Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 39

Nube umuntu arangwa n’ubwitonzi

Nube umuntu arangwa n’ubwitonzi

«Umushumba w’Umukama ntakwiye kurwana, ahubwo akwiye kuba umuntu yengenga kuri bose.»—2 TIM. 2:24.

URURIRIMBO RWA 120 Twigane ubwitonzi bwa Kristu

INCAMAKE a

1. Ni ibiki abandi boshobora kutubaza kw’ishure canke ku kazi?

 UVYAKIRA gute igihe uwo mukorana canke uwo mwigana kw’ishure akubajije ibijanye n’ivyo wemera? Uhora uca uhagarika umutima? Abenshi ni ko bitugendera. Ariko rero, ikibazo nk’ico coshobora kudufasha kubona ivyo uwo muntu yiyumvira canke yemera, tugaca tuboneraho kumubwira inkuru nziza. Ariko rimwe na rimwe, hari igihe umuntu abaza ikibazo arondera kuvyura ibihari. Ivyo ntibikwiye kudutangaza, kubera usanga bamwebamwe bafise amakuru atari yo ku bijanye n’ivyo twemera. (Ivyak. 28:22) Ikigeretseko, tubayeho mu «misi ya nyuma» aho usanga abantu benshi «badashaka kwumvikana na gato», canke mbere ari «inkazi.»—2 Tim. 3:​1, 3.

2. Kubera iki kwitonda ari ngirakamaro?

2 Woshobora kwibaza uti: “Noshobora gute kuba umuntu yengenga kandi w’ubugwaneza igihe hari uwurwanije ivyo nemera?” Ni igiki cobigufashamwo? Mw’ijambo rimwe ni ubwitonzi. Umuntu yitonda arigumya aho guca atwarwa n’ishavu igihe abandi bamusomborokeje canke iyo atabona neza ingene yokwishura. (Imig. 16:32) Ariko rero woshobora kwiyumvira uti: “Ivyo vyoroshe kuvuga ntivyoroshe gukora.” None wokwiga gute kuba umuntu yitonda? Wokwishurana gute ubwitonzi igihe hagize uwurwanya ivyo wemera? Nimba na ho uri umuvyeyi, wofasha gute abana bawe kumenya ingene boburanira ivyo bemera babigiranye ubwitonzi? Reka tubirabe.

IVYOGUFASHA KUBA UMUNTU YITONDA

3. Kubera iki twovuga ko kwitonda bidasigura kugira intege nke? (2 Timoteyo 2:​24, 25)

3 Umuntu yitonda ntaba afise intege nke, ahubwo aba afise inkomezi. Bisaba inguvu nyinshi kugira ngo umuntu agume atekanye igihe ari mu bintu bitoroshe. Ubwitonzi ni kimwe mu vyo «impwemu yama.» (Gal. 5:​22, 23) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «ubwitonzi», rimwe na rimwe ryerekeza kw’ifarasi y’inyeshamba yamenyerejwe kubana n’abantu. Naho iyo farasi yatekereza yagumana inkomezi zayo. None tweho twoshobora gute kuba abantu bitonda, ariko kandi bafise inkomezi? Ivyo ntitwovyishoboza. Icobidushoboza, ni ugusenga Imana tuyisaba impwemu yayo kugira ngo idufashe gutsimbataza iyo kamere. Hariho abantu benshi babishoboye. Ivyabona vya Yehova benshi barishuranye ubwitonzi ababarwanya maze ivyo birashinga intahe nziza. (Soma 2 Timoteyo 2:​24, 25.) Wokora iki none kugira ngo ube umuntu arangwa n’ubwitonzi?

4. Akarorero ka Izahaki katwigisha iki ku bijanye no kwitonda?

4 Bibiliya irimwo inkuru nyinshi zerekana ko kwitonda ari ngirakamaro. Reka dufate akarorero ka Izahaki. Igihe yaba i Gerari mu karere k’Abafilisitiya, baramugiriye ishari maze bituma bazibira amariba abasuku ba se wiwe bari barimvye. Aho kuyarwanira, Izahaki yahisemwo kubabisa yimukira ahandi be n’umuryango wiwe aca yimba ayandi mariba. (Ita. 26:​12-18) Ariko n’aho yimukiye, Abafilisitiya bamubwiye ko amazi yari muri ayo mariba yari rwabo. Mugabo n’ico gihe, Izahaki yagumye ari umunyamahoro. (Ita. 26:​19-25) Ni igiki none camufashije kuguma yitonda naho bisa n’uko bariko baramusomborotsa? Nta nkeka ko yari yarihweje akarorero k’abavyeyi biwe, akagira ivyo yigiye ku kuntu se wiwe Aburahamu yari umunyamahoro n’ingene nyina wiwe Sara yari afise «umutima utekereje kandi witonda.»—1 Pet. 3:​4-6; Ita. 21:​22-34.

