IKIGANIRO C’UKWIGA CA 36
URURIRIMBO RWA 89 Umviriza, ugamburuke, uhezagirwe
’Mube abashira mu ngiro rya jambo’
«Mube abashira mu ngiro iryo jambo, ntimube abumva gusa.»—YAK. 1:22.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Iki kiganiro kiradufasha kugira icipfuzo gikomeye co gusoma Bibiliya buri musi. Ariko kandi kiradufasha kuzirikana ku vyo twasomye no kurushiriza kubishira mu ngiro mu buzima bwacu.
1-2. Ni igiki gituma abasavyi b’Imana bahimbarwa? (Yakobo 1:22-25)
YEHOVA be n’Umwana wiwe yikundira bipfuza ko duhimbarwa. Umwanditsi wa Zaburi 119:2 yavuze ati: «Hahiriwe abubahiriza ivyibutswa vyiwe, bakamurondera n’umutima wabo wose.» Yezu na we yasezeranye ati: «Hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarikurikiza!»—Luka 11:28.
2 Twebwe abasavyi ba Yehova turi abantu bahimbawe. Uti kubera iki? Hari imvo nyinshi. Ariko iyihambaye kuruta ni uko twama dusoma Ijambo ry’Imana kandi tukihatira gushira mu ngiro ivyo twiga.—Soma Yakobo 1:22-25.
3. Igihe dushize mu ngiro ivyo dusoma mw’Ijambo ry’Imana bitugirira akamaro akahe?
3 Igihe ‘dushize mu ngiro rya jambo’ biratugirira akamaro mu buryo bwinshi. Nk’akarorero, igihe dushize mu ngiro ivyo twiga mw’Ijambo ry’Imana, birahimbara Yehova kandi ivyo biratuma natwe duhimbarwa. (Umus. 12:13) Vyongeye, igihe dushize mu ngiro impanuro dusanga mw’Ijambo ry’Imana, biratuma turushiriza kubana neza n’abo mu muryango hamwe n’abo mw’ishengero. Kumbure ivyo waravyiboneye mu buzima bwawe. N’ikindi kandi, turirinda ingorane zishikira abanka gukurikiza amategeko ya Yehova. Ivyo ni vyo n’Umwami Dawidi yavuze. Mw’izaburi yaririmvye ahejeje kuvuga ibijanye n’itegeko, ivyagezwe hamwe n’imanza vya Yehova, yasozereye ati: «Kuvyubahiriza birimwo impera nyinshi.»—Zab. 19:7-11.
4. Kubera iki bitama vyoroshe gushira mu ngiro Ijambo ry’Imana?
4 Kugira dushire mu ngiro Ijambo ry’Imana, dutegerezwa kurondera umwanya wo gusoma Bibiliya no kuyiga kugira ngo dutahure ivyo Yehova yipfuza ko dukora. Ariko tuvugishije ukuri, ntivyama bitworohera kubera ko dufise vyinshi dukora. Reka rero turabe ivyiyumviro vyodufasha gusoma Bibiliya buri musi. Turaza kubona kandi ivyodufasha kuzirikana ku vyo dusoma hamwe n’ingene twoshira mu ngiro ivyo twiga mu buzima bwacu.
NIWISHINGIRE UMWANYA WO GUSOMA IJAMBO RY’IMANA
5. Ni ibintu bimwebimwe ibihe bidutwara umwanya munini?
5 Abasavyi ba Yehova benshi usanga bafatirwa n’ibintu vyinshi. Turamara umwanya munini turiko turitwararika ibintu Bibiliya ivuga ko bihambaye. Nk’akarorero, benshi muri twebwe dutegerezwa gukora kugira twironse ivyo dukeneye, turonse n’imiryango yacu ivyo ikenera. (1 Tim. 5:8) Abakirisu benshi baritwararika incuti zabo zirwaye, canke zigeze mu zabukuru. Vyongeye, twese turakenera kwitwararika amagara yacu bwite kandi ivyo biratwara umwanya. Uretse ivyo tubwirizwa kwitwararika, turafise n’ayandi mabanga dushingwa mw’ishengero. Ibanga nyamukuru dufise ni kwamamaza n’umwete inkuru nziza. None muri ivyo bintu vyose ubwirizwa kwitwararika, ni gute woronka umwanya wo gusoma Bibiliya buri musi no kuzirikana ku vyo wasomye maze ukihatira kubishira mu ngiro?
6. Wokora iki kugira wame witwararika gusoma Bibiliya? (Raba n’ifoto.)
6 Gusoma Bibiliya ni kimwe mu bintu «bihambaye kuruta ibindi» kuri twebwe abakirisu. Rero turakwiye kwitwararika kwama tuyisoma. (Flp. 1:10) Zaburi ya mbere ivuga ko umuntu ahiriwe «ahimbarwa n’itegeko rya Yehova, kandi itegeko ryiwe arisoma n’ijwi ritoyi ijoro n’umurango.» (Zab. 1:1, 2) Birumvikana ko ivyo bisaba gutegekanya umwanya wo gusoma Bibiliya. None umwanya mwiza wo gusoma Bibiliya ni uwuhe? Umwe wese ni we yihitiramwo umwanya womworohereza. Ariko igihambaye, ni uko twohitamwo umwanya uzotuma bishoboka ko dusoma Bibiliya buri musi. Umuvukanyi yitwa Victor avuga ati: «Nkunda gusoma Bibiliya mu gitondo. Naho ntakunda kuzinduka, uwo ni wo mwanya ata bintu vyinshi binsamaza. Nta kiba kiriko kiramvuruga mu bwenge kandi birakunda ko nitunira ku vyo mba ndiko ndasoma.» Kumbure ni ko biri no kuri wewe. Niwibaze uti: “Umwanya unyorohereza gusoma Bibiliya ni uwuhe?”
NUZIRIKANE KU VYO USOMA
7-8. Ni ibiki vyoshobora gutuma ivyo dusoma bitatugirira akamaro cane? Tanga akarorero.
7 Mu vy’ukuri, turashobora kwama dusoma ibintu vyinshi ariko ugasanga nta co tubikuramwo. Vyoba bimaze gushika ugasoma ibintu ariko haciye akanya ugasanga wibuka bike mu vyo wasomye? Ivyo twese biramaze kudushikira. Ikibabaje ni uko ivyo bishobora kudushikira n’igihe tuba turiko turasoma Bibiliya. Nk’akarorero, turashobora kuba twarishingiye umugambi wo gusoma ibigabane kanaka vyo muri Bibiliya buri musi kandi ico ni ikintu ciza. Turakwiye kwishingira imigambi kandi tukihatira kuyumirako (1 Kor. 9:26) Ariko rero gusoma Bibiliya ni intango gusa. Kugira gusoma Bibiliya bitugirire akamaro vy’ukuri hari n’ibindi dukeneye gukora.
8 Reka tubitangire akarorero: Ibiterwa birakenera amazi y’imvura kugira bikure. Ariko igihe imvura iguye ari nyinshi mu mwanya muto, amazi arashobora kurengera isi. Igihe ibintu bimeze ukwo, imvura nyinshi nta kamaro igira. Biraba vyiza igihe imvura iguye ari nkeyi kugira amazi aje mw’ivu maze bitume igiterwa gikura. Muri ubwo buryo nyene, turakwiye kwirinda gusoma Bibiliya twihutagiza gushika aho tudashobora kuzirikana ku vyo turiko turasoma, kuvyibuka no kubishira mu ngiro.—Yak. 1:24.
9. Ni ibiki twokora nka hamwe twosanga duhora dusoma Bibiliya twihutagiza?
9 Woba umaze kubona ko hari igihe bishika ugasoma Bibiliya wihutagiza? None ni ibiki ukwiye gukora? Nusome buhorobuhoro kugira ushobore kuzirikana ku vyo uriko urasoma. Ntubone ko kuzirikana ari ikintu kigoye. Nimba ari ukwo ubibona na ho, nufate yuko kuzirikana ari ukwiyumvira gusa ku vyo wasomye. Urashobora kwongereza umwanya wo kwiyigisha kugira uronke akaryo ko kuzirikana. Canke na ho urashobora gusoma imirongo mikeyi, maze umwanya usigaye ukawukoresha mu kuzirikana ku vyo wasomye. Umwe Victor twavuga mu ntango avuga ati: «Igihe nsoma Bibiliya, nsoma ibintu bikeyi nk’ikigabane kimwe. Kubera ko nsoma Bibiliya kare mu gitondo, bituma kuri uwo musi nshobora kuzirikana ku vyo nasomye.» Uburyo bwose wokoresha mu gusoma Bibiliya, birahambaye ko utihutagiza kugira ushobore kuzirikana ku vyo uriko urasoma.—Zab. 119:97; raba uruzitiro ruvuga ngo « Ibibazo wozirikanako.»
10. Tanga akarorero kerekana ingene woshira mu ngiro ivyo wiga. (1 Abatesalonika 5:17, 18)
10 Naho woba usoma Bibiliya ku mwanya uwuhe canke usoma ibingana gute, niwiyemeze ko uronka umwanya wo kwiyumvira ingene woshira mu ngiro ivyo wasomye. Igihe uriko urasoma igice kanaka co mw’Ijambo ry’Imana niwibaze uti: “Ibi nsomye nobishira mu ngiro gute uno musi canke muri kazoza?” Tubitangire akarorero: Dufate ko uriko urasoma mu 1 Abatesalonika 5:17, 18. (Soma.) Umaze gusoma iyo mirongo ibiri, nuce uhagarika maze wiyumvire incuro usenga n’ivyo ushira mw’isengesho. Vyongeye woshobora kwiyumvira ibintu woshimira Yehova. Kumbure woshobora kwiyumvira ibintu bitatu womukengurukira udomako. Naho wofata iminota mikeyi yo kuzirikana ku vyigwa wakuye muri Bibiliya, vyoshobora kugufasha gutahura Ijambo ry’Imana no gushira mu ngiro ivyo rivuga. Vyongeye, niwashira mu ngiro ivyo usoma muri Bibiliya buri musi, uzorushiriza kuba umusavyi wa Yehova ameze neza. Ariko none wokora iki nka hamwe wosanga hari ibintu vyinshi ukeneye kuryohora?
NIWISHINGIRE IMIGAMBI USHOBORA GUSHIKAKO
11. Kubera iki rimwe na rimwe ushobora kwumva ucitse intege? Tanga akarorero.
11 Igihe usoma Bibiliya, urashobora gucika intege usanze hari ibintu vyinshi ukeneye kuryohora. Dufate ko umusi wa mbere usomye muri Bibiliya impanuro ijanye no kutagira nkunzi. (Yak. 2:1-8) Uciye ubona yuko ukwiye kuryohora ingene ufata abandi, maze ugahitamwo kwikosora. Ivyo ni vyiza. Ku musi ukurikira, urasomye umurongo werekana ko bihambaye kwiyubara ku majambo tuvuga. (Yak. 3:1-12) Uciye ubona ko bishika ukavuga amajambo aca intege abandi, maze ugafata ingingo yo kwitwararika kuza uravuga amajambo aremesha igihe uyaga n’abandi. Ku musi wa gatatu na ho urasomye impanuro idusaba kutaba abagenzi b’isi. (Yak. 4:4-12) Uciye ubona ko ukwiye kuba maso ku bijanye n’ivyo usoma, uraba canke wumviriza. Hari aho ku musi wa kane ushobora kwumva ucitse intege ubonye ibintu vyose ukeneye kuryohora.
12. Kubera iki udakwiye gucika intege igihe usomye Bibiliya maze ukabona ivyo ukwiye guhindura? (Raba n’akajambo k’epfo.)
