Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 10

URURIRIMBO RWA 13 Kristu, Karorero kacu

‘Nugume ukurikira’ Yezu n’inyuma y’ibatisimu

‘Nugume ukurikira’ Yezu n’inyuma y’ibatisimu

«Nimba hari uwushaka kunkurikira, niyiyanke, yikorere igiti ciwe co kubabarizwako ku musi ku musi, hanyuma agume ankurikira.»LUKA 9:23.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Iki kiganiro, kiraza kudufasha twese kuzirikana ingene twobaho twisunga ukwiyegura kwacu. Ariko canecane kiraza gufasha abaheruka kubatizwa kuguma ari abizigirwa.

1-2. Ni ivyiza ibihe umuntu yironkera amaze kubatizwa?

 IYO umuntu abatijwe akaja mu muryango wa Yehova arahimbarwa cane. Abamaze kubatizwa bokwemera aya majambo umwanditsi wa zaburi Dawidi yavuze yuko ‘hahiriwe umuntu Yehova atora akamwiyegereza kugira yibere mu bigo vyiwe.’—Zab. 65:4.

2 Yehova ntapfa kujana uwo ari we wese mu bigo vyiwe. Nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka, yiyegereza aberekana ko bipfuza kuba abagenzi biwe. (Yak. 4:8) Iyo wiyeguriye Yehova ukabatizwa, urarushiriza kumwiyegereza mu buryo budasanzwe. Uca wizigira udakeka ko na we azoheza ‘akagusukako umuhezagiro gushika aho ata co ubura.’—Mal. 3:10; Yer. 17:​7, 8.

3. Abakirisu biyeguriye Imana bakabatizwa bafise ibanga rihambaye irihe? (Umusiguzi 5:​4, 5)

3 Ibatisimu ni intango gusa. Niwamara gutera iyo ntambwe, uzokwihatira kubaho uhuza n’indagano wagize, mbere n’igihe woshikirwa n’ibigerageza ukwizera kwawe. (Soma Umusiguzi 5:​4, 5.) Kubera ko uri umwigishwa wa Yezu, uzokora uko ushoboye kwose kugira ukurikire akarorero kiwe, wongere wubahirize ivyo yadutegetse. (Mat. 28:​19, 20; 1 Pet. 2:21) Iki kiganiro kiraza kugufasha kumenya ingene wobigira.

‘NUGUME UKURIKIRA’ YEZU NAHO WOBA URI MU BIGERAGEZO

4. Abigishwa ba Yezu bikorera gute ‘igiti co kubabarizwako’? (Luka 9:23)

4 N’inyuma yo kubatizwa, uzoshikirwa n’ingorane. Kanatsinda, Yezu yaravuze ko abigishwa biwe bokwikoreye ‘igiti co kubabarizwako.’ Ivyo bobigize «ku musi ku musi.» (Soma Luka 9:23.) None Yezu yoba yashaka kuvuga yuko abayoboke biwe bokwamye bari mu mibabaro? Habe namba. Yashaka kwerekana ko naho boronse imihezagiro, boshikiwe kandi n’ingorane. Zimwe muri izo ngorane zoshobora mbere kuba zikomeye cane.—2 Tim. 3:12.

5. Abemera kugira ivyo bahevye, Yezu yabasezeraniye imihezagiro iyihe?

5 Ushobora kuba warahamwe n’abo mu muryango, canke warahevye ibintu bimwebimwe vy’umubiri kugira ngo ushire imbere ivyungura Ubwami. (Mat. 6:33) Nimba ari ukwo, nuhere amazinda ko Yehova abona ivyo bintu wakoze ku bwiwe. (Heb. 6:10) Birashoboka ko amajambo Yezu yavuze yakuranguyeko, ayagira ati: «Nta muntu n’umwe yahevye inzu, benewabo, bashikiwe, nyina wiwe, se wiwe, abana canke amatongo ku bwanje no kubera inkuru nziza, atazoronka muri iki gihe ibiruta ivyo incuro 100: amazu, benewabo, bashikiwe, ba nyina, abana, amatongo, biri kumwe n’uruhamo. Muri kazoza na ho azoronka ubuzima budahera.» (Mrk. 10:​29, 30) Mu vy’ukuri, imihezagiro wironkeye iraruta kure n’iyo ivyo wahevye vyose.—Zab. 37:4.

