Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 35

Nuhe agaciro abavukanyi na bashiki bacu bitereye mu myaka

Nuhe agaciro abavukanyi na bashiki bacu bitereye mu myaka

“Imvi ku mutwe ni urugori rw’ubwiza.”​—IMIG. 16:31.

URURIRIMBO RWA 138 Ubwiza bw’imvi

INCAMAKE *

1-2. (a) Twisunze Imigani 16:31, dukwiye kubona gute abitereye mu myaka b’abizigirwa? (b) Iki kiganiro kiza kwishura ibibazo ibihe?

 ABAJA kuratira ijisho ikibanza kimwe co kwisamarizamwo co muri Arkansas muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, boshobora kugenda barabona hasi ubutare bwitwa diyama. Ariko rero ubwo butare ntibuba burahingurwa. Ivyo birashobora gutuma abantu benshi bahagendera batamenya ko ari ubutare bw’agaciro, maze bakabucako birenganira.

2 Hari ukuntu abavukanyi na bashiki bacu bitereye mu myaka bameze nk’ubwo butare bwa diyama. Ni itunga ry’agaciro. Ijambo ry’Imana rigereranya imvi zabo n’urugori. (Soma Imigani 16:31; 20:29) Ariko rero, twoshobora kwirengagiza iryo tunga bitagoranye. Abakiri bato babona ko abitereye mu myaka ari itunga, barashobora kwironkera ikintu c’agaciro kiruta kure n’iyo itunga ry’umubiri. Iki kiganiro kiraza kwishura ibibazo bitatu: Kubera iki Yehova abona ko abitereye mu myaka b’abizigirwa bameze nk’itunga? Bafise ikibanza ikihe mw’ishirahamwe rya Yehova? Twokwungukira gute bimwe bishitse ku karorero kabo?

IGITUMA YEHOVA ABONA ABITEREYE MU MYAKA B’ABIZIGIRWA NK’ITUNGA

Abitereye mu myaka b’abizigirwa bari n’agaciro kuri Yehova Imana no ku basavyi biwe (Raba ingingo ya 3)

3. Twisunze Zaburi 92:12-15, kubera iki Yehova aha agaciro abitereye mu myaka b’abizigirwa?

3 Yehova Imana araha agaciro abitereye mu myaka b’abizigirwa. Arabona ico bari imbere, akongera agashima kamere nziza cane bafise. Arahimbarwa iyo abitereye mu myaka basangiye n’abakiri bato utuntu n’utundi bagiye baramenya mu murimo baranguye badahemuka. (Yobu 12:12; Imig. 1:1-4) Yehova arashima kandi ukwihangana kwabo. (Mal. 3:16) Naho bagiye barashikirwa n’ingorane mu buzima, bagumye bizigira Yehova. Ubu bararushirije kwizigira ivyo Yehova yasezeranye kuruta igihe batangura kwiga ukuri. Vyongeye, Yehova arabakunda kubera ko babandanya gutangaza izina ryiwe n’ubu “bari n’imvi ku mutwe.”​—Soma Zaburi 92:12-15.

4. Ni ivyiyumviro ibihe vyoremesha abavukanyi na bashiki bacu bitereye mu myaka?

4 Nimba uriko uriterera mu myaka, numenye neza ko Yehova yibuka igikorwa wamuranguriye muri kahise. (Heb. 6:10) Warashigikiye igikorwa co kwamamaza ubigiranye umwete, kandi ivyo birahimbara Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Warihanganiye ibigeragezo, ushizemwo mbere n’ibivuna umutima, urashigikira ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigororotse, uritwararika ibikorwa bitoroshe, wongera uramenyereza abandi. Warakoze uko ushoboye kwose kugira ngo ugume ujana n’ishirahamwe rya Yehova ritera imbere ryihuta. Warashigikiye abari mu murimo w’igihe cose wongera urabaremesha. Yehova aragukunda cane kubera ko wagumye uri intahemuka. Asezerana ko “[ata]zoheba intahemuka ziwe.” (Zab. 37:28) Aduhumuriza ati: “Gushika mugize imvi ku mutwe, jewe nzoguma ndabashigikiye.” (Yes. 46:4) Ntiwiyumvire rero ko ata co ukimaze mw’ishirahamwe rya Yehova ngo ni uko witereye mu myaka. Emwe, uri n’agaciro kanini!

