Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 39

Izina ryawe ryoba riri mu “gitabu c’ubuzima”?

Izina ryawe ryoba riri mu “gitabu c’ubuzima”?

“Igitabu c’icibutso gitangura kwandikirwa imbere yiwe ku bw’abatinya Yehova.”​—MAL. 3:16.

URURIRIMBO RWA 61 Tera muja imbere, yemwe Vyabona!

INCAMAKE *

Kuva mu gihe ca Abeli, Yehova yagiye arongera ayandi mazina muri ca “gitabu c’ubuzima” (Raba ingingo ya 1-2)

1. Twisunze Malaki 3:16, ni igitabu ikihe Yehova amaze igihe yandika, kandi kirimwo iki?

 HARAHEZE imyaka ibihumbi n’ibihumbi Yehova yandika igitabu kidasanzwe. Ico gitabu kirimwo urutonde rw’amazina, uhereye kw’izina ry’umuntu wa mbere yabaye umwizigirwa, ari we Abeli. * (Luka 11:50, 51) Uko imyaka yagiye irarengana, Yehova yagiye arongera ayandi mazina muri ico gitabu, ubu kikaba kirimwo amazina amamiliyoni. Muri Bibiliya ico gitabu citwa “igitabu c’icibutso,” “igitabu c’ubuzima,” be n’“umuzingo w’ubuzima.” Muri iki kiganiro tuza gukoresha imvugo “igitabu c’ubuzima.”​—Soma Malaki 3:16; Ivyah. 3:5; 17:8.

2. Ni bande bandikwa mu gitabu c’ubuzima, kandi twokwandikisha gute amazina yacu muri ico gitabu?

2 Ico gitabu kidasanzwe kirimwo amazina y’abantu basenga Yehova babigiranye icubahiro cinshi kandi bakunda cane izina ryiwe. Bari mu bashobora kuzoronka ubuzima budahera. Muri iki gihe, turashobora kwandikisha amazina yacu muri ico gitabu mu kugiranira na Yehova ubucuti somambike, twishimikije inkuka y’incungu y’Umwana wiwe Yezu Kristu. (Yoh. 3:16, 36) Twese turipfuza ko amazina yacu yandikwa muri ico gitabu, twaba dufise icizigiro co kuzoba mw’ijuru canke kw’isi.

3-4. (a) Nimba izina ryacu ubu ryanditswe muri ca gitabu c’ubuzima, vyoba bisobanura ko tuzoronka ubuzima budahera? Sigura. (b) Ni ibiki twihweza muri iki kiganiro be no mu gikurikira?

3 None vyoba bisobanura ko abandikwa muri ico gitabu bose baba baronse icemeza c’uko bazobaho ibihe bidahera? Inyishu y’ico kibazo, turayisanga mu vyo Yehova yabwiye Musa muri Kuvayo 32:33. Yehova yavuze ati: “Uwancumuyeko wese, ni we nzohanagura mu gitabu canje.” Amazina rero ari muri ico gitabu ubu arashobora guhanagurwa canke gufutwa, nk’aho mu ntango Yehova yayandikishije ikereyo. (Ivyah. 3:5) Turakwiye gukora ibishoboka vyose kugira ngo amazina yacu agume muri ico gitabu burundu nk’aho yandikishijwe ikaramu.

4 Ivyo birashobora gutuma havyuka ibibazo bimwebimwe. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’abanditswe mu gitabu c’ubuzima n’abatacanditswemwo? Abanditswe muri ico gitabu, bazoronka ubuzima budahera ryari? Tuvuge iki hoho ku bantu bapfuye batigeze baronka akaryo ko kumenya Yehova? Vyoba bishoboka ko amazina yabo yandikwa muri ico gitabu? Iki kiganiro be n’igikurikira birishura ivyo bibazo.

NI BANDE BANDITSWE MURI ICO GITABU?

5-6. (a) Nk’uko mu Bafilipi 4:3 havyerekana, ni bande banditswe muri ca gitabu c’ubuzima? (b) Ni ryari amazina yabo yandikwa burundu muri ca gitabu c’ubuzima?

