Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 13

URURIRIMBO RWA 127 Umuntu nkwiye kuba

Nuhere amazinda ko Yehova agushima

Nuhere amazinda ko Yehova agushima

«Naragushimye.»LUKA 3:22.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Ingene twohera amazinda ko Yehova adushima.

1. Ni amakenga ayahe abasavyi ba Yehova bamwebamwe boshobora kugira?

 ESE ukuntu bihumuriza kumenya ko Yehova ashima abasavyi biwe bose uko bagize umugwi! Bibiliya ivuga iti: «Yehova a[ra]kunda abantu biwe.» (Zab. 149:4) Ariko rero, birashika bamwebamwe bakihebura cane ku buryo bibaza bati: «Ubwo Yehova yoba anshima ku giti canje?» Ivyo vyarashikiye n’abasavyi ba Yehova bamwebamwe b’abizigirwa bo mu bihe vya Bibiliya.—1 Sam. 1:​6-10; Yobu 29:​2, 4; Zab. 51:11.

2. Ni bande Yehova ashima?

2 Bibiliya irerekana neza ko abantu badatunganye bashobora gushimwa na Yehova. Uti ivyo bishoboka gute? Bishoboka iyo twizeye Yezu Kristu maze tukabatizwa. (Yoh. 3:16) Gutyo, tuba twerekanye ku mugaragaro ko twigaye ibicumuro vyacu be n’uko twasezeraniye Imana gukora ivyo igomba. (Ivyak. 2:38; 3:19) Yehova arahimbarwa iyo duteye izo ntambwe zituma tugiranira ubugenzi na we. Iyo dukoze ibishoboka vyose kugira ngo tugume dukora ivyo twamusezeraniye, aradushima akongera akadufata nk’abagenzi biwe.—Zab. 25:14.

3. Tugiye kwihweza ibiki?

3 Ni kubera iki none bishika bamwebamwe bakiyumvira ko Yehova atabashima? Yehova yerekana gute ko adushima? Vyongeye, ni ibiki vyotuma umukirisu arushiriza guhera amazinda ko Yehova amushima?

IGITUMA HARI ABIYUMVIRA KO YEHOVA ATABASHIMA

4-5. Naho vyoshika tukiyumvira ko ata co tumaze, ni ibiki twokwemera tudakeka?

4 Kuva mu bwana, bamwebamwe muri twebwe bakuze babona umenga nta co bamaze. (Zab. 88:15) Umuvukanyi yitwa Adrián avuga ati: «Namye mbona umengo nta co maze. Nkiri muto, ndibuka ko nasenga nsaba ko twe n’umuryango wanje twoja mw’Iparadizo, naho nari nzi neza ko ntari mbereye kujayo.» Uwitwa Tony wewe ntiyakuriye mu muryango w’abakirisu. Na we avuga ati: «Abavyeyi banje ntibigeze bambwira ko bankunda canke ko banshima. Ivyo vyatuma mbona ko ata kintu na kimwe nakora cabashimisha.»

5 Bishitse tukumva umengo nta co tumaze, turakwiye kwibuka ko Yehova ari we ubwiwe adukwegera kuri we. (Yoh. 6:44) Aratubonamwo ivyiza twebwe ubwacu tudashobora kubona, kandi arizi umutima wacu. (1 Sam. 16:7; 2 Ngo. 6:30) Igihe rero atubwiye ko turi n’agaciro, turakwiye kuvyemera.—1 Yoh. 3:​19, 20.

6. Intumwa Pawulo yabona gute ibicumuro yakoze muri kahise?

6 Bamwe muri twebwe, imbere y’uko tumenya ukuri, usanga twarakoze ibintu bishobora gutuma tuguma twicuza. (1 Pet. 4:3) Mbere n’abamaze igihe ari abakirisu bintahemuka baguma barwanya impengamiro yo gukora icaha. Weho bite? Vyoba bishika ukiyagiriza? Nimba bigushikira, numenye neza ko n’abasavyi ba Yehova b’intahemuka vyabashikiye. Nk’akarorero, intumwa Pawulo yaracitse intege igihe yazirikana ku bicumuro yari yarakoze. (Rom. 7:24) Ego ni ko Pawulo yari yarigaye ibicumuro vyiwe yongera arabatizwa. Naho ari ukwo, yaguma abona ko yari «uwo hasi cane mu zindi ntumwa», be nuko yari umucumuzi w’«agahebuza.»—1 Kor. 15:9; 1 Tim. 1:15.

7. Dukwiye kwibuka iki ku bijanye n’ibicumuro twakoze muri kahise?

7 Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru aradusezeranira kutubabarira igihe twigaye. (Zab. 86:5) Nimba rero twarigaye vy’ukuri ibicumuro twakoze, turizigiye tudakeka ko Yehova yatubabariye.—Kol. 2:13.

8-9. Ni ibiki vyodufasha kwikuramwo iciyumviro c’uko ata kintu na kimwe twokora cotuma duhimbara Yehova?

8 Twese turipfuza gukorera Yehova ibintu vyinshi bishoboka. Ariko rero, hari abiyumvira ko ata kintu na kimwe bokwigera bakora cotuma bamuhimbara. Mushiki wacu umwe yitwa Amanda avuga ati: «Gukorera Yehova ivyo nshoboye, ndakunda kuvyitiranya no kumukorera vyinshi bishoboka. Ivyo bica bituma kenshi ngerageza gukora ibindengeye. Iyo binaniye, nca numva niyanse nkiyumvira ko na Yehova atanshima.»

9 None ni ibiki vyodufasha kwikuramwo iciyumviro c’uko ata kintu na kimwe twokwigera dukora cotuma duhimbara Yehova? Ni ukwibuka Yehova atari Imana idadaza. Ntiyigera adusaba ibirengeye ubushobozi bwacu. Arashima ivyo tumukorera vyose magingo ari vyo nyene tuba dushoboye gukora. Ikindi codufasha, ni ukuzirikana ku burorero buvugwa muri Bibiliya bw’abakoreye Yehova n’umutima wabo wose. Nk’akarorero, zirikana kuri Pawulo. Yaramaze imyaka yitanga cane, aragira ingendo ndende, yongera arashinga amashengero menshi. None igihe ibintu vyahinduka ntabe agishobora kwamamaza nk’uko yahora, Imana yoba yaciye ireka kumushima? Habe namba. Yagumye akora ivyo ashoboye, kandi Yehova yaramuhezagiye. (Ivyak. 28:​30, 31) Na twebwe, ivyo dukorera Yehova birashobora guhinduka bivanye n’uko ivyacu vyifashe. Igihambaye kuri we ni igituma tumukorera. Reka ubu na ho turabe ibintu bimwebimwe vyerekana ko Yehova adushima.

YEHOVA YEREKANA GUTE KO ADUSHIMA?

10. Ni mu buryo ubuhe ‘twumva’ Yehova atubwira ko adushima? (Yohani 16:27)

10 Biciye kuri Bibiliya. Abo Yehova akunda, ararondera uburyo bwo kubabwira ko abashima. Bibiliya iratubwira incuro zibiri aho yabwiye Umwana wiwe Yezu ko yamukunda cane be n’uko yamushima. (Mat. 3:17; 17:5) Woba nawe wipfuza kwumva Yehova akubwira ko agushima? Naho Yehova atatuvugisha n’ijwi ryumvikana, aratuvugisha biciye kw’Ijambo ryiwe. Iyo dusomye ivyo Yezu yavuze mu Njili, turashobora kwumva ijwi rya Yehova ritubwira ko adushima. (Soma Yohani 16:27.) Yezu yari ameze neza na neza nka Se. Igihe rero dusomye aho Yezu yabwiye abigishwa biwe badatunganye ko abashima, dukwiye guca twiha ishusho Yehova ubwiwe ariko arabitubwira.—Yoh. 15:​9, 15.

Yehova aratwereka ko adushima akoresheje uburyo butandukanye (Raba ingingo ya 10)


11. Kubera iki iyo dushikiwe n’ingorane bitaba bisobanura ko Yehova atakidushima? (Yakobo 1:12)

11 Biciye ku vyo adukorera. Yehova aripfuza cane kudufasha, nk’akarorero mu kuturonsa ivyo dukeneye ku mubiri. Ariko rimwe na rimwe, Yehova yoshobora kureka tugashikirwa n’ingorane, nk’uko vyagenze kuri wa mugororotsi Yobu. (Yobu 1:​8-11) Iyo dushikiwe n’ibigeragezo, ntibiba bisobanura ko Imana itakidushima. Ahubwo bituronsa akaryo ko kuyereka ko tuyikunda cane be n’uko tuyizigira. (Soma Yakobo 1:12.) Igihe idufashije kuvyihanganira, turibonera ko idukunda be n’uko idushigikiye.

