Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 11

URURIRIMBO RWA 129 Tugume twihangana

Niwumireko naho woshikirwa n’ibiguca intege

Niwumireko naho woshikirwa n’ibiguca intege

«Warumiyeko kubera izina ryanje.»—IVYAH. 2:3.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turashobora kuguma dukorera Yehova naho twoshikirwa n’ibiduca intege.

1. Ni imihezagiro imwimwe iyihe twironkera kubera ko turi mw’ishirahamwe rya Yehova?

 KUBA turi mw’ishirahamwe rya Yehova muri iyi misi ya nyuma igoye, ni umuhezagiro ntangere. Mu gihe ivy’isi bitera biyangara, twebwe Yehova araturonsa umuryango w’abavukanyi na bashiki bacu dusangiye ukwemera bunze ubumwe. (Zab. 133:1) Aradufasha no kubaho duhimbawe mu ngo zacu. (Ef. 5:33–6:1) Vyongeye, araturonsa ugutahura n’ubukerebutsi bituma tugira amahoro yo mu mutima.

2. Dukwiye gukora iki, kandi kubera iki?

2 Ariko rero, turakwiye kwihata kugira ngo tugume dukorera Yehova tudahemuka. Uti kubera iki? Kubera ko bishobora gushika tukababazwa n’utunenge tw’abandi. N’ikindi kandi, twoshobora gucika intege kubera amakosa dukora, na canecane iyo aguma yisubiriza. Turakwiye kuguma twumiyeko mu gikorwa dukorera Yehova (1) igihe uwo dusangiye ukwizera atubabaje, (2) igihe uwo twubakanye agoye kubana, (3) igihe dukoze amakosa akomeye. Muri iki kiganiro, turarimbura ingorane imwimwe yose muri izo. Turaza no kubona abantu bavugwa muri Bibiliya bashikiwe n’izo ngorane mugabo bakaguma ari intahemuka.

NIWUMIREKO IGIHE UWO MUSANGIYE UKWIZERA AKUBABAJE

3. Ni ibintu ibihe bibera intambamyi abasavyi ba Yehova?

3 Intambamyi. Abo dusangiye ukwizera bamwebamwe, usanga bafise kamere zitatugwa neza. Abandi na bo boshobora kudufata nabi canke bakadukorera ikintu kibabaje. N’abatuja imbere, birashika bagakora amakosa. Ivyo vyose vyoshobora gutuma bamwebamwe bakekeranya ko turi mw’ishirahamwe ry’Imana. Aho kubandanya bakorera Imana «bunze ubumwe» n’abavukanyi babo, boshobora kubaca kure, canke mbere bagahagarika kwitaba amakoraniro. (Zef. 3:9) None ivyo vyoba bibereye? Reka turabe icigwa dukura ku muntu umwe avugwa muri Bibiliya yashikiwe n’ingorane nk’izo.

4. Ni intambamyi izihe zashikiye Pawulo?

4 Akarorero ko muri Bibiliya. Intumwa Pawulo yari azi ko abo bari basangiye ukwizera batari batunganye. Nk’akarorero, bamwebamwe baramwinuvye igihe yatangura kwifatanya n’ishengero. (Ivyak. 9:26) Mu nyuma, hari abamuvuze nabi kugira ngo bamucafuze. (2 Kor. 10:10) Pawulo kandi yariboneye ingene umuvukanyi umwe yari ajejwe amabanga mw’ishengero yakoze ikintu cari gushobora gutsitaza abandi. (Gal. 2:​11, 12) Vyongeye, umwe mu bo bakorana na Pawulo, ari we Mariko, yarakoze ikintu camubabaje cane. (Ivyak. 15:​37, 38) Ivyo bintu vyose vyari gushobora gutuma Pawulo areka kwifatanya n’abari babigize. Aho kubigenza gutyo, yagumye abona neza abavukanyi na bashiki bacu, yongera aguma akorera Yehova abigiranye umwete. None ni igiki cafashije Pawulo kwumirako?

5. Ni igiki cafashije Pawulo kudaca aheba abavukanyi biwe? (Abakolosayi 3:​13, 14) (Raba n’ifoto.)

5 Pawulo yarakunda abavukanyi biwe. Urwo rukundo rwatuma yibanda kuri kamere nziza bari bafise, aho kwibanda ku tunenge twabo. Rwatuma kandi Pawulo ashira mu ngiro ivyo ubwiwe yanditse mu Bakolosayi 3:​13, 14. (Soma.) Raba ingene ivyo yabishize mu ngiro ku bijanye na Mariko. Naho Mariko yataye Pawulo igihe bari mu rugendo rwa mbere rw’ubumisiyonari, Pawulo ntiyaciye amubikira inzika. Ivyo turabibonera mw’ikete Pawulo yahavuye yandikira Abakolosayi, aho yamushemagije avuga ko ari umukozi mugenziwe ‘yamuhojeje cane.’ (Kol. 4:​10, 11) Igihe Pawulo yari apfungiwe i Roma, yarasavye ashimitse ko Mariko ari we yoza kumufasha. (2 Tim. 4:11) Ivyo birerekana neza ko Pawulo ataciye aheba abavukanyi biwe. None twomwigirako iki?

Harabaye ukutumvikana hagati ya Pawulo, Barunaba na Mariko. Mu nyuma intumwa Pawulo yarabirengeye, abandanya gukorana na Mariko anezerewe (Raba ingingo ya 5)


6-7. Ni igiki codufasha kuguma dukunda abavukanyi bacu naho badatunganye? (1 Yohani 4:7)

6 Icigwa. Yehova yipfuza ko tuguma dukunda abavukanyi na bashiki bacu. (Soma 1 Yohani 4:7.) Igihe hari uwo bigoye kutugaragariza kamere nziza, turakwiye kwizigira ko yipfuza gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, mugabo ko ari akamuciyemwo gusa. (Imig. 12:18) Imana irakunda abasavyi bayo b’intahemuka naho bishika bagakora amakosa. Iyo dukoze amakosa ntica iduheba canke ngo itubikire inzika. (Zab. 103:9) Ese ukuntu bihambaye ko twigana uwo Muvyeyi wacu aduharira cane!—Ef. 4:32–5:1.

7 Niwibuke kandi ko dukwiye kuguma twiyegereje abavukanyi na bashiki bacu, uko iherezo ryegereza. Turashobora kwitega ko uruhamo ruzokwiyongera. Turashobora no kuzopfungwa duhorwa ukwizera kwacu. Ico gihe ni ho tuzoba dukeneye cane abavukanyi na bashiki bacu. (Imig. 17:17) Raba ivyashikiye umukurambere yitwa Josep, a wo muri Espanye. We n’abandi bavukanyi barapfungiwe mu gasho kamwe, bazira ko banse kuja mu gisoda. Avuga ati: «Vyari vyoroshe ko tugira ico dupfa n’abavukanyi kubera ko twari dupfungiwe mu kumba kamwe. Vyasavye ko twihanganirana, tukongera tukababarirana ata gahigihigi. Ivyo vyaradufashije kwunga ubumwe no kwikingira abadasenga Yehova twari kumwe. Igihe kimwe narakomeretse maze banshirako ipansuma, ku buryo ata kintu na kimwe nashobora gukora. Umwe muri abo bavukanyi ni we yamesurira impuzu, akamfasha no mu bindi bintu vya nkenerwa. Nariboneye urukundo nyakuri, igihe nyene nari ndarukeneye cane.» Wumva none guhera ubu tudafise imvo zumvikana zo gutunganya ingorane dufitaniye n’abavukanyi bacu?

NIWUMIREKO IGIHE UWO MWUBAKANYE AGOYE KUBANA

8. Abubakanye bashikirwa n’intambamyi iyihe?

8 Intambamyi. Nta mubano utagiramwo ingorane. Bibiliya iravuga idaca ku ruhande ko abubakanye bazogira «amakuba mu mubiri wabo.» (1 Kor. 7:28) Kubera iki? Kubera ko umubano uhuza abantu babiri badatunganye, bafise kamere zitandukanye kandi bakunda ibintu bitandukanye. Boshobora kandi kuba bakuriye mu mico itandukanye canke barezwe mu buryo butandukanye. Bamaze kwubakana, umwe wese yoshobora kugaragaza utunenge tutibonekeje imbere y’uko bubakana. Ivyo vyose vyoshobora guteza ingorane mu mubano. Umwe wese yoshobora guta amakosa ku wundi aho kwemera uruhara aba yagize muri iyo ngorane maze akagira ico akoze kugira ngo itorerwe umuti. Vyoshobora no gushika bakabona ko umuti ari ugutandukana canke kwahukana. None vy’ukuri woba ari wo muti? b Reka turabe umuntu avugwa muri Bibiliya yihanganiye ingorane zikomeye zo mu mubano.

9. Umubano wa Abigayili wari ufise ingorane iyihe?

9 Akarorero ko muri Bibiliya. Abigayili yari muka Nabali, uwo Bibiliya ivuga ko yari umuntu akaze kandi w’ingeso mbi. (1 Sam. 25:3) Bitegerezwa kuba bitamworohera kubana n’umuntu nk’uwo. None Abigayili yoba yararonse akaryo kari gutuma avana n’uwo mugabo? Yarakaronse igihe Dawidi uwohavuye aba umwami wa Isirayeli yaza kwica umugabo wiwe Nabali amuhora ko yari yamututse be n’ingabo ziwe. (1 Sam. 25:​9-13) Abigayili yari gushobora guhunga maze Dawidi akica uwo mugabo wiwe. Ariko aho guhunga, Abigayili yarahaserutse, arafasha Dawidi kuzirikana ku mvo zotuma atica Nabali. (1 Sam. 25:​23-27) Ni igiki none catumye Abigayili avyifatamwo gutyo?

10. Ni igiki gishobora kuba catumye Abigayili adasambura umubano wiwe naho warimwo ingorane?

10 Abigayili yarakunda Yehova akongera akubaha ingingo ngenderwako ziwe zigenga umubano w’abubatse. Nta nkeka ko yari azi ivyo Imana yabwiye Adamu na Eva, igihe yatanguza umubano wa mbere. (Ita. 2:24) Abigayili yari azi ko umubano ari mweranda kuri Yehova. Kubera ko yipfuza guhimbara Imana, yarakoze ibishoboka vyose kugira ngo akingire urugo rwiwe, ushizemwo n’umugabo wiwe Nabali. Kuba yarakoranye ububangutsi, vyaratumye Dawidi atica Nabali. Vyongeye, yaremeye gusaba imbabazi ku makosa atari yakoze. Nta nkeka ko Yehova yakunda uwo mugore w’intwari kandi azira ubwikunzi. None abagore n’abagabo bokwigira iki kuri Abigayili?

11. (a) Abubakanye Yehova abitezeko iki? (Abanyefeso 5:33) (b) Ivyo Carmen yakoze kugira ngo akingire umubano wiwe bikwigisha iki? (Raba n’ifoto.)

11 Icigwa. Yehova asaba abubakanye kwubaha umubano, naho umwe wese muri bo yoba agoye kubana. Ese ingene Imana ihimbarwa iyo ibonye abubakanye bariko barakora uko bashoboye kwose ngo batorere umuti ingorane bafise bongere bagiriranire urukundo n’icubahiro bizira ubwikunzi. (Soma Abanyefeso 5:33.) Raba akarorero ka Carmen. Carmen amaze imyaka nk’itandatu yubatse urwiwe, yaratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, mu nyuma arabatizwa. Avuga ati: «Umugabo wanje ntiyavyakiriye neza. Yarashavuriye cane Yehova. Yarantuka, akongera akantera ubwoba ko azompeba.» Ariko ivyo ntivyatumye Carmen aca asambura umubano wiwe. Mu myaka 50, yagumye akora uko ashoboye kwose kugira ngo agaragarize urukundo n’icubahiro umugabo wiwe.» Yongerako ati: «Uko imyaka yagiye irarengana, ni ko narushiriza gutahura umugabo wanje no kumuyagisha mu bugwaneza. Kwibuka ko umubano ari mweranda kuri Yehova, vyaratumye nkora ibishoboka vyose kugira ngo ndawukingire. Gukunda Yehova vyaratumye ntiyumvira guta umugabo wanje.» c Ingorane nizaduka mu mubano wawe, numenye neza ko Yehova azogufasha kugira ngo ugume wumiyeko.

Kuba Abigayili yarakoze ibishoboka vyose kugira ngo azigame umubano wiwe bikwigisha iki? (Raba ingingo ya 11)


NIWUMIREKO IGIHE UKOZE AMAKOSA AKOMEYE

12. Ni ibiki bishobora kutubera intambamyi igihe dukoze ikosa rikomeye?

12 Intambamyi. Igihe dukoze ikosa rikomeye, twoshobora kwumva ducitse intege. Bibiliya iremeza ko gukora igicumuro bituma tugira umutima «umenetse kandi ujanjaguritse.» (Zab. 51:17) Umuvukanyi umwe yitwa Robert yaramaze imyaka akora ibishoboka vyose kugira ngo abe umukozi w’ishengero. Ariko yahavuye akora igicumuro gikomeye, bituma abona ko ahemukiye Yehova. Avuga ati: «Mu mutima wamengo nikoreye itoni y’amabuye. Inyuma y’aho naciye ntangura kuribwa mu nda. Narasenze Yehova ndaheba ndaboroga. Harageze n’aho niyumvira ko Imana itopfuye isubiriye kunyumviriza kuko nari nayihemukiye.» Igihe dukoze igicumuro gikomeye, turashobora kuvunika umutima cane ku buryo twiyumvira ko Yehova atakitwerekwa. (Zab. 38:4) Nimba ivyawe vyifashe gutyo, raba akarorero k’umuntu umwe w’intahemuka avugwa muri Bibiliya yagumye akorera Yehova naho vyashitse agakora igicumuro gikomeye.

13. Ni igicumuro gikomeye ikihe intumwa Petero yakoze, kandi vyavuye ku ki?

13 Akarorero ko muri Bibiliya. Mw’ijoro buca Yezu apfa, intumwa Petero yarakoze amakosa menshi yamushikanye ku gukora igicumuro gikomeye. Ubwa mbere, intumwa Petero yariyizigiye cane bituma yigamba ko atazopfa ahemukiye Yezu naho izindi ntumwa zose zomuta. (Mrk. 14:​27-29) Ubukurikira, igihe bari mw’itongo ry’i Getsemani, Petero vyaramunaniye kuguma ari maso. (Mrk. 14:​32, 37-41) Ico gihe, abonye isinzi rije gufata Yezu, yaciye amuta arahunga. (Mrk. 14:50) Mu nyuma, Petero yarihakanye Yezu incuro zitatu, n’indahiro araheba arashirako. (Mrk. 14:​66-71) None Petero yavyifashemwo gute igihe yatahura ko yari akoze igicumuro gikomeye? Vyaranse ko yigumya aca araturikisha ararira, kumbure bivuye ku kurengerwa n’umubabaro. (Mrk. 14:72) Iyumvire intuntu Petero yagize igihe umugenzi wiwe Yezu yicwa mu masaha yakurikiye! Petero ategerezwa kuba yaciye abona ko ivyiwe birangiye.

14. Ni ibiki vyafashije Petero kuguma akorera Yehova? (Raba ifoto.)

14 Hariho ibintu bitandukanye vyafashije Petero kuguma akorera Yehova. Aho guca yikumira, yariyegereje abavukanyi, na bo baramuremesha. (Luka 24:33) Ikindi na co, Yezu amaze kuzuka yarabonekeye Petero, kumbure kugira ngo amuremeshe. (Luka 24:34; 1 Kor. 15:5) Mu nyuma, Yezu aho guhambarira Petero kubera amakosa yari yarakoze, yamubwiye nyabuna ko yoshinzwe amabanga ahambaye. (Yoh. 21:​15-17) Naho Petero yari azi ko yari yarakoze igicumuro gikomeye, ntiyaciye abona ko kabaye. Kubera iki? Kubera ko yari azi neza ko Shebuja wiwe Yezu atari yamukuyeko amaboko. N’ikindi kandi, abavukanyi biwe baguma bamushigikira. None twokwigira iki ku karorero ka Petero?

Muri Yohani 21:​15-17 harerekana ko kuba Yezu atahevye Petero, vyatumye Petero yumirako (Raba ifoto ya 14)


15. Ni igiki Yehova yipfuza ko twemera tudakeka? (Zaburi 86:5; Abaroma 8:​38, 39) (Raba n’ifoto.)

15 Icigwa. Yehova yipfuza ko twemera tudakeka yuko adukunda, be n’uko yiteguriye kutubabarira. (Soma Zaburi 86:5; Abaroma 8:​38, 39.) Iyo bishitse tugacumura, turiyagiriza. Ivyo ni ibisanzwe kandi birabereye. Ariko rero mu gihe nk’ico, ntidukwiye kwiyumvira ko Yehova atakidukunda canke ko adashobora kutubabarira. Ahubwo dukwiye kwihutira kwitura abakurambere kugira ngo badufashe. Umwe Robert twamara kuvuga, agira ati: «Icatumye nkora igicumuro, ni uko niyizigiye nkarondera kwirwanako kugira ngo nanire ikigeragezo.» Yahavuye abona ko yari akwiye kwitura abakurambere. Avuga ati: «Igihe nabitura baramfashije kwibonera ko Yehova akinkunda. Nariboneye ko n’abo bakurambere bankunda. Barankuye amazinda ko Yehova atari yampevye.» Na twebwe twohera amazinda ko Yehova adukunda cane, kandi ko atubabarira iyo twigaye ibicumuro vyacu, tukarondera gufashwa kandi tukihatira kudasubira kugwa muri ayo makosa. (1 Yoh. 1:​8, 9) Ivyo bitatuma tudaca twihebura iyo dukoze amakosa.

Akigoro abakurambere bagira kugira ngo bagufashe kakwereka iki? (Raba ingingo ya 15)


16. Kubera iki wiyemeje kubandanya ukorera Yehova?

16 Yehova arashima akigoro tugira kugira ngo tumukorere muri iyi misi ya nyuma itoroshe. Yehova abidufashijemwo, turashobora kwumirako naho twoshikirwa n’ibiduca intege. Turashobora kubandanya dukunda abavukanyi na bashiki bacu tukongera tukabababarira mbere n’igihe baba batubabaje. Turashobora kwerekana ko dukunda cane Imana be n’uko twubaha ingingo zayo zigenga umubano, mu gukora ibishoboka vyose kugira ngo dutorere umuti ingorane zovyuka mu mubano wacu. Bishitse na ho tugakora igicumuro, turakwiye kurondera gufashwa na Yehova, tukemera ko adukunda be n’uko atubabarira, maze tukabandanya kumukorera. Niduhere rero amazinda ko Yehova azoduhezagira cane ‘nitutaheba gukora ivyiza.’—Gal. 6:9.

NI IBIKI VYODUFASHA KUGUMA DUKORERA YEHOVA IGIHE . . .

  • uwo dusangiye ukwemera atubabaje?

  • uwo twubakanye agoye kubana?

  • dukoze amakosa akomeye?

URURIRIMBO RWA 139 Niwibone mw’isi nshasha

a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

b Ijambo ry’Imana ntirishigikira ko abubakanye batandukana, kandi n’iyo bishitse bagatandukana, riratomora neza ko ata n’umwe muri bo aba afise uburenganzira bwo kwubakana n’uwundi muntu. Ariko rero, hariho ibintu bikomeye bishika mu mibano y’abakirisu bamwebamwe, bigatuma biyumvira ivyo gutandukana. Raba akajambo ko ku mpera ka 4 mu gitabu Kwiberaho ibihe bidahera, kavuga ngo «Imvo zotuma abubakanye batandukana

c Akandi karorero turagasanga mw’ividewo iri kuri jw.org ivuga ngo Ntuzimizwe n’amahoro y’uruhendo—Darrel na Deborah Freisinger.