Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 37

Niwiheke kuri Yehova nka Samusoni

Niwiheke kuri Yehova nka Samusoni

«Mukama Segaba Yehova, ndakwinginze unyibuke, umpe inkomezi.»—ABAC. 16:28.

URURIRIMBO RWA 30 Dawe, Imana yanje, umugenzi wanje

INCAMAKE a

1-2. Kubera iki dukwiye kwitaho inkuru ya Samusoni?

 IYO wumvise izina Samusoni, uca ubona iki mu bwenge? Kumbure uca ubona umuntu yari afise inguvu zidasanzwe, kandi ukwo ni ukuri. Ariko Samusoni yarafashe ingingo mbi yamukwegeye akarambaraye. Naho ari ukwo, Yehova yibanze ku bintu biranga ubwizigirwa Samusoni yakoze, aranavyandikisha muri Bibiliya kugira ngo bigire ico bitwigishije.

2 Yehova yaratumye Samusoni akora ibintu bitangaje kugira ngo afashe abasavyi biwe yatoranije, ari bo Bisirayeli. Haciye ibinjana bitari bike Samusoni apfuye, intumwa Pawulo ahumekewe na Yehova yarashize izina rya Samusoni mu rutonde rw’abantu baranzwe n’ukwizera kudasanzwe. (Heb. 11:​32-34) Akarorero ka Samusoni karashobora kuturemesha. Yarihetse kuri Yehova mbere no mu bihe bitari vyoroshe. Nimuze turabe ingene akarorero kiwe gashobora kuturemesha be n’ibindi vyigwa dushobora kumwigirako.

SAMUSONI YARIZIGIYE YEHOVA

3. Ni igikorwa ikihe Samusoni yashinzwe?

3 Igihe Samusoni yavuka, Abafilisitiya ni bo baganza Abisirayeli bakongera bakabahahaza. (Abac. 13:1) Amagorwa Abisirayeli babonye muri ico gihe, ntagira uko angana. Yehova yaciye ahitamwo Samusoni kugira ngo abe «indongozi yo gukiza Abisirayeli agahahazo k’Abafilisitiya.» (Abac. 13:5) Emwe, ntihari aho gutuma umwana! Kugira Samusoni aroranirwe muri ico gikorwa, vyasaba ko yiheka kuri Yehova.

Samusoni yarizigiye Yehova yongera arahuza n’uko ibintu vyari vyifashe. Yarikoze ku co yashobora kuronka kugira ngo ashitse ivyo Imana igomba (Raba ingingo ya 4-5)

4. Yehova yafashije gute Samusoni kuva mu vyara vy’Abafilisitiya? (Abacamanza 15:​14-16)

4 Raba akarorero kerekana ingene Samusoni yizigira Yehova akongera akamwihekako. Igihe kimwe, ingabo z’Abafilisitiya zaraje gufata Samusoni i Lehi aho biboneka ko hari mu Buyuda. Abagabo bo mu Buyuda baragize ubwoba baca bahitamwo gufata Samusoni ngo bamutange. Baciye bamuboha baramudadira bakoresheje imigozi ibiri mishasha maze bamushikiriza Abafilisitiya. (Abac. 15:​9-13) Ariko rero, «impwemu ya Yehova [yarahaye] inkomezi» Samusoni, aca aribohora iyo migozi. Yaciye «abona umubangabanga utaruma w’indogobwa y’ingabo,» aca arawutora maze awicisha abagabo 1.000 b’Abafilisitiya.—Soma Abacamanza 15:​14-16.

5. Kuba Samusoni yakoresheje umubangabanga w’indogobwa vyerekana gute ko yari yizigiye Yehova?

5 Kubera iki Samusoni yakoresheje umubangabanga w’indogobwa? None ga yemwe umubangabanga ni ikirwanisho? Kuba ari wo yakoresheje vyerekana ko yari azi yuko gutsinda Abafilisitiya yabikesha Yehova, aho kubikesha ikirwanisho ico ari co cose yari gukoresha. Ego cane, uwo mugabo yari afise ukwizera yakoresheje ico yari ashoboye kuronka cose kugira ngo ashitse ivyo Yehova agomba. Biragaragara ko kwiheka kuri Yehova ari vyo vyatumye Samusoni atahukana iyo ntsinzi ikomeye.