ABITEREYE MU MYAKA BARAFISE IKIBANZA MW’ISHIRAHAMWE RYA YEHOVA

5. Abitereye mu myaka bakwiye kuguma bibuka iki?

5 Abitereye mu myaka barafise vyinshi bofasha. Naho boba batagifise inguvu nka kera, barafise ibintu vyinshi bagiye baramenya uko imyaka yagiye irakurikirana. Yehova arashobora kubandanya abakoresha mu buryo butandukanye, nk’uko uburorero bwa kera be n’ubw’ubu tugiye kurimbura buvyerekana.

6-7. Vuga uburorero bw’abitereye mu myaka bavugwa muri Bibiliya bahezagiwe kubera umurimo baranguye badahemuka.

6 Bibiliya irimwo uburorero bw’abantu b’abizigirwa bagumye bakorera Yehova no mu busaza bwabo. Nk’akarorero, Musa yari afise imyaka nka 80 igihe Yehova yamushinga ibanga ryo kuba umuhanuzi no kuyobora ihanga rya Isirayeli. Yehova yagumye akoresha Daniyeli nk’umuhanuzi n’igihe ashobora kuba yari arengeje imyaka 90. Intumwa Yohani na we nyene ashobora kuba yari arengeje imyaka 90 igihe Imana yamuhumekera kwandika igitabu c’Ivyahishuwe.

7 Hari abandi bantu b’abizigirwa batamenyekanye cane, ku buryo abantu bashobora kuba batitayeho ivyabo. Yehova we yarababonye yongera arabahezagira kubera ukudahemuka kwabo. Nk’akarorero, naho Bibiliya ivuga bikeya ku bijanye na Simeyoni wa mugabo ‘w’umugororotsi yatinya Imana,’ Yehova yari amuzi kandi yaramuteye agateka ko kubona Yezu akiri uruyoya no kuvuga ubuhanuzi ku bijanye n’uwo mwana be na nyina wiwe. (Luka 2:22, 25-35) Zirikana kandi wa muhanuzikazi w’umupfakazi Ana. Naho yari afise imyaka 84 “[ntiyi]gera ahara mu rusengero.” Ukwo kwama yitaba amakoraniro kwaratumye ahezagirwa cane kubera ko na we nyene yabonye Yezu akiri uruyoya. Simeyoni na Ana bompi bari ab’agaciro kuri Yehova.​—Luka 2:36-38.

Naho mushiki wacu Didur arengeje imyaka 80, aguma akorera Yehova adahemuka (Raba ingingo ya 8)

8-9. Abapfakazi babandanya gute kugira ico baterereye mw’ishirahamwe rya Yehova?

8 No mu bihe vya none, abitereye mu myaka benshi b’abizigirwa barabera akarorero keza abakiri bato. Zirikana ivyerekeye mushiki wacu yitwa Lois Didur. Yari afise imyaka 21 gusa igihe yaba umutsimvyi adasanzwe muri Kanada. Inyuma y’aho, we n’umugabo wiwe John baramaze imyaka itari mike mu gikorwa co kugendera amashengero. Mu nyuma, baramaze imyaka irenga 20 bakorera kuri Beteli yo muri Kanada. Igihe Lois yari afise imyaka 58, barasabwe kuja gukorera muri Ukraine. None bavyakiriye gute? Boba biyumviriye ko bari bashaje ku kuryo batoja gukorera mu kindi gihugu? Baremeye kujayo, maze John aca agenwa kuba mu bagize Komite y’ishami. Haciye imyaka indwi John yarapfuye, Lois aca ahitamwo kugumayo. Naho ubu Lois afise imyaka 81, aracakorera kuri Beteli yo muri Ukraine kandi abagize umuryango wa Beteli bose baramukunda cane.

9 Abapfakazi nka Lois boshobora kutamenyekana cane nk’igihe abagabo babo bari bakiriho. Naho ari ukwo, kuba ari abapfakazi ntibigabanya agaciro bafise. Yehova araha agaciro cane bashiki bacu bamaze imyaka bashigikira abagabo babo, kandi n’ubu bakibandanya kumukorera badahemuka. (1 Tim. 5:3) Vyongeye, bararemesha cane abakiri bato.

