Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 41

Ivyigwa dukura mu makete abiri Petero yanditse

Ivyigwa dukura mu makete abiri Petero yanditse

«Nama niteguriye kubibutsa ivyo bintu.»—2 PET. 1:12.

URURIRIMBO RWA 127 Umuntu nkwiye kuba

INCAMAKE a

1. Gatoyi imbere y’uko Petero apfa, Imana yamuhumekeye gukora iki?

 INTUMWA Petero yari azi ko vuba agiye gupfa. Mu myaka mirongo yari amaze akorera Yehova adahemuka, yaragendanye na Yezu, aravuga inkuru nziza mu mihingo imwimwe itari bwashikimwo, yongera araba umwe mu bari bagize inama nyobozi. Ariko rero ivyo Petero yakoze ntivyagarukiye aho. Nko mu 62 gushika mu 64 inyuma ya Kristu, ahumekewe n’Imana yaranditse amakete abiri dusanga muri Bibiliya, ari yo 1 Petero na 2 Petero. Petero yari yizigiye ko amaze gupfa, ayo makete yofashije abakirisu.—2 Pet. 1:​12-15.

2. Kubera iki twovuga ko amakete abiri Petero yanditse, yayanditse ku gihe kibereye?

2 Petero yanditse ayo makete mu gihe abo bari basangiye ukwizera bariko «[bara]shikirwa n’ibigeragezo bitandukanye.» (1 Pet. 1:6) Abantu babi bariko bagerageza kwinjiza mw’ishengero inyigisho z’ikinyoma no kuremesha inyifato iteye isoni. (2 Pet. 2:​1, 2, 14) Abakirisu b’i Yeruzalemu, vuba bari bagiye kwibonera «iherezo ry’ibintu vyose», ni ukuvuga ko ingabo z’Abaroma zosanganguye ico gisagara be n’inzego zose z’intwaro y’Abayuda. (1 Pet. 4:7) Nta nkeka ko ayo makete Petero yanditse yafashije abakirisu kubona ingene bokwihanganira ibigeragezo bariko baracamwo, be n’ingene bokwiteguriye ibindi vyari biraririye kubashikira. b

3. Kubera iki dukwiye gusuzuma ayo makete abiri Petero yanditse ahumekewe n’Imana?

3 Naho ayo makete Petero yayandikiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere, Yehova yahavuye ayashira mw’Ijambo ryiwe. Ivyo bituma na twebwe tuyungukirako. (Rom. 15:4) Kubera ko tuba mw’isi irangwa n’inyifato iteye isoni, na twebwe turashikirwa n’ibigeragezo bituma gukorera Yehova bitatworohera. Vyongeye, vuba tuzoshikirwa n’amakuba aruta kure n’iyo amwe yaba intandaro y’iherezo ry’ivy’Abayuda. Ayo makete abiri ya Petero aratwibutsa ibintu bimwebimwe bihambaye. Ivyo bintu biradufasha kuguma turindiriye umusi wa Yehova, kudatinya abantu, no kurushiriza gukundana. Birashobora no gufasha abakurambere kubona ingene bokwitwararika ubusho.

NUGUME URINDIRIYE

4. Twisunze 2 Petero 3:​3, 4, ni ibiki bishobora guhungabanya ukwizera kwacu?

4 Tubayeho mu bantu batemera ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza. Abarwanya Ivyabona vya Yehova boshobora kubatwenga kubera ko bamaze imyaka myinshi barindiranye igishika ko umuhero uza. Abaturwanya bamwebamwe bivugira ko utazokwigera uza. (Soma 2 Petero 3:​3, 4.) Iyo amajambo nk’ayo tuyabwiwe n’uwo twagendeye, uwo dukorana canke incuti, vyoshobora guhungabanya ukwizera kwacu. Petero yaravuze ivyodufasha muri ico gihe.

5. Ni igiki codufasha kubona ibintu mu buryo bwiza ku bijanye n’iherezo ry’iyi si? (2 Petero 3:​8, 9)

5 Bamwebamwe boshobora kubona ko Yehova atevye kuzana umuhero w’iyi si. Ivyo Petero yavuze birashobora kudufasha kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza, kuko bitwibutsa ko Yehova abona igihe mu buryo butandukanye cane n’abantu. (Soma 2 Petero 3:​8, 9.) Imyaka 1.000 kuri Yehova ni nk’umusi umwe. Yehova yarihanganye kandi ntashaka ko hagira n’umwe ahona. Ariko rero uwo musi niwagera, umuhero uzoca uza. Ese ukuntu ari agateka gukoresha uwo mwanya dusigaranye mu kubwira inkuru nziza abantu bo mu mahanga yose.

6. Ni mu buryo ki «[twa]miza mu bwenge» umusi wa Yehova? (2 Petero 3:​11, 12)

6 Petero aduhimiriza «[kwa]miza mu bwenge» umusi wa Yehova. (Soma 2 Petero 3:​11, 12.) None twobigira gute? Nimba bishoboka, buri musi turakwiye kuzirikana ku mihezagiro tuzokwironkera mw’isi nshasha. Nuze uriha ishusho wibereye mw’isi nshasha uhumeka akayaga keza, ufungura ibifungurwa vyiza, wakira abawe uko bazutse, wongera wigisha abantu babayeho kera cane ibijanye n’ingene ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwagiye buraranguka. Kuzirikana gutyo, biragufasha kuguma ubirindiranye igishika, bikongera bikagufasha kutijajara muri iyi misi ya nyuma. Igihe “dusanzwe tuzi” ivyo kazoza katubikiye, “ntidutwarwa” n’abigisha b’ikinyoma.—2 Pet. 3:17.

NIWIRINDE GUTINYA ABANTU

7. Gutinya abantu bishobora kukugirako ingaruka gute?

7 Kubera ko tuzi yuko umusi wa Yehova uri hafi, turabwira inkuru nziza abandi. Ariko rero mu bihe bimwebimwe, turashobora kugonanwa kubigira. Kubera iki? Kubera ko bishika tugatinya abantu. Ivyo ni vyo vyashikiye Petero. Muri rya joro Yezu yafatwa agasambishwa, Petero yaranse kwemanga ko yari intumwa ya Yezu, mbere aramwihakana incuro n’izindi ko atamuzi! (Mat. 26:​69-75) Ariko iyo ntumwa nyene ni yo yahavuye ivuga ibigiranye umutima rugabo iti: «Ntimutinye ico batinya canke ngo muhagarike umutima.» (1 Pet. 3:14) Ayo majambo Petero yavuze aratwereka ko dushobora kwirinda gutinya abantu.

8. Ni igiki codufasha kudatinya abantu? (1 Petero 3:15)

8 Ni igiki codufasha kudatinya abantu? Petero atubwira ati: «Mwemere mu mitima yanyu ko Kristu ari Umukama.» (Soma 1 Petero 3:15.) Ivyo birimwo kuzirikana ko Yezu Kristu ari Umwami wacu, be n’uko afise ububasha buhambaye. Nivyashika rero ugahagarika umutima canke ukagira ubwoba igihe uronse akaryo ko kubwira abandi inkuru nziza, uraca wibuka Umwami wacu. Nuce ugerageza kumubona mu bwenge ariko araganza mw’ijuru, akikujwe n’isinzi ry’abamarayika. Nuce wibuka ko afise «ububasha bwose . . . mw’ijuru no kw’isi» be n’uko ari kumwe «[nawe] imisi yose gushika kw’iherezo ry’ivy’iyi si.» (Mat. 28:​18-20) Petero aduhimiriza “kwama twiteguriye” kuburanira ukwizera kwacu. Woba wipfuza kubwira inkuru nziza abandi ku kazi, kw’ishure, canke igihe akandi karyo kizanye? Niwiyumvire igihe ushobora kubigira, uce utegura n’ivyo wovuga. Nusenge Yehova umusaba kuguha umutima rugabo, wizigiye ko azogufasha kudatinya abantu.—Ivyak. 4:29.

“NUKUNDE ABANDI RWOSE”

Petero yaremeye gukosorwa na Pawulo. Amakete abiri Petero yanditse aratwigisha kugaragariza urukundo abavukanyi na bashiki bacu (Raba ingingo ya 9)

9. Igihe kimwe Petero yananiwe gute kugaragaza urukundo?

9 Petero yarize ingene yogaragaza urukundo. Ni ho yari igihe Yezu yavuga ati: «Ndabahaye ibwirizwa rishasha: nimukundane. Nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana.» (Yoh. 13:34) Naho ari ukwo, mu nyuma Petero yaranse gusangira n’abavukanyi biwe b’Abanyamahanga, bivuye ku gutinya abakirisu b’Abayuda. Ico kintu Petero yakoze, intumwa Pawulo yacise «uburyarya», canke ubwiyorobetsi. (Gal. 2:​11-14) Petero yaremeye ukwo gukosorwa, yongera arahakura icigwa. Muri ya makete abiri Petero yandika, yavuze ko ugukunda abavukanyi na bashiki bacu, atari ikintu dukwiye kwiyumvamwo gusa, ahubwo ko dukwiye no kubigaragaza.

10. “Ni igiki kidufasha kwiyumvamwo abavukanyi bacu ata bwiyorobetsi? Sigura. (1 Petero 1:22)

10 Petero avuga ko dukwiye «[kwi]yumvamwo abavukanyi ata bwiyorobetsi.» (Soma 1 Petero 1:22.) «[Ku]gamburukira ukuri», ni vyo bituma tubiyumvamwo. Muri ukwo kuri, harimwo ya nyigisho ivuga ko «Imana itagira nkunzi.» (Ivyak. 10:​34, 35) Ntidushobora kugamburuka itegeko rya Yezu ridusaba gukundana igihe mw’ishengero twokunda bamwebamwe gusa. Ni ivy’ukuri ko hari abo dushobora kwiyumvamwo kuruta abandi, nk’uko vyagenze kuri Yezu. (Yoh. 13:23; 20:2) Naho ari ukwo, Petero atwibutsa ko dukwiye kwihatira «[kwi]yumvamwo abavukanyi» na bashiki bacu bose, nka kurya nyene abo mu muryango biyumvanamwo.—1 Pet. 2:17.

11. Gukunda abandi «bivuye ku mutima» bisobanura iki?

11 Petero aduhimiriza “gukundana cane bivuye ku mutima.” Muri uwo murongo gukundana «cane» bisobanura kugaragariza umuntu urukundo, n’igihe uba utamwiyumvamwo. Nk’akarorero, bigenda gute igihe bishitse umuvukanyi akatubabaza? Hari aho duca twiyumvira kumwihora aho kumugaragariza urukundo. Ariko Petero yarigiye kuri Yezu ko kwihora bidahimbara Imana. (Yoh. 18:​10, 11) Petero yanditse ati: «Ntimwishure ikibi ku kindi canke igitutsi ku kindi. Ahubwo mwishure mu bugwaneza.» (1 Pet. 3:9) Iyo ukunda abandi cane bica bituma ubagaragariza ubuntu n’icubahiro, mbere n’aho vyoshika bakakubabaza.

12. (a) Gukunda abandi rwose bituvyurira umutima wo gukora ikindi kintu ikihe? (b) Wokwihatira gukora iki wisunze ividewo ivuga ngo Nuzigame ingabire y’ubumwe bw’agaciro dufitaniye?

