Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 9

URURIRIMBO RWA 75 «Ndi hano! Ntuma!»

Woba witeguriye kwiyegurira Yehova?

Woba witeguriye kwiyegurira Yehova?

«Nzokwishura iki Yehova ku vyiza vyose yangiriye?» —ZAB. 116:12.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Iki kiganiro kiraza kugufasha gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova, ku buryo uca wipfuza kumwiyegurira no kubatizwa.

1-2. Umuntu ategerezwa gukora iki imbere y’uko abatizwa?

 MU MYAKA itanu iheze, abantu barenga umuliyoni barabatijwe baba Ivyabona vya Yehova. Abenshi muri bo bigishijwe ukuri «guhera mu buhinja» nka kumwe kwa Timoteyo. (2 Tim. 3:​14, 15) Abandi bize ukuri bakuze canke mbere bashaje. Mbere hari n’umugore aheruka kubatizwa afise imyaka 97.

2 Nimba uriko uriga Bibiliya canke abavyeyi bawe ari Ivyabona, woba uriko uriyumvira ivyo kubatizwa? Nimba uvyiyumvira, uwo ni umugambi mwiza cane. Ariko rero imbere y’uko ubatizwa, uzobanza kwiyegurira Yehova. Iki kiganiro kiraza kugufasha gutahura ico bisobanura kwiyegurira Imana. Kiraza no kugufasha kubona igituma udakwiye kugonanwa kwiyegurira Imana no kubatizwa, nimba uvyiteguriye.

KWIYEGURIRA IMANA BISOBANURA IKI?

3. Tanga uburorero bw’abantu bari bariyeguriye Yehova.

3 Muri Bibiliya, kwiyegurira Imana bisobanura gushirwa ku ruhande ku bw’umugambi mweranda. Ihanga ry’Abisirayeli ryari ryariyeguriye Yehova. Ariko rero muri iryo hanga, hariho abantu bamwebamwe biyegurira Yehova mu buryo budasanzwe. Nk’akarorero, Aroni yarambara «ikimenyetso ceranda cerekana ko yeguriwe Imana», kakaba kari akuma gafyase gakozwe mu nzahabu kari ku gitambara yambara ku mutwe. Ako kuma kerekana ko yashizwe ku ruhande kugira ngo akore igikorwa kidasanzwe co kuba umuherezi mukuru w’ihanga rya Isirayeli. (Lew. 8:9) Abanaziri na bo nyene bari abantu biyegurira Yehova mu buryo budasanzwe. Izina «Umunaziri», rikomoka kw’ijambo ry’igiheburayo nazirʹ, risobanura ngo «Uwashizwe ku ruhande», canke «Uweguwe.» Abanaziri babaho bagengwa n’amategeko adasanzwe Imana yari yatanze biciye kuri Musa.—Guh. 6:​2-8.

4. (a) Iyo umuntu yiyeguriye Yehova, ni ihangiro ridasanzwe irihe aca agira mu buzima? (b) «Kwiyanka» bisobanura iki? (Raba n’ifoto.)

4 Iyo wiyeguriye Yehova, uba wemeye kuba umwigishwa wa Kristu no kubaho ushira imbere gukora ivyo Imana igomba. None ivyo bisaba iki? Yezu yavuze ati: «Nimba hari uwushaka kunkurikira, niyiyanke.» (Mat. 16:24) Iyo wiyeguriye Yehova, uca wirinda ikintu cose kinyuranye n’ivyo agomba. (2 Kor. 5:​14, 15) Aho harimwo n’«ibikorwa vy’umubiri», nk’ubusambanyi. (Gal. 5:​19-21; 1 Kor. 6:18) None woba ubona ko gukurikiza ayo mategeko bizokuzitira mu buzima? Si ko uzobibona nimba ukunda Yehova kandi ukaba ubona ko amategeko yiwe ariho ku bw’ineza yawe. (Zab. 119:97; Yes. 48:​17, 18) Umuvukanyi umwe yitwa Nicholas avuga ati: «Ingingo ngenderwako za Yehova, urashobora kuzibona nk’ivyuma vy’ibohero bikubuza umwidegemvyo canke ukazibona nk’ivyuma bizitiye intare bigukingira akaga.»

