IKIGANIRO C’UKWIGA CA 37
URURIRIMBO RWA 118 «Twongereze ukwizera»
Ikete ryodufasha kuguma turi intahemuka gushika kw’iherezo
«[Twumire] rwose gushika kw’iherezo kuri kwa kujijuka twari dufise mu ntango.»—HEB. 3:14.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Ikete ryandikiwe Abaheburayo ririmwo impanuro zodufasha kuguma turi intahemuka gushika kw’iherezo ry’ivy’iyi si.
1-2. (a) Igihe intumwa Pawulo yandikira ikete Abaheburayo, ibintu vyari vyifashe gute i Yudaya? (b) Ni kubera iki iryo kete ryari rije hageze?
YEZU amaze gupfa mu 33, abakirisu baba i Yeruzalemu n’i Yudaya barashikiwe n’ingorane nyinshi. Muri ico gihe, ishengero rya gikirisu ryarashinzwe, kandi inyuma y’aho haradutse uruhamo rukomeye. (Ivyak. 8:1) Mu nyuma, mu myaka 20 yakurikiye, barahuye n’ingorane zikomeye kubera ikigoyi hamwe n’ubukene. (Ivyak. 11:27-30) Naho ari ukwo, nko mu 61 inyuma ya Kristu, twovuga ko abakirisu baronse ikiringo c’amahoro ugereranije n’ivyari biraririye kubashikira. Muri ico kiringo, biciye ku mpwemu nyeranda, Yehova yaratumye intumwa Pawulo abandikira ikete. Impanuro zari muri iryo kete ni zo nyene bari bakeneye kugira bashobore kwitegurira ivyari biraririye kubashikira.
2 Ikete ryandikiwe Abaheburayo ryaje hageze kubera ko ikiringo c’amahoro abakirisu barimwo kitomaze na kabiri. Pawulo yabahaye impanuro zobafashije kwihanganira ingorane zari zigiye kubashikira. Ugutikizwa kwa Yeruzalemu Yezu yari yaravuze kwari kwegereje. (Luka 21:20) Ni ivy’ukuri ko yaba Pawulo canke abakirisu b’i Yudaya, ata n’umwe muri bo yari azi igihe nyezina ukwo gutizwa kwobereyeko. Naho ari ukwo, abo bakirisu bari gukoresha umwanya wari usigaye mu gutsimbataza kamere nk’ukwizera be n’ukwihangana kugira bitegurire ico gihe.—Heb. 10:25; 12:1, 2.
3. Kubera iki abakirisu bo muri iki gihe bakwiye kwitaho cane ikete ryandikiwe Abaheburayo?
3 Vuba tugiye gushikirwa n’amakuba akomeye kuruta ayashikiye abakirisu b’Abaheburayo. (Mat. 24:21; Ivyah. 16:14, 16) Nimuze turimbure impanuro zimwezimwe Yehova yaronkeje abo bakirisu, turabe n’ingene natwe zotugirira akamaro.
«NUTERE UJA IMBERE UGANA KU BUHUMURE»
4. Ni ibintu ibihe bitoroheye Abayuda bacitse abakirisu? (Raba n’ifoto.)
4 Abayuda bamaze gucika abakirisu bategerezwa guhindura ibintu vyinshi, kandi ivyo ntivyaboroheye. Haraheze igihe Abayuda ari igisata Yehova yitoreye. I Yeruzalemu ni ho hari icicaro c’Ubwami bw’Imana ng’aha kw’isi kandi urusengero rw’aho ni rwo rwari intimatima y’ugusenga kw’ukuri. Abayuda bose b’intahemuka barakurikiza Itegeko rya Musa nk’uko bavyigishwa n’abakuru b’amadini yabo. Abo bigisha b’amadini barashingira abandi amategeko ajanye n’ibifungurwa, kugenyerwa n’ukuntu bakwiye gufata abandi bantu atari Abayuda. Ariko inyuma y’urupfu rwa Yezu, Itegeko rya Musa ryaravuyeho kandi ntivyari bigikenewe ko ibimazi bitangirwa ku rusengero. Birumvikana ko bitoroheye Abayuda bacitse abakirisu guhindura uburyo bakoresha mu gusenga. (Heb. 10:1, 4, 10) Mbere n’abakirisu bafise ukwizera gukomeye nk’intumwa Petero, ntivyaboroheye guhuza n’amwamwe muri ayo mahinduka. (Ivyak. 10:9-14; Gal. 2:11-14) Abo bakirisu barahamwe n’abakuru bo mu madini b’Abayuda kubera ivyo bintu bishasha bari basigaye bemera.
