Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE WOKWIYIGISHA

Nugerageze kwiyigisha ibintu bishasha

Nugerageze kwiyigisha ibintu bishasha

Igihe ugomba kwiyigisha woshobora kwibaza uti: «Ni ibiki nza kwiga?» Naho ari ukwo, ni vyiza kwibuka ko naho tuba dushaka kwiga ikintu kanaka, hari ibindi bintu bishasha Yehova yipfuza ko tumenya. Ni ibiki vyodufasha kuguma twiyigisha ibintu bishasha?

Nusenge usaba ubukerebutsi. Nusabe Yehova agufashe gutahura ivyo ashaka ko umenya ubu. (Yak. 1:5) Ntubone ko ivyo umaze kumenya bihagije.— Imig. 3:​5, 6.

Nureke Ijambo ry’Imana rikuyobore mu buzima bwawe. «Ijambo ry’Imana [ni] rizima.» (Heb. 4:12) Rero, igihe cose dusoma Ijambo ry’Imana, turashobora kwiga ikintu gishasha kandi kikadufasha mu buryo butandukanye mu buzima bwacu. Ariko, ivyo bishoboka gusa igihe tubona ko dukeneye kumenya ivyo Imana itwigisha.

Nukenguruke ibintu vyose Yehova akoresha mu kutwigisha. Imfungurwa z’ivy’impwemu Yehova aturonsa zimeze nk’«inzimano y’ibifungurwa vyizavyiza.» (Yes. 25:6) Ntureke gusoma ibiganiro wibaza ko bitogushimisha. Uzoba utumye Imana igufasha kuba umuntu mwiza kandi kwiyigisha bizokuryohera.