Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene wogira ubushakashatsi

Ingene wogira ubushakashatsi

Udukorwa tugenewe abana

Abavyeyi barafise ibanga rihambaye ryo kwigisha abana babo ivyerekeye Yehova. (Ef. 6:4) Ishirahamwe rya Yehova ryarasohoye ibintu bitandukanye vyofasha abavyeyi kurangura iryo banga. None wobikoresha gute kugira ufashe abana bawe?

  • Nubirondere kuri JW.ORG. Urwo rubuga ruriko ibintu vyose bigenewe abakiri bato, ushizemwo amavidewo be n’udukorwa bogirirako imyimenyerezo. a Kugira ngo ubironke, niwandike ijambo «Abana» canke «Imiyabaga» mu kumba kagenewe kurondeza.

  • Nuhitemwo ivyo ubona ko bibereye. Ivyasohowe mu gice kivuga ngo «Abana» birashobora kugufasha guhitamwo ivyofasha umwana wawe. Kugira ngo ubitore, nurondeze «Udukorwa tugenewe ugusenga kwo mu muryango.»

  • Numugume hafi. Niwirinde guha umwana wawe ayo mavidewo canke utwo dukorwa kugira gusa ngo yisamaze. Ahubwo, nubiganireko na we kugira umufashe kugiranira ubucuti na Yehova.

a JW Library® ubu irimwo izo videwo zose z’abana, mugabo utwo dukorwa twotwo turacari dukeya.