5. Ni imigwi ibiri iyihe yarwanya abakirisu?
5 Abakirisu b’i Yudaya bariko bararwanywa n’imigwi ibiri y’abantu. Umugwi wa mbere, wari ugizwe n’abakuru b’idini ry’Abayuda kubera ko babona yuko abo bakirisu bihakanye idini ryabo. Uwundi mugwi na wo, wari ugizwe n’abakirisu bamwebamwe bo mw’ishengero babona yuko abakirisu bakwiye kubandanya bakurikiza Itegeko rya Musa, kumbure kugira ngo birinde uruhamo. (Gal. 6:12) Ni ibiki none vyofashije abakirisu kuguma bari intahemuka?
6. Pawulo yaremesheje abakirisu bagenziwe gukora iki? (Abaheburayo 5:14–6:1)
6 Mw’ikete Pawulo yandikiye Abaheburayo, yararemesheje abakirisu bagenziwe kwiga Ijambo ry’Imana no kurizirikanako. (Soma Abaheburayo 5:14–6:1) Pawulo yarasubiyemwo amajambo yo mu Vyanditswe vy’igiheburayo kugira asigure ukuntu uburyo abakirisu bakoresha mu gusenga Yehova ari bwo bwari bubereye kuruta ubwo Abayuda bakoresha. a Pawulo yararemesheje abakirisu kwihatira kumenya no gutahura neza ukuri kwo mu Vyanditswe kugira bibafashe gutahura inyigisho z’ikinyoma no kuzirinda.
7. Ni ibigeragezo ibihe bidushikira muri iki gihe?
7 Cokimwe no mu gihe c’abakirisu b’Abaheburayo, dukikujwe n’abantu bakwiragiza amakuru hamwe n’ivyiyumviro bitandukanye n’ingingo ngenderwako zigororotse za Yehova. Abantu bamwebamwe, bararwanya Ivyabona vya Yehova kubera ko bagamburuka ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’inyifato runtu. Bavuga kandi ko turi abantu babi kubera ko dukurikiza intunganyo yo guca mw’ishengero abantu batisunga ingingo ngenderwako za Yehova. Abantu baguma barushiriza kubona ibintu mu buryo butandukanye n’ukuntu Yehova abibona. (Imig. 17:15) Rero, birahambaye cane ko tumenya ivyiyumviro bitari vyo tukongera tukavyirinda. Ntidukwiye kureka ngo abaturwanya baduce intege maze bitume tureka gukorera Yehova.—Heb. 13:9.
8. Ni ibiki bizodufasha gutera imbere tukaba abakirisu bahumuye?
8 Pawulo yahanuye Abaheburayo kubandanya batera imbere kugira babe abakirisu bahumuye. Kandi natwe turakeneye gushira mu ngiro iyo mpanuro. Ivyo twobigira mu kwiga mu buryo bwimbitse Bibiliya gutyo bidufashe kurushiriza kumenya Yehova n’ukuntu abona ibintu kandi turabandanya kubigira n’inyuma yo kubatizwa. Twese turakwiye gusoma Ijambo ry’Imana no kuryiga buri musi, naho twoba tumaze igihe kingana gute mu kuri. (Zab. 1:2) Kwama twiyigisha Bibiliya bizotuma ukwizera kwacu gukomera, iyo akaba ari kamere Pawulo yabwiye abakirisu b’Abaheburayo ko bakwiye gutsimbataza.—Heb. 11:1, 6.