12 Mw’ikete rya mbere rya Petero, yarakoresheje imvugo isa n’iyo ivuga ngo «mukundane rwose.» Urukundo nk’urwo ntirupfuka ibicumuro bikeya gusa, ahubwo rupfuka «ibicumuro vyinshi.» (1 Pet. 4:8) Birashoboka ko ivyo Petero yavyanditse yibutse icigwa hari haciye imyaka itari mike Yezu amwigishije ku bijanye no kubabarira abandi. Ico gihe, Petero yabona ko hamwe yoharira mwenewabo «gushika ku ncuro indwi», yari kuba abaye umuntu mwiza. Ariko Yezu yaciye amubwira ko akwiye guharira «gushika ku ncuro 77», bisobanura guharira abandi ata kubaharurira, ico cigwa kikaba kituraba na twebwe. (Mat. 18:​21, 22) Nimba na wewe bikugora gushira mu ngiro iyo mpanuro, nureme! Abasavyi ba Yehova bose b’abanyagasembwa, vyarashitse birabagora kubabarira abandi. Igihambaye cane ubu ni uko wokora ibishoboka vyose kugira ngo uharire umuvukanyi wawe maze mugasubiza hamwe. c

BAKURAMBERE, NIMURAGIRE UBUSHO BW’IMANA

13. Ni ibiki vyoshobora gutuma bitorohera abakurambere kwitwararika abavukanyi na bashiki bacu?

13 Nta gukeka ko Petero atigeze yibagira icigwa Yezu yamuhaye inyuma y’aho azukiye. Yamubwiye ati: «Ragira intama zanje ntonto.» (Yoh. 21:16) Nimba uri umukurambere, urazi ko ivyo nawe bikuraba. Ariko rero birashobora kutorohera umukurambere kuronka umwanya wo kwitwararika iryo banga rihambaye. Abakurambere bategerezwa kubanza kwitwararika ivyo abagize imiryango yabo bakenera ku mubiri no mu vy’impwemu, tutibagiye n’ibindi bituma bumva ko bakundwa. Baraja imbere kandi mu gikorwa co kwamamaza, no gutegura ibiganiro bashikiriza ku makoraniro, ku materaniro no ku mahwaniro. Bamwebamwe usanga kandi bari muri Komite ija inama n’ibitaro canke bari n’ivyo bafasha mu Rwego rw’igihugu rujejwe imigero n’ubwubatsi. Emwe, abakurambere bafise vyinshi bakora!

Naho abakurambere bafatirwa na vyinshi, baritanga babigiranye urukundo kugira ngo baragire ubusho bw’Imana (Raba ingingo ya 14-15)

14. Ni igiki gikwiye gutuma abakurambere bafasha ubusho bw’Imana? (1 Petero 5:​1-4)

14 Petero yahanuye abakurambere bagenziwe ati: «Nimuragire ubusho bw’Imana.» (Soma 1 Petero 5:​1-4.) Nimba uri umukurambere turazi ko ukunda abavukanyi na bashiki bacu, be n’uko wipfuza kubaremesha. Ariko rimwe na rimwe woshobora kubona ko ufise vyinshi ukora, canke urushe cane ku buryo utorangura iryo banga. None wokora iki? Nubibwire Yehova mw’isengesho. Petero yanditse ati: «Uwukorera abandi, nabikore yishimikije inkomezi Imana itanga.» (1 Pet. 4:11) Hari aho abavukanyi bacu boba bariko barashikirwa n’ingorane zidashobora gutorerwa umuti muri iki gihe. Naho ari ukwo, niwibuke ko «wa mwungere mukuru» Yezu Kristu ashobora kubafasha kuruta uko wewe wobigira. Arashobora kubigira muri iki gihe, eka mbere no mw’isi nshasha. Ikintu gusa Imana isaba abakurambere, ni ugukunda abavukanyi babo, kubaremesha, no kubera «akarorero ubusho.»