6. Kubera iki n’inyuma y’ibatisimu ukwiye kuguma urwanya «ivyipfuzo vy’umubiri»?

6 N’inyuma y’ibatisimu, bizoba ngombwa ko ubandanya kurwanya «ivyipfuzo vy’umubiri.» (1 Yoh. 2:16) Kanatsinda, uzoba ukiri umunyagasembwa. Vyoshobora kuzoshika ukumva umerewe nk’intumwa Pawulo, uwavuze ati: «Mu mutima wanje ndahimbarwa vy’ukuri n’amategeko y’Imana, mugabo mu mubiri wanje mbona irindi tegeko rirwanya itegeko riyobora ubwenge bwanje, rikanjana ndi imbohe kw’itegeko ry’igicumuro riri mu mubiri wanje.» (Rom. 7:​22, 23) Kwama mu rugamba rwo kurwanya ivyipfuzo bibi, vyoshobora gutuma wumva umengo uracitse intege. Ariko kuguma uzirikana ivyo wasezeraniye Yehova igihe wamwiyegurira, bizotuma urushiriza kurwanya inyosha mbi. Ikizwi coco ni uko kwiyegurira Imana bizogufasha niwashikirwa n’inyosha mbi. Uti gute?

7. Kwiyegurira Yehova bizogufasha gute kutamuhemukira?

7 Iyo wiyeguriye Yehova uba wiyanse. Ivyo bisobanura ko uba wiyemeje kwamirira kure imigambi be n’ivyipfuzo bidahimbara Yehova. (Mat. 16:24) Niwashikirwa rero n’ikigeragezo, ntuzorinda gufata umwanya wiyumvira ico wokora. Uzoba usanzwe uzi ko ico wokora ari ukuguma uri intahemuka kuri Yehova. Uzoguma wiyemeje kuguma uhimbara Yehova naho hoza iki. Niwabigenza gutyo, uzoba wiganye Yobu. N’igihe yari mu bigeragezo bidasanzwe, yiyemeje ‘kutarekura ugutungana kwiwe.’—Yobu 27:5.

8. Kuzirikana kw’isengesho watuye igihe wiyegurira Imana, vyogufasha gute kurwanya inyosha mbi?

8 Kuzirikana kw’isengesho watuye wiyegurira Yehova, bizogufasha kuronka inkomezi zo kurwanya inyosha mbi iyo ari yo yose. Nk’akarorero, woba uzokwubahuka gukora ibintu vyo kuryosharyosha umugore w’abandi canke umugabo w’abandi? Habe namba. Uzoba waramaze gusezeranira Yehova kutabikora. Niwirinda ivyo vyipfuzo bibi, bizotuma utirirwa urarwana urugamba rwo kuvyikuramwo bimaze gushinga imizi. Ivyo bizotuma wirinda ‘guca mw’ibarabara ry’ababisha.’—Imig. 4:​14, 15.

9. Kuzirikana kw’isengesho watuye igihe wiyegurira Imana vyogufasha kandi gute kuguma ushira imbere ivy’impwemu?

9 Wobigenza gute nka hamwe woronka akazi kotuma uza urasiba amakoraniro? Ico wokora urakizi. Uba waramaze kwiyemeza ko utazokora akazi nk’ako. Kubw’ivyo rero, ntiwokwirirwa urakemera, wibaza ngo uzorondera ukundi kuntu ubijengajenga. Kuzirikana ku kuntu Yezu yama arondera guhimbara Se, bizogufasha guca wamirira kure ikintu cose cobabaza Imana wiyeguriye.—Mat. 4:10; Yoh. 8:29.

10. Inyuma y’ibatisimu, Yehova azogufasha gute ‘kuguma ukurikira’ Yezu?

10 Tuvugishije ukuri, ingorane be n’ibigeragezo bigushikira, biraguha akaryo ko kwerekana ko wiyemeje ‘kuguma ukurikira’ Yezu. Ico womenya co ni uko Yehova azobigufashamwo. Bibiliya ivuga iti: «Imana ni iyo kwizigirwa, ntizoreka ngo mugeragezwe n’ibirenze ivyo mushobora kwihanganira. Mugabo ikigeragezo nicashika, izobacira inzira kugira mushobore kucihanganira.»—1 Kor. 10:13.

