Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 40

Nugume wumiyeko nka Petero

Nugume wumiyeko nka Petero

«Mukama, igira kure yanje kuko ndi umucumuzi.»—LUKA 5:8.

URURIRIMBO RWA 38 Imana izogukomeza

INCAMAKE a

1. Petero yavyakiriye gute igihe bafata amafi ku gitangaro?

 PETERO yari yamaze ijoro ryose aroba mugabo arabura n’iy’umuti. Yagiye yumva Yezu amubwiye ati: «Genda ahari amazi menshi, muterere insenga zanyu murobe.» (Luka 5:4) Petero yarabigize naho yakekeranya ko ata n’imwe yari kuronka. Insenga batereye zarafashe amafi menshi ku buryo zitangura gutabagurika. Petero n’abo bari kumwe babonye ico gitangaro, baciye «bateke[rwa] n’ubwoba.» Petero yaciye avuga ati: «Mukama, igira kure yanje kuko ndi umucumuzi.» (Luka 5:​6-9) Biboneka ko Petero yabona ko atari abereye no kuba imbere ya Yezu.

2. Kurimbura akarorero ka Petero bishobora kudufasha gute?

2 Petero yavuze ukuri. Yari «umucumuzi.» Ivyanditswe biravuga ko rimwe na rimwe yavuga canke agakora ibintu vyatuma mu nyuma yicuza. Woba nawe bishika ukiyumva nk’ukwo kwa Petero? Hoba hari ubugoyagoye canke utunenge uguma urondera kuryohora? Nimba bihari, gusuzuma akarorero ka Petero biraza kukuremesha. Uti gute? Zirikana kuri iki kintu: Yehova iyo ashaka, ntiyari kwandikisha muri Bibiliya amakosa Petero yakoze. Ariko yarayandikishije kugira ngo tuyakuremwo ivyigwa. (2 Tim. 3:​16, 17) Gusuzuma ibijanye n’uwo mugabo yari afise ubugoyagoye kandi yari ameze nkatwe, biradufasha kubona ko Yehova atiteze ko tuba abantu batagira akanenge. Ashaka ko twumirako tukaguma tugira akigoro naho dukora amakosa.

3. Kubera iki dukwiye kwumirako?

3 Kubera iki bihambaye ko twumirako? Wa wundi ati: «Nta wiga kubumba rimwe ngo ace abumba intango.» Tubitangire akarorero: Umucuraranzi yoshobora kumara imyaka itari mike yiga gukoresha igicurarangisho. Muri ico kiringo, naho yokora amakosa menshi mugabo akaguma agerageza, arateba akamenya kukivuza neza. Mbere n’igihe aba yamenye kukivuza neza, vyoshika agakora ikosa. Ariko bishitse ntaca acika intege. Aguma agerageza kuraba ivyo yoryohora. Muri ubwo buryo nyene, naho twobona ko twatsinze ubugoyagoye kanaka, koshobora gucamwo bukagaruka. Ariko n’ico gihe, tuguma tugerageza kugira ivyo turyohoye. Naho twese bishika tukavuga canke tugakora ibintu bituma mu nyuma twicuza, iyo tudatanye n’akabando, Yehova aradufasha kuguma dutera imbere. (1 Pet. 5:10) Nimuze turabe akarorero Petero yadusigiye ku bijanye no kwumirako. Kurimbura ingene Yezu yamugaragarije impuhwe ataravye amakosa yagiye arakora, birashobora kutuvyurira umutima wo kubandanya dukorera Yehova.

