Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 37

“Nzotigitisha amahanga yose”

“Nzotigitisha amahanga yose”

“Nzotigitisha amahanga yose, maze ibintu bihimbaye vyo mu mahanga yose bizoza ata kabuza.”​—HAG. 2:7.

URURIRIMBO RWA 24 Nimuze ku musozi wa Yehova

INCAMAKE *

1-2. Ni ugutigita ukuhe kw’ikigereranyo kwari kwaravuzwe ko kwobaye muri iki gihe?

 “MU KANYA gatoya, twagiye tubona amaduka be n’inyubakwa zishaje bitangura guhenagurika.” “Abantu bose baratekewe n’ubwoba . . . Abenshi bavuze ko vyamaze nk’iminota ibiri gusa. Ariko kuri jewe wamenga bimaze umwaka.” Ivyo vyavuzwe n’abantu bamwebamwe barokotse nyamugigima yateye muri Népal mu 2015. Hamwe woshikirwa n’ibintu nk’ivyo biteye ubwoba, ntiwopfa waravyibagiye.

2 Ariko rero, muri iki gihe nyene hariko haraba ugutigita gutandukanye n’ukwo, kukaba kutabera mu gisagara kimwe canke mu gihugu kimwe. Ahubwo kubera mu mahanga yose, kandi kumaze imyaka itari mike kuriko kuraba. Ukwo gutigita kwari kwaravuzwe n’umuhanuzi Hagayi. Yavuze ati: “Ibi [ni] vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Rindi rimwe, mu kanya gato, ngira ntigitishe amajuru n’isi n’ikiyaga n’ubutaka bwumutse.’”​—Hag. 2:6.

3. Ukwo gutigita kw’ikigereranyo gutandukaniye he na nyamugigima iyo ari yo yose?

3 Ukwo gutigita Hagayi avuga, kuratandukanye na nyamugigima, kuko yoyo isambura gusa. Ukwo gutigita kwokwo kuvamwo ibintu vyiza. Yehova ubwiwe atubwira ati: “Nzotigitisha amahanga yose, maze ibintu bihimbaye vyo mu mahanga yose bizoza ata kabuza; nzokwuzuza iyi nzu ubuninahazwa.” (Hag. 2:7) None ivyo vyasobanura iki ku bantu bo mu gihe ca Hagayi? Vyongeye, bisobanura iki kuri twebwe muri iki gihe? Turaza kuronka inyishu z’ivyo bibazo, twongere tubone ingene tugira uruhara mu gutigitisha amahanga muri iki gihe.

UBUTUMWA BWAREMESHA ABO MU GIHE CA HAGAYI

4. Kubera iki Yehova yarungitse umuhanuzi Hagayi ku basavyi biwe?

4 Yehova yarashinze umuhanuzi Hagayi igikorwa gihambaye cane. Zirikana uko ibintu vyari vyifashe. Hagayi ashobora kuba yari mu basubiye i Yeruzalemu bavuye mu bunyagano i Babuloni mu 537 imbere ya Kristu. Haciye igihe gito bashitse i Yeruzalemu, abo basavyi ba Yehova b’abizigirwa baciye bashinga umushinge w’inzu ya Yehova, ari rwo rusengero. (Ezr. 3:8, 10) Ariko hataraca igihe kirekire, hari ikintu kibabaje cabaye. Abansi barabarwanije bituma bacika intege, baca barahagarika ico gikorwa. (Ezr. 4:4; Hag. 1:1, 2) Mu 520 rero, Yehova yaciye arungika Hagayi ngo aje kubatera intege, kugira ngo basozere kwubaka urwo rusengero. *​—Ezr. 6:14, 15.

5. Kubera iki ubutumwa bwa Hagayi butegerezwa kuba bwararemesheje abasavyi b’Imana?

5 Ubutumwa bwa Hagayi, bwari bugenewe gutuma Abayuda barushiriza kwizera Yehova. Uwo muhanuzi abigiranye umutima rugabo, yabwiye Abayuda bari bacitse intege ati: “‘Mukomere namwe banyagihugu mwese,’ ni ko Yehova avuze, ‘hanyuma mukore. Kuko ndi kumwe namwe,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.” (Hag. 2:4) Iyo mvugo ngo “Yehova nyen’ingabo” itegerezwa kuba yarabaremesheje. Yehova arafise ingabo nyinshi z’abamarayika ategeka, akaba ari co gituma abo Bayuda bari bakwiye kumwizigira kugira ngo baroranirwe muri ico gikorwa.

