Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 39

Igihe uwawe ahevye Yehova

Igihe uwawe ahevye Yehova

‘Ese ukuntu bayibabaza kenshi.’​—ZAB. 78:40.

URURIRIMBO RWA 102 ‘Dufashe abagoyagoya’

INCAMAKE *

1. Bamwebamwe bamererwa gute iyo hari uwo mu muryango aciwe?

 HOBA hari uwo mu muryango wawe yaciwe mw’ishengero? Urazi ingene iyo bishitse bivuna umutima! Mushiki wacu yitwa Hilda, avuga ati: “Igihe umugabo wanje yapfa tumaranye imyaka 41, niyumvira ko ata kindi kintu combabaje kuruta ico. * Ariko igihe umuhungu wanje yaheba ukuri, akongera agata umugore n’abana, narahatswe gusara.”

Yehova aratahura umubabaro ugira igihe uwawe ahevye kumukorera (Raba ingingo ya 2-3) *

2-3. Twisunze Zaburi 78:40, 41, Yehova amererwa gute igihe abasavyi biwe bamuhevye?

2 Iyumvire ingene Yehova ategerezwa kuba yaravunitse umutima, igihe abamarayika bamwebamwe bo mu muryango wiwe bamugarariza! (Yuda 6) Iyumvire kandi ingene yababaye igihe abasavyi biwe yikundira, ari bo Bisirayeli, bamugarariza incuro n’izindi. (Soma Zaburi 78:40, 41.) Numenye neza rero ko n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru ababara igihe uwawe amuhevye. Aratahura umubabaro ufise. Azokuronsa indemesho ukeneye yongere agushigikire abigiranye impuhwe.

3 Muri iki kiganiro, turaza kubona ivyo twokora kugira ngo Yehova adufashe igihe hari uwacu yamuhevye. Turaza no kubona ingene twofasha abandi bo mw’ishengero bashikiwe n’ikintu nk’ico. Ariko rero, reka tubanze turabe ivyiyumviro bitari vyo twokwirinda.

NIWIRINDE KWITAKO UMWIKOMO

4. Abavyeyi benshi bamererwa gute iyo umwana wabo ahevye Yehova?

4 Igihe abavyeyi babonye umwana wabo ahevye Yehova, ni ibisanzwe ko biyumvira nimba hari ibindi bari gukora kugira ngo bamufashe kuguma mu kuri. Inyuma y’aho umuhungu w’umuvukanyi yitwa Luke aciriwe, Luke yavuze ati: “Naritayeko umwikomo. Naranarota nabi. Rimwe na rimwe nararira cane, nkumva ndatuntuye.” Mushiki wacu yitwa Elizabeth na we nyene yarashikiwe n’ikintu nk’ico. Yidoze ati: “Ni igiki ntakoze nk’umuvyeyi? Nabona ko ntashoboye kwigisha neza umuhungu wanje gukunda Yehova.”

5. Igihe umuntu ahevye Yehova riba ari ikosa rya nde?

5 Turakwiye kwibuka ko Yehova yahaye umwe wese muri twebwe ubushobozi bwo kwihitiramwo. Ivyo bisobanura ko dushobora guhitamwo kumugamburukira canke kutamugamburukira. Hari abakiri bato batafashijwe n’abavyeyi mugabo bahisemwo gukorera Yehova, kandi baguma bashikamye. Ariko hariho abandi usanga abavyeyi babo barakoze uko bashoboye kwose kugira ngo babarere bisunze Ivyanditswe, mugabo bakuze bagaca baheba ukuri. Uca wumva rero ko umwe wese muri twebwe ari we ategerezwa kwihitiramwo gukorera Yehova. (Yos. 24:15) Rero mwebwe bavyeyi mufise abana baciwe, nimwirinde kwiyumvira ko vyavuye kuri mwebwe.

6. Igihe umuvyeyi ahevye Yehova bishobora kugira ingaruka izihe ku mwana?

6 Birashika umuvyeyi agaheba ukuri, eka mbere agata n’umuryango. (Zab. 27:10) Ivyo vyoshobora kubabaza cane abana kuko baba biteze ko uwo muvyeyi ababera akarorero. Uwitwa Esther, aravuga ingene yamerewe igihe se wiwe yacibwa. Avuga ati: “Nararira kenshi kubera ko nabona ko atariko agenda akayombekere gusa. Yari yahisemwo guheba Yehova n’ibigirankana. Kubera ko nkunda dawe, igihe yacibwa naguma mpagaritse umutima nibaza ingene bizomugendera. Vyarashika mbere ngahahamuka.”