AMAKOSA PETERO YAKOZE BE N’IMIHEZAGIRO YIRONKEYE

Wari kuvyifatamwo gute iyo ushikirwa n’ivyashikiye Petero? (Raba ingingo ya 4)

4. Twisunze Luka 5:​5-10, Petero yidondoye gute, ariko Yezu yamuhumurije gute?

4 Ivyanditswe ntibivuga igituma Petero yavuze ko yari «umucumuzi» canke ibicumuro ashobora kuba yashaka kuvuga. (Soma Luka 5:​5-10.) Ariko rero, ashobora kuba yari yakoze amakosa akomeye. Yezu yarabonye ko Petero yagize ubwoba, kumbure bivuye ku kwiyumvira ko atari abereye. Ariko kandi Yezu yari azi ko Petero yari gushobora kuguma ari intahemuka. Ni co gituma Yezu yaciye amuhumuriza ati: «Ntutinye.» Ukwo kuntu Yezu yizigira cane Petero vyarahinduye ubuzima bwiwe. Petero na mwenewabo Andereya, bahavuye baheba umwuga wabo wo kuroba maze bafata ingingo yo kuguma bakurikira Mesiya, ivyo bikaba vyatumye bironkera imihezagiro idasanzwe.—Mrk. 1:​16-18.

5. Kuba Petero yaratsinze ubwoba akongera agakurikira Yezu, vyatumye yironkera ivyiza ibihe?

5 Igihe Petero yakurikira Kristu, yariboneye ibintu bitangaje. Yarabonye ingene Yezu yakijije abarwaye, agasenda abadayimoni mbere akazura n’abapfuye. b (Mat. 8:​14-17; Mrk. 5:​37, 41, 42) Petero kandi yarabonye mw’iyerekwa ingene Yezu yoninahajwe mu Bwami bw’Imana, ico kikaba ari ikintu atigeze yibagira. (Mrk. 9:​1-8; 2 Pet. 1:​16-18) Emwe, Petero yarabonye ibintu atari kubona iyo adakurikira Yezu! Ese ukuntu ategerezwa kuba yarahimbawe no kubona ataretse ngo kwiyumvira ko ari umucumuzi bitume ahomba iyo mihezagiro yose!

6. Petero yoba yaciye atsinda ubugoyagoye bwiwe? Sigura.

6 Ivyo Petero yabonye be n’ivyo yumvise, ntivyatumye aca atsinda ubugoyagoye bwiwe. Raba uburorero bukeya. Igihe Yezu yasigura ingene yobabajwe akongera agapfa nk’uko vyari vyaravuzwe mu buhanuzi, Petero yaciye amukarira. (Mrk. 8:​31-33) Incuro zitari nke, Petero be n’izindi ntumwa barahaririye ku bijanye n’uwari mukuru muri bo. (Mrk. 9:​33, 34) Mw’ijoro buca Yezu apfa, Petero yaratwawe n’ishavu aca ugutwi kw’umuntu. (Yoh. 18:10) Muri iryo joro nyene, Petero yaratekewe n’ubwoba bituma yihakana umugenzi wiwe Yezu incuro zitatu. (Mrk. 14:​66-72) Ivyo vyatumye Petero aturikisha ararira.—Mat. 26:75.

7. Yezu amaze kuzuka, ni akaryo akahe yahaye Petero?

7 Yezu ntiyaciye aheba iyo ntumwa yiwe yari yavunitse umutima. Yezu amaze kuzuka, yarasubiriye guha Petero akaryo ko kwemeza yuko yamukunda. Yezu yasavye Petero kwitwararika intama ziwe yicishije bugufi. (Yoh. 21:​15-17) Petero yaravyemeye, kandi ku musi wa Pentekoti yari i Yeruzalemu mu bantu ba mbere barobanujwe impwemu nyeranda.