6. Twigira iki kuri Samusoni ku bijanye n’ibikorwa dushingwa?

6 Na twebwe Yehova arashobora kuturonsa inkomezi zo kurangura ibikorwa dushingwa n’igihe mbere vyoba bisa nk’aho tutobishobora. Imana irashobora kubidufashamwo mu buryo tutaba twiteze. Niwizigire ko umwe yaha inkomezi Samusoni azogufasha gushitsa ivyo agomba niwamwihekako.—Imig. 16:3.

7. Ni akarorero akahe kerekana ko bihambaye ko turondera kuyoborwa na Yehova?

7 Abavukanyi na bashiki bacu batari bake bakorera mu bwubatsi barerekanye ko bizigira Yehova. Muri kahise, akenshi abavukanyi ni bo batunganya imigero bakongera bakubaka nyinshi mu Ngoro z’Ubwami be n’izindi nyubakwa zijanye n’ivyo gusenga. Ariko rero, iyongerekana ryagiye riraba mw’ishirahamwe rya Yehova ryaratumye biba ngombwa ko hagira ibihinduka. Abavukanyi batuja imbere bamaze gusenga Yehova, baciye bagerageza uburyo bushasha bwo kugura amazu maze agasubirwamwo. Umuvukanyi yitwa Robert, akaba aherutse kugira uruhara mu maporoje atari make yo kwubaka inyubakwa zacu hirya no hino kw’isi, avuga ati: «Mu ntango bamwebamwe vyarabagoye gukurikiza.» Abandanya ati: «Vyari bitandukanye cane n’ivyo twari tumaze imyaka dukora. Ariko abavukanyi barayobotse, kandi vyaragaragaye ko Yehova yariko arahezagira ayo mahinduka.» Ako ni kamwe gusa mu burorero bwerekana ingene Yehova ariko arayobora abasavyi biwe kugira ngo bashitse ivyo agomba. Rimwe na rimwe, ni vyiza ko tuza turibaza duti: “Noba ndondera kuyoborwa na Yehova kandi nkaza ndajana n’amahinduka aba mu gikorwa ciwe?”

SAMUSONI YARAKORESHEJE NEZA IVYO YEHOVA YAMURONKEJE

8. Igihe Samusoni yanyoterwa yakoze iki?

8 Ushobora kuba wibuka ibindi bintu bitangaje Samusoni yakoze. Yarishe intambwe, mu nyuma na ho yicira abagabo 30 b’Abafilisitiya mu gisagara ca Ashikeloni, ivyo vyose akaba yabikoze ari umwe rudende. (Abac. 14:​5, 6, 19) Samusoni yari azi ko ivyo atobishoboye adafashijwe na Yehova. Ivyo turabibonera ku vyo yakoze igihe yanyoterwa cane inyuma y’aho yiciye Abafilisitiya 1.000. None yakoze iki? Aho kwirwanako ngo yironderere amazi yo kunywa, yaciye atakambira Yehova ngo amufashe.—Abac. 15:18.

9. Yehova yakoze iki igihe Samusoni yamutakambira ngo amufashe? (Abacamanza 15:19)

9 Mu kwishura isengesho rya Samusoni, Yehova yaciye atuma haboneka iriba ry’amazi ku gitangaro. Samusoni amaze kuyanywa, «[yaciye] agarura agatege arahembuka.» (Soma Abacamanza 15:19.) Biboneka ko iryo riba ry’amazi ryari rikiriho, igihe umuhanuzi Samweli yandika igitabu c’Abacamanza ahumekewe n’Imana, hakaba hari haciye imyaka itari mike ivyo bibaye. Igihe Abisirayeli baba babonye ayo mazi, ashobora kuba yaca abibutsa ko Yehova afasha abasavyi biwe b’abizigirwa igihe bamwihetseko.

Samusoni yararonse inkomezi inyuma y’aho anywereye amazi Yehova yamuronkeje. Natwe turakwiye gukoresha neza ivyo Yehova aturonsa kugira tugume dukomeye mu kwizera (Raba ingingo ya 10)

10. Twokora iki kugira ngo Yehova adufashe? (Raba n’ishusho.)

10 Na twebwe turakwiye kwiheka kuri Yehova ngo adufashe naho twoba dufise ububangukirwe bungana gute canke tumaze kurangura ibintu vyinshi mu gikorwa ciwe. Turakwiye kwemera twicishije bugufi ko ata co twoshikako tudafashijwe na Yehova. Nka kumwe nyene Samusoni yaca aronka inkomezi igihe yanywa amazi Yehova yamuronkeje, ni ko natwe tuzokomeza ukwizera kwacu nitwakoresha neza ibintu vyose Yehova aturonsa.—Mat. 11:28.