IVYOGUFASHA KUGUMA UKURIKIRA YEZU

11. Kimwe mu bintu bihambaye vyogufasha kuguma ukurikira Yezu ni ikihe? (Raba n’ifoto.)

11 Yezu yari umunyamwete kandi yaguma yiyegereza Yehova mw’isengesho. (Luka 6:12) Nkako, kimwe mu bintu bihambaye vyogufasha kuguma ukurikira Yezu inyuma y’ibatisimu, ni ukuguma ukora ibintu vyotuma urushiriza kwiyegereza Yehova. Bibiliya ivuga iti: «Aho tugeze hose mu gutera imbere, tubandanye kugendera muri iyo nzira nyene mu rutonde.» (Flp. 3:16) Rimwe na rimwe, uzokwumva amakuru y’abavukanyi na bashiki bacu bitanze bakagura umurimo barangurira Yehova. Bashobora kuba baritavye Ishure ry’abamamaji b’Ubwami canke bakimukira ahakenewe abamamaji kuruta. Nimba ushobora kwishingira umugambi nk’uwo, ako karyo ntikagucike. Abasavyi ba Yehova bama barondera uturyo two kwagura umurimo. (Ivyak. 16:9) Bite hoho nimba ubu bitogushobokera? Ntuce wiyumvira ko ata co umaze. Igihambaye ni uko uguma wihanganye. (Mat. 10:22) Ntiwibagire ko Yehova ashima ivyo umukorera vyose bivanye n’ubushobozi bwawe be n’uko ivyawe vyifashe. Ico ni kimwe mu bintu bihambaye vyogufasha kuguma ukurikira Yezu inyuma y’ibatisimu.—Zab. 26:1.

Umaze kubatizwa, niwishingire umugambi wo gukora ivyotuma urushiriza kwiyegereza Yehova (Raba ingingo ya 11)


12-13. Wokora iki igihe ubonye ko umwete wawe utanguye kugabanuka? (1 Abakorinto 9:​16, 17) (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo « Guma mw’isiganwa.»)

12 Wokora iki bishitse ukabona ko amasengesho yawe be n’umurimo urangurira Yehova bisigaye ari ivyo guheza umwuga? Bite ho nimba gusoma Bibiliya bitakikuryohera nka kera? Ibintu nk’ivyo nivyagushikira inyuma y’ibatisimu, ntuzoce wibaza ko Yehova yagukuyeko impwemu yiwe. Kubera ko uri umunyagasembwa, vyoshika urukundo n’umwete ufitiye ikintu bikagabanuka. Niwabona rero umwete wawe utanguye kugabanuka, uraca uzirikana akarorero k’intumwa Pawulo. Naho yagerageza kwigana Yezu, yari azi ko vyoshitse ibintu bimwebimwe ntabikorane umwete ukwiye nk’uko yategerezwa. (Soma 1 Abakorinto 9:​16, 17.) Yavuze ati: «Naho nobikora ku gahato, na ho nyene mba ngifise ibanga njejwe.» Ni nk’aho Pawulo yashatse kuvuga ko yari yiyemeje kurangura igikorwa Imana yari yaramushinze, naho yaba yumva atabishaka.

13 Na wewe nyene, urakwiye kwirinda gufata ingingo wisunze ivyiyumviro bitabereye. Niwiyemeze kwama ukora iciza naho woba wumva utabishaka. Ivyo bizotuma mu nyuma usigara ukora ibintu ubishaka. Uko vyogenda kwose, kuguma witwararika ivy’impwemu bizogufasha kuguma ukurikira Yezu inyuma y’ibatisimu. Vyongeye, ivyo bizoremesha abavukanyi na bashiki bacu.—1 Tes. 5:11.

‘NUGUME WISUZUMA WONGERE WEREKANE ICO URI’

14. Ni ibiki ukwiye kwama usuzuma, kandi kubera iki? (2 Abakorinto 13:5)

14 Inyuma y’ibatisimu, bizoba vyiza kandi ugumye wisuzuma. (Soma 2 Abakorinto 13:5.) Nuze urafata akanya ko kuguma usuzuma ingene ubayeho, urabe nimba wama usenga buri musi, usoma Bibiliya wongera uyiga, witaba amakoraniro kandi uja mu ndimiro. Nugerageze kuraba ico wokora kugira ngo ivyo bintu birushirize kukuryohera vyongere bikugirire akamaro. Nk’akarorero, niwibaze uti: «Noba nshobora gusigurira abandi inyigisho nyamukuru zo muri Bibiliya? Nokora ibiki kugira ngo igikorwa co mu ndimiro kirushirize kundyohera? Noba ntura amasengesho adomako kandi yerekana ko nizigira Yehova mperejeko? Noba nama nitaba amakoraniro? Nokora iki kugira ngo sinsamare mu gihe c’amakoraniro kandi ndayagiremwo uruhara?»

15-16. Ivyashikiye umuvukanyi umwe bikwigishije iki ku bijanye no kunanira ikigeragezo?

15 Vyoba vyiza kandi wisuzumye ata gufyina kugira ngo ubone aho ugoyagoya. Umuvukanyi umwe yitwa Robert aratwiganira ivyamushikiye bishira ahabona ico kintu. Avuga ati: «Igihe nari mfise imyaka nka 20, nakora akazi k’ibiraka. Umusi umwe duhejeje akazi, hari umugore umwe twakorana yantumiye imuhira iwe. Yavuze ko tuzoba turi twenyene kandi ko ‘tuzoryimara.’ Nabanje kubimwankira mu buryo budafashe, mugabo mu nyuma ndabimwankira nshimitse nongera ndamusigurira igituma.» Robert ni uwo gukezwa kubona yarananiye ico kigeragezo. Ariko rero mu nyuma azirikanye ku vyamushikiye, yarabonye ko yari akwiye kuvyifatamwo neza kuruta. Avuga ati: «Sinihuse kumukurira inkoni ku gishitsi nka kumwe Yozefu yabigenza kuri muka Potifari. (Ita. 39:​7-9) Mu vy’ukuri, sinatahuye ingene vyabanje kungora kumuhakanira. Ico kintu cambayeko caratumye mbona ko nari nkwiye kurushiriza gukomeza ubucuti mfitaniye na Yehova.»

16 Vyoba vyiza nawe wisuzumye nk’uko kwa Robert. N’igihe ushoboye kunanira ikigeragezo, niwibaze uti: «Vyamfashe umwanya ungana iki kugira ngo ndaciyamirize?» Ubonye ivyo woryohora, ntuce wiyagiriza. Ahubwo nuhimbarwe ko umenye aho ufise ubugoyagoye. Nuce ubishira mw’isengesho wongere ukore ivyotuma urushiriza gukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova zigenga inyifato runtu.—Zab. 139:​23, 24.

17. Ivyashikiye Robert vyagize ico bikoze gute kw’izina rya Yehova?

17 Hariho n’ikindi cigwa dukura ku vyashikiye Robert. Abandanya ati: «Mpejeje guhakanira wa mugore twakorana, yaciye ambwira ati: ‘Sha, ikibazo uragitoye!’ Naciye ndamubaza ico ashatse kuvuga. Yaciye ambwira ko hari umugenzi wiwe yahoze ari Icabona yamubwiye ko abakiri bato bose b’Ivyabona babayeho ubuzima burimwo tubiri, ko rero baronse akaryo batotinya gukora igicumuro. Uwo mugore rero yaciye abwira uwo mugenzi wiwe ko yobisuzumiye kuri jewe. Narumvise nezerewe cane kubona nari nateye iteka izina rya Yehova.»

18. Wiyemeje gukora iki inyuma y’ibatisimu? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo « Ibiganiro bibiri bizogufasha.»)

18 Iyo wiyeguriye Yehova ukongera ukabatizwa, uba werekanye ko wipfuza kweza izina ryiwe naho woshikirwa n’ibiki. Numenye ko Yehova azi neza ibigeragezo be n’inyosha mbi uriko uracamwo. Azohezagira utwigoro twose ugira kugira ngo ugume uri intahemuka. Niwizigire ko azokuronsa impwemu yiwe nyeranda kugira ngo igufashe kubishikako. (Luka 11:​11-13) Yehova abigufashijemwo, uzoshobora kuguma ukurikira Yezu n’inyuma y’ibatisimu.

WOKWISHURA GUTE?

  • Ni mu buryo ki abakirisu bikorera ‘igiti co kubabarizwako ku musi ku musi’?

  • Ni ibiki wokora kugira ngo ‘ugume ukurikira’ Yezu inyuma y’ibatisimu?

  • Kuzirikana kw’isengesho watuye igihe wiyegurira Imana, vyogufasha gute kuguma uri intahemuka?

URURIRIMBO RWA 89 Umviriza, ugamburuke, uhezagirwe