Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 38

Rwaruka, mwipfuza ko ubuzima bwanyu buzomera gute?

Rwaruka, mwipfuza ko ubuzima bwanyu buzomera gute?

“Ugutahura kuzokuzigama.”—IMIG. 2:11.

URURIRIMBO RWA 135 “Ca ubwenge mwananje”

INCAMAKE a

1. Ni kubera iki ibanga Yehowasi, Uziya na Yosiya bashinzwe ritari ryoroshe?

 IYUMVIRE hamwe wogenwa kuba umwami w’abasavyi b’Imana ukiri umwana canke ukiri umuyabaga! Wokoresha gute ubwo bukuru? Bibiliya iratubwira abantu batari bake babaye abami b’Ubuyuda bakiri bato. Nk’akarorero, Yehowasi yabaye umwami afise imyaka 7, Uziya 16, Yosiya na we 8. Iryo banga ritegerezwa kuba ritaboroheye. Naho bitari vyoroshe, bose bararonse ababafasha gutsinda intambamyi no gukora ivyiza.

2. Kubera iki bibereye ko turimbura akarorero ka Yehowasi, aka Uziya n’aka Yosiya?

2 Naho tutari abami canke abamikazi, turashobora kugira ivyo twigiye kuri abo bantu batatu bavugwa muri Bibiliya. Mu buzima bwabo barafashe ingingo nziza, ariko kandi barafashe n’ingingo mbi. Dufatiye ku vyabashikiye, turaza kubona igituma bihambaye ko duhitamwo abagenzi beza, tuguma twicishije bugufi be n’igituma dukwiye kuguma turondera Yehova.

NUHITEMWO ABAGENZI BEZA

Muri iki gihe birashoboka ko umuntu yigana akarorero keza ka Yehowasi mu kwumviriza abagenzi beza (Raba ingingo ya 3 n’iya 7) c

3. Umwami Yehowasi yakiriye gute ubuyobozi umuherezi mukuru Yehoyada yamuha?

3 Nufate ingingo nziza nk’izo Yehowasi yafashe. Igihe umwami Yehowasi yari akiri muto, yarafashe ingingo nziza. Kubera ko atagira se, yisunga ubuyobozi yahabwa na Yehoyada, umuherezi mukuru w’umwizigirwa. Uwo muherezi yigisha Yehowasi nk’aho yari umwana wiwe bwite. Ivyo vyahavuye bituma Yehowasi afata ingingo nziza yo kuja imbere abandi mu gusenga kw’ukuri no mu gukorera Yehova. Yehowasi yaranatunganije mbere ivyo gusanura urusengero rwa Yehova.—2 Ngo. 24:​1, 2, 4, 13, 14.

4. Kwubahiriza amabwirizwa ya Yehova bitugirira akamaro gute? (Imigani 2:​1, 10-12)

4 Nimba hari uwuriko arakwigisha gukunda Yehova no kubaho wisunga ingingo ngenderwako ziwe, uwo muntu ariko arakuronsa ikintu c’agaciro. (Soma Imigani 2:​1, 10-12.) Abavyeyi barashobora kumenyereza abana babo mu buryo butandukanye. Raba ingene se wa Katya yamufashije gufata ingingo nziza. Buri musi, igihe yaba amutwaye kw’ishure, baraganira ku canditswe c’umusi. Katya avuga ati: «Ivyo biyago vyaramfasha kuvyifatamwo neza mu ngorane zanshikira ndi kw’ishure.» Bite hoho nimba ubuyobozi bushingiye kuri Bibiliya abavyeyi bawe baguha busa n’aho bukubuza umwidegemvyo? Ni igiki cogufasha kubukurikiza? Mushiki wacu umwe yitwa Anastasia aribuka ingene abavyeyi biwe bafata umwanya wo kumusigurira igituma bamushingira amategeko amwamwe. Avuga ati: «Ivyo vyatumye mbona ayo mategeko nk’uburinzi aho kuyabona nk’ayanzitira.»