10. Ni akarorero keza akahe Tony yatanze?

10 Abitereye mu myaka benshi b’abizigirwa baba mu bigo bijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru, na bo nyene ni itunga ryo mu vy’impwemu. Nk’akarorero, umuvukanyi umwe yitwa Tony aba muri mwene ivyo bigo. Yabatirijwe i Pensilivaniya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, muri Myandagaro 1942 afise imyaka 20. Haciye igihe gito abatijwe, yarasabwe kuja mu gisoda mugabo aravyanka, aca apfungwa imyaka ibiri n’inusu. We n’umukenyezi wiwe Hilda barereye abana babo babiri mu kuri. Mu kiringo c’imyaka itari mike, Tony yarakoreye mu mashengero atatu ari umucungezi muhagarikizi (uwitwa umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere ubu) yongera aba umucungezi w’iteraniro ry’umuzunguruko. Yaraja mw’ibohero guhagarikira amakoraniro no kuyobora inyigisho za Bibiliya. N’ubu Tony aracakorana umwete naho afise imyaka 98. Aguma yitanga uko ashoboye kwose mu gukorera Yehova no mu gukorana n’ishengero arimwo.

11. Twokwerekana gute ko duha agaciro abitereye mu myaka bari mu bigo bibungabunga abageze mu zabukuru canke batakiva muhira?

11 None twotera iteka gute abitereye mu myaka bari mu bigo bijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru canke batakiva muhira? Igihe cose bishoboka, abakurambere barakwiye kubafasha kuguma bifatanya n’ishengero. Umwumwe wese muri twebwe arashobora kubitwararika mu kubagendera canke mu kubayagisha biciye ku buhinga bwa none. Turakwiye kwitwararika cane abitereye mu myaka boshobora kuba babungabungiwe mu nyubakwa iri kure y’ishengero ryabo. Tutabaye maso twoshobora kubirengagiza. Bamwe muri bo vyoshobora kubagora kuvuga ibiberekeye canke mbere bakabona ko bitabereye. Ariko nitwafata umwanya wo kubayagisha no kubumviriza igihe batuyagira ibintu biteye umunezero biboneye mw’ishirahamwe rya Yehova, tuzohungukira cane.

12. Ni bande twoshobora gusanga mw’ishengero iwacu?

12 Twoshobora gutangara dusanze mw’ishengero iwacu hariho abitereye mu myaka b’abizigirwa batanga akarorero keza. Mushiki wacu yitwa Harriette yaramaze imyaka itari mike akorera Yehova adahemuka ari mw’ishengero ry’iwabo i New Jersey, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mu nyuma yarimutse aja kubana n’umukobwa wiwe. Abavukanyi bo mw’ishengero yimukiyemwo, barafashe umwanya wo kumumenya basanga n’itunga. Yarabateye inkuru ziremesha zijanye n’ingene bamamaza igihe yatangura kumenya ukuri mu myaka ya 1920. Ico gihe, agiye mu ndimiro yama yitwaza uburoso bw’amenyo yiteguriye ko bohava bamufata. Nkako, mu 1933 yapfunzwe incuro zibiri, akaza aramara indwi yose mw’ibohero. Naho umugabo wiwe atari Icabona, muri ivyo biringo yaramushigikiye mu kwitwararika abana babo batatu bakiri bato. Mu vy’ukuri, birabereye ko dutera iteka abavukanyi na bashiki bacu b’abizigirwa bitereye mu myaka nka Harriette.

13. Twize iki ku bijanye n’ikibanza abitereye mu myaka bafise mw’ishirahamwe rya Yehova?

13 Abavukanyi na bashiki bacu bitereye mu myaka bararangura uruhara ruhambaye mw’ishirahamwe rya Yehova. Bariboneye ingene Yehova yagiye arahezagira ishirahamwe ryiwe mu buryo butandukanye, baribonera n’ingene yabahezagiye ubwabo. Barakuye ivyigwa bihambaye ku makosa bakoze. Nubabone nk’“iriba ry’ubukerebutsi,” ubigireko utuntu n’utundi. (Imig. 18:4) Hamwe wofata umwanya wo kubamenya, ukwizera kwawe kurashobora gukomera kandi ntihobura ico ubigirako.