6. Ugutigitisha amahanga Hagayi yavuze kwovuyemwo iki?

6 Yehova yarahumekeye Hagayi, kugira ngo ashikirize ubutumwa bwerekeye ugutigitisha amahanga yose mu buryo bw’ikigereranyo. Ubwo butumwa bwararemesheje abariko barubaka urwo rusengero bari bacitse intege, ko Yehova yari agiye gutigitisha Ubuperesi, ico gihe bukaba bwari inganji nganzasi yari igizwe n’amahanga menshi. None ukwo gutigitisha amahanga kwovuyemwo iki? Ubwa mbere, abasavyi b’Imana boheraheje kwubaka urwo rusengero. Mu nyuma, mbere n’abatari Abayuda, bokwifatanije na bo mu gusengera Yehova muri urwo rusengero rwobaye rwasubiye kwubakwa. Ese ukuntu ubwo butumwa butegerezwa kuba bwararemesheje abasavyi b’Imana!​—Zek. 8:9.

IGIKORWA GITIGITISHA ISI MURI IKI GIHE

Woba uriko uragira uruhara mu gikorwa co gutigitisha amahanga kiriko kiraba muri iki gihe? (Raba ingingo ya 7-8) *

7. Ni igikorwa ikihe co gutigitisha amahanga tugiramwo uruhara muri iki gihe? Sigura.

7 None ubwo buhanuzi bwa Hagayi busobanura iki muri iki gihe? N’ubu Yehova ariko aratigitisha amahanga yose, kandi na twebwe turabigiramwo uruhara. Zirikana iki kintu: Mu 1914, Yehova yarimitse Yezu Kristu, aba Umwami w’Ubwami bwiwe mw’ijuru. (Zab. 2:6) Ishingwa ry’ubwo Bwami, ryabaye inkuru mbi ku bategetsi b’isi. Ivyo vyasobanura ko “ibihe vyashinzwe vy’amahanga” vyari birangiye, ni ukuvuga ko igihe ata mutegetsi yariho aserukira Yehova kw’isi cari kirangiye. (Luka 21:24) Ku bw’ivyo, canecane kuva mu 1919, Ivyabona vya Yehova bagiye barabwira abantu ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene bari bakwiye kwizigira. Ico gikorwa co kwamamaza “inkuru nziza y’ubwami” caratigitishije isi yose.​—Mat. 24:14.

8. Twisunze Zaburi 2:1-3, amahanga menshi yakiriye gute ubwo butumwa?

8 None abantu bakiriye gute ubwo butumwa? Abenshi barabwiyamirije. (Soma Zaburi 2:1-3.) Amahanga yaragiye mu ruhagarara. Baranse kwemera Umutegetsi yagenywe na Yehova. Ubutumwa bw’Ubwami twamamaza, ntibabona ko ari “inkuru nziza.” Nkako, intwaro zimwezimwe zaranabujije ico gikorwa co kwamamaza. Mbere naho abategetsi benshi b’ayo mahanga bavuga ko bakorera Imana, ntibashaka kuva ku butegetsi. Nka kumwe kw’abatware bo mu gihe ca Yezu, abatware bo muri iki gihe bararwanya Uwo Yehova yarobanuye, mu kugaba ibitero ku bigishwa biwe b’intahemuka.​—Ivyak. 4:25-28.

9. Yehova yakira gute inyifato mbi y’amahanga?

9 None Yehova yakira gute inyifato mbi y’ayo mahanga? Muri Zaburi 2:10-12 hishura hati: “None rero, emwe mwa bami, nimukoreshe ugutahura kwimbitse; nimwemere mukosorwe, emwe mwa bacamanza b’isi. Nimukorere Yehova hariko n’ugutinya, munezerwe hariko n’ukujugumira. Nimusome wa mwana, Imana ntirurumbe ishavu kandi ntimuyogere ngo muve mu nzira, kuko ishavu ryiwe rirurumba bitagoranye. Hahiriwe abo bose bahungira muri we.” Yehova abigiranye umutima mwiza, araha akaryo abo bantu bamurwanya kugira ngo bisubireko. Biracashoboka ko bahindura ivyiyumviro vyabo, maze bakemera Ubwami bwa Yehova. Ariko rero, akanya kariko karabaherana. Turi mu “misi ya nyuma” y’iyi si mbi. (2 Tim. 3:1; Yes. 61:2) Ubu birihuta kuruta ikindi gihe cose ko abantu barondera kumenya ukuri, maze bagahitamwo gukorera Yehova.