12 Nimba ubonye ko hari ibintu vyinshi ukeneye guhindura canke kuryohora, ntucike intege. Ivyo vyerekana ko wicisha bugufi. Umuntu yicisha bugufi kandi yisuzuma atibesha, asoma Ivyanditswe afise intumbero yo kurondera ivyo yoryohora. a Niwibuke kandi ko dukwiye kubandanya twambara «kamere nshasha.» (Kol. 3:10) None ni ibiki bizogufasha kubandanya ushira mu ngiro Ijambo ry’Imana?
13. Ni uburyo bwiza ubuhe bwo gushira mu ngiro ivyo wiga? (Raba n’ifoto.)
13 Aho gushira mu ngiro ibintu vyose wasomye icarimwe, nugerageze gushira mu ngiro ikintu kimwe canke bibiri. (Imig. 11:2) Nugerageze iki kintu: Niwandike ibintu ukeneye kuryohora, hanyuma uhitemwo kimwe canke bibiri woherako, maze ibindi uzogende urabiryohora uko haca igihe. None wohera ku ki?
14. Ni umugambi uwuhe woherako?
14 Woshobora guhera ku mugambi wokworohera gushikako. Canke na ho woshobora guhitamwo guhera ku kintu ubona ko ukeneye kuryohora kuruta ibindi. Umaze guhitamwo ico wipfuza kuryohora, nuce ugira ubushakashatsi mu bitabu vyacu kumbure ukoresheje Index de publications des Témoins de Jéhovah canke igitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova. Nusenge ku bijanye n’uwo mugambi wishingiye uce usaba Imana iguhe «icipfuzo co gukora ivyo igomba n’ububasha bwo kubikora.» (Flp. 2:13) Inyuma y’aho, nugerageze gushira mu ngiro ivyo wize. Umaze kubona ko washitse ku mugambi wa mbere, uzoca ugira umwete wo gushika no ku wundi wishingiye. Niwabona ko hari kamere Imana ishima washoboye kuryohora, hari aho wokworoherwa no kubandanya ugira ivyo uryohoye.
NIMUREKE IJAMBO RY’IMANA ‘RIKORERE MURI MWEBWE’
15. Abasavyi ba Yehova batandukaniye he n’abandi bantu benshi basoma Bibiliya? (1 Abatesalonika 2:13)
15 Abantu bamwebamwe bavuga ko bamaze gusoma Bibiliya incuro nyinshi. Ariko none boba vy’ukuri bemera ivyo yigisha? Boba vy’ukuri baragerageje gushira mu ngiro ivyo yigisha canke bagahindura ubuzima bwabo? Ikibabaje, ni uko abantu benshi badakurikiza impanuro zo muri Bibiliya. Ariko si ko bimeze ku bijanye n’abasavyi ba Yehova. Cokimwe n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere, turemera Bibiliya «nk’uko [iri] koko, nk’ijambo ry’Imana.» Vyongeye, turakora uko dushoboye kwose kugira twisunge impanuro itanga mu buzima bwacu.—Soma 1 Abatesalonika 2:13.
16. Ni ibiki vyodufasha kuba abashira mu ngiro rya Jambo?
16 Ntivyama vyoroshe gusoma no gushira mu ngiro Ijambo ry’Imana. Birashobora kutatworohera kuronka umwanya wo kurisoma. Canke na ho tukarisoma twihutagiza bigatuma tutaronka n’akanya ko kuzirikana ku vyo twasomye. Ikindi gihe na ho, turashobora gucika intege twiyumviriye ibintu vyose tubwirizwa kuryohora. Intambamyi iyo ari yo yose wohura na yo urashobora kuyitorera umuti. Yehova arashobora kugufasha kubona ico wokora. Ese twokwemera Yehova akadufasha maze tube abashira mu ngiro rya Jambo aho kuba abaryumva hanyuma bakaryibagira. Nta nkeka ko uko tuzoguma dusoma Ijambo ry’Imana kandi tukarishira mu ngiro mu buzima bwacu, ari ko tuzorushiriza kugira agahimbare.—Yak. 1:25.
URURIRIMBO RWA 94 Dukenguruke Ijambo ry’Imana
a Nurabe kuri jw.org ividewo ivuga ngo Ivyo urunganwe rwawe ruvuga: Gusoma Bibiliya.