5. Ivyo ukora bishobora kugira ico bikoze gute ku bavyeyi bawe no kuri Yehova? (Imigani 22:6; 23:​15, 24, 25)

5 Niwakurikiza impanuro zishingiye kuri Bibiliya abavyeyi bawe baguha, bizotuma banezerwa. N’igihambaye kuruta uzonezereza Yehova wongere ugiranire ubugenzi somambike na we. (Soma Imigani 22:6; 23:​15, 24, 25.) Ivyo none ntibikwiye gutuma wigana akarorero ka Yehowasi igihe yari akiri muto?

6. Ni impanuro za bande Yehowasi yatanguye kwumviriza, kandi vyavuyemwo iki? (2 Ngoma 24:​17, 18)

6 Nukure icigwa ku ngingo mbi Yehowasi yafashe. Yehoyada amaze gupfa, Yehowasi yaciye yifatanya n’abagenzi babi. (Soma 2 Ngoma 24:​17, 18.) Yahisemwo kwumviriza abaganwa bo mu Buyuda batakunda Yehova. Nta nkeka ko na wewe wemera ko yari akwiye guca kure abahanuzi babi nk’abo. (Imig. 1:10) Aho kubigenza gutyo, yarumvirije abo bantu yita ngo ni abagenzi. Washima, igihe Zakariya muvyara wa Yehowasi yagerageza kumukosora, Yehowasi yaciye amwicisha. (2 Ngo. 24:​20, 21; Mat. 23:35) Umve nawe ubwo bupfu! Naho Yehowasi yari yatanguye neza, ikibabaje yahavuye aba umuhuni n’umwicanyi. Amaherezo Yehowasi na we nyene yahavuye yicwa n’abasuku biwe. (2 Ngo. 24:​22-25) Ese ukuntu ubuzima bwiwe bwari kumera neza, iyo aza kubandanya yumviriza Yehova be n’abamukunda bose! Ni icigwa ikihe none wokura kuri ako karorero kiwe?

7. Ni bande ukwiye kugira abagenzi? (Raba n’ishusho.)

7 Icigwa kimwe twigira ku ngingo mbi Yehowasi yafashe, ni uko dukwiye guhitamwo abagenzi bazotugirako akosho keza, ni ukuvuga abagenzi bakunda Yehova kandi bipfuza kumunezereza. Ntidukwiye kuronderera abagenzi mu bo tunganya imyaka gusa. Niwibuke ko Yehoyada yaruta kure n’iyo Yehowasi. Ku bijanye no guhitamwo abagenzi, niwibaze uti: “Boba bamfasha kurushiriza kwizera Yehova? Boba bandemesha kubaho nisunga ingingo ngenderwako z’Imana? Ibiyago vyabo vyoba bishingiye kuri Yehova no ku kuri kw’agaciro yaturonkeje? Boba bubahiriza ingingo ngenderwako z’Imana? Boba bambwira ivyo nipfuza kwumva gusa, canke barubahuka no kunkosora igihe mba nahuvye?” (Imig. 27:​5, 6, 17) Tuvugishije ukuri, nimba abagenzi bawe badakunda Yehova, abo nta bagenzi barimwo. Ariko nimba abagenzi bawe bakunda Yehova, abo bumireko kuko bazogufasha.—Imig. 13:20.

8. Nimba dukoresha imbuga hwaniro, ni ibiki dukwiye kwitwararika?

8 Imbuga hwaniro ziradufasha guhanahana amakuru n’incuti n’abagenzi. Ariko rero, abenshi bazikoresha mu kwiyerekana, bagashirako amafoto n’amavidewo yerekana ivyo baguze canke ivyo bakoze. Nimba ukoresha imbuga hwaniro, niwibaze uti: “Noba mfise intumbero yo kwiyerekana? Noba nipfuza kuremesha abandi canke gutuma banshimagiza? Noba ndeka abandi bakoresha ubu buhinga bakangirako akosho kabi mu vyo niyumvira, mu vyo mvuga no mu vyo nkora?” Umuvukanyi Nathan Knorr yahoze mu bagize Inama Nyobozi, yatanze iyi mpanuro igira iti: «Niwarondera kunezereza abantu, nta n’umwe uzopfa unezereje. Niwanezereza Yehova, uzonezereza n’abamukunda bose.»

NUGUME WICISHIJE BUGUFI

9. Yehova yafashije Uziya gukora iki? (2 Ngoma 26:​1-5)

9 Nufate ingingo nziza nk’izo Uziya yafashe. Umwami Uziya akiri muto yaricisha bugufi. Yarize «gutinya Imana y’ukuri.» Yamaze imyaka 68, kandi ikiringo kinini c’ubuzima bwiwe Yehova yaragihezagiye. (Soma 2 Ngoma 26:​1-5.) Uziya yaranesheje amahanga menshi y’abansi yongera arakomeza cane umutekano w’igisagara ca Yeruzalemu. (2 Ngo. 26:​6-15) Nta nkeka ko Uziya yahimbarwa aravye ibintu vyose Imana yamufashije gushikako.—Umus. 3:​12, 13.

10. Uziya vyahavuye bimugendera gute?

10 Nukure icigwa ku ngingo mbi Uziya yafashe. Umwami Uziya yari amenyereye guha amategeko abandi. None ivyo vyoba vyaciye bituma yiyumvira ko yari gukora ico ashaka cose? Umusi umwe, Uziya yarinjiye mu rusengero rwa Yehova, maze abigiranye ubwibone agerageza guturira imibavu ku gicaniro, kandi abami batari bavyemerewe. (2 Ngo. 26:​16-18) Umuherezi mukuru Azariya yaragerageje kumukebura, mugabo Uziya aca arashavura cane. Ikibabaje, Uziya yaciye atakaza ubwizigirwa bwiwe maze aca afatwa n’imibembe. (2 Ngo. 26:​19-21) Iyo aguma yicisha bugufi, ntiyari kwambara iryo bara.

Aho kwiratira ivyo twashitseko, dukwiye kuvyitirira Yehova (Raba ingingo ya 11) d

11. Ni ibiki bishobora kwerekana ko twicisha bugufi? (Raba n’ishusho.)

11 Igihe Uziya yacika agakomeye, yaciye yibagira ko ivyo yashitseko vyose yari yabishobojwe na Yehova. None ni icigwa ikihe tuhakura? Turakwiye kwama twibuka ko ivyiza vyose dufise n’uduteka tw’umurimo dufise tubikesha Yehova. Aho kwiratira ivyo twashitseko vyose, dukwiye nyabuna kuvyitirira Yehova. b (1 Kor. 4:7) Turakwiye kwemera twicishije bugufi ko turi abanyagasembwa be n’uko dukeneye gukosorwa. Umuvukanyi umwe ageze mu myaka 60, avuga ati: «Narize kutiyumvira ko ndi agakomeye. Iyo bishitse ngakora amakosa aranga ukutiyubara maze ngakosorwa bimwe bikomeye, nca ngerageza kwigarura kandi nkaguma nkorera Yehova ivyo nshoboye.» Ikizwi coco ni uko igihe dutinya Yehova kandi tukaguma twicishije bugufi, ivyacu bigenda neza.—Imig. 22:4.

NUGUME URONDERA YEHOVA

12. Igihe Yosiya yari akiri muto, yarondeye gute Yehova? (2 Ngoma 34:​1-3)

12 Nufate ingingo nziza nka Yosiya. Yosiya yatanguye kurondera Yehova akiri umuyabaga. Yashaka kumenya Yehova no gukora ivyo agomba. Ariko rero ico gihe, ibintu ntivyoroheye uwo mwami yari akiri muto. Yategerezwa kurwanira ugusenga kw’ukuri naho abantu benshi basenga imana z’ikinyoma, kandi ivyo yarabikoze. Yosiya yatanguye gukura ugusenga kw’ikinyoma mw’ihanga rya Isirayeli atarashikana n’imyaka 20.—Soma 2 Ngoma 34:​1-3.

