Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Ubuzima buhimbaye mu murimo wa Yehova

Ubuzima buhimbaye mu murimo wa Yehova

Mu 1951, ni ho nashika i Rouyn, agasagara gatoyi ko mu ntara ya Kanada yitwa Kebeke. Ngeze aho bari bambwiye, naradodoye ku muryango. Uwitwa Marcel Filteau, a akaba yari umumisiyonari yari yarasohotse ishure rya Gileyadi, yaraje kwugurura. Yari afise imyaka 23, kandi akaba yari muremure. Nanje nari mfise imyaka 16 kandi nari mugufi kuri we. Naramweretse ikete rimenyesha ko nabaye umutsimvyi. Yararisomye, arandaba aca ambwira ati: «Mama wawe arazi ko uri ng’aha?»

UKO VYARI VYIFASHE MU MURYANGO WACU

Navutse mu 1934. Abavyeyi banje baje bava mu Buswise bimukira mu gisagara bacukuramwo ubutare citwa Timmins, i Ontario, muri Kanada. Nko mu 1939, mawe yaratanguye gusoma ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi no kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Yaradutwara ku makoraniro, jewe n’abandi twavukana. Bidatevye, yarabaye Icabona ya Yehova.

Dawe ntivyamuryoheye, ariko mawe yarakunda ukuri kandi yari yiyemeje kuguma ari intahemuka kuri Yehova. Yagumye ari intahemuka mbere no mu ntango z’imyaka ya 1940, igihe igikorwa c’Ivyabona vya Yehova cari kibujijwe muri Kanada. Yaguma afata neza dawe kandi amwubaha, naho dawe yamubwira amajambo ababaza cane. Yaratubereye akarorero keza bituma jewe n’abandi batandatu tuvukana duhitamwo gukorera Yehova. Igishimishije, dawe yaratanguye guhinduka, atangura kuza aradufata neza.

NTANGURA UMURIMO W’IGIHE COSE

Muri Myandagaro 1950, naritavye ihwaniro ryataziriwe ngo «Iyongerekana rya gitewokarasi,» ryabereye mu gisagara ca New York. Maze guhura n’abavukanyi na bashiki bacu bava mu bihugu bitandukanye kandi nkumva ivyo abasohotse ishure rya Gileyadi batuyagira, naciye numva nshaka gukora vyinshi mu gikorwa ca Yehova. Naciye ngira umwiyemezo ukomeye wo gutangura umurimo w’igihe cose. Ngishika muhira, naciye nsaba kuba umutsimvyi asanzwe. Ibiro vy’ishami vyo muri Kanada vyaranyishuye binsaba ko nobanza kubatizwa. Naciye mbatizwa ku wa 1 Gitugutu 1950. Haciye ukwezi kumwe, naciye mba umutsimvyi asanzwe, maze ndungikwa gukorera i Kapuskasing. Ico gisagara cari kure cane y’aho twaba ico gihe.

Ndiko nkorera muri Kebeke

Mu mpeshi yo mu 1951, ibiro vy’ishami vyarasavye aboshobora kuvuga igifaransa nimba boshima kwimukira mu karere kavugwamwo igifaransa mu ntara ya Kebeke. Muri ako karere, hari hakenewe abamamaji. Kubera ko nakuze mvuga igifaransa n’icongereza, naremeye ubwo butumire nca ndungikwa gukorera i Rouyn. Nta muntu n’umwe nari nzi ng’aho. Gusa bari bambwiye aho noshikira, nk’uko nabivuze mu ntango, kandi vyagenze neza cane. Jewe na Marcel twarabaye abagenzi kandi narahimbawe no gukorera muri Kebeke mu myaka ine yakurikiye. Amaja mu mpera y’iyo myaka ine, nahavuye mba umutsimvyi adasanzwe.

NITABA ISHURE RYA GILEYADI HANYUMA IVYO NARI NITEZE BIGATEBA

Igihe nari muri Kebeke, nararyohewe cane ndonse ubutumire bwo kwitaba Ishure rya Gileyadi, mu mugwi wa 26, rikaba ryabera i South Lansing muri New York. Twaronse impapuro z’umutsindo ku wa 12 Ruhuhuma 1956, nca ndungikwa gukorera muri Gana b muri Afrika yo mu burengero. Ariko imbere y’uko njayo, vyabaye ngombwa ko nsubira muri Kanada gushika ndonse impapuro nari nkeneye ku bw’urwo rugendo. Nari niteze kuhamara nk’indwi zibiri canke zitatu.

Nahavuye ndindira amezi indwi ndi i Toronto imbere y’uko ndonka izo mpapuro. Muri ico gihe, umuryango w’umuvukanyi Cripps ni wo wari wampaye indaro, bica bituma menyana n’umukobwa wabo yitwa Sheila. Kandi twahavuye dukundana. Imbere gato y’uko ndamusaba ngo twubakane, naciye ndonka urupapuro runyemerera kuja muri Gana. Jewe na