5. Ni akarorero akahe kerekana ko abavyeyi bakirisu bashobora kwigisha abana babo akamaro ko kwitonda?

5 Bavyeyi, na mwebwe murashobora kwigisha abana banyu akamaro ko kwitonda. Raba akarorero k’umusore w’imyaka 17 yitwa Maxence. Ari kw’ishure canke mu ndimiro yarahura n’abantu bakaza ishavu. Abavyeyi biwe baramufashije gutsimbataza ubwitonzi babigiranye ukwihangana. Bavuga ko «Maxence yahavuye atahura ko igihe asomborokejwe, bisaba ko yigumya cane kugira ngo ntace atwarwa n’ishavu canke ngo agere ingere ku yindi.» Igishimishije, Maxence yahavuye aba umuntu arangwa n’ubwitonzi.

6. Gusenga bishobora gute kudufasha kurushiriza gutsimbataza ubwitonzi?

6 Twokora iki igihe hagize uwudusomborotsa, nko mu kuvuga nabi Imana yacu canke mu gusuzugura Bibiliya? Dukwiye gusenga Yehova tumusaba impwemu yiwe n’ubukerebutsi bwiwe kugira tuvyifatemwo mu buryo buranga ubwitonzi. Twokora iki hamwe mu nyuma twobona ko tutavyifashemwo neza nk’uko twategerezwa? Twosubira gusenga hanyuma tukazirikana ku kuntu ubutaha twovyifatamwo neza kuruta. Yehova na we azoca aturonsa impwemu yiwe nyeranda kugira dushobore kwigumya maze tugaragaze ubwitonzi.

7. Gufata ku mutwe ivyanditswe bimwebimwe bishobora gute kudufasha gucungera ivyo tuvuga be n’ivyo dukora? (Imigani 15:​1, 18)

7 Ivyanditswe bimwebimwe birashobora kudufasha gucungera ivyo tuvuga igihe turi mu bintu bitoroshe. Impwemu y’Imana irashobora kudufasha kwibuka ivyo vyanditswe. (Yoh. 14:26) Nk’akarorero, impanuro dusanga mu gitabu c’Imigani zirashobora kudufasha kuba abantu bitonda. (Soma Imigani 15:​1, 18.) Ico gitabu kiratwereka kandi igituma ari ngirakamaro kwigumya mu bihe bitesha umutwe.—Imig. 10:19; 17:27; 21:23; 25:15.

INGENE UGUTAHURA KUDUFASHA KUBA ABANTU BITONDA

8. Kubera iki dukwiye kuzirikana ku coba catumye umuntu abaza ikibazo ku bijanye n’ivyo twemera?

8 Kuba abantu batahura na vyo nyene birashobora kudufasha. (Imig. 19:11) Umuntu atahura arigumya igihe abandi bamuharirije ku vyo yemera. Hariho ibibazo usanga bimeze nk’igitandara kinyegeye mu mazi kiboneka agasunwa gusa. Nk’akarorero, umuntu yoshobora kubaza ikibazo afise imvo yihishije. Imbere y’uko tumwishura rero, turakwiye kumenya yuko twoshobora kuba tutazi icatumye abaza ico kibazo.—Imig. 16:23.

9. Gideyoni yerekanye gute ko afise ugutahura be n’ubwitonzi igihe abagabo bo mu karere ka Efurayimu bamushwanira?

9 Raba ingene Gideyoni yavyifashemwo igihe yagiranira ingorane n’abagabo bo mu karere ka Efurayimu. Baramushwaniye cane mu kumubaza igituma atabatumyeko imbere y’igihe kurwanya abansi ba Isirayeli. None ni igiki cari catumye bashavura ukuraho? Boba babitumwe n’ubwibone? Icoba carabibatumye cose, Gideyoni yarabu bahirije yongera abishurana ubwitonzi. None vyavuyemwo iki? Ishavu ryaciye rihwama, «baraturura.»—Abac. 8:​1-3.

10. Ni igiki codufasha kumenya ingene twokwishura abaduhaririza ku bijanye n’ivyo twemera? (1 Petero 3:15)

10 Uwo dukorana canke uwo twigana yoshobora kutubaza ikibazo ku bijanye n’igituma tutagira uruhara mu bintu bimwebimwe biteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Turagerageza kumusigurira ivyo twemera mugabo kandi tukubahiriza ivyiyumviro vyiwe. (Soma 1 Petero 3:15.) Akenshi biraba vyiza tubonye ico kibazo nk’akaryo ko kumenya ico yiyumvira aho kugifata nk’igitero atugavyeko. Imvo iyo ari yo yose yoba yatumye umuntu abaza ikibazo, turakwiye kumwishurana ubugwaneza n’umutima mwiza. Tubigenjeje gutyo, inyishu tumuha yoshobora gutuma asubira kuzirikana ku kuntu abona ibintu. Naho yoba yabigize mu buryo butaranga urupfasoni canke burimwo agahemo, dukwiye kumwishurana ubugwaneza.—Rom. 12:17.