13. Kwiyegurira Yehova bisobanura iki kuri wewe?

13 Naho woba ukiri muto cane, urashobora kwigana Yosiya mu kurondera Yehova no mu kurushiriza kumenya kamere ziwe nziza igitangaza. Ivyo bizokuvyurira umutima wo kumwiyegurira. None ukwo kumwiyegurira kuzosobanura iki ku buzima bwawe bwa misi yose? Igihe uwitwa Luke yabatizwa afise imyaka 14 yavuze ati: «Kuva ubu, gukorera Yehova no kugerageza kumunezereza ni vyo nzokwama nshira imbere mu buzima bwanje.» (Mrk. 12:30) Na wewe niwagira icipfuzo nk’ico bizokuviramwo umuhezagiro.

14. Tanga uburorero bwerekana ingene abakiri bato bamwebamwe bariko barigana umwami Yosiya.

14 Ni ingorane izihe zishobora gushikira umusavyi wa Yehova akiri muto? Uwitwa Johan akaba yabatijwe afise imyaka 12, avuga ko abo bigana baguma bamuremera ngo anywe itabi ryo mu buhinga bwa none (Vapoteuse). Icafashije Johan kunanira iyo nyosha mbi ni ukwibuka ko kunywa itabi vyari kwonona amagara yiwe bikongera bikonona ubucuti afitaniye na Yehova. Uwitwa Rachel na we akaba yabatijwe afise imyaka 14, aravuga ibihora bimufasha kuvyifatamwo neza mu ngorane zimushikira kw’ishure. Avuga ati: «Ivyo mba mbonye nca ngerageza kubihuza n’ibivugwa muri Bibiliya. Nk’akarorero, iyo twize icigwa kijanye n’ivya kahise gica kinyibutsa inkuru kanaka yo muri Bibiliya canke ubuhanuzi kanaka. Canke na ho iyo ndiko ndayaga n’abandi, hari aho nca nibuka icanditswe kanaka gikora ku mutima nobabwira.» Naho woba uriko ushikirwa n’ingorane zitandukanye n’izashikiye umwami Yosiya, urashobora kuvyifatamwo neza ukaba n’intahemuka nka we. Kuvyifatamwo neza mu ngorane zigushikira ukiri muto, biragutegura kuzovyifatamwo neza mu zindi ngorane zizogushikira mu myaka iri imbere.

15. Ni igiki cafashije Yosiya gukorera Yehova adahemuka? (2 Ngoma 34:​14, 18-21)

15 Umwami Yosiya amaze gukura, yaciye atanguza igikorwa co gusanura urusengero rwa Yehova. Abariko barakora ico gikorwa, «[b]arubuye igitabu c’amategeko ya Yehova yatanzwe biciye kuri Musa.» Igihe bagisomera umwami, yaciye agira ico akoze kugira ngo ashire mu ngiro ivyavugwa muri ico gitabu. (Soma 2 Ngoma 34:​14, 18-21.) Woba wama usoma Bibiliya? Nimba wama ubigira, ubona biriko bigenda gute? Woba ugenda urabika imirongo ishobora kugufasha ku giti cawe? Umwe Luke twavuga ahora aca yandika mu gatabu kiwe ivyiyumviro biba vyamushimishije. Woba nawe wobigenza gutyo kugira ngo bigufashe kwibuka imirongo canke ivyiyumviro wipfuza kutibagira? Uko urushiriza kumenya Bibiliya no kuyikunda, ni ko urushiriza kwipfuza gukorera Yehova. Cokimwe n’umwami Yosiya, bica bikuvyurira umutima wo kwama wisunga Ijambo ry’Imana.

16. Kubera iki Yosiya yakoze ikosa rikomeye, kandi ni icigwa ikihe tuhakura?

16 Nukure icigwa ku ngingo mbi Yosiya yafashe. Igihe Yosiya yari afise imyaka nka 39, yarakoze ikosa ryahitanye ubuzima bwiwe. Yariyizigiye aho kurondera kuyoborwa na Yehova. (2 Ngo. 35:​20-25) None ni icigwa ikihe tuhakura? Naho twoba tumaze imyaka ingana iki canke tumaze igihe kingana gute twiga Bibiliya, dutegerezwa kuguma turondera Yehova. Ivyo birimwo kwama tumusenga tumusaba ngo atuyobore, twiga Ijambo ryiwe no kwama twumvira impanuro duhabwa n’abakirisu bahumuye. Ivyo bizotuma twirinda gukora amakosa akomeye, maze turushirize kugira agahimbare.—Yak. 1:25.