«TUGIRE UKWIZERA NGO TUZIGAMIRWE UBUZIMA»
9. Kubera iki abakirisu b’Abaheburayo bari bakeneye gukomeza ukwizera kwabo?
9 Abakirisu b’Abaheburayo bari bakeneye gukomeza ukwizera kwabo kubera ko vyobafashije kurokoka amakuba yari yimirije gushika i Yudaya. (Heb. 10:37-39) Yezu yari yaraburiye abigishwa biwe ko baramutse babonye Yeruzalemu ikikujwe n’ingabo, bociye bahungira mu misozi. Iyo mpanuro yaraba abakirisu bose, baba abari mu gisagara ca Yeruzalemu canke abari mu gihugu hagati i Yudaya. (Luka 21:20-24) Ico gihe, abantu baba mu gihugu hagati batewe n’ingabo baca bahungira mu gisagara kubera ko baba bizigiye yuko impome zaco zobakingiye. Rero, guhungira mu misozi aho gusigara i Yeruzalemu vyobaye ari ibintu bitumvikana. Ni co gituma bari bakeneye ukwizera gukomeye.
10. Kugira ukwizera gukomeye vyofashije abakirisu b’Abaheburayo gukora iki? (Abaheburayo 13:17)
10 Abakirisu b’Abaheburayo bokeneye kandi kwizigira abo Yezu yariko arakoresha mu kuyobora ishengero. Abaja imbere abandi bashobora kuba baratanga ubuyobozi budomako bujanye n’igihe bohungiyeko n’ingene bobigenza. (Soma Abaheburayo 13:17.) Intumwa Pawulo yaremesheje abakirisu bagenziwe kugamburukira ababaja imbere. Ntiyashatse kubabwira ko bakwiye kugamburukira abakurambere kubera gusa ari vyo babwirizwa gukora, ahubwo ko bari bakwiye kubagamburukira kubera babizigira. Rero, abakirisu b’Abaheburayo bari bakeneye kwiga kwizigira abakurambere no gukurikiriza ubuyobozi babaha imbere y’uko amakuba atangura. Nimba abakirisu b’Abaheburayo baragamburukira abakurambere mu kiringo c’amahoro, vyoboroheye kubagamburukira no mu bihe bitoroshe.
11. Kubera iki bihambaye ko abakirisu bagira ukwizera gukomeye muri iki gihe?
11 Cokimwe n’abakirisu b’Abaheburayo Pawulo yandikiye ikete, natwe turakeneye ukwizera. Tubayeho mu kiringo aho abantu benshi batemera ko insozero y’ivy’iyi si yegereje. Baranadutwenga kuba tuvyemera. (2 Pet. 3:3, 4) Vyongeye, naho Bibiliya itanga amakuru ajanye n’ibintu bimwebimwe bizoba mu gihe c’amakuba akomeye, hari ibintu vyinshi tutazi. Turakeneye kwemera tudakeka ko Yehova yamaze gushinga igihe nyezina azokuriraho ivy’iyi si mbi, kandi turakwiye kujijuka ko azotwitwararika muri ico gihe.—Hab. 2:3.
12. Ni igiki kizodufasha kurokoka ya makuba akomeye?
12 Turakwiye kurushiriza kwizigira ko Yehova akoresha «umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge» mu kutuyobora muri iki gihe. (Mat. 24:45) Amakuba akomeye niyatangura, tuzoshobora kuronka ubuyobozi buzotuma turokoka nka bumwe nyene abakirisu b’Abaheburayo baronse igihe ingabo z’Abaroma zakikuza Yeruzalemu. Birahambaye cane ko twizigira abatuja imbere mw’ishirahamwe rya Yehova. Nimba bitugora kwizigira no kugamburuka ubuyobozi turonka muri iki gihe, bizotugora no kugamburuka ubuyobozi tuzoronka mu gihe c’amakuba akomeye.