12. Ivyashikiye Dmitrii bitwigisha iki?

12 Raba ivyashikiye umuvukanyi umwe wo muri Aziya yitwa Dmitrii. Yaratakaje akazi yakora, yongera amara amezi menshi ata kandi araronka. Yaciye afata ingingo yo kwagura umurimo yarangurira Yehova, gutyo aba yerekanye ko amwizigiye. Amezi n’ayandi yarakunkumutse ata kandi kazi araronka. Mu nyuma yarakitswe n’amagara ku buryo atari akiva mu gitanda. Yaciye atangura kwibaza ko ata mugabo akirimwo be n’uko Yehova atari akimushima. Umusi umwe ku mugoroba, umukobwa wiwe yaramuzaniye urupapuro rwanditseko amajambo dusanga muri Yesaya 30:​15, aho Yehova yavuze ati: «Muzogira inkomezi nimwaguma mutekanye kandi mukanyizigira.» Yaciye arushira iruhande ya se maze amubwira ati: «Da, niwumva umerewe nabi, uraca wibuka iki canditswe.» Dmitrii yaciye abona ko Yehova yari akiri kumwe na we, kuko umuryango wiwe wari ukironka ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro. Avuga ati: «Nta kindi nari nkwiye gukora atari ukuguma ntekanye no kuguma nizigiye Imana yanje.» Nimba nawe ivyawe vyifashe gutyo, numenye neza ko Yehova akwitwararika be n’uko azogufasha kuvyihanganira.

Yehova aratwereka ko adushima akoresheje uburyo butandukanye (Raba ingingo ya 12) a


13. Ni bande Yehova yoshobora gukoresha kugira ngo atwereke ko adushima, kandi yobakoresha gute?

13 Biciye ku bo dusangiye ukwizera. Yehova yoshobora kutwereka ko adushima abicishije ku bavukanyi na bashiki bacu. Nk’akarorero, yoshobora kubavyurira umutima kugira baturemeshe igihe nyene tuba tubikeneye. Ukwo nyene ni ko vyagendeye mushiki wacu umwe wo muri Aziya, igihe yari mu ngorane zikomeye. Yari yaratakaje akazi yongera ararwara bimwe bikomeye. Mu nyuma umugabo wiwe yarakoze igicumuro gikomeye aca aratakaza agateka ko kuba umukurambere. Uwo mushiki wacu avuga ati: «Sinatahura igituma ivyo vyose vyariko biranshikira. Niyumvira ko kumbure hari ikibi nari nakoze catuma Yehova ataba akinshima.» Uwo mushiki wacu yaciye atakambira Yehova kugira ngo amwereke ko yari akimuraba ryiza. None Yehova yabimweretse gute? Avuga ati: «Abakurambere b’ishengero baranyagishije maze barampumuriza ko Yehova ankunda.» Haciye igihe yarasubiye gusaba Yehova ngo amufashe. Avuga ati: «Kuri uwo musi nyene, naciye ndonka ikete nari nandikiwe n’abavukanyi be n’abadada bo mw’ishengero. Amajambo aremesha bari banyandikiye yaratumye mbona ko Yehova yari yanyumvise.» Ego cane, akenshi Yehova aratwereka ko adushima biciye ku ndemesho duhabwa n’abandi.—Zab. 10:17.

Yehova aratwereka ko adushima akoresheje uburyo butandukanye (Raba ingingo ya 13) b


14. Ni ubundi buryo ubuhe Yehova akoresha kugira ngo atwereke ko adushima?

14 Yehova aratwereka kandi ko adushima mu gukoresha abo dusangiye ukwizera kugira ngo baduhe impanuro tuba dukeneye. Nk’akarorero, mu kinjana ca mbere yarakoresheje intumwa Pawulo kugira ngo yandikire abakirisu bagenziwe amakete 14. Ayo makete yarimwo impanuro zidaca ku ruhande, ariko kandi zirangwa urukundo. Kubera iki none Yehova yahumekeye Pawulo kwandika izo mpanuro? Kubera ko Yehova ari Umuvyeyi mwiza, aratoza indero abana biwe ‘bamuhimbara.’ (Imig. 3:​11, 12) Igihe rero duhawe impanuro zishingiye kuri Bibiliya, dukwiye kuzibona nk’ikimenyamenya c’uko Imana idushima aho kuzibona nk’icerekana ko itakidushima. (Heb. 12:6) None ni ibindi bintu ibihe vyerekana ko Yehova adushima?