RWARUKA, UBUZIMA BWANYU BURASHOBORA KUZOMERA NEZA

17. Ni ivyigwa ibihe dukura kuri ba bami batatu b’Ubuyuda?

17 Igihe c’ubuto kirimwo ivyiza vyinshi. Inkuru yerekeye Yehowasi, Uziya na Yosiya irerekana ko abakiri bato bashobora gufata ingingo nziza maze bagahimbara Yehova. Ego ni ko vyarashitse barata inzira nk’uko twabibonye. Naho ari ukwo, turashobora kwigana ivyiza abo bami bakoze tukongera tukirinda gukora amakosa nk’ayo bakoze. Tubigenjeje gutyo, duca tugira ubuzima bumeze neza.

Dawidi akiri muto yariyegereje Yehova. Yarashimishije Imana, bituma aroranirwa mu buzima (Raba ingingo ya 18)

18. Ni uburorero ubuhe bwo muri Bibiliya bwerekana ko ushobora kuroranirwa mu buzima? (Raba n’ishusho.)

18 Bibiliya iravuga inkuru z’abandi bakiri bato biyegereje Yehova bakamunezereza maze bigatuma baroranirwa mu buzima. Dawidi ni umwe muri bo. Akiri muto, yaragiraniye ubugenzi n’Imana mu nyuma aba umwami w’intahemuka. Naho vyashitse agakora amakosa, muri rusangi Imana yagumye imushima. (1 Abm. 3:6; 9:​4, 5; 14:8) Kwiga ivyerekeye ubuzima bwa Dawidi n’akarorero kiwe k’ukudahemuka, birashobora kugufasha kuguma ukorera Yehova. Canke na ho urashobora kwishingira umugambi wo kwiga ibijanye n’akarorero ka Mariko canke aka Timoteyo. Uzobona ko bakoreye Yehova kuva bakiri bato, bakihesha izina ryiza ku Mana gushika n’ubu. Bararoraniwe mu buzima.

19. Wipfuza ko ubuzima bwawe buzomera gute?

19 Ukuntu wipfuza ko ubuzima bwawe buzomera, bivana n’uko uriko urabukoresha muri iki gihe. Niwizigira Yehova aho kwiyizigira ubwawe, bizotuma ayobora intambuko zawe. (Imig. 20:24) Urashobora kugira ubuzima burangwa agahimbare. Urama wibuka ko Yehova aha agaciro ivyo umukorera. Wumva none hari ikindi kintu wokoresha ubuzima bwawe coza kiruta gukorera Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru?

URURIRIMBO RWA 144 Guma uraba ku gashimwe!

a Rwaruka, Yehova arazi ko muhura n’ingorane zishobora guhungabanya ubucuti mufitaniye na we. None wofata gute ingingo zihimbara uwo Muvyeyi wawe wo mw’ijuru? Tugiye kurimbura uburorero bw’abahungu batatu babaye abami b’Ubuyuda bakiri bato. Nurabe ivyo wokwigira ku ngingo bafashe.

b Raba uruzitiro ruvuga ngo «Niwirinde “kwiyemera mu buryo bwihishije”» dusanga mu kiganiro co kuri jw.org kivuga ngo «Kumenyekana ku mbuga hwaniro vyoba bihambaye?»

c INSOBANURO Y’ISHUSHO : Mushiki wacu ahumuye ariko aragira inama nziza mushiki wacu akiri muto.

d INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mushiki wacu umwe afise umwerekano kw’iteraniro ariko arasenga Yehova, mu nyuma na ho aremera ko vyose yabikesheje Yehova.