8. Ni ikosa rikomeye irihe Petero yakoreye i Antiyokiya?

8 N’inyuma y’aho Petero arobanuriwe n’impwemu nyeranda, vyarashitse arakora amakosa. Mu 36 inyuma ya Kristu, igihe Umunyamahanga atagenyerewe yitwa Koruneliyo yarobanuzwa impwemu nyeranda, Petero ni ho yari. Ukwo kurobanuzwa impwemu nyeranda, cari ikimenyamenya c’uko «Imana itagira nkunzi» be n’uko Abanyamahanga bashobora kuba mu bagize ishengero rya gikirisu. (Ivyak. 10:​34, 44, 45) Inyuma y’aho, Petero yaratanguye gusangira n’Abanyamahanga ata co yinona, ico kikaba cari ikintu atari kwubahuka gukora imbere y’aho. (Gal. 2:12) Ariko rero, hari abakirisu b’Abayuda babona ko Abayuda batari bakwiye gusangira n’Abanyamahanga. Igihe bamwe muri abo bakirisu babona ibintu gutyo bashika i Antiyokiya, Petero yaciye areka gusangira n’abavukanyi biwe b’Abanyamahanga, kumbure kubera gutinya gutsitaza abakirisu b’Abayuda. Intumwa Pawulo yarabonye ubwo buryarya bwa Petero, aca aramukarira imbere y’abari bahari bose. (Gal. 2:​13, 14) Naho Petero yakoze iryo kosa, ntiyaciye atana n’akabando. Ni ibiki none vyamufashije?

NI IBIKI VYAFASHIJE PETERO KUGUMA YUMIYEKO?

9. Muri Yohani 6:​68, 69 herekana gute ko Petero yari intahemuka?

9 Petero yari intahemuka. Ntiyaretse ngo hagire ikintu na kimwe kimubuza kuguma akurikira Yezu. Nk’akarorero, yarerekanye ko ari intahemuka igihe Yezu yavuga ikintu abigishwa biwe batatahura. (Soma Yohani 6:​68, 69.) Abenshi baciye baheba gukurikira Yezu aho kurindira ko yokibasigurira. Ariko Petero wewe ntiyamuvuye inyuma. Yaremera ko Yezu ari we wenyene yari afise «amajambo y’ubuzima budahera.»

Kubona ingene Yezu yari yizigiye Petero bikuremesha gute? (Raba ingingo ya 10)

10. Yezu yerekanye gute ko yizigira Petero? (Raba n’ishusho.)

10 Yezu ntiyahevye Petero. Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaze ng’aha kw’isi, yari azi ko Petero be n’izindi ntumwa bomutaye. Naho ari ukwo, Yezu yarerekanye icizere c’uko Petero yokwigaruye kandi akaguma ari intahemuka. (Luka 22:​31, 32) Yezu yaratahura ko “umutima ushashaye ariko ko umubiri ugoyagoya.” (Mrk. 14:38) Ni co gituma n’inyuma y’aho Petero amwihakaniye, Yezu ataciye amukurako amaboko. Igihe Yezu yazuka yariyeretse Petero, bikaba biboneka ko ico gihe Petero yari wenyene. (Mrk. 16:7; Luka 24:34; 1 Kor. 15:5) Ese ukuntu ivyo bitegerezwa kuba vyararemesheje cane iyo ntumwa yari yacitse intege!

11. Yezu yahumurije gute Petero ko Yehova yomushigikiye?

11 Yezu yarahumurije Petero ko Yehova yomushigikiye. Yezu amaze kuzuka, yaratumye Petero be n’izindi ntumwa baroba ayandi mafi ku gitangaro. (Yoh. 21:​4-6) Nta nkeka ko ico gitangaro cakuye amazinda Petero ko Yehova yoshoboye kumuronsa ivyo akeneye ku mubiri. Birashoboka ko Petero yaciye yibuka amajambo Yezu yavuze yuko Yehova yoronkeje ivya nkenerwa abaguma «[ba]banza kurondera Ubwami.» (Mat. 6:33) Ivyo vyatumye Petero ashira imbere igikorwa co kwamamaza, aho gushira imbere igikorwa co kuroba. Ku musi wa Pentekoti yo mu 33, yarashinze intahe abigiranye umutima rugabo, arafasha abantu ibihumbi kwemera inkuru nziza. (Ivyak. 2:​14, 37-41) Mu nyuma yarafashije Abasamariya n’Abanyamahanga kwemera Kristu. (Ivyak. 8:​14-17; 10:​44-48) Emwe, Yehova yarakoresheje Petero mu buryo budasanzwe kugira ngo azane abantu b’uburyo bwose mw’ishengero rya gikirisu!