Ingingo ngenderwako za Yehova, woba uzibona nk’ivyuma vy’ibohero bikubuza umwidegemvyo canke uzibona nk’ivyuma bizitiye intare bigukingira akaga? (Raba ingingo ya 4)


5. (a) Umuntu yiyegurira gute Yehova? (b) Kwiyegura no kubatizwa bitandukaniye he? (Raba n’ifoto.)

5 None umuntu yiyegurira gute Yehova? Abigira biciye kw’isengesho amutura, akamusezeranira ko ari we wenyene azosenga kandi ko azobaho ashira imbere ivyo agomba. Aba rero amusezeraniye ko azobandanya kumukunda ‘n’umutima wiwe wose, n’ubuzima bwiwe bwose, n’ubwenge bwiwe bwose, n’inkomezi ziwe zose.’ (Mrk. 12:30) Umuntu yiyegurira Imana mu mwiherero, ari wenyene na Yehova gusa. Ariko ibatisimu yoyo iba ku mugaragaro, ikereka abantu bose ko nya muntu yiyeguriye Imana. Igihe yiyeguriye Yehova aba agize indagano nyeranda, kandi Yehova aba yiteze ko azoshitsa iyo ndagano nk’uko aba yavyiyemeje.—Umus. 5:​4, 5.

Umuntu yiyegurira Yehova mu mwiherero, akamusezeranira ko ari we wenyene azosenga kandi ko azobaho ashira imbere ivyo agomba (Raba ingingo ya 5)


KUBERA IKI WOKWIYEGURIRA YEHOVA?

6. Ni igiki gituma umuntu yiyegurira Yehova?

6 Ikintu nyamukuru gituma wiyegurira Yehova, ni urukundo umukunda. Urwo rukundo si ibishobisho gusa, ahubwo ruba rushingiye ku «bumenyi butagira amakosa» no ku «gutegera kwo mu vy’impwemu» waronse, ni ukuvuga ibintu wize ku bimwerekeye vyatumye urushiriza kumukunda. (Kol. 1:​9, akajambo k’epfo.) Kwiga Bibiliya vyatumye ujijuka ko (1) Yehova abaho koko, (2) ko Bibiliya ari Ijambo ryiwe ryahumetswe, (3) ko akoresha ishirahamwe ryiwe mu gushitsa ivyo agomba.

7. Ni ibiki dukwiye gukora imbere y’uko twiyegurira Imana?

7 Abiyegurira Yehova bakwiye kuba bazi inyigisho z’ishimikiro dusanga mw’Ijambo ry’Imana kandi bakabaho bisunga ingingo ngenderwako ziwe. Barakora uko bashoboye bakabwira abandi ivyo bemera. (Mat. 28:​19, 20) Kubera ko urukundo bakunda Yehova ruba rwongerekanye, baca bipfuza kumusenga wenyene gusa. None si ko biri no kuri wewe? Niwaba ukunda Imana gutyo, ntuzobona ko kwiyegura no kubatizwa ari ibintu wokora kugira gusa unezereze uwukwigisha Bibiliya canke abavyeyi bawe, canke kugira gusa wigane abagenzi bawe.

8. Ni gute gukenguruka bituma ufata ingingo yo kwiyegurira Yehova? (Zaburi 116:​12-14)

8 Igihe umuntu azirikanye ibintu vyose Yehova amaze kumukorera, ntagonanwa kumwiyegurira. (Soma Zaburi 116:​12-14.) Ntibitangaje rero kubona Bibiliya ivuga ko Yehova atanga «ingabire nziza yose n’ingabire yose itagira akanenge.» (Yak. 1:17) Ingabire iruta zose muri izo, ni incungu y’Umwana wiwe Yezu. Iyumvire nawe! Incungu yaratumye bishoboka ko ugiranira ubucuti bwiza na Yehova. Vyongeye, yaratumye ugira icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera. (1 Yoh. 4:​9, 10, 19, 19) Kwiyegurira Yehova rero, ni uburyo bwo kwerekana ko ukenguruka urwo rukundo rukomeye yakugaragarije, be n’iyindi mihezagiro yose amaze kuguha. (Gus. 16:17; 2 Kor. 5:15) Icigwa ca 46 mu gitabu Kwiberaho ibihe bidahera, iciyumviro ca 4 kirashimika kuri ukwo gukenguruka. Harimwo n’ividewo y’iminota itatu ivuga ngo Nushikanire Imana ibimazi vyawe.