7. Yehova amererwa gute ku bijanye n’uwukiri muto afise umuvyeyi yaciwe?

7 Nimba uri uwukiri muto afise umuvyeyi yaciwe, turasangiye nawe umubabaro. Numenye ko na Yehova azi neza umubabaro ufise. Aragukunda akongera agashima n’ingene uguma uri intahemuka, kandi na twebwe abavukanyi bawe ni ukwo. Niwibuke kandi ko atari wewe watumye umuvyeyi wawe afata iyo ngingo. Nk’uko twabibonye, Yehova yarahaye umwe wese uburenganzira bwo kwihitiramwo. Vyongeye, umuntu wese yiyeguye akabatizwa, ategerezwa “[kwikorera] umutwaro wiwe bwite.”​—Gal. 6:5.

8. Abo mu muryango bokora iki mu kurindira ko uwabo yaciwe agaruka kuri Yehova? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Nugaruke kuri Yehova.”)

8 Igihe uwawe ahevye Yehova, birumvikana ko ugumana icizigiro c’uko umusi umwe azomugarukako. None wokora iki mu kurindira? Urakwiye kuguma ukomeza ukwizera kwawe. Ivyo bizotuma uha akarorero keza abandi bo mu muryango, kumbure mbere n’uwo yaciwe. Bizokuronsa kandi inkomezi ukeneye, kugira ngo wihanganire umubabaro. Reka turabe ibintu bimwebimwe wokora.

IVYO WOKORA KUGIRA NGO UGUME UKOMEZA UKWIZERA KWAWE

9. Ni mu buryo butandukanye ubuhe woronderera inkomezi kuri Yehova? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Ivyanditswe vyokuremesha igihe uwawe yahevye Yehova.”)

9 Nugumane urutonde rwiza mu vy’impwemu. Birahambaye ko uguma wikomeza ukongera ugakomeza abandi bo mu muryango. None wobigira gute? Nuronderere inkomezi kuri Yehova mu kuguma usoma Ijambo ry’Imana no mu kurizirikanako, be no mu kwitaba amakoraniro. Mwenewabo na Joanna be na se wiwe, barahevye ukuri. Joanna avuga ati: “Iyo nsomye inkuru z’abantu bavugwa muri Bibiliya, nka Abigayili, Esiteri, Yobu, Yozefu na Yezu, nca numva ntekanye mu mutima. Uburorero bwabo burandemesha, bugatuma ngira ivyiyumviro vyiza maze umubabaro nari mfise ugaca ugabanuka. Na za ndirimbo zacu zisanzwe na zo nyene zirandemesha cane.”

10. Twisunze Zaburi 32:6-8, ni igiki codufasha kwihanganira umubabaro?

10 Nubwire Yehova ibikuraje ishinga vyose. Igihe cose ugize umubabaro, ntureke kumusenga. Nutakambire Imana yacu idukunda igufashe kubona ivyo uriko uracamwo nk’uko ibibona, ‘itume ugira n’ugutahura kwimbitse yongere ikwigishe inzira ukwiye gucamwo.’ (Soma Zaburi 32:6-8.) Ego ni ko, vyoshobora kutakworohera kubwira Yehova uko wiyumva vy’ukuri. Ariko rero, Yehova aratahura neza umubabaro ufise. Aragukunda cane, kandi agutera akamo ngo umusukire ibiri ku mutima.​—Kuv. 34:6; Zab. 62:7, 8.

11. Twisunze Abaheburayo 12:11, ni kubera iki dukwiye kwizigira ugutoza indero Yehova atanga kuranga urukundo? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Guca umuntu mw’ishengero birerekana ko Yehova adukunda.”)

11 Nushigikire ingingo yafashwe. Guca umucumuzi ni intunganyo ya Yehova. Bose barungukira ku gutoza indero kwiwe ushizemwo n’uwacumuye. (Soma Abaheburayo 12:11.) Mw’ishengero hoshobora kugira uwuvuga nabi ingingo abakurambere bafashe yo guca umucumuzi, ariko ntihagire ico avuga ku bijanye n’amakosa y’uwo mucumuzi. Ntituba tuzi ivyabaye vyose. Ni co gituma ari vyiza kwizigira ko abakurambere bafashe iyo ngingo baba bakoze ibishoboka vyose, kugira ngo bakurikize Ivyanditswe bongere bace imanza “za Yehova.”​—2 Ngo. 19:6.

12. Ni ivyiza ibihe abantu bamwebamwe bironkeye kubera ko bashigikiye intunganyo ya Yehova yo guca umucumuzi?

12 Ushigikiye ingingo abakurambere bafashe yo guca uwawe, birashobora kumufasha kugaruka kuri Yehova. Umwe Elizabeth twavuga, agira ati: “Kwirinda kwifatanya n’umuhungu wacu ntivyari vyoroshe na gato.” Yongerako ati: “Ariko amaze kugaruka kuri Yehova, yavuze ko vyari bibereye ko acibwa. Mu nyuma yarakengurutse ivyigwa yahigiye. Nahavuye ntahura ko gutozwa indero na Yehova ari ikintu ciza.” Umugabo wiwe Mark na we avuga ati: “Haciye igihe, umuhungu wanje yarambwiye ko kimwe mu vyatumye yipfuza kugaruka, ari uko twirinze kwifatanya na we. Ndahimbawe cane no kubona Yehova yaradufashije kumugamburukira.”

13. Ni igiki cogufasha kwihanganira umubabaro?

13 Niwiture abagenzi bagutahura. Niwifatanye n’abakirisu bahumuye bashobora kugufasha kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza. (Imig. 12:25; 17:17) Umwe Joanna twavuga, agira ati: “Numva umengo ndi jenyene. Ariko kwitura abagenzi b’abizigirwa vyaramfashije kwihangana.” Mugabo tuvuge iki hamwe mw’ishengero hogira abasa n’abakubwira ibintu bituma urushiriza kugira umubabaro?

14. Kubera iki dukwiye ‘kubandanya kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi’?

14 Niwihanganire abavukanyi bawe. Tuvugishije ukuri, si bose bazovuga ibintu biremesha. (Yak. 3:2) Kubera ko twese tudatunganye, ntukwiye gutangara hamwe hogira abo bigora kuronka ivyo bavuga, canke mbere bakavuga ibikubabaza batabishaka. Niwibuke impanuro intumwa Paulo yatanze igira iti: “Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi.” (Kol. 3:13) Mushiki wacu umwe afise incuti yari yaraciwe avuga ati: “Yehova yaramfashije kubabarira abavukanyi bagerageje kundemesha mugabo bakabigira mu buryo butari bwo.” None ishengero ryokora iki kugira ngo rifashe abandi bo mu muryango urimwo uwaciwe?

ISHENGERO RIRASHOBORA GUFASHA

15. Ni igiki cofasha abo mu muryango bafise uwuheruka gucibwa?

15 Nugaragarize umutima mwiza abo mu muryango urimwo uwaciwe. Mushiki wacu yitwa Miriam avuga ko kuja ku makoraniro vyamuhagarika umutima, inyuma y’aho musazawe aciriwe. Avuga ati: “Naratinya ivyo abantu bovuze. Ariko hari abagenzi beza twasangira umubabaro batiriwe baravuga nabi musanzanje yari yaciwe. Baratumye numva ko ntari jenyene.” Uwundi mushiki wacu avuga ati: “Inyuma y’aho umuhungu wacu aciriwe, abagenzi baraje kuturemesha. Bamwebamwe bariyemereye ko vyabagora kuronka ico bavuga. Bamwe twararirana, abandi bakandungikira agakete. Ivyo bankoreye vyaramfashije cane!”

16. Ishengero ryobandanya gute gushigikira abo mu muryango urimwo uwaciwe?

16 Nubandanye gushigikira abo mu muryango urimwo uwaciwe. Ubu kuruta ikindi gihe cose, barakeneye ko ubagaragariza urukundo ukongera ukabaremesha. (Heb. 10:24, 25) Abo mu muryango urimwo uwaciwe, vyarashitse na bo nyene barabona ko hari abo mw’ishengero babakumiriye. Ntitwipfuza ko ivyo bibashikira. Abakiri bato bafise abavyeyi bahevye ukuri, barakeneye canecane ko tubakeza tukongera tukabaremesha. Mushiki wacu yitwa Maria afise umugabo yigeze gucibwa agaheba n’umuryango, avuga ati: “Bamwebamwe mu bagenzi banje baraza imuhira bakamfasha guteka no kwigisha abana. Baratahura umubabaro mfise kandi bakarirana nanje. Igihe abantu baba bamvuzeko ibinyoma, baramvugira. Ntiworaba ingene bandemesheje cane!”​—Rom. 12:13, 15.

