IKIGANIRO C’UKWIGA CA 39
URURIRIMBO RWA 125 «Hahiriwe abanyembabazi!»
Gutanga bizotuma ugira umunezero mwinshi
«Gutanga bizana umunezero kuruta guhabwa.» —IVYAK. 20:35.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona uburyo butandukanye bwo gutanga, tubone n’igituma kubigira bituma tunezerwa.
1-2. Kuba Yehova yaraduhaye ubushobozi bwo kunezerwa igihe dutanze bitugirira akamaro akahe?
IGIHE Yehova yarema abantu, yabahaye ubushobozi bwo kunezerwa igihe batanze kuruta iyo bahawe. (Ivyak. 20:35) Vyoba bisobanura ko tutanezerwa igihe umuntu aduhaye ikintu? Oya. Twese turazi ko igihe umuntu aduhaye ingabire bitunezereza. Ariko rero igihe dutanze, ni ho tugira umunezero mwinshi. Kandi mu vy’ukuri, kuba Yehova yaraturemye muri ubwo buryo, biratugirira akamaro. Uti kubera iki?
2 Kuba Yehova yaraturemye muri ubwo buryo, bituma tugira umunezero mwinshi. Igihe tuzirikana uburyo butandukanye bwo gutanga kandi tukabikora, birashobora gutuma umunezero wacu wongerekana. Biraduhimbara cane kubona Yehova yaraturemye muri ubwo buryo.—Zab. 139:14.
3. Kubera iki twovuga ko Yehova ari «Imana ihimbawe»?
3 Ivyanditswe bivuga ko gutanga bizana umunezero. Rero ntibitangaje kuba Bibiliya ivuga ko Yehova ari «Imana ihimbawe.» (1 Tim. 1:11) Mu bijanye no gutanga, Yehova ni we yabaye uwa mbere kandi nta n’umwe atanga nka we. Intumwa Pawulo yavuze ko ari we «dukesha ubuzima, kandi [ari na we a]tuma tugendagenda tukongera tukabaho. (Ivyak. 17:28) Mu vy’ukuri, Yehova ni we atanga «ingabire nziza yose n’ingabire yose itagira akanenge.»—Yak. 1:17.
4. Ni igiki kizodufasha kugira umunezero mwinshi?
4 Nta nkeka ko twese twoshima kugira umunezero mwinshi uva ku gutanga. Uwo munezero twowuronka mu kwigana ingene Yehova atanga cane. (Ef. 5:1) Muri iki kiganiro turaza kubona akarorero keza Yehova aduha mu bijanye no gutanga, twongere tumenye ico twokora igihe tubona ko abandi badashima ivyo tubakorera. Ivyo bizodufasha kuguma dutanga maze twironkere umunezero mwinshi.
NIWIGANE INGENE YEHOVA ATANGA CANE
5. Ni ibintu bimwebimwe ibihe Yehova atanga?
5 Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe Yehova atanga cane? Raba uburorero bukeyi. Yehova araduha ivyo dukeneye. Turashobora kuba tutama turonka ibihinda, ariko Yehova yama aturonsa ivyo dukeneye. Nk’akarorero, araturonsa ibifungurwa, ivyambarwa n’ahantu ho kuba. (Zab. 4:8; Mat. 6:31-33; 1 Tim. 6:6-8) Yehova yoba aturonsa ivyo dukenera kubera gusa abwirizwa kubikora? Oya. None ni kubera iki abiduha?
6. Twigira iki ku bivugwa muri Matayo 6:25, 26?
6 Yehova araturonsa ivyo dukenera kubera ko adukunda. Zirikana ku majambo Yezu yavuze dusanga muri Matayo 6:25, 26. (Soma.) Yezu yarakoresheje akarorero k’inyoni maze avuga ati: «Ntizibiba imbuto, ntizimbura canke ngo zegeranirize mu bigega.» Naho biri ukwo, yongeyeko ati: «So wanyu wo mw’ijuru arazigaburira.» Yaciye abaza ati: «None mwebwe ntimuzirusha agaciro?» Ni igiki none yashaka kutwigisha? Yehova abona ko abasavyi biwe b’intahemuka bafise agaciro kanini kuruta ibikoko. Rero, nimba Yehova yitwararika kuronsa ibikoko ivyo bikeneye, turashobora guhera amazinda ko natwe azobituronsa. Cokimwe n’umuvyeyi yitwararikana, Yehova araronsa umuryango wiwe ivyo ukenera kubera ko awukunda.—Zab. 145:16; Mat. 6:32.
7. Ni mu buryo bumwe ubuhe twoshobora kwigana ingene Yehova atanga cane? (Raba n’ifoto.)
7 Cokimwe na Yehova, turashobora guha abandi ivyo bakeneye kubera ko tubakunda. Nk’akarorero, woba uzi umuvukanyi canke mushiki wacu akeneye ibifungurwa canke ivyambarwa? Yehova arashobora kugukoresha kugira umufashe kuronka ivyo akeneye. Abasavyi ba Yehova barihutira gufasha abandi igihe bashikiwe n’ivyago. Nk’akarorero, mu kiringo ca Korona, abavukanyi na bashiki bacu baraha abandi ibifungurwa, ivyambarwa be n’ibindi baba bakeneye. Abandi benshi baratanze intererano y’amahera ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Ivyo vyatumye haboneka uburyo bwo gufasha abashikiwe n’ivyago hirya no hino kw’isi. Abo bavukanyi na bashiki bacu barashize mu ngiro amajambo dusanga mu Baheburayo 13:16, ayagira ati: «Ntimwibagire gukora iciza no gusangira n’abandi ivyo mufise, kuko Imana ihimbarwa rwose na mwene ivyo bimazi.»
8. Yehova aduha ububasha bwo gukora iki? (Abafilipi 2:13)
8 Yehova araduha ububasha. Yehova afise ububasha butagira urugero kandi arahimbarwa no guha ububasha abasavyi biwe b’intahemuka. (Soma Abafilipi 2:13.) Woba umaze gusenga usaba ububasha bwo gutsinda ikigeragezo canke ububasha bwo kwihanganira ingorane uriko uracamwo? Ushobora kandi kuba umaze gusenga usaba inguvu zo gukora ibintu ubwirizwa gukora ku musi. Igihe isengesho ryawe ryishurwa, ushobora kuba wariyumvise nk’uko intumwa Pawulo yiyumva igihe yandika ati: «Muri vyose, ndonka inkomezi biciye kuri umwe ampa ububasha.»—Flp. 4:13.
9. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe dushobora kwigana Yehova mu gukoresha inguvu zacu kugira dufashe abandi? (Raba n’ifoto.)
9 Ntidufise ububasha butagira urugero nk’uko Yehova abufise kandi ntidushobora guhako abandi ububasha nk’uko Yehova abigira. Ariko turashobora kumwigana mu gukoresha inguvu zacu kugira dufashe abandi. Nk’akarorero, turashobora gufasha abavukanyi barwaye canke bageze mu zabukuru ibikorwa vy’isuku canke tukabafasha gusuma. Nimba bidukundiye, turashobora kwitanga kugira dufashe mw’isuku ry’Ingoro y’Ubwami canke mu bikorwa vyo kuyibungabunga. Nitwakoresha ububasha bwacu mu gukora ivyo bintu, tuzoshobora gukorera abavukanyi bacu ibintu bibagirira akamaro.
10. Twokomeza gute abandi biciye ku vyo tuvuga?
10 Ntitwibagire ko amajambo tuvuga ashobora kuremesha abandi. Hoba hari umuntu ubona ushobora gukeza bikamuremesha? Woba uzi umuntu akeneye guhumurizwa? Nimba ahari, numwereke ko umwitwararika. Urashobora kubigira mu kuja kumuraba, mu kumuterefona, kumbure ukamurungikira agakarata canke mesaje. Nturazwe ishinga cane n’ivyo wovuga. Amajambo makeyi mugabo avuye ku mutima, ashobora kuba ari yo umuvukanyi canke mushiki wacu akeneye kugira abandanye ari intahemuka canke kugira abone ibintu mu buryo bwiza.—Imig. 12:25; Ef. 4:29.
11. Ni gute Yehova atanga ubukerebutsi?
11 Yehova aratanga ubukerebutsi. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: «Nimba . . . hari uwo muri mwebwe ahajije ubukerebutsi, nagume abusaba Imana kuko iha bose ibikunze kandi idatora amahinyu.» (Yak. 1:5) Ayo majambo arerekana ko Yehova atimana ubukerebutsi bwiwe. Arabuha abandi abikunze. Yakobo kandi yavuze ko igihe Yehova atanga ubukerebutsi abutanga ‘adatora amahinyu.’ Yehova ntadushavurira igihe tumusavye ubukerebutsi. Ahubwo yipfuza ko tubumusaba.—Imig. 2:1-6.