IVYIZA BIVA KU GUTIGITISHA AMAHANGA

10. Muri Hagayi 2:7-9, havuga ivyiza ibihe biva ku gutigitisha amahanga?

10 Ugutigitisha kw’ikigereranyo Hagayi yavuze, kuravamwo ivyiza ku bantu bamwebamwe. Avuga yuko ukwo gutigitisha amahanga, gutuma “ibintu bihimbaye [ni ukuvuga abantu bafise agatima kabereye] vyo mu mahanga yose [biza]” gusenga Yehova. * (Soma Hagayi 2:7-9.) Yesaya na Mika, na bo nyene baravuze ibintu bisa n’ivyo vyobaye mu misi ya nyuma.​—Yes. 2:2-4; Mika 4:1, 2.

11. Igihe umuvukanyi umwe yatangura kwumva ubutumwa bw’Ubwami, yavyakiriye gute?

11 Raba ingene ubwo butumwa butigitisha isi bwagize ico bukoze ku muvukanyi yitwa Ken, akorera ku cicaro gikuru. Aracibuka neza igihe yatangura kwumva ubutumwa bw’Ubwami, ubu hakaba haciye imyaka nka 40. Ken avuga ati: “Igihe natangura kwumva ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana, narahimbawe cane no kumenya ko tubayeho mu misi ya nyuma y’iyi si mbi. Narabonye ko kugira ngo nshimwe n’Imana kandi nze ndonke ubuzima budahera, nategerezwa kuvavanura n’iyi si, maze nkaja ku ruhande rwa Yehova. Narasenze, hanyuma nca ndabikora ntatebaganye. Naciye mpeba isi maze mpungira ku Bwami bw’Imana, ubudashobora kunyiganyizwa.”

12. Urusengero rwa Yehova rwo mu buryo bw’impwemu rwujujwe gute ubuninahazwa muri iyi misi ya nyuma?

12 Biribonekeza neza ko Yehova yagiye arahezagira abasavyi biwe. Muri iyi misi ya nyuma, twariboneye ingene abasavyi biwe bagiye bariyongera cane. Mu 1914, twari ibihumbi bikeya gusa. Ubu turenga imiliyoni umunani, kandi buri mwaka abantu amamiliyoni barifatanya natwe mu guhimbaza Icibutso c’urupfu rwa Yezu. Ivyo vyatumye ibigo vyo kw’isi vy’urusengero rwa Yehova rwo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga intunganyo yashizeho ijanye n’ugusenga gutyoroye, vyuzura “ibintu bihimbaye vyo mu mahanga yose.” Ivyo vyatumye kandi izina rya Yehova rininahazwa, kubera amahinduka abo bantu bagize bakambara umuntu mushasha.​—Ef. 4:22-24.

Abasavyi ba Yehova bo hirya no hino kw’isi barabwiye abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana babigiranye umunezero (Raba ingingo ya 13)

13. Ibintu bishimishije biriko biraba vyashikije ubundi buhanuzi ubuhe? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

13 Ivyo bintu bishimishije vyagiye biraba, vyarashikije ubundi buhanuzi, nk’akarorero ubwo dusanga muri Yesaya ikigabane ca 60. Umurongo wa 22 ugira uti: “Umutoyi azocika igihumbi, uwo hasi na we acike ihanga rikomeye. Jewe Yehova, nzovyihutisha mu gihe cavyo.” Kubera ko abantu benshi baguma baza mu gusenga kw’ukuri, hariho ikintu gitangaje gica kiba. Abo bantu, ari vyo “bintu bihimbaye,” baza bazanye ubuhinga butandukanye, bafise n’umutima ukunze wo kwamamaza “inkuru nziza y’Ubwami.” Ivyo bituma abasavyi ba Yehova bikora kuri ubwo buhinga, ubwo Yesaya yise “amaberebere y’amahanga.” (Yes. 60:5, 16) Abo bagabo n’abagore twikundira bariko baragira ico baterereye cane, ku buryo igikorwa co kwamamaza kiriko kirarangurwa mu bihugu 240, ibitabu na vyo bigasohorwa mu ndimi zirenga 1.000.