Kubanza kumenya imvo zoba zatumye umuntu agutumira ku musi mukuru w’ivuka ryiwe, vyoshobora gutuma umenya ingene umwishura (Raba ingingo ya 11-12)

11-12. (a) Igihe umuntu atubajije ikibazo kigoye, dukwiye kurimbura iki imbere yo kumwishura? (Raba n’ishusho.) (b) Tanga akarorero kerekana ingene igihe umuntu abajije ikibazo bishobora kuduha akaryo ko gutanguza ikiyago.

11 Nk’akarorero, igihe uwo dukorana atubajije igituma tudahimbaza imisi mikuru y’ivuka, twoshobora kuzirikana duti: “Yoba ariko ariyumvira ko twebwe tudafata umwanya wo kuryoherwa? Canke yoba yibaza ko impagararo yacu ishobora kwonona ubugenzi buri hagati y’abo dukorana?” Turashobora kumuhumuriza mu kumubwira ko dushima cane ingene yitaho ineza y’abo bakorana be n’uko natwe twipfuza gukorera ahantu harangwa akayaga keza. Ivyo vyoshobora gutuma tuyaga ku vyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’imisi mikuru y’ivuka.

12 Twoshobora kubigenza gutyo nyene no ku bindi bibazo usanga bitoroshe. Nk’akarorero, uwo twigana kw’ishure yoshobora kuvuga ko Ivyabona vya Yehova bakwiye guhindura uko babona abantu bahuza ibitsina n’ababisangiye. Yoba avuga gutyo kubera ko adatahura ingene Ivyabona vya Yehova babona ivy’ico kibazo? Canke yoba abitumwa ni uko afise incuti canke umugenzi ahuza ibitsina n’ababisangiye? Canke na ho yoba yibaza ko tuterekwa abantu bahuza ibitsina n’ababisangiye? Twoshobora kumuhumuriza yuko dukunda abantu bose be n’uko twemera ko umuntu wese afise uburenganzira bwo kwihitiramwo. b (1 Pet. 2:17) Twoshobora guca tumubwira ivyo Bibiliya ivuga be n’uko kubikurikiza bitugirira akamaro.

13. Twofasha gute umuntu atemera ko Imana ibaho?

13 Igihe duhuye n’umuntu aduhaririza, ntidukwiye guca twibwira ko tuzi ivyo yemera. (Tito 3:2) Nk’akarorero, wokora iki nka hamwe umunyeshure mwigana yogutwenga kubera ko wemera Imana? Woba ukwiye guca wibwira ko yanyuzwe n’inyigisho y’ihindagurika kandi ko azi vyinshi ku bijanye na yo? Hari n’aho wosanga ivy’iyo nyigisho ata kintu kinini abiziko. Aho guca utangura guharira na we, vyoba vyiza umubwiye ikintu gituma asigara arazirikana. Kumbure woshobora kumwerekeza ku biganiro dusanga kuri jw.org bivuga ibijanye n’irema. Hari aho mu nyuma yoshima ko muyaga ku kiganiro canke kw’ividewo yahasanze. Kumwubahiriza muri ubwo buryo, vyoshobora gutuma asubira kuzirikana ku vyo yemera.

14. Niall yakoresheje neza gute urubuga rwacu mu gufasha uwo bigana kwikuramwo ivyiyumviro bitari vyo yari afise ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova?

14 Umuyabaga umwe yitwa Niall yarakoresheje urubuga rwacu mu kubeshuza ivyiyumviro bitari vyo abantu bamwebamwe bafise ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova. Avuga ati: «Hari umunyeshure twigana yakunda kumbwira ko ntemera siyansi ngo kubera ko nemera igitabu cuzuye ibitito.» Igihe uwo munyeshure yanka ko Niall amusigurira ivyo yemera, yaciye amurungika ku rubuga rwacu rwa jw.org ku gice kivuga ngo «Siyansi na Bibiliya.» Mu nyuma, Niall yarabonye ko uwo munyeshure ashobora kuba yarasomye ayo makuru kuko yabonye ko ashashaye ko bayaga ivyerekeye inkomoko y’ubuzima. Na wewe birashobora kukugendera gutyo.