NIWUNGUKIRE BIMWE VYUZUYE KU KARORERO K’ABITEREYE MU MYAKA

Nka kumwe Elisha yungukira ku kuba kumwe na Eliya, abavukanyi na bashiki bacu barungukira ku tuntu n’utundi abamaze igihe kirekire bakorera Yehova babiganira (Raba ingingo ya  14-15)

14. Mu Gusubira mu vyagezwe 32:7 haremesha abakiri bato gukora iki?

14 Niwibwirize kuganira n’abitereye mu myaka. (Soma Gusubira mu vyagezwe 32:7.) Ni ivy’ukuri ko boshobora kuba batakibona neza, batakinyaruka nk’uko bahora, kandi ijwi ryabo ritacumvikana neza. Ariko mu mutima baba bacipfuza gukora, kandi baba barihesheje “izina ryiza” kuri Yehova. (Umus. 7:1) Niwibuke igituma Yehova abaha agaciro. Nubandanye kubatera iteka. Numere nka Elisha, uwasavye ashimitse ko bogumana na Eliya ku musi wa nyuma bamaranye. Incuro zitatu zose Elisha yavuze ati: “Ntituvana.”​—2 Abm. 2:2, 4, 6.

15. Ni ibibazo ibihe twobaza abitereye mu myaka?

15 Niwitwararike abitereye mu myaka ubikuye ku mutima, mu kubayagisha neza. (Imig. 1:5; 20:5; 1 Tim. 5:1, 2) Nk’akarorero wobabaza uti: “Ukiri muto, ni igiki cakujijuye ko wubuye ukuri?” “Ivyagushikiye vyagufashije gute kurushiriza kwiyegereza Yehova?” “Ni ibiki vyagufashije kugumana umunezero mu murimo wa Yehova?” (1 Tim. 6:6-8) Nuce wumviriza witonze ivyo bakuyagira.

16. Igihe uwitereye mu myaka n’uwukiri muto bayaga bibagirira akamaro gute?

16 Igihe uwitereye mu myaka ayaga n’uwukiri muto, bompi birabagirira akamaro. (Rom. 1:12) Uwukiri muto azorushiriza gukenguruka uburyo Yehova yitwararika abasavyi biwe b’abizigirwa, uwitereye mu myaka na we yumve ko atewe iteka. Azohimbarwa no kumwiganira ingene Yehova yagiye aramuhezagira.

17. Kubera iki twovuga ko abitereye mu myaka b’abizigirwa barushiriza kuba beza uko imyaka irengana?

17 Mu bisanzwe, uko umuntu asaza ni ko ubwiza bwo ku mubiri bugabanuka. Ariko abaguma ari intahemuka kuri Yehova, abona ko baguma barushiriza kuba beza uko umwaka utashe. (1 Tes. 1:2, 3) Kubera iki ukwo ari ukuri? Kubera yuko uko imyaka yagiye irarengana baretse impwemu y’Imana ikabamenyereza, ikongera igatuma bagira kamere nziza. Uko turushiriza kumenya abavukanyi na bashiki bacu twikundira bitereye mu myaka, tukabatera iteka kandi tukagira ivyo tubigiyeko, ni ko turushiriza kubona ko ari itunga ntangere.

18. Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

18 Igihe abakiri bato baha agaciro abitereye mu myaka, ishengero rirarushiriza gukomera. Ni na ko bigenda igihe abitereye mu myaka baha agaciro abakiri bato. Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ingene abitereye mu myaka bokwerekana ko baha agaciro abakiri bato bo mw’ishengero.

URURIRIMBO RWA 144 Guma uraba ku gashimwe!

^ ing. 5 Abavukanyi na bashiki bacu bitereye mu myaka bameze nk’itunga ry’agaciro. Iki kiganiro kiraza kuturemesha kurushiriza kubaha agaciro, congere kitwereke ingene twokwungukira bimwe vyuzuye ku tuntu n’utundi bazi. Kiraza no guhumuriza abitereye mu myaka ko bafise ikibanza gihambaye mw’ishirahamwe ry’Imana.