WOBA WITEGURIYE KWIYEGURIRA IMANA NO KUBATIZWA?

9. Kubera iki ata wukwiye kuguhata ngo wiyegurire Imana?

9 Hari aho wobona umengo ntiharagera ko wiyegurira Imana ukabatizwa. Kumbure ubona ko hari ivyo ugikeneye guhindura kugira ngo ubeho uhuza n’ingingo ngenderwako za Yehova, canke ukaba ugikeneye uwundi mwanya wo gukomeza ukwizera kwawe. (Kol. 2:​6, 7) Abiga Bibiliya, bose ntibatera imbere cokimwe, kandi n’abakiri bato bose ntibiyegurira Imana ngo babatizwe ku myaka imwe. Nugerageze kuraba iterambere ufise mu vy’impwemu, ufatiye ku vyo ushoboye gukora aho kwigereranya n’abandi.—Gal. 6:​4, 5.

10. Wokora iki hamwe wobona ko hataragera ko wiyegurira Imana ngo ubatizwe? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo « Abakiri bato bafise abavyeyi b’Ivyabona.»)

10 Naho woba ubona ko hataragera ko wiyegurira Yehova, nugumane uwo mugambi. Nusabe Yehova ahezagire akigoro ugira ko guhindura ibikenewe. (Flp. 2:13; 3:16) Numenye neza ko yumva isengesho ryawe kandi ko azoryishura.—1 Yoh. 5:14.

KUBERA IKI HARI ABAGONANWA?

11. Yehova adufasha gute kuguma turi abizigirwa kuri we?

11 Hari abagonanwa kwiyegurira Imana no kubatizwa naho haba hageze. Boshobora kwibaza bati: «Vyogenda gute nka hamwe nokora icaha gikomeye maze ngacibwa?» Nimba wibaza gutyo, numenye neza ko Yehova azokuronsa ibikenewe vyose kugira ngo ‘ugende nk’uko bibereye abamukorera ngo umushimishe bimwe bishitse.’ (Kol. 1:10) Vyongeye, azoguha inkomezi zo gukora ibibereye. Aramaze no gufasha abandi benshi kubigira. (1 Kor. 10:13) Ni co gituma atari benshi bacibwa mw’ishengero. Nta co Yehova adakora ngo afashe abasavyi biwe kuguma ari abizigirwa.

12. Twokwirinda gute gukora icaha gikomeye?

12 Umuntu wese adatunganye yama yoshwa gukora ikibi. (Yak. 1:14) Ariko rero iyo ugeragejwe, ni wewe wihitiramwo ico wokora. Ikizwi coco ni uko ari wewe wihitiramwo ico uzoba mu buzima. Naho hari abavuga ko ivyo bidashoboka, urashobora kwiga kurwanya ivyipfuzo bibi. Kandi naho vyoshika ukagira ivyipfuzo bibi, urashobora kutabikurikiza. Kugira ngo ubishobore, nuze urasenga buri musi, wiyigishe Ijambo ry’Imana, witabe amakoraniro wongere ubwire abandi ivyo wemera. Kwama ugira ivyo bintu bizokuronsa inkomezi zo kubaho ushitsa indagano wagize yo kwiyegurira Imana. Vyongeye, ntiwigere wibagira ko Yehova azobigufashamwo.—Gal. 5:16.