IGIHE CO GUFATA INGINGO

14. Ni ingingo iyihe abantu bategerezwa gufata muri iki gihe?

14 Muri iki gihe c’iherezo, ugutigitisha amahanga kuriko kuratuma abantu berekana aho bahagaze. Boba bazoshigikira Ubwami bw’Imana canke bazokwizigira intwaro z’iyi si? Iyo ni ingingo abantu bose bategerezwa gufata. Naho abasavyi ba Yehova bagamburuka amategeko y’igihugu babamwo, baguma ata ho bahengamiye namba mu vya politike. (Rom. 13:1-7) Barazi ko ubwo Bwami bwonyene ari bwo bushoboye gutorera umuti ingorane zihanze abantu. Ubwo Bwami si ubwo muri iyi si.​—Yoh. 18:36, 37.

15. Igitabu c’Ivyahishuwe cerekana gute ko ukudahemuka kw’abasavyi b’Imana kuzogeragezwa bimwe bikomeye?

15 Igitabu c’Ivyahishuwe kirerekana ko ukudahemuka kw’abasavyi b’Imana kuzogeragezwa mu misi y’iherezo. Ukwo kugeragezwa kuzoguma kurushiriza gukomera. Intwaro z’iyi si zizoduhatira kuzisenga, zongere zitoteze abanka kuzishigikira. (Ivyah. 13:12, 15) “[Zizo]hāta abantu bose, abato n’abahambaye, abatunzi n’aboro, abidegemvya n’abashumba, kugira ngo bashirweko ikimenyetso ku kuboko kwabo kw’ukuryo canke ku ruhanga rwabo.” (Ivyah. 13:16) Mu bihe vya kera, abashumba barashirwako ikimenyetso cerekana uwo begukira. No muri kino gihe, abantu bitega ko uwo ari we wese ashirwako ikimenyetso c’ikigereranyo, ku kuboko kwiwe canke ku ruhanga rwiwe. Ivyo abo bantu bashirwako ikimenyetso biyumvira canke bakora, birerekana yuko begukira intwaro z’iyi si, be n’uko bazishigikira.

16. Kubera iki vyihutirwa ko turushiriza kuba intahemuka kuri Yehova ubu?

16 Twoba tuzokwemera gushirwako ico kimenyetso c’ikigereranyo, maze tugashigikira intwaro z’abantu? Abanka gushirwako ico kimenyetso bazohura n’ingorane zikomeye, n’ubuzima bwabo buje mu kaga. Igitabu c’Ivyahishuwe congerako giti: “[Nta] n’umwe ashobora kugura canke kugurisha kiretse umuntu afise nya kimenyetso.” (Ivyah. 13:17) Ariko rero abasavyi b’Imana barazi ivyo Imana izokorera abemera gushirwako ico kimenyetso kivugwa mu Vyahishuwe 14:9, 10. Aho gushirwako ico kimenyetso, bazomera nk’aho banditse ku kuboko kwabo ngo: “Uwa Yehova.” (Yes. 44:5) Iki ni co gihe co kurushiriza kuba intahemuka kuri Yehova. Nitwabigira, Yehova azohimbarwa no kwemera ko turi abiwe.

UGUTIGITISHA KWA NYUMA

17. Dukwiye kwibuka iki ku bijanye n’ukwihangana kwa Yehova?

17 Yehova yarihanganye cane muri iyi misi ya nyuma. Ntiyipfuza ko hagira n’umwe arandurwa. (2 Pet. 3:9) Yarahaye abantu bose akaryo ko kwigarura no gufata ingingo ibereye. Ariko rero ntazoguma yihanganye. Abanka kugira ivyo bahinduye, ivyabo bizomera nka bimwe vya Farawo mu gihe ca Musa. Yehova yabwiye Farawo ati: “Ubu mba naratumye ukuboko kwanje nkagukubitisha ikiza wewe n’abantu bawe, ukazimanganywa kw’isi. Ariko mu vy’ukuri, iki ni co catumye ndakureka ukabaho: ni ukugira nkwereke ububasha bwanje no kugira ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose.” (Kuv. 9:15, 16) Amaherezo, amahanga yose azobwirizwa kumenya ko Yehova ari we Mana yonyene y’ukuri. (Ezk. 38:23) None ivyo bizoshika gute?

18. (a) Ni ukundi gutigitisha ukuhe kuvugwa muri Hagayi 2:6, 20-22? (b) Twemezwa n’iki ko ivyo Hagayi yavuze bizoranguka muri kazoza?

18 Inyuma y’ibinjana n’ibindi Hagayi apfuye, intumwa Paulo ahumekewe n’Imana, yarerekanye ko ibivugwa muri Hagayi 2:6, 20-22 vyorangutse muri kazoza. (Soma.) Yanditse ati: “Ubu yarasezeranye, ati: ‘Rindi rimwe, sinzocekangura isi gusa, mugabo nzocekangura n’ijuru.’ Iyo mvugo rero ngo: ‘Rindi rimwe,’ yerekana ikurwaho ry’ibintu binyiganyizwa, ni ukuvuga ibintu vyakozwe, kugira ngo ibitanyiganyizwa bigumeho.” (Heb. 12:26, 27) Ukwo gutigitisha kuratandukanye n’ukuvugwa muri Hagayi 2:7, kuko kwokwo gusobanura isangangurwa burundu ry’abantu bameze nka Farawo, banka kwemera ko Yehova ari we abereye gutegeka.

19. Ni igiki kitazonyiganyizwa, kandi tuvyemezwa n’iki?

19 Ni igiki none kitazonyiganyizwa, canke kitazokurwaho? Paulo abandanya ati: “Ko tubwirizwa kuronka ubwami budashobora kunyiganyizwa, tubandanye kugira ubuntu ata wari abukwiriye, ubudushoboza gukorera Imana igikorwa ceranda mu buryo bwemerwa, dufise ugutinya Imana n’akoba.” (Heb. 12:28) Emwe, ukwo gutigitisha kwa nyuma gukomeye nikwarangira, Ubwami bw’Imana ni bwo bwonyene butazonyiganyizwa. Buzoguma buhangamye!​—Zab. 110:5, 6; Dan. 2:44.

20. Abantu bategerezwa kugira ihitamwo irihe, kandi twobafasha gute?

20 Nta mwanya wo guta usigaye. Abantu bategerezwa guhitamwo: Boba bazohitamwo kuguma biberaho nk’uko isi ishaka maze bakarandurwa, canke bazohitamwo kubaho bakora ivyo Yehova agomba maze baze bibereho ibihe bidahera? (Heb. 12:25) Biciye ku gikorwa cacu co kwamamaza, turashobora gufasha abantu kugira iryo hitamwo rihambaye. Ese twofasha abandi bantu benshi bafise agatima kabereye bagahitamwo gushigikira Ubwami bw’Imana. Ese kandi twogumiza ku mutima amajambo y’Umukama wacu Yezu, agira ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.”​—Mat. 24:14.

URURIRIMBO RWA 40 Turi aba nde?

^ ing. 5 Iki kiganiro, kirimwo umuco mushasha ku bijanye n’ingene twahora dutahura ibivugwa muri Hagayi 2:7. Turaza kubona ingene twogira uruhara mu gikorwa gishimishije kiriko kiratigitisha amahanga yose. Turaza no kubona ko ico gikorwa co gutigitisha amahanga gituma bamwe bavyakira neza abandi bakavyakira nabi.

^ ing. 4 Turazi ko Hagayi yaroraniwe, kubera yuko urusengero rwarangiye kwubakwa mu 515 imbere ya Kristu.

^ ing. 10 Uwo ni umuco mushasha ku bijanye n’ingene twahora dutahura ico canditswe. Kera twavuga yuko ukwo gutigitisha amahanga yose atari kwo gutuma abantu bafise agatima kabereye baza kuri Yehova. Raba ikiganiro c’“Ibibazo vy’abasomyi,” co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 2006.

^ ing. 63 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Hagayi yarateye intege abasavyi b’Imana ngo bagire umwete wo gusubira kwubaka urusengero; no mu bihe vya none, abasavyi b’Imana baratangaje inkuru nziza babigiranye umwete. Umugabo n’umugore wiwe bariko baragira uruhara mu gikorwa co gutangaza ugutigitisha isi kwa nyuma kwimirije.