15. Umukurambere umwe ahora abigenza gute mu kuragira ubusho? (Raba n’ishusho.)

15 Umuvukanyi umwe yitwa William amaze igihe kirekire ari umukurambere, aratahura ko kuragira ubusho bihambaye. Igihe ikiza ca Korona catera, we n’abakurambere bagenziwe barishingiye umugambi wo kuza barayagisha umwe wese mu bagize umugwi wabo wo gusohoka mu ndimiro. Aravuga icabitumye ati: «Abavukanyi benshi wasanga bari iwabo bonyene, ivyo bikaba vyari gutuma bagira ivyiyumviro bica intege.» Igihe hari uwo basangiye ukwizera afise ingorane, William aramwumviriza yitonze kugira amenye ibimuraje ishinga be n’ivyo akeneye. Aca agerageza kurondera amayagwa yokoresha mu gufasha uwo muntu, akenshi akaba ari amavidewo yo ku rubuga rwacu. Avuga ati: «Kuragira ubusho ni nkenerwa cane ubu kuruta ikindi gihe cose. Uravye akigoro tugira mu gufasha abandi kumenya Yehova, turakwiye kukagira no mu kwitwararika ubusho, kugira dufashe intama za Yehova kuguma mu kuri.»

NUREKE YEHOVA ARANGIZE UKUMENYEREZWA KWAWE

16. Ni mu buryo butandukanye ubuhe twoshira mu ngiro ivyigwa twakuye mu makete Petero yanditse?

16 Twasuzumye ivyigwa bikeyi gusa twigira ku makete abiri Petero yanditse ahumekewe n’Imana. Kumbure wabonye aho woshima kuryohora. Nk’akarorero, woba wipfuza kurushiriza kuzirikana ku mihezagiro tuzokwironkera mw’isi nshasha? Woba warishingiye umugambi wo kuvuga inkuru nziza ku kazi, kw’ishure, canke akandi karyo kizanye? Woba ubona uburyo butandukanye wogaragariza urukundo rwinshi abavukanyi na bashiki bacu? Bakurambere, mwoba mwiyemeje kuragira intama za Yehova mubishashaye kandi mubigiranye umutima mwiza? Hamwe wokwisuzuma ata buryarya maze ukabona ivyo uhajije, ntuce ucika intege. «Umukama ameze neza», azogufasha kubiryohora. (1 Pet. 2:3) Petero adukura amazinda ati: «Imana . . . ubwayo izorangiza ukumenyerezwa kwanyu. Izotuma mushikama, ibakomeze, itume mushinga imizi.»—1 Pet. 5:10.

17. Ni ivyiza ibihe tuzokwironkera nitwareka Yehova akaguma atumenyereza?

17 Mu ntango, Petero yumvise ko atari abereye kuba kumwe n’Umwana w’Imana. (Luka 5:8) Ariko Petero afashijwe na Yehova be na Yezu, yarabandanije kuba umuyoboke wa Kristu. Ivyo vyatumye Petero yemererwa «kwinjira mu Bwami budahera bw’Umukama wacu akaba n’Umukiza Yezu Kristu.» (2 Pet. 1:11) Umve nawe iyo mpera! Na wewe niwumirako nka Petero ukongera ukareka Yehova akakumenyereza, uzokwironkera impera y’ubuzima budahera. “Uzoshika ku ntumbero y’ukwizera kwawe, uronke ubukiriro.”—1 Pet. 1:9.

URURIRIMBO RWA 109 Dukundane cane bivuye ku mutima

a Iki kiganiro, kiraza kutwereka ingene ivyigwa dukura mu makete Petero yanditse bishobora kudufasha kwihanganira ingorane. Kiraza no gufasha abakurambere kubona ingene borangura ibanga bajejwe ryo kuba abungere.

b Birashoboka ko abakirisu b’i Palestina baronse ayo makete abiri ya Petero, imbere y’uko Abaroma bagaba igitero ca mbere i Yeruzalemu mu 66 inyuma ya Kristu.

c Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Nuzigame ingabire y’ubumwe bw’agaciro mufitaniye.