5 Ni bande none banditswe muri ico gitabu c’ikigereranyo? Kugira ngo twishure ico kibazo, tugiye kurimbura imigwi itanu y’abantu. Bamwe muri bo, amazina yabo aranditse muri ico gitabu. Abandi na bo ntiyanditswemwo.

6 Umugwi wa mbere ugizwe n’abacaguwe kugira ngo bazofadikanye na Yezu kuganza mw’ijuru. None amazina yabo, ubu yoba yanditswe mu gitabu c’ubuzima? Ego cane. Twisunze ivyo intumwa Paulo yandikiye ‘abakozi bagenziwe’ b’i Filipi, amazina y’abarobanuwe bahawe umuhango wo kuzofadikanya na Yezu kuganza, ubu ari muri ico gitabu c’ubuzima. (Soma Abafilipi 4:3.) Ariko kugira ngo amazina yabo agume yanditswe muri ico gitabu c’ikigereranyo, bategerezwa kuguma ari intahemuka. Igihe rero bashizweko ikidodo ca nyuma, haba ari imbere y’uko bapfa canke imbere y’uko ya makuba akomeye yaduka, amazina yabo aca yandikwa burundu muri ico gitabu.​—Ivyah. 7:3.

7. Twisunze Ivyahishuwe 7:16, 17, ni ryari amazina y’abagize isinzi ry’izindi ntama azokwandikwa burundu muri ca gitabu c’ubuzima?

7 Umugwi ugira kabiri ugizwe n’isinzi rinini ry’abo mu zindi ntama. None amazina yabo yoba yanditswe muri ca gitabu c’ubuzima? Ego cane. None nibarokoka Harumagedoni, amazina yabo yoba azoguma muri ico gitabu? Egome. (Ivyah. 7:14) Yezu yavuze ko abo bantu bameze nk’intama bazoja mu “buzima budahera.” (Mat. 25:46) Ariko rero, abazorokoka Harumagedoni ntibazoca babaho ibihe bidahera. Ni nk’aho amazina yabo azoguma yandikishijwe ikereyo muri ca gitabu c’ubuzima. Mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi, Yezu “azobaragira, kandi azobarongora ku masôko y’amazi y’ubuzima.” Abazoyobokera Kristu maze bakagaragaza ko ari intahemuka kuri Yehova, amazina yabo azoca yandikwa burundu muri ico gitabu c’ubuzima.​—Soma Ivyahishuwe 7:16, 17.

8. Ni bande batanditswe muri ca gitabu c’ubuzima, kandi ni ibiki bizobashikira?

8 Umugwi ugira gatatu ugizwe n’abantu bagereranywa n’impene bazorandurwa kuri Harumagedoni. Amazina yabo ntiyanditswe mu gitabu c’ubuzima. Yezu yavuze ko “bazoja mu kurandurwa kw’ibihe bidahera.” (Mat. 25:46) Paulo na we ahumekewe n’Imana, yavuze ko “bazoshikirwa n’igihano c’urubanza c’ugutikizwa kw’ibihe bidahera.” (2 Tes. 1:9; 2 Pet. 2:9) Ivyo nyene ni vyo bizoshikira n’abo bose bagiye baracumura ku mpwemu nyeranda n’ibigirankana. Na bo nyene ntibazoronka ubuzima budahera, ahubwo bazorandurwa gushika ibihe bidahera. Biragaragara ko batazozuka. (Mat. 12:32; Mrk. 3:28, 29; Heb. 6:4-6) Reka ubu na ho dusuzume twitonze imigwi ibiri y’abantu bazozukira kuba kw’isi.

ABAZOZUKA

9. Twisunze Ivyakozwe 24:15, ni imigwi ibiri iyihe y’abantu bazozukira kuba kw’isi, kandi iyo migwi ibiri itandukaniye ku ki?

9 Bibiliya iravuga imigwi ibiri y’abantu bazozuka bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera, na bo bakaba ari “abagororotsi” be n’“abatari abagororotsi.” (Soma Ivyakozwe 24:15.) “Abagororotsi” ni abakoreye Yehova badahemuka igihe bari bakiri bazima. “Abatari abagororotsi” na bo ni abantu bapfuye bataramenya Yehova. Nkako, akenshi bagiye barakora ibitagororotse. None ko abari muri iyo migwi yompi bazozuka, twoba twovuga ko amazina yabo yanditse muri ca gitabu c’ubuzima? Kugira ngo turonke inyishu y’ico kibazo, reka turimbure umugwi umwumwe ukwawo.

10. Kubera iki “abagororotsi” bazozuka, kandi bamwebamwe muri bo bazoterwa agateka akahe? (Raba kandi ikiganiro c’“Ibibazo vy’abasomyi” kivuga ibijanye n’abazozukira kuba kw’isi.)

10 Umugwi wa kane ugizwe n’abagororotsi. Amazina yabo yanditswe muri ca gitabu c’ubuzima imbere y’uko bapfa. None igihe bapfa, amazina yabo yoba yaciye akurwa muri ico gitabu? Habe namba, kuko kuri Yehova bakiri “bazima.” Yehova ‘si Imana y’abapfuye, ahubwo n’iy’abazima, kuko bose ari bazima kuri yo.’ (Luka 20:38) Ivyo bisobanura ko igihe abo bagororotsi bazozukira kuba kw’isi, amazina yabo azoba akiri muri ca gitabu c’ubuzima naho atazoba arandikwamwo burundu. (Luka 14:14) Nta nkeka ko bamwebamwe muri abo bazoterwa agateka ko kuba “abaganwa mw’isi yose.”​—Zab. 45:16.

11. “Abatari abagororotsi” bazokenera kwigishwa iki imbere y’uko amazina yabo yandikwa muri ca gitabu c’ubuzima?

11 Ubwa nyuma, reka turimbure umugwi ugira gatanu, na wo ukaba ugizwe n’“abatari abagororotsi.” Ntibigenjeje neza imbere y’uko bapfa kumbure bitumwe n’uko batari bazi amategeko ya Yehova. Ivyo vyatumye amazina yabo atandikwa muri ca gitabu c’ubuzima. Ariko rero Imana niyabazura, izobaha akaryo ko kwandikisha amazina yabo muri ico gitabu. Abo ‘bantu batagororotse’ bazokenera gufashwa cane, kuko imbere y’uko bapfa bamwebamwe muri bo bakora ibintu vy’agahomerabunwa. Bazokenera rero kwigishwa kubaho bakurikiza ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse. Kugira ngo ivyo bishoboke, Ubwami bw’Imana buzotunganya igikorwa kinini cane co kwigisha kitari bwigere kibaho muri kahise k’abantu.

12. (a) Ni bande bazokwigisha abatari abagororotsi? (b) Abazokwanka gukurikiza ivyo bazoba barize bazoshikirwa n’iki?

12 None ni bande bazokwigisha abatari abagororotsi? Ni abo muri rya sinzi rinini be n’abagororotsi bazoba bazutse. Kugira ngo abatagororotse bandikwe muri ca gitabu c’ubuzima, bizoba ngombwa ko babanza kugiranira ubucuti na Yehova bongere bamwiyegurire. Yezu Kristu n’abazofadikanya na we kuganza, bazokurikiranira hafi ingene abo bantu batagororotse bazokwakira ivyo bazoba bariko barigishwa. (Ivyah. 20:4) Uwo wese atazokurikiza izo nyigisho azoca akurwaho, mbere naho azoba afise imyaka 100. (Yes. 65:20) Kubera ko Yehova na Yezu babona ibiri mu mutima w’umuntu, ntibazokwemera ko hagira umuntu n’umwe ateza ingorane mw’isi nshasha.​—Yes. 11:9; 60:18; 65:25; Yoh. 2:25.

ABAZOZUKIRA UBUZIMA N’ABAZOZUKIRA URUBANZA

13-14. (a) Muri kahise twatahura gute amajambo Yezu yavuze muri Yohani 5:29? (b) Ni igiki dukwiye gutahura ku bijanye n’ayo majambo?

13 Yezu yaravuze kandi ibijanye n’abozukiye kuba ng’aha kw’isi. Nk’akarorero, yavuze ati: “Isaha igira igere, aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe bakazivamwo, abakoze ivyiza bakazukira ubuzima, abagiye barakora ivy’agahomerabunwa bakazukira urubanza.” (Yoh. 5:28, 29) None Yezu yashatse kuvuga iki?

14 Muri kahise, twatahura ko ayo majambo ya Yezu yerekeza ku vyo abo bantu bazokora bamaze kuzuka, ni ukuvuga ko bamwe bazozuka bagakora ivyiza abandi na bo bagakora ivy’agahomerabunwa. Ariko rero, urabona ko Yezu atavuga ko abazova mu mva bazokora ivyiza canke ko bazokora ibintu vy’agahomerabunwa. Ahubwo akoresha umwanya wa kahise. Avuga ngo “Abakoze ivyiza” be n’“abagiye barakora ivy’agahomerabunwa.” Ivyo vyerekana ko ivyo bintu babikoze imbere y’uko bapfa, kandi birumvikana. Kanatsinda mw’isi nshasha nta n’umwe azokwemererwa gukora ibintu vy’agahomerabunwa. Abatari abagororotsi rero bategerezwa kuba bakoze ivyo bintu imbere y’uko bapfa. None twotahura gute amajambo Yezu yavuze ajanye no ‘kuzukira ubuzima’ be no ‘kuzukira urubanza’?

15. Ni bande ‘bazozukira ubuzima,’ kandi kubera iki?

15 Abagororotsi, ni ukuvuga abakoze ivyiza imbere y’uko bapfa, ‘bazozukira ubuzima’ kuko amazina yabo azoba yaramaze kwandikwa muri ca gitabu c’ubuzima. Ivyo bisobanura ko izuka ry’“abakoze ivyiza” rivugwa muri Yohani 5:29 ari cokimwe n’izuka ry’“abagororotsi” rivugwa mu Vyakozwe 24:15. Ivyo birahuye n’ibivugwa mu Baroma 6:7, ahagira hati: “Uwupfuye aba akuweko igicumuro ciwe.” Igihe rero abo bagororotsi bapfa, Yehova yaciye abakurako ibicumuro bakoze ariko aguma yibuka ibikorwa vyabo biranga ukwizera. (Heb. 6:10) Ariko rero abo bagororotsi bazozuka, bazotegerezwa kuguma ari abizigirwa kugira ngo amazina yabo agume yanditswe muri ca gitabu c’ubuzima.

16. ‘Kuzukira urubanza’ bisobanura iki?

16 Bite ho ku bantu bakoze ibintu vy’agahomerabunwa imbere y’uko bapfa? Naho igihe bapfa baciye bakurwako ibicumuro vyabo, nta bikorwa biranga ukwizera bakoze. Amazina yabo ntiyanditswe muri ca gitabu c’ubuzima. Ku bw’ivyo rero, izuka ry’“abagiye barakora ivy’agahomerabunwa” ni cokimwe n’izuka ry’“abatari abagororotsi” rivugwa mu Vyakozwe 24:15. ‘Bazozukira urubanza.’ * Abatari abagororotsi bazozukira urubanza mu buryo bw’uko bazosuzumwa. (Luka 22:30) Bizofata igihe kugira ngo bimenyekane nimba amazina yabo yokwandikwa muri ca gitabu c’ubuzima. Abo bantu nibaheba inyifato mbi bahorana bakongera bakiyegurira Yehova, ni ho gusa amazina yabo azokwandikwa muri ca gitabu c’ubuzima.

17-18. Abazozukira kuba kw’isi bose bazotegerezwa gukora iki, kandi ibikorwa bivugwa mu Vyahishuwe 20:12, 13 ni ibihe?