NIMWITEGURIRE HAMWE UKO MUGIZE UMURYANGO

15. Abavyeyi bofasha gute abana babo kugaragaza ubwitonzi igihe abo bigana babaharirije ku vyo bemera?

15 Abavyeyi barashobora kwigisha abana babo kugaragaza ubwitonzi igihe abandi babaharirije ku vyo bemera. (Yak. 3:13) Ivyo abavyeyi bamwebamwe babigira biciye ku dukino bategura mu gusenga kwo mu muryango. Bariyumvira ibibazo vyoshobora kuvyuka kw’ishure, bakabiganirako, bakerekana ingene bovyishura hanyuma bagaca bigisha abana babo ingene bovyishurana ubwitonzi.—Raba uruzitiro ruvuga ngo « Kwimenyereza birashobora gufasha umuryango wanyu

16-17. Kwimenyereza bishobora gute gufasha abakiri bato?

16 Kwimenyereza birashobora gutuma abakirisu baronka ivyiyumviro bibajijura ubwabo ko bari mu kuri, bakabona n’ingene bobikoresha mu kujijura abandi. Ibiganiro biri kuri jw.org mu gice kivuga ngo «Urwaruka ruribaza», usanga rurimwo imyimenyerezo igenewe imiyabaga. Igenewe gufasha abakiri bato gukomeza ukwizera kwabo no kumenya ingene botanga inyishu mu majambo yabo bwite. Gusuzumira hamwe ivyo biganiro uko tugize umuryango, birashobora kudufasha twese kumenya ingene twoburanira ukwizera kwacu tubigiranye ubwitonzi.

17 Uwukiri muto umwe yitwa Matthew aravuga ingene kwimenyereza vyamufashije. Mu gusenga kwo mu muryango, Matthew n’abavyeyi biwe akenshi bararondera ibibazo bishobora kuvyuka kw’ishure. Avuga ati: «Turiyumvira ibibazo vyoshobora kuvyuka, tugaca twimenyereza ingene twovyishura twisunze ubushakashatsi tuba twagize. Iyo ntahuye neza ivyo nemera, nca numva ntekanye bigaca binyorohera no kubiyaga n’abandi ndabigiranye ubwitonzi.»

18. Mu Bakolosayi 4:6 herekana agaciro ko gukora iki?

18 Ariko rero, gusigura ibintu mu buryo bujijura hari igihe usanga bidahagije kugira ngo abantu bamwebamwe banyurwe. Kubigirana ukwengenga be n’ubwitonzi birashobora kugira ico bibafashije. (Soma Abakolosayi 4:6.) Kubwira abandi ivyo twemera twobigereranya no kubaterera umupira. Turashobora kuwubaterera twengenga canke tukabigirana inguvu nyinshi. Tuwuteye twengenga uwundi arashobora kuwufata maze urukino rukabandanya. Igihe natwe tuvuganye ukwengenga n’ubwitonzi, abantu boshobora kurushiriza kutwumviriza maze ikiyago kikibandanya. Ariko rero igihe umuntu yipfuza kuduhaririza gusa canke gucokora ivyo twemera, si ngombwa ko tubandanya ico kiganiro. (Imig. 26:4) Igishimishije, abantu nk’abo si benshi kuko abatari bake batwumviriza.

19. Ni ibiki bikwiye gutuma tuburanira ivyo twemera tubigiranye ubwitonzi?

19 Mu vy’ukuri, kwihatira kuba abantu barangwa n’ubwitonzi ni ngirakamaro cane. Igihe havyutse ibibazo vyo kuduhaririza canke kudutyoza, nusenge Yehova umusaba inkomezi kugira ngo ugume ugaragaza ubwitonzi. Niwibuke ko kugaragaza ubwitonzi bishobora gutuma ivyo mudahurizako n’abandi bidacika ibihari. Vyongeye, kwishurana ubwitonzi n’urupfasoni, vyoshobora gutuma bamwebamwe bahindura ukuntu batubona n’ingene babona ukuri kwo muri Bibiliya. “Niwame witeguriye kuburanira” ivyo wemera ubigiranye «ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.» (1 Pet. 3:15) Egome, nube umuntu arangwa n’ubwitonzi!

URURIRIMBO RWA 88 Numenyeshe inzira zawe

a Iki kiganiro kiraturonsa ivyiyumviro bitandukanye bidufasha kubona ingene twoburanira ivyo twemera, igihe abandi badusomborokeje canke baturwanije.

b Ushaka ibindi vyiyumviro, raba ikiganiro kivuga ngo «Bibiliya ivuga iki ku bijanye no guhuza ibitsina kw’ababisangiye?» muri Be maso! No. 4 yo mu 2016.

c Ibindi vyiyumviro vyogufasha urashobora kubisanga kuri jw.org mu gice kivuga ngo «Urwaruka ruribaza» be n’ikivuga ngo «Ibibazo bikunze kubazwa ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova