Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA

Kubabarira ibicumuro imbere y’uko incungu itangwa

Kubabarira ibicumuro imbere y’uko incungu itangwa

Imana itubabarira ibicumuro vyacu yisunze gusa incungu Yezu yatanze biciye ku maraso yiwe. (Ef. 1:7) Naho ari ukwo, Bibiliya ivuga iti: «Imana [yarerekanye] ubugororotsi bwayo, kuko yababariye ibicumuro vyabaye kera kubera ukwirengagiza kwayo», aho hakaba hari imbere y’uko Yezu atanga incungu. (Rom. 3:​25, akajambo k’epfo.) None ivyo Yehova yari kubigira gute atarinze guhonyanga ubutungane bwiwe butagira agahaze?

Igihe Yehova yafata ingingo yo gushiraho «uruvyaro» rworokoye abantu bamwizera, kuri we ni nk’aho incungu yari ihejeje gutangwa. (Ita. 3:15; 22:18) Yari azi adakeka yuko igihe kigeze, Umwana wiwe w’ikinege yotanze incungu abigiranye umutima ukunze. (Gal. 4:4; Heb. 10:​7-10) Kubera ko igihe Yezu yari kw’isi yaserukira Imana, yari afise ububasha bwo kubabarira ibicumuro abantu bamwizera naho incungu itari bwatangwe. Ivyo yabigira kuko yari azi ko incungu yohavuye atanga yopfutse ibicumuro vyabo.—Mat. 9:​2-6.