Ishengero rirashobora gushigikira abo mu muryango urimwo uwaciwe ribigiranye urukundo (Raba ingingo ya 17) *

17. Abakurambere boremesha gute abari mu mubabaro?

17 Yemwe bakurambere, nimukoreshe uturyo twose muronka kugira ngo mukomeze abo mu muryango urimwo uwaciwe. Murafise ibanga ridasanzwe ryo kuremesha abo musangiye ukwemera bafise uwo mu muryango yahevye Yehova. (1 Tes. 5:14) Nimwibwirize kubaremesha imbere y’amakoraniro n’inyuma yayo. Nimubagendere mwongere musengere hamwe. Nimukorane mu ndimiro canke muze murabatumira mu gusenga kwo mu muryango. Abungere b’intama za Yehova barakwiye kwitwararika intama ziri mu mubabaro, mu kuzigaragariza impuhwe n’urukundo.​—1 Tes. 2:7, 8.

NUGUMANE ICIZIGIRO KANDI UGUME WIZIGIYE YEHOVA

18. Twisunze 2 Petero 3:9, Imana yipfuza ko abacumuzi bakora iki?

18 Yehova “[nta]shaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashika ku kwigaya.” (Soma 2 Petero 3:9.) Naho umuntu yokora igicumuro gikomeye, Imana iguma ibona ko ubuzima bwiwe ari ubw’agaciro. Niwibuke ko Yehova yarishe igiciro kinini cane, ni ukuvuga ubuzima bw’Umwana wiwe akunda, kugira ngo akize abacumuzi. Yehova abigiranye impuhwe, aragerageza gufasha abo bacumuzi ngo bamugarukeko. Arizigiye ko bazomugarukako, nk’uko tubibona muri wa mugani wa Yezu w’umwana w’icangazi. (Luka 15:11-32) Benshi mu bari barahevye ukuri, mu nyuma baragarutse ku Muvyeyi wabo wo mw’ijuru abakunda. Ishengero na ryo ryarabakiranye igishika. Umwe Elizabeth twavuga, yarahimbawe no kubona umuhungu wiwe agarukanwa. Atereje amaso inyuma, avuga ati: “Ndakengurukira cane abaturemesheje kugumana icizigiro.”

19. Kubera iki dukwiye kwama twizigira Yehova?

19 Turakwiye kwama twizigira Yehova. Ntiyigera adusaba gukora ikintu kitugirira nabi. Ni Umuvyeyi atanga cane kandi w’impuhwe, akunda cane abantu bose bamukunda bakongera bakamusenga. Numenye neza ko Yehova atazokwigera aguheba mu gihe c’umubabaro. (Heb. 13:5, 6) Umwe Mark twavuga, agira ati: “Yehova ntiyigeze aduheba. Atwama hafi igihe turi mu ngorane.” Yehova azobandanya kuguha “ububasha burengeye ubusanzwe.” (2 Kor. 4:7) Ego cane, urashobora kuguma uri intahemuka kandi ufise icizigiro n’igihe uwawe ahevye Yehova.

URURIRIMBO RWA 44 Isengesho ry’umuntu mutoyi

^ ing. 5 Ese ukuntu bibabaza iyo uwawe ahevye Yehova! Iki kiganiro, kiratwereka ingene Imana yacu imererwa igihe ivyo bishitse. Kirerekana ibintu ngirakamaro abasigaye bo mu muryango bokora, kugira ngo bihanganire umubabaro bongere bagume bakomeza ukwizera kwabo. Kirerekana n’ingene abagize ishengero bose boremesha uwo muryango bakongera bakawushigikira.

^ ing. 1 Muri iki kiganiro bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 79 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Igihe umuvukanyi ahevye umuryango wiwe be na Yehova, umugore wiwe n’abana babo baratuntura.

^ ing. 81 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Abakurambere babiri baje kuremesha umuryango wo mw’ishengero ryabo.