12. Ni uturyo utuhe dufise two kubwira abandi ivyo tuzi?
12 Tweho bite? Turashobora kwigana Yehova mu kubwira abandi ivyo tuzi. (Zab. 32:8) Abasavyi ba Yehova barafise uturyo twinshi two kubwira abandi ivyo bize. Nk’akarorero, turamenyereza abashasha mu gikorwa co kwamamaza. Abakurambere barafasha bihanganye abakozi b’ishengero be n’abavukanyi babatijwe kwitwararika amabanga bajejwe mw’ishengero. Abavukanyi na bashiki bacu bafise ubuhanga baramenyereza abandi mu bijanye n’ibikorwa vyo kwubaka no kubungabunga inyubakwa zijanye no gusenga.
13. Igihe tumenyereza abandi, twokwigana gute ukuntu Yehova atanga ubukerebutsi?
13 Nugerageze kwigana Yehova igihe umenyereza abandi. Yehova aratanga abikunze ubukerebutsi bwiwe. Na twebwe nyene, turabwira abo tumenyereza ivyo tuzi ata co turinze kubasaba. Nta co twisigariza igihe tumenyereza abandi, kubera yuko tudatinya ko bazodusubirira mu bikorwa tujejwe. Ntidukwiye kwibaza yuko kubera tutigeze tumenyerezwa, tudakwiye kumenyereza abandi. Nta musavyi wa Yehova n’umwe akwiye kwiyumvira muri ubwo buryo. Ahubwo, turahimbarwa no kubwira abo tumenyereza ivyo tuzi vyose, tukongera «tukabaha n’ubuzima bwacu bwite.» (1 Tes. 2:8) Turizigira ko «na bo bazoheza bakwize neza ibisabwa kugira bigishe abandi.» (2 Tim. 2:1, 2) Nitwabwira abandi ivyo tuzi, twe n’abo tumenyereza, tuzorushiriza kugira ubukerebutsi n’umunezero.
IGIHE TUBONA KO ABANDI BASA N’ABADAKENGURUKA IVYO TUBAKORERA
14. Abantu benshi bakira gute ivyo tubakorera?
14 Igihe dutanze canke tugakorera abandi ikintu kanaka canecane abavukanyi na bashiki bacu, akenshi barabikenguruka. Barashobora kuturungikira agakete ko gushima canke bakadushimira mu bundi buryo. (Kol. 3:15) Igihe abandi badushimiye, turanezerwa kuba hari ico twabakoreye.
15. Ni igiki dukwiye kwibuka igihe hari abadakenguruka ivyo tubakoreye?
15 Rimwe na rimwe, abantu ntibakenguruka ivyo tuba twabakoreye. Birashika abantu ntibahe agaciro umwanya, inguvu n’amahera tuba twakoresheje kugira tubafashe. Ivyo bidushikiye, twokwirinda gute gutakaza umunezero wacu canke ngo ducike intege. Niwibuke amajambo y’icanditswe shimikiro ari mu Vyakozwe 20:35. Umunezero wacu ntuvana n’ukuntu abantu bakira ivyo tubakorera. Turashobora kugira umunezero uva ku gutanga naho abandi batokenguruka ivyo tubakorera. Uti gute? Reka twihweze ivyodufasha kubigira.
16. Ni ibiki dukwiye kugumiza ku muzirikanyi igihe dutanga?
16 Nugumize ku muzirikanyi ko igihe utanze, uba wiganye Yehova. Araha ibintu vyiza abantu bamukengurukira n’abatamukengurukira. (Mat. 5:43-48) Yehova adusezeranira ko natwe nitwatanga ‘ata co twiteze gusubizwa, impembo yacu izoba nini.’ (Luka 6:35) Rero, ntucike intege igihe abantu batama bagushimira ku vyo uba wabakoreye. Niwibuke ko Yehova azokwama aguha impera ku vyiza uba wakoreye abandi, kubera ko ‘utanga unezerewe.’—Imig. 19:17; 2 Kor. 9:7.
17. Ni ubundi buryo ubuhe dushobora kwigana Yehova igihe dutanga? (Luka 14:12-14)
17 Ikindi kintu dushobora gukora kugira twigane Yehova igihe dutanga, ni ugushira mu ngiro ivyo Yezu yavuze dusanga muri Luka 14:12-14. (Soma.) Si bibi gutumira canke kugaragariza ubuntu abashobora kubitugirira. Twokora iki nka hamwe twosanga duhora dutanga kubera ko hari ico twiteze kuronka? Vyoba vyiza dushize mu ngiro ivyo Yezu yavuze. Turashobora kugaragariza ubwakiranyi abo tuzi ko badafise uburyo bwo kubutugaragariza. Ivyo bizotuma duhimbarwa kubera ko tuzoba twiganye Yehova. Nitwakorera iciza abandi tutiteze ko na bo bakidukorera, tuzokwama tugira umunezero igihe dutanze naho batodushimira.