13. Kubera iki abakirisu b’Abaheburayo bari bakeneye impanuro dusanga mu Baheburayo 13:5?
13 Igihe abakirisu b’Abaheburayo bari barindiriye ikimenyetso co guhunga, bari bakeneye kandi kworosha ubuzima no kwirinda «gukunda amahera.» (Soma Abaheburayo 13:5.) Bamwe muri bo bari barihanganiye inzara n’ubukene. (Heb. 10:32-34) Naho bari barigeze kwihanganira ivyo bigeragezo kubera ivyo bemera, bamwe muri bo bari batanguye kubona ko kuronka amahera menshi vyobakingiye. Ariko rero, amahera ntiyari kubarokora igihe Yeruzalemu yosanganguwe. (Yak. 5:3) Ahubwo, uwakunda ibintu vy’umubiri ntivyari kumworohera guhunga no guheba amazu yiwe n’ivyo yari atunze.
14. Ukwizera gukomeye gutuma tubona gute ibintu vy’umubiri muri iki gihe?
14 Nimba twizera tudakeka ko Yehova agiye gukuraho iyi si mbi, bizotuma tutabona ko kugira amahera menshi canke ibintu vyinshi vy’umubiri bihambaye cane. Mu kiringo c’amakuba akomeye, abantu «bazoshiburira ifeza zabo mu mabarabara» kubera ko bazokwibonera yuko «zaba ifeza zabo canke inzahabu zabo, [a]ta na kimwe kizobakiza ku musi w’uburake bwa Yehova.» (Ezk. 7:19) Aho gukora cane kugira twirundanirize amahera, turakeneye gufata ingingo zidufasha kuronsa imiryango yacu ivyo ikeneye be n’ivyo ubwacu dukeneye, hamwe n’izidufasha gukorera Yehova. Ivyo twobigira mu kwirinda amadeni adakenewe canke kumara umwanya munini turiko turitwararika ivyo dutunze. Turakwiye kuba maso ntiduhave dusanga dusigaye tubona ko ivyo dutunze ari vyo bihambaye cane mu buzima bwacu. (Mat. 6:19, 24) Uko turushiriza kwegereza iherezo ry’ivy’iyi si, tuzobwirizwa guhitamwo nimba tuzokwizigira Yehova canke ivyo dutunze.
«MURAKENEYE UKWIHANGANA»
15. Kubera iki abakirisu b’Abaheburayo bari bakeneye cane ukwihangana?
15 Abakirisu b’Abaheburayo bari bakeneye ukwihangana kugira babandanye bakorera Yehova kubera amakuba yari yimirije kubashikira. (Heb. 10:36) Naho hari bamwebamwe bashikiwe n’uruhamo rukomeye, abenshi muri bo bamenye ukuri mu kiringo c’amahoro. Rero, Pawulo yarabibukije ko boshikiwe n’uruhamo rukomeye kuruta be n’uko bari bakwiye kwigana Yezu, bakaguma ari intahemuka gushika ku rupfu. (Heb. 12:4) Kubera ko abantu benshi bariko baracika abakirisu, Abayuda benshi barashavuye baca barondera kubagirira nabi. Imyaka mike imbere y’uko Pawulo yandikira ikete Abaheburayo, hari akagwi k’abantu kamufashe igihe yariko aramamaza i Yeruzalemu. Abayuda barenga 40 ‘bararahiye bararengwa, bisabira n’umuvumo yuko ata kintu na kimwe boriye batishe Pawulo.’ (Ivyak. 22:22; 23:12-14) Naho abakirisu bokwanswe kandi bagahamwa, bari bakeneye kubandanya bikoraniriza hamwe, bamamaza inkuru nziza bongera bakomeza ukwizera kwabo.
16. Ikete ryandikiwe Abaheburayo ridufasha gute kubona akamaro ko kwihanganira uruhamo? (Abaheburayo 12:7)
16 Ni ibiki vyofashije abakirisu b’Abaheburayo kwihanganira uruhamo? Pawulo yashaka kubafasha kubona akamaro ko kwihanganira uruhamo. Yarabasiguriye ko igihe abakirisu bashikiwe n’ingorane, Imana ishobora gukoresha ako karyo kugira ibamenyereze. (Soma Abaheburayo 12:7.) Ivyo vyoshobora kubafasha kwiga kamere zishimwa na Yehova no kuzitsimbataza. Abakirisu b’Abaheburayo vyorushirije kuborohera kwihangana mu gihe bogumye babona ko kwihanganira ivyo bigeragezo vyobagiriye akamaro.—Heb. 12:11.
17. Ni ivyigwa ibihe Pawulo yize ku bijanye no kwihanganira uruhamo?
17 Pawulo yahimirije abakirisu b’Abaheburayo kuguma bumiyeko igihe bari mu bigeragezo. Vyari bibereye ko ari we abandikira impanuro zijanye no kwihanganira uruhamo. Kubera ko yari yarigeze guhama abakirisu, yari azi neza ingene bafatwa nabi, kandi na we ubwiwe yarihanganiye uruhamo. Vyongeye, amaze kuba umukirisu yararwanijwe mu buryo butandukanye. (2 Kor. 11:23-25) Rero, Pawulo yari azi neza ivyo bari bakeneye kugira bihangane. Yaribukije abo bakirisu ko nimba bakeneye kwihanganira ibigeragezo, batari bakwiye kwiyizigira, ahubwo bakizigira Yehova. Pawulo na we ubwiwe yaragize umutima rugabo, avuga ati: «Yehova ni umutabazi wanje, nta co nzotinya.»—Heb. 13:6.
18. Ni ibiki bizodushikira muri kazoza kandi twovyitegurira gute?
18 Hari abavukanyi bamwebamwe bariko barashikirwa n’uruhamo muri iki gihe. Twobashigikira mu kubashira mu masengesho yacu, canke rimwe na rimwe mu kubaronsa ivyo bakeneye. (Heb. 10:33) Naho biri ukwo, Bibiliya ivuga itomora iti: «Abo bose bipfuza kubaho bihebera Imana kandi bunze ubumwe na Kristu Yezu na bo nyene bazohamwa.» (2 Tim. 3:12) Ku bw’ivyo, twese turakeneye kwitegurira ingorane zishobora kudushikira muri kazoza. Turakwiye kwizigira cane Yehova, tukajijuka ko azodufasha kwihanganira ingorane iyo ari yo yose yodushikira. Mu kurindira, azofasha abasavyi biwe b’intahemuka kuruhurirwa.—2 Tes. 1:7, 8.
19. Ni ibintu ibihe bihambaye twokora kugira twitegurire amakuba akomeye? (Raba n’ifoto.)
19 Nta nkeka ko ikete Pawulo yandikiye Abaheburayo ryabafashije kwitegurira amakuba yari araririye kubashikira. Pawulo yahimirije abavukanyi biwe kwiga Ijambo ry’Imana mu buryo bwimbitse no kwihatira kuritahura neza. Ivyo vyobafashije kumenya inyigisho zotumye ukwizera kwabo kugoyagoya no kuzirinda. Yarabaremesheje gukomeza ukwizera kwabo kugira kubafashe gukurikiza badatebaganye ubuyobozi Yezu yatanze n’ubwo bahabwa n’abaja imbere abandi mw’ishengero. Yarabafashije kandi kubona akamaro ko kwihanganira ingorane, bakazibona nk’akaryo ko kumenyerezwa n’Umuvyeyi wabo abakunda. Na twebwe nyene turakwiye gushira mu ngiro iyo mpanuro yo muri Bibiliya. Nitwabigenza gutyo, tuzoshobora kuguma turi intahemuka gushika kw’iherezo.—Heb. 3:14.
URURIRIMBO RWA 126 Guma uri maso, ushikame, ukomere
a Mu kigabane ca mbere conyene, Pawulo yarasubiyemwo incuro indwi amajambo yo mu Vyanditswe vy’igiheburayo kugira yerekane ko uburyo abakirisu bakoresha mu gusenga Yehova ari bwo bwari bubereye kuruta ubwo Abayuda bakoresha.—Heb. 1:5-13.