11. Twokoresha neza gute ivyo Yehova aturonsa? Tanga akarorero.

11 Raba akarorero ka Aleksey, akaba ari umwe mu bavukanyi bacu bo mu Burusiya ariko yihanganira uruhamo rukomeye. Ni igiki camufashije kudahungabana muri ivyo bihe bitoroshe? We n’umugore wiwe barishingiye urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu. Avuga ati: «Ndagerageza kuguma niyigisha no kwama nsoma Bibiliya buri musi. Buri gitondo, twe n’umugore wanje turasuzumira hamwe icanditswe c’umusi hanyuma tugaca dusenga Yehova.» None akarorero kabo katwigisha iki? Dukwiye kwiheka kuri Yehova aho kwiyizigira. Uti gute? Mu gukomeza ukwizera kwacu biciye ku kwama twiyigisha Bibiliya no mu kugira uruhara mu bindi bikorwa bijanye no gusenga Yehova. Ivyo bizotuma Yehova na we ahezagira utwigoro tugira kugira tumukorere. Arashobora kudukomeza nka kumwe nyene yakomeza Samusoni.

SAMUSONI YAGUMYE YIHATIRA GUKORA IVYO YEHOVA AGOMBA

12. Ni ingingo mbi iyihe Samusoni yafashe, kandi yari itandukanye gute n’izindi yari amaze gufata?

12 Kubera ko Samusoni atari atunganye nka twebwe twese, vyarashitse arafata ingingo mbi. Hariho imwe muri izo ngingo yafashe yamukwegeye akarambaraye. Haciye igihe kanaka Samusoni ari umucamanza, «[yarakunze] umukobwa yitwa Delila yaba mu kiyaya ca Soreki.» (Abac. 16:4) Imbere y’aho, Samusoni yari yarakunze umukobwa w’Umufilisitiyakazi, ariko «ivyo vyari bivuye kuri Yehova yarondera akaryo ko gutera Abafilisitiya.» Mu nyuma, Samusoni yaragiye kurara ku mumaraya yaba mu gisagara citwa Gaza c’Abafilisitiya. Ico gihe, Imana yarahaye ububasha Samusoni bwo gutwara imiryango y’ico gisagara, gica gisigara kirangaye ata kigikingiye. (Abac. 14:​1-4; 16:​1-3) Gukundana na Delila vyovyo ntivyari kumuha akaryo ko kurwanya Abafilisitiya, kuko wewe ashobora kuba yari Umwisirayelikazi.

13. Delila yataye gute Samusoni mu mutego?

13 Delila yaremeye kugabura Samusoni ku Bafilisitiya kubera amahera menshi bari bamwemereye. Urwo Samusoni yakunda Delila rwoba rwaramuhumye amaso ku buryo atabona intumbero yari afise? Ikizwi coco ni uko Delila yagumye amugobera ngo amuhishurire aho yakura inkomezi, kandi Samusoni yahavuye abimuhishurira. Ikibabaje, iryo kosa Samusoni yakoze ryaratumye inkomezi ziwe zimuvako bituma kandi amara igihe adatoneshwa na Yehova.—Abac. 16:​16-20.

14. Ni ibiki vyashikiye Samusoni kubera yizigiye Delila?

14 Samusoni yarahaboneye kubera ko yizigiye Delila aho kwizigira Yehova. Abafilisitiya barafashe Samusoni maze bamunogora amaso. Baciye baja kumupfungira i Gaza muri ba bantu nyene yari yaramaramaje maze bamugira umushumba wo gusya intete. Mu nyuma Abafilisitiya na bo baramugize akamenyo igihe bari bakoraniye hamwe ngo bahimbaze umusi mukuru. Barashikaniye ibimazi vyinshi imana yabo y’ikinyoma yitwa Dagoni, kuko babona ko ari yo yari yabafashije gufata Samusoni. Mu kumushinyagurira baciye bamukura mw’ibohero bamuzana kuri uwo musi mukuru kugira ngo “abe arabanezereza.”—Abac. 16:​21-25.

Yehova yararonkeje inkomezi Samusoni kugira ashitse urubanza rwiwe ku Bafilisitiya (Raba ingingo ya 15)

15. Samusoni yasubiye gute kwerekana ko yiheka kuri Yehova? (Abacamanza 16:​28-30) (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

15 Naho Samusoni yakoze ikosa rikomeye, yagumye yihatira gukora ivyo Imana igomba. Yagumye arondera akaryo ko kurangura igikorwa Imana yari yaramushinze co kurwanya Abafilisitiya. (Soma Abacamanza 16:​28-30.) Samusoni yinginze Yehova ati: «Mfasha nihore Abafilisitiya.» Imana y’ukuri yarishuye ukwo gutakamba kwa Samusoni iramusubiza inkomezi ziwe ku gitangaro. Ivyo vyatumye ico gihe anesha Abafilisitiya mu buryo bukomeye kuruta uko yari yabigize ubwa mbere.