18. Ni igiki tudakwiye gukora kandi kubera iki?
18 Ntidukwiye kwiyumvira abandi nabi. (1 Kor. 13:7) Igihe abandi batadushimiye, twoshobora kwibaza duti: “Boba vy’ukuri ari intashima canke bibagiye gusa kudushimira?” Kumbure hoba hari iyindi mvo yatumye batadushimira nk’uko twari tuvyiteze. Abandi na bo barashobora gukorwa ku mutima cane n’ikintu twabakoreye ariko bikabagora guserura ukuntu bakenguruka. Bishobora kuba bibatera ubuyega igihe abandi babafashije na canecane nimba muri kahise bari bafise uburyo bwo gufasha abandi, ariko ubu bakaba batakibufise. Uko vyoba bimeze kwose, nimba vy’ukuri dukunda abavukanyi na bashiki bacu, ntituzobiyumvira nabi kandi bizotuma tugira umunezero uva ku gutanga.—Ef. 4:2.
19-20. Kubera iki bihambaye ko twihangana igihe dufasha abandi? (Raba n’ifoto.)
19 Niwihangane. Ku bijanye no gutanga, Umwami w’inkerebutsi Salomo, yanditse ati: «Terera umukate wawe ku mazi, kuko inyuma y’imisi myinshi uzokwongera kuwuronka.» (Umus. 11:1) Ayo majambo aratwigisha ko hari abantu bamwebamwe bashobora kudushimira «inyuma y’imisi myinshi.» Reka turabe ivyashikiye mushiki wacu umwe.
20 Haraheze imyaka myinshi umukenyezi w’umuhagarikizi w’umuzunguruko yandikiye agakete k’indemesho umudada yari aherutse kubatizwa. Muri iryo kete, yamuhanuye kuguma ari intahemuka kuri Yehova. Uyo mudada yishuye iryo kete haheze imyaka umunani. Yanditse ati: «Ushobora kuba utabizi, ariko nipfuza ko umenya ko wamfashije cane muri iyi myaka iheze.» Abandanya ati: «Waranyandikiye amajambo meza cane, ariko icanditswe washizemwo carankoze ku mutima kandi sinigeze ndacibagira.» a Yaciye amwiganira ingorane zamushikiye muri iyo myaka, aca avuga ati: «Vyarashika nkarengerwa, nkumva umengo noheba gukorera Yehova. Ariko igihe cose nibutse kirya canditswe wanyandikiye, naca ngira inkomezi zo kubandanya ndi intahemuka.» Yongerako ati: «Muri iyo myaka umunani yose, nta kintu na kimwe camfashije nk’ikete wanyandikiye hamwe n’icanditswe washizemwo.» Niwihe ishusho ingene uwo mukenyezi w’umuhagarikizi w’umuzunguruko yahimbawe no kuronka iryo kete naho hari haheze «imyaka myinshi.» Na twebwe nyene abo twakoreye iciza barashobora kudushimira haheze igihe kirekire.
21. Kubera iki wiyemeje kuguma wigana ukuntu Yehova atanga cane?
21 Nk’uko twabibonye, Yehova yaturemanye ubushobozi budasanzwe. Turahimbarwa cane igihe dutanze kuruta iyo duhawe. Biratunezereza igihe dushoboye gufasha abavukanyi bacu. Kandi turahimbarwa igihe badukengurukiye. Ariko naho abo twakoreye iciza batodushimira, turagira umunezero kubera ko tuba twakoze ikibereye. Naho uba watanze ibingana gute, ntiwibagire ko «Yehova [ashoboye] kuguha vyinshi cane kuruta ivyo» uba watanze. (2 Ngo. 25:9) Rero, Yehova azokwama aguhemba ibiruta ivyo uba watanze. Kandi nta coza kidutera umunezero nko kuronka impembo Yehova atanga. Ku bw’ivyo, nimuze twiyemeze kubandanya twigana Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru atanga cane.
URURIRIMBO RWA 17 «Ndabishaka»
a Icanditswe umukenyezi w’umuhagarikizi w’umuzunguruko yandikiye wa mudada cari muri 2 Yohani 8, kivuga giti: «Mwiyubare rero kugira ntimutakaze ibintu twabiriye akuya, ahubwo muronke impembo yuzuye.»
b INSOBANURO Y’IFOTO: Iyi shusho yerekana umukenyezi w’umuhagarikizi w’umuzunguruko ariko arandikira ikete uwundi mudada. Inyuma y’imyaka myinshi, wa mudada aramwishura akamukengurukira cane