IBINDI BINTU VYEREKANA KO YEHOVA ADUSHIMA

15. Ni bande Yehova aha impwemu yiwe nyeranda, kandi ivyo biduhumuriza gute?

15 Abo Yehova ashima ni bo aha impwemu nyeranda yiwe. (Mat. 12:18) Niwibaze rero uti: «Mu buzima bwanje, noba ngaragaza kamere zimwezimwe impwemu y’Imana yama?» Ubu woba wihanganira abandi kuruta uko wabigira utaramenya Yehova? Mu vy’ukuri, uko urushiriza kugaragaza kamere impwemu y’Imana yama, ni ko urushiriza kujijuka ko Yehova agushima.—Raba uruzitiro ruvuga ngo « Ivyo impwemu yama ni . . 

Ni ibiki vyerekana ko Yehova agushima? (Raba ingingo ya 15)


16. Ni bande Yehova akoresha kugira ngo bamamaze inkuru nziza, kandi ivyo bituma wiyumva gute? (1 Abatesalonika 2:4)

16 Abo Yehova ashima ni bo azeza inkuru nziza. (Soma 1 Abatesalonika 2:4.) Ivyo mushiki wacu umwe yitwa Jocelyn yaravyiboneye igihe yabwira abandi inkuru nziza. Umusi umwe, Jocelyn yavyutse yumva atemerewe neza. Avuga ati: «Numva umenga nta co maze. Nari umutsimvyi, kandi uwo musi wari umusi nama nja mu ndimiro. Narasenze, nca ndagenda mu ndimiro.» Muri ico gitondo, Jocelyn yarahuye n’umugore yimereye neza yitwa Mary, aremera ko biga Bibiliya. Haciye amezi, Mary yavuze ko yariko arasenga Imana ngo imufashe igihe Jocelyn yadodora ku muryango iwe. Jocelyn yibutse ico kintu, avuga ati: «Naciye numva ari nk’aho Yehova ariko ambwira ati: ‘Ndagushima.’» Naho atari bose bumviriza inkuru nziza tubabwira, turazi neza ko Yehova adushima iyo dukoze uko dushoboye kwose kugira ngo tubwire abandi inkuru nziza.

Ni ibiki vyerekana ko Yehova agushima? (Raba ingingo ya 16) c


17. Ni icigwa ikihe ukura ku vyo Vicky yavuze ku bijanye n’incungu? (Zaburi 5:12)

17 Abo Yehova ashima ni bo bungukira ku ncungu. (1 Tim. 2:​5, 6) Bite ho nimba bitugora kwemera ko Yehova adushima, naho twoba twizera incungu kandi tukaba twarabatijwe? Niwibuke yuko twebwe dushobora kwihenda, ariko ko Yehova wewe atihenda. Abizera incungu, abona ko ari abagororotsi kandi asezerana kubahezagira. (Soma Zaburi 5:12; Rom. 3:26) Kuzirikana ku ncungu vyarafashije Vicky. Umusi umwe, amaze kazirikana cane ku ncungu yavuze ati: «Yehova amaze igihe kirekire anyihanganiye. . . . Ariko jewe ni nk’aho nariko ndamubwira nti: ‘Urukundo rwawe ntiruhagije ku buryo rwonshikira. Incungu y’Umwana wawe ntihagije ku buryo yopfuka ibicumuro vyanje.’» Amaze kuzirikana ku ncungu yaciye atangura kwumva ko Yehova amukunda. Natwe nitwazirikana ku ncungu, tuzokwumva ko Yehova adukunda be n’uko adushima.

Ni ibiki vyerekana ko Yehova agushima? (Raba ingingo ya 17)


18. Nitwabandanya gukunda Umuvyeyi wacu wo mu mw’ijuru, ni igiki twokwizigira tudakeka?

18 Naho twogerageza gute gushira mu ngiro ivyo vyiyumviro vyose tubonye, vyoshobora gushika tugacika intege maze tugakekeranya ko Yehova adushima. Bidushikiye, turakwiye kwibuka ko ashima «ababandanya kumukunda.» (Yak. 1:12) Nubandanye rero kwiyegereza Yehova wongere witeho uburyo butandukanye akwereka ko agushima. Niwame wibuka ko Yehova «atari kure y’umuntu n’umwe muri twebwe.»—Ivyak. 17:27.

WOKWISHURA GUTE?

  • Kubera iki hari abiyumvira ko Yehova atabashima?

  • Ni ibintu bitandukanye ibihe vyerekana ko Yehova adushima?

  • Ni ibiki bitwemeza ko Imana idushima?

URURIRIMBO RWA 88 Numenyeshe inzira zawe

a INSOBANURO Y’IFOTO: Ivyakinywe

b INSOBANURO Y’IFOTO: Ivyakinywe

c INSOBANURO Y’IFOTO: Ivyakinywe