16. Twigira iki kw’ikosa Samusoni yakoze?

16 Naho ikosa Samusoni yakoze ryatumye ahabonera, yagumye agerageza gukora ivyo Yehova agomba. Igihe natwe dukoze ikosa maze bikaba ngombwa ko dutozwa indero canke dutakaza agateka twari dufise, dukwiye kuguma tugerageza gukora ivyo Yehova agomba. Uribuka ko Yehova adaca aduta. (Zab. 103:​8-10) Naho twoba twarakoze amakosa, Yehova arashobora kuguma adukoresha nka Samusoni.

Naho Samusoni ashobora kuba yariyanse kubera ikosa yakoze, ntiyaciye acika intege, natwe ntidukwiye gucika intege (Raba ingingo ya 17-18)

17-18. Akarorero ka Michael kakuremesha gute? (Raba n’ishusho.)

17 Raba akarorero k’umuvukanyi umwe yitwa Michael. Yaritanga cane mu murimo wa Yehova kuko yari umukozi w’ishengero akaba n’umutsimvyi asanzwe. Ikibabaje, yahavuye akora ikosa ryatumye atakaza utwo duteka twose yari afise. Avuga ati: «Imbere y’aho, nari mfise vyinshi nkora mu murimo wa Yehova. Ariko mu kanya isase, vyose vyaciye bigwa mu mazi. Naho ntigeze niyumvira ko Yehova yociye ampeba, nariyumvira nimba nosubiye kugiranira ubucuti bwiza na we, canke nimba nosubiye guterwa uduteka mw’ishengero nk’ubwa mbere.»

18 Igishimishije, Michael ntiyaciye acika intege. Yongerako ati: «Naciye ngira akigoro ko kunagura ubucuti nari mfitaniye na Yehova mu kwama ndamusenga, niyigisha nongera nzirikana.» Haciye igihe, Michael yarasubiye guterwa uduteka mw’ishengero. Ubu ni umukurambere akaba n’umutsimvyi asanzwe. Avuga ati: «Indemesho naronse, canecane izo nahawe n’abakurambere, zaramfashije kubona ko Yehova akinkunda. Narasubiye gukorera ishengero mfise ijwi ryo mu mutima ryiza. Ivyanshikiye vyaranyigishije ko Yehova aharira umuntu wese yigaya vy’ukuri.» Naho na twebwe twoba twarakoze amakosa, turizigira tudakeka ko Yehova azodukoresha akongera akaduhezagira, nitwaramuka dukoze ivyo dushoboye vyose kugira ngo tugire ivyo duhinduye kandi tukaguma tumwihekako.—Zab. 86:5; Imig. 28:13.

19. Akarorero ka Samusoni kagukomeje gute?

19 Muri iki kiganiro, twarimbuye ibintu bikeyi gusa mu bintu bishimishije vyabaye mu buzima bwa Samusoni. Naho atari atunganye, yagumye agerageza kugira akigoro ko gukorera Yehova n’inyuma y’aho akoreye ikosa ku bijanye na Delila. Yehova na we ntiyaciye amuheba. Yarasubiye kumukoresha mu buryo bukomeye. Yehova yagumye amubona nk’umuntu yagaragaje ukwizera kudasanzwe, aramushira mu rutonde rw’abantu baranzwe n’ukwizera dusanga mu Baheburayo ikigabane ca 11. Ese ukuntu biremesha kumenya ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru dukorera ashashaye kudukomeza, canecane igihe ducitse intege! Cokimwe na Samusoni rero, nimuze dutakambire Yehova duti: «Ndakwinginze unyibuke, umpe inkomezi.»—Abac. 16:28.

URURIRIMBO RWA 3 Inkomezi zacu, icizigiro cacu n’umwizero wacu

a Samusoni avugwa muri Bibiliya arazwi n’abantu benshi, mbere n’abatamenyereye Bibiliya. Inkuru yiwe yaravuganzwe mu bikino, mu ndirimbo, eka mbere no mu masinema. Ico womenya coco ni uko iyo nkuru atari igitito. Hariho ibintu vyinshi dushobora kwigira kuri uwo mugabo yari afise ukwizera gukomeye.