Ingene wogira ubushakashatsi
Udukorwa tugenewe abana
Abavyeyi barafise ibanga rihambaye ryo kwigisha abana babo ivyerekeye Yehova. (Ef. 6:4) Ishirahamwe rya Yehova ryarasohoye ibintu bitandukanye vyofasha abavyeyi kurangura iryo banga. None wobikoresha gute kugira ufashe abana bawe?
Nubirondere kuri JW.ORG. Urwo rubuga ruriko ibintu vyose bigenewe abakiri bato, ushizemwo amavidewo be n’udukorwa bogirirako imyimenyerezo. a Kugira ngo ubironke, niwandike ijambo «Abana» canke «Imiyabaga» mu kumba kagenewe kurondeza.
Nuhitemwo ivyo ubona ko bibereye. Ivyasohowe mu gice kivuga ngo «Abana» birashobora kugufasha guhitamwo ivyofasha umwana wawe. Kugira ngo ubitore, nurondeze «Udukorwa tugenewe ugusenga kwo mu muryango.»
Numugume hafi. Niwirinde guha umwana wawe ayo mavidewo canke utwo dukorwa kugira gusa ngo yisamaze. Ahubwo, nubiganireko na we kugira umufashe kugiranira ubucuti na Yehova.
a JW Library® ubu irimwo izo videwo zose z’abana, mugabo utwo dukorwa twotwo turacari dukeya.