17 Abazozuka, baba abapfuye ari abagororotsi canke atari abagororotsi, bazotegerezwa kugamburuka amategeko azoba ari mu mizingo mishasha izokwugururwa mu kiringo ca ya myaka 1.000. Intumwa Yohani aradondora ivyo yeretswe ati: “Mbona abapfuye, abahambaye n’abato, bahagaze imbere ya nya ntebe y’ubwami, maze imizingo irazingururwa. Mugabo uwundi muzingo urazingururwa; ni wo muzingo w’ubuzima. Abapfuye bacirwa imanza hisunzwe ibintu vyanditswe muri nya mizingo nk’uko ibikorwa vyabo biri.”​—Ivyah. 20:12, 13.

18 None abazozuka bazocirwa urubanza hisunzwe “ibikorwa” ibihe? Vyoba ari ivyo bakoze imbere y’uko bapfa? Habe namba. Niwibuke yuko igihe bapfa baciye bakurwako ibicumuro vyabo. Ivyo “bikorwa vyabo” rero ntibishobora kuba ari ivyo bakoze kera. Ahubwo bitegerezwa kuba vyerekeza ku kuntu bazokwakira inyigisho bazohabwa mw’isi nshasha. Mbere n’abantu b’abizigirwa nka Nowa, Samweli, Dawidi na Daniyeli bazotegerezwa kwiga ibijanye na Yezu Kristu no kwizera incungu yiwe. Hari akantu rero abatari abagororotsi!

19. Abazokwanka kwungukira kuri ako karyo kadasanzwe, amaherezo yabo azoba ayahe?

19 None abazokwanka kwungukira kuri ako karyo kadasanzwe, amaherezo yabo azoba ayahe? Mu Vyahishuwe 20:15 hagira hati: “Uwo wese atabonetse ko yanditswe muri ca gitabu c’ubuzima araririzwa muri ico kiyaga c’umuriro.” Ego cane, bazozimanganywa burundu gushika ibihe bidahera. Ese ukuntu rero bihambaye ko twitwararika ko amazina yacu yandikwa muri ico gitabu c’ubuzima akongera akakigumamwo!

Umuvukanyi umwe ariko aragira uruhara muri ca gikorwa kinini co kwigisha kizoba mu kiringo ca ya Ngoma ya Yezu y’imyaka igihumbi (Raba ingingo ya 20)

20. Ni igikorwa giteye umunezero ikihe kizoba mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

20 Igihe ca ya Ngoma ya Yezu y’imyaka igihumbi, kizoba ari igihe giteye umunezero cane. Hazobaho igikorwa gikomeye cane co kwigisha kitigeze kubaho kw’isi. Ariko kandi, kizoba ari n’igihe co gusuzuma inyifato y’abagororotsi n’abatari abagororotsi. (Yes. 26:9; Ivyak. 17:31) None ico gikorwa co kwigisha kizoba gitunganijwe gute? Ikiganiro gikurikira kizodufasha kubitahura congere kidufashe gukenguruka iyo ntunganyo nziza cane.

URURIRIMBO RWA 147 Dusezeranirwa ubuzima budahera

^ Iki kiganiro kirimwo umuco mushasha ku bijanye n’ingene twahora dutahura amajambo Yezu yavuze muri Yohani 5:28, 29 avuga ivyerekeye ‘ukuzukira ubuzima’ be n’‘ukuzukira urubanza.’ Turaza kubona ico ayo mazuka abiri yerekezako be n’abo yerekeye.

^ Ico gitabu catanguye kwandikwa kuva “kw’ishingwa ry’isi,” iyo si ikaba yerekeza ku bantu bashobora gucungurwa bagakurwako igicumuro. (Mat. 25:34; Ivyah. 17:8) Biboneka rero ko Abeli ari we mugororotsi wa mbere yanditswe muri ico gitabu c’ubuzima.

^ Kera twahora tuvuga ko ijambo “urubanza” ryakoreshejwe ng’aha risobanura gucirwa rubi. Ni ivy’ukuri ko ijambo “urubanza” rishobora kugira iyo nsobanuro. Ariko rero ng’aho, biboneka ko Yezu yakoresheje ijambo “urubanza” muri rusangi, ashaka kwerekeza ku kwihweza umuntu witonze be no kumugeza canke ku “gusuzuma inyifato yiwe,” nk’uko bivugwa n’igitabu kimwe c’ikigiriki gisigura amajambo ya Bibiliya.