu yakoresheje. (Soma Yohani 4:34.) Urabona ko gukora ivyo Se wiwe agomba, Yezu yabigereranije n’ibifungurwa. Kubera iki? Ibifungurwa biratugirira akamaro. Yezu yari azi ko ivyo Yehova adusaba gukora vyose bitugirira akamaro. Yehova ntiyipfuza ko twokora ikintu na kimwe cotugirira nabi. None mu vyo Yehova agusaba hoba harimwo ivyo kubatizwa? Cane nyene. (Ivyak. 2:38) Numenye neza rero ko kugamburuka iryo tegeko ryo kubatizwa bizokugirira akamaro. Nimba utogonanwa gufungura ibifungurwa biryoshe cane, kubera iki none wogonanwa kubatizwa?

20. Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

20 Kubera iki none bamwebamwe bagonanwa? Hari abovuga bati: “Ntiharagera.” Ic’ukuri coco, ni uko kwiyegurira Yehova no kubatizwa ari yo ngingo ihambaye kuruta izindi zose uzofata. Kuvyitegurira rero bisaba umwanya no kuzirikana be n’akigoro gakomeye. Ariko nimba hoho wipfuza gutera intambwe yo kubatizwa, wokora iki ubu kugira ngo uvyitegurire? Ikiganiro gikurikira kizokwishura ico kibazo.

URURIRIMBO RWA 28 Ni nde aba umugenzi wa Yehova?

a Umuntu wese yiga Bibiliya arakwiye gutera intambwe ihambaye yo kubatizwa. Ni igiki none comuvyurira umutima wo gutera iyo ntambwe? Mw’ijambo rimwe ni urukundo. None yokunda iki, kandi yokunda nde? Muri iki kiganiro, turaza kubona inyishu z’ivyo bibazo, twongere duce irya n’ino ingene ubuzima bw’abakirisu babatijwe bukwiye kumera.