13. Ni akarorero keza akahe Yozefu yadusigiye?

13 Niwitegurira imbere y’igihe ico uzokora niwahura n’inyosha mbi, bizokworohera gushitsa indagano wagize yo kwiyegurira Imana. Bibiliya iratubwira abantu batari bake babigenjeje gutyo, naho na bo nyene batari batunganye. Nk’akarorero, muka Potifari yaragerageje akatari gake kuryosharyosha Yozefu ngo baryamane. Mugabo Yozefu yari azi imbere y’igihe ico yokora. Bibiliya ivuga ko Yozefu ‘yavyanka,’ kandi akamubwira ati: «Nokwubahuka gute gukora ikibi gikomeye gutyo, ngacumura ku Mana?» (Ita. 39:​8-10) Biragaragara ko Yozefu yari asanzwe azi ingene yovyifashemwo, n’imbere y’uko muka Potifari amuryosharyosha. Ivyo vyatumye bimworohera kunanira ico kigeragezo.

14. Ni ibiki vyodufasha kunanira inyosha mbi?

14 Wokwigana gute akarorero ka Yozefu? Nube urategura ingene wovyifatamwo niwahura n’inyosha mbi. Niwige kwamirira kure udatebaganye ivyo Yehova yanka, mbere wirinde no kuguma uvyiyumvira. (Zab. 97:10; 119:165) Ivyo bizotuma uguma ushikamye niwageragezwa. Uzoba usanzwe uzi ingene wovyifatamwo, kuko uzoba waravyiteguriye.

15. Umuntu yokwerekana gute ko ‘aronderana umwete’ Yehova? (Abaheburayo 11:6)

15 Ushobora kuba ubona ko wubuye ukuri kandi ukaba wipfuza gukorera Yehova n’umutima wawe wose, ariko ukaba ukigonanwa kumwiyegurira no kubatizwa. Urashobora kwigana umwami Dawidi ugatakambira Yehova uti: «Ewe Mana, nunsesangure umenye umutima wanje. Nunsuzume, umenye ibindaje ishinga. Nurabe ko hari ikintu kibi kiri muri jewe, maze unyobore mu nzira y’ibihe bidahera.» (Zab. 139:​23, 24) Yehova arahezagira «abamuronderana umwete.» Kuba uriko urihatira gushika ku mugambi wo kwiyegurira Yehova no kubatizwa, biramwereka ko uriko uramuronderana umwete.—Soma Abaheburayo 11:6.

NUGUME WIYEGEREZA YEHOVA

16-17. Yehova akwegakwega gute abafise abavyeyi b‘Ivyabona? (Yohani 6:44)

16 Yezu yavuze ko abigishwa biwe ari Yehova abakwegakwega. (Soma Yohani 6:44.) Iyumvire nawe ingene ico kintu gikora ku mutima. Umuntu wese Yehova akwegakwega, aba yamubonyemwo ikintu ciza. Yehova abona uwo muntu nk’«ikintu c’agaciro yigabira.» (Gus. 7:6; akajambo k’epfo.) Na wewe ni ko akubona.

17 Bite ho nimba abavyeyi bawe ari Ivyabona? Hari aho wobona umengo uriko ukurikira abavyeyi bawe gusa. Ariko rero, niwibuke ko Bibiliya ivuga iti: «Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.» (Yak. 4:8; 1 Ngo. 28:9) Igihe wibwirije kwiyegereza Yehova, na we aca akwiyegereza. Yehova ntagufatira mu kivuga c’abasavyi biwe. Akwegakwega umwe wese ku giti ciwe, ushizemwo n’uwufise abavyeyi b’Ivyabona. Igihe uwo muntu afashe ingingo yo kwiyegereza Yehova, Yehova na we aca amwiyegereza nk’uko twabibonye muri Yakobo 4:8.—Gereranya na 2 Abatesalonika 2:13.

18. Mu kiganiro gikurikira tuzokwihweza iki? (Zaburi 40:8)

18 Iyo wiyeguriye Yehova ukabatizwa, uba wiganye Yezu. Yaritanze abikunze kugira ngo ashitse ivyo Se amusavye vyose. (Soma Zaburi 40:8; Heb. 10:7) Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ivyogufasha kuguma ukorera Yehova udahemuka n’inyuma y’ibatisimu.

WOKWISHURA GUTE?

  • Kwiyegurira Yehova bisobanura iki?

  • Ni gute gukenguruka bituma ufata ingingo yo kwiyegurira Yehova?

  • Ni ibiki vyogufasha kwirinda gukora igicumuro gikomeye?

URURIRIMBO RWA 38 Imana izogukomeza