IKIGANIRO C’UKWIGA CA 12
URURIRIMBO RWA 77 Umuco uraka mw’isi y’umwiza
Niwirinde umwiza, ugume mu muco
‘Kera mwari umwiza, mugabo ubu muri umuco.’—EF. 5:8.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Ivyo twigira ku mvugo ngereranyo yerekeye umwiza n’umuco dusanga mu Banyefeso ikigabane ca 5.
1-2. (a) Igihe Pawulo yandikira ikete Abanyefeso, ivyiwe vyari vyifashe gute? (b) Tugiye kurimbura ibibazo ibihe?
IGIHE intumwa Pawulo yari mu nzu yari apfungiwemwo i Roma, yaripfuza kuremesha abo bari basangiye ukwemera. Kubera ko bitashoboka ko abagendera, yaciye abandikira amakete. Rimwe muri ayo makete yaryandikiye Abanyefeso, nko mu 60 canke 61 inyuma ya Kristu.—Ef. 1:1; 4:1.
2 Imyaka nka cumi imbere y’aho, Pawulo yari yaragendeye i Efeso, arahamamaza inkuru nziza yongera yigisha abantu. (Ivyak. 19:1, 8-10; 20:20, 21) Kubera ko yakunda cane abavukanyi, yipfuza kubafasha kuguma ari intahemuka kuri Yehova. Kubera iki none yandikiye abakirisu barobanuwe ibijanye n’umwiza be n’umuco? Vyongeye, ni ivyigwa ibihe twese abakirisu dukura kuri iyo mpanuro ya Pawulo? Reka turabe inyishu z’ivyo bibazo.
KUVA MU MWIZA BAKAJA MU MUCO
3. Ni imvugo ngereranyo iyihe Pawulo yakoresheje igihe yandikira ikete Abanyefeso?
3 Pawulo yandikiye abakirisu b’ i Efeso ati: «Kera mwari umwiza, mugabo ubu . . . muri umuco.» (Ef. 5:8) Pawulo yakoresheje imvugo ngereranyo yerekeye umuco n’umwiza kugira ngo ahushanye uko Abanyefeso bahoze bameze be n’uko bari basigaye bameze. Reka turabe icatumye Pawulo avuga ko Abanyefeso ‘bahoze ari umwiza.’
4. Ni mu buryo ki Abanyefeso bari mu mwiza mu vyerekeye Imana?
4 Umwiza mu vyerekeye Imana. Imbere y’uko Abanyefeso biga ukuri bagacika abakirisu, bari bariziziwe n’inyigisho z’ikinyoma be n’ibintazi. Igisagara ca Efeso cari kirimwo urusengero rwari ruzwi cane rw’imanakazi Arutemi, urwabonwa nka kimwe mu bintu indwi vy’akaroruhore kuruta ibindi vyose kw’isi. Abarusengeramwo bari bariziziwe no gusenga ibigirwamana. Abahingura udushusho tw’urusengero rw’imanakazi Arutemi bararonka amahera menshi cane. (Ivyak. 19:23-27) Vyongeye, ico gisagara cari karuhariwe mu bijanye n’amageza.—Ivyak. 19:19.
5. Ni mu buryo ki Abanyefeso bari mu mwiza mu bijanye n’inyifato runtu?
5 Umwiza mu bijanye n’inyifato runtu. Igisagara c’i Efeso carangwamwo ubuhumbu bw’agahomerabunwa n’inyifato iteye isoni. Mu birori vyahabera, eka mbere no misi mikuru y’ivy’idini, harakunda kuvugwamwo ibishegu. (Ef. 5:3) Abenshi mu bantu baho bari ‘barabaye ibiti’, bikaba bisobanura ko ‘bari barataye ubuntu.’ (Ef. 4:17-19) Imbere y’uko Abanyefeso biga ukuri bakamenya gutandukanya ikibi n’iciza, gukora ikibi nta co vyari bibabwiye, kandi ntibiyumvira ko hari ico bazobazwa n’Imana. Ni co gituma Pawulo yavuga ko mu bwenge bwabo «bari mu mwiza, kandi [ko] bari kure cane y’ubuzima buva ku Mana.»
6. Kubera iki Pawulo yavuze ko Abanyefeso bari ‘basigaye ari umuco’?
6 Ariko rero hari Abanyefeso bamwebamwe batagumye mu mwiza. Pawulo yavuze ati: «Ubu . . . muri umuco mu bijanye n’Umukama.» (Ef. 5:8) Bari barakiriye umuco wo mw’Ijambo ry’Imana. (Zab. 119:105) Bari barahevye imigenzo y’idini ry’ikinyoma be n’inyifato iteye isoni. Bari basigaye ‘bigana Imana’ bakongera bagakora ibishoboka vyose kugira ngo basenge Yehova bongere bamuhimbare.—Ef. 5:1.
7. Uko ivyacu vyifashe, bihuye gute n’uko ivy’Abanyefeso benshi vyari vyifashe?
7 Na twebwe imbere y’uko tumenya ukuri, twari mu mwiza mu bijanye n’ivy’Imana be n’ivy’inyifato runtu. Bamwebamwe muri twebwe bahoze bahimbaza imisi mikuru y’idini ry’ikinyoma, abandi na bo bakiberaho mu buhumbu. Ariko tumaze kumenya ingingo ngenderwako za Yehova zigenga iciza n’ikibi, twarahindutse. Twaciye dutangura kubaho nk’uko Yehova agomba. Ivyo vyatumye twironkera imihezagiro myinshi. (Yes. 48:17) Ariko ntiwumve, kuguma twirinze uwo uwo mwiza twavuyemwo maze tukabandanya ‘kwigenza nk’abana b’umuco’, ni urugamba. None tworutsinda gute?
NIWIRINDE UMWIZA
8. Twisunze Abanyefeso 5:3-5, ni ibiki Abanyefeso bari bakwiye kwirinda?
8 Soma Abanyefeso 5:3-5. Kugira ngo Abanyefeso bagume bitandukanije n’umwiza mu bijanye no kwigenza runtu, bategerezwa kuvavanura n’ibintu bidahimbara Yehova. Ntibategerezwa kwirinda ubuhumbu gusa, ariko bategerezwa no kwirinda imvugo ziteye isoni. Pawulo yarabibukije ko bategerezwa kwirinda ivyo bintu, nimba baripfuza kugira «ico [ba]torana mu Bwami bwa Kristu n’Imana.»
9. Kubera iki twoca kure ikintu cose cotuma tugwa mu busambanyi?
9 Na twebwe, dutegerezwa kubandanya turwana urugamba rwo kwirinda «ibikorwa vy’umwiza ata co bimaze.» (Ef. 5:11) Akenshi, biramaze kugaragara yuko uko umuntu arushiriza kuraba, kwumviriza canke kuvuga ibintu vy’ubushegabo kandi bitabereye, ari ko birushiriza kworoha ko akora ibicumuro. (Ita. 3:6; Yak. 1:14, 15) Mu gihugu kimwe, abavukanyi benshi baratanguje ico twokwita ubugenzi biciye kuri groupe yo ku rubuga hwaniro. Mu ntango, abenshi muri bo bavuga ibintu vy’impwemu. Ariko haciye igihe, baratanguye kuhavugira ibintu bitabereye, mbere n’ibijanye n’igitsina. Mu nyuma, abenshi muri bo bavuze ko ivyo biyago vyahavuye bituma bagwa mu busambanyi.
10. Shetani agerageza gute kuduhenda? (Abanyefeso 5:6)
10 Isi ya Shetani iragerageza kuduhenda kugira ngo twemera ko ivyo Yehova avuga ko vyataye ubuntu kandi bihumanye, ata co bitwaye. (2 Pet. 2:19) Ivyo ntibitangaje. Umwe mu mikenyuro Shetani amaze igihe kirekire akoresha, ni ukuvuruga ubwenge bw’abantu kugira ngo ntibashobore gutandukanya iciza n’ikibi. (Yes. 5:20; 2 Kor. 4:4) Ni co gituma ivyerekanwa mu masinema menshi, ibiganiro bitari bike vyo kuri televiziyo no ku mbuga zo kuri internet, usanga biremesha gukora ibintu biteye kubiri n’ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse. Shetani aragerageza kuduhenda kugira ngo twiyumvire ko kwigenza nabi no gukora ibintu bihumanye ata co bitwaye, mbere ko ari ukwiryohera.—Soma Abanyefeso 5:6.
11. Ivyashikiye Angela vyerekana gute ko dukwiye gushira mu ngiro impanuro dusanga mu Banyefeso 5:7? (Raba n’ifoto.)
11 Shetani yipfuza ko twifatanya n’abantu batuma bitugora gukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova. Ni co gituma Pawulo yahanuye abanyefeso ati: «Ntimukore nka bo», ni ukuvuga abakora ibibi mu nyonga z’Imana. (Ef. 5:7) Turakwiye kwibuka ko abo twifatanya atari abo tubonana imbonankubone gusa. Harimwo n’abo tugiranira imigenderanire biciye ku mbuga hwaniro, ako kakaba ari akaga katari kariho mu gihe c’Abanyefeso. Uwitwa Angela a wo muri Aziya yariboneye ingene imbuga hwaniro zishobora gutera akaga. Avuga ati: «Zirashobora gutuma ugenda urahindura ivyiyumviro buhorobuhoro. Vyarashitse n’aho mbona ko kugira abagenzi batisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ata co bitwaye. Amaherezo, naratanguye kwiyumvira ko kwisuka mu ngeso zidahimbara Yehova, ata ngorane birimwo.» Igishimishije, ni uko abakurambere bafashije Angela guhindura ivyiyumviro. Avuga ati: «Ubu ahanini nshira ivyiyumviro vyanje ku bintu vy’impwemu, aho kubishira ku mbuga hwaniro.»
12. Ni ibiki bizodufasha kuguma twisunga ingingo ngenderwako za Yehova zigenga iciza n’ikibi?
12 Dutegerezwa kwirinda ivyiyumviro vy’iyi si bivuga ko kutigenza runtu bibereye. Twebwe turazi ko bitabereye. (Ef. 4:19, 20) Turakwiye rero kwibaza duti: ‘Noba nitwararika kutifatanya bidakenewe n’abo dukorana, abo twigana canke abandi bantu badakurikiza ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse? Noba nguma nkurikiza ingingo ngenderwako za Yehova, mbere naho bamwebamwe bobona ko ari ugukavya?’ Nk’uko muri 2 Timoteyo 2:20-22 habivuga, turakwiye no kuba maso igihe duhitamwo abo twogira abagenzi mw’ishengero. Tuguma twibuka ko hari abatoturemesha kuguma dukorera Yehova tudahemuka.
NIMWIGENZE «NK’ABANA B’UMUCO»
13. Kubandanya twigenza «nk’abana b’umuco» bisobanura iki? (Abanyefeso 5:7-9)
13 Pawulo ntiyaremesheje gusa abakirisu b’i Efeso kubandanya birinda umwiza, ahubwo yaranabaremesheje kubandanya «[bi]genza nk’abana b’umuco.» (Soma Abanyefeso 5:7-9.) None ivyo bisobanura iki? Muri make, bisobanura kwigenza nk’abakirisu b’ukuri igihe cose. Kimwe mu vyobidufashamwo, ni ugusoma Bibiliya tubigiranye umwete, tukongera tukayiga twifashishije ibitabu bisohorwa n’ishirahamwe ryacu. Birahambaye canecane ko twibanda ku nyigisho za Yezu Kristu no ku karorero yatanze, we «muco w’isi.»—Yoh. 8:12; Imig. 6:23.
14. Impwemu nyeranda ishobora gute kudufasha?
14 Kugira ngo tugume twigenza «nk’abana b’umuco», turakeneye no gufashwa n’impwemu nyeranda y’Imana. Kubera iki? Kubera ko bitoroshe kuguma turi abantu batanduye muri iyi si yataye ubuntu. (1 Tes. 4:3-5, 7, 8) Impwemu nyeranda irashobora kudufasha kurwanya ivyiyumviro vy’iyi si, ushizemwo amafilozofiya be n’ivyiyumviro vy’abantu biteye kubiri n’ivyiyumviro vy’Imana. Impwemu nyeranda irashobora no kudufasha kwama «ubwoko bwose bw’ukumera neza n’ubugororotsi.»—Ef. 5:9.
15. Ni ibiki vyodufasha kuronka impwemu nyeranda? (Abanyefeso 5:19, 20)
15 Kimwe mu vyodufasha kuronka impwemu nyeranda, ni ugusenga tuyisaba. Yezu yavuze ko Yehova «[azo]ha impwemu nyeranda abayimusaba.» (Luka 11:13) Vyongeye, igihe duhuriye hamwe n’abandi ku makoraniro kugira ngo dushemeze Yehova, na ho nyene turaronka impwemu nyeranda. (Soma Abanyefeso 5:19, 20.) Kubaho tuyoborwa n’impwemu nyeranda y’Imana biratuma tubaho mu buryo buhimbara Yehova.
16. Ni igiki codufasha gufata ingingo nziza? (Abanyefeso 5:10, 17)
16 Igihe tugomba gufata ingingo zihambaye, turakwiye kubanza gutahura «ivyo Yehova agomba ivyo ari vyo», tugaca dukora tuvyisunga. (Soma Abanyefeso 5:10, 17.) Iyo turondeye kumenya ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zihuje n’uko ivyacu vyifashe, ni nk’aho tuba turiko turondera kumenya ico Imana ivyiyumvirako. Duciye rero tuvyisunga, bica bitworohera gufata ingingo nziza.
17. Twokoresha neza gute umwanya wacu? (Abanyefeso 5:15, 16) (Raba n’ifoto.)
17 Pawulo kandi yarahanuye abakirisu b’i Efeso gukoresha neza umwanya wabo. (Soma Abanyefeso 5:15, 16.) «Wa mubisha», ari we mwansi wacu Shetani, yipfuza ko tuguma twiruka inyuma y’ivy’isi ku buryo tubura n’umwanya wo gukorera Imana. (1 Yoh. 5:19) Umukirisu yoshobora gutangura gushira imbere amaronko, amashure canke akazi k’umubiri, bigatuma agisha uturyo two gukorera Yehova. Bigenze gutyo, biba vyerekana ko atanguye gutwarwa n’ivyiyumviro vy’isi. Naho ivyo bintu ubwavyo atari bibi, si vyo dukwiye gushira imbere mu buzima bwacu. Kugira ngo twigenze «nk’abana b’umuco», turakwiye ‘gukoresha neza umwanya wacu,’ tugashira imbere ibihambaye koko.
18. Donald yakoze iki kugira ngo akoreshe umwanya wiwe neza?
18 Ntugishe akaryo na kamwe kotuma urushiriza gukorera Yehova. Ivyo nyene ni vyo umuvukanyi yitwa Donald wo muri Afrika y’Epfo yagize. Avuga ati: «Nararavye uko ivyanje vyifashe, nca ndatakambira Yehova ngo amfashe kurushiriza gukora vyinshi mu gikorwa ciwe. Naramusavye ko yomfasha kuronka akazi kotuma ndushiriza kuronka umwanya wo kwamamaza. Erega nahavuye ndakaronka! Twe n’umugore wanje, twaciye dutangura umurimo w’igihe cose.»
19. Ni ibiki twokora kugira ngo tubandanye kwigenza «nk’abana b’umuco»?
19 Ikete Pawulo yandikiye Abanyefeso, nta nkeka ko ryabafashije kuba abakirisu bahagaze neza. Izo mpanuro yabahaye, na twebwe zirashobora kudufasha. Nk’uko twabibonye, zirashobora kudufasha guhitamwo uburyo bwiza bwo kwisamaza be n’abo tugira abagenzi. Ziratuvyurira kandi umutima wo kwama twiyigisha Bibiliya kugira ngo tugume tuyoborwa n’umuco wo mw’Ijambo ry’Imana. Vyongeye, ziratwibutsa ko dukeneye impwemu nyeranda, iyituma tugira kamere nziza. Gushira mu ngiro izo mpanuro Pawulo yanditse birashobora kudufasha gufata ingingo zibereye, zihuje n’ivyo Yehova agomba. Nitwakora ivyo bintu vyose, bizotuma twirinda umwiza w’iyi si maze twigumire mu muco.
WOKWISHURA GUTE?
-
«Umwiza» be n’«umuco» bivugwa mu Banyefeso 5:8, vyerekeza ku ki?
-
Twokwirinda gute «umwiza»?
-
Ni ibiki vyodufasha kubandanya ‘kwigenza nk’abana b’umuco’?
URURIRIMBO RWA 95 Umuco urarushiriza gukayangana
a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.
b INSOBANURO Y’IFOTO: Ikopi y’ikete intumwa Pawulo yandikiye Abanyefeso.