NI IVYIGWA IBIHE TUHAKURA?

12. Akarorero ka Petero gashobora kudufasha gute nimba hari ubugoyagoye kanaka tuguma tunyinyana?

12 Yehova arashobora kudufasha kudatana n’akabando. Ariko rero birashobora kutubera urugamba, na canecane igihe hari ubugoyagoye tuguma tunyinyana. Rimwe na rimwe, twoshobora kubona ko ubugoyagoye bwa Petero bwagendeka tubugereranije n’ubwacu. Naho ari ukwo, Yehova arashobora kudukomeza kugira ntidutane n’akabando. (Zab. 94:​17-19) Nk’akarorero, imbere y’uko umuvukanyi umwe amenya ukuri, yaramaze imyaka itari mike ari mu bantu bahuza ibitsina n’ababisangiye. Yahavuye afata ingingo yo kuvavanura n’iyo ngeso. Ariko n’inyuma y’aho, vyarashika akagira ivyipfuzo bibi. None ni ibiki vyamufashije kudacika intege? Avuga ati: «Yehova aradukomeza.» Yongerako ati: «Mfashijwe n’impwemu ya Yehova . . . , narabonye ko bishoboka ko [mbandanya] nigenza nk’uko ashaka . . . Yehova yagumye ankoresha, kandi arabandanya kunkomeza naho ngifise udusembwa.»

Horst Henschel yatanguye umurimo w’igihe cose ku wa 1 Nzero 1950. Wibaza ko yoba yaricujije kubona yarakoreye Yehova ubuzima bwiwe bwose? (Raba ingingo ya 13, 15) d

13. Twisunze ibivugwa mu Vyakozwe 4:​13, 29, 31, twokwigana gute akarorero ka Petero? (Raba n’ishusho.)

13 Nk’uko twabibonye, incuro zitari nke Petero yaraguye mu mutego wo gutinya abantu. Ariko igihe yasenga asaba ubutinyutsi, yarashoboye kugira umutima rugabo. (Soma Ivyakozwe 4:​13, 29, 31.) Na twebwe turashobora gutsinda ubwoba. Raba ivyashikiye umuvukanyi yari akiri muto wo mu Budagi yitwa Horst mu gihe c’intwaro y’Abanazi. Incuro zitari nke, abandi baramuremereye kw’ishure maze aravuga indamukanyo yahayagiza Hitler ko ari umurokozi (Heil Hitler!). Abavyeyi biwe aho kumukarira, barasenze bari kumwe na we, basaba Yehova ngo amuhe umutima rugabo. Kubera ko Horst yafashijwe n’abavyeyi biwe akongera akiheka kuri Yehova, yahavuye aronka inkomezi zo gushikama. Mu nyuma yavuze ati: «Yehova ntiyigeze ampeba.» c

14. Abungere bitwararika intama bohumuriza gute abacitse intege?

14 Yehova na Yezu ntibazoduheba. Inyuma y’aho Petero yihakaniye Kristu, yategerezwa gufata ingingo ikomeye. Yoba yari guca aheba kuba umwigishwa wa Kristu canke yari kubandanya? Yezu yari yaratakambiye Yehova ngo ukwizera kwa Petero ntikugoyagoye. Yezu yarabwiye Petero ko yari yamusengeye, yongera aramubwira ko yari yizigiye yuko mu nyuma na we yokomeje abavukanyi biwe. (Luka 22:​31, 32) Nta nkeka ko igihe Petero yaba yibutse ayo majambo ya Yezu vyamuhumuriza. Igihe natwe duhanganye no gufata ingingo ikomeye, Yehova arashobora gukoresha abungere bitwararikana kugira ngo baturemeshe kuguma turi intahemuka. (Ef. 4:​8, 11) Umuvukanyi umwe yitwa Paul amaze igihe kirekire ari umukurambere, aragerageza gukora ico kintu. Ababa bacitse intege, arabasaba kuzirikana ku kuntu Yehova yatanguye kubakwegera mu kuri. Aca abahumuriza ko Yehova abakunda urukundo rudahemuka, ko rero atazobaheba. Asozera avuga ati: «Abari bacitse intege batari bake, nariboneye ingene Yehova yabafashije kuguma bumiyeko.»

15. Akarorero ka Petero n’aka Horst bwerekana gute ko ibivugwa muri Matayo 6:33 ari ukuri?

15 Nka kumwe nyene Yehova yaronkeje Petero n’izindi ntumwa ivyo bari bakeneye ku mubiri, ni ko na twebwe azobituronsa nitwashira imbere igikorwa co kwamamaza. (Mat. 6:33) Igihe Intambara ya kabiri y’isi yose yarangira, Horst yaciye yiyumvira gukora ubutsimvyi. Ariko rero yari akenye cane, ku buryo yakekeranya nimba yoshobora kwibeshaho akongera akaguma muri uwo murimo w’igihe cose. None yakoze iki? Yafashe ingingo yo kugeza Yehova mu kumara indwi yose asohoka mu ndimiro mu gihe c’urugendo rw’umuhagarikizi w’umuzunguruko. Iyo ndwi irangiye, yarumiwe igihe umuhagarikizi w’umuzunguruko yamuha ibahasha yarimwo amahera yari yatanzwe n’umuntu atashimye kwivuga. Iyo bahasha yarimwo amahera menshi yoshoboye kumufasha mu mezi atari make yomaze ariko akora ubutsimvyi. Horst yaciye abona ko iyo ngabire ari icemeza c’uko Yehova yomuronkeje ivyo akenera. Kuva ico gihe yaciye amara ubuzima bwiwe bwose ashira imbere ivy’Ubwami.—Mal. 3:10.

16. Kubera iki dukwiye kwitwararika akarorero ka Petero be n’ivyo yanditse?

16 Ese ukuntu Petero ategerezwa kuba yarahimbawe no kubona Yezu ataciye amuva iruhande nk’uko yari yabimusavye! Kristu yarabandanije gufasha Petero kugira ngo abe intahemuka yongere abere akarorero kadasanzwe abakirisu. Ukwo kumenyerezwa yamuronkeje, turashobora kugukuramwo ivyigwa vyodufasha twese. Bimwebimwe muri ivyo vyigwa eka mbere n’ibindi, Petero yarabibwiye amashengero yo mu kinjana ca mbere mu makete abiri yabandikiye ahumekewe n’Imana. Ikiganiro gikurikira, kiraca irya n’ino bimwebimwe muri vyo be n’ingene twobishira mu ngiro muri iki gihe.

URURIRIMBO RWA 126 Guma uri maso, ushikame, ukomere

a Iki kiganiro kigenewe kuremesha abafise ubugoyagoye kanaka, ko bashobora kubutsinda maze bakaguma ari intahemuka kuri Yehova.

b Ivyanditswe vyinshi biri muri iki kiganiro vyavuye mu Njili ya Mariko. Biboneka yuko ivyo yanditse yabibwiwe na Petero yavyiboneye n’amaso yiwe.

c Raba inkuru y’ubuzima ya Horst Henschel ivuga iti: «Narakomejwe n’ukudahemuka kw’abo mu muryango wanje», iri muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Ruhuhuma 1998.

d INSOBANURO Y’ISHUSHO: Abavyeyi ba Horst Henschel barasenze bari kumwe na we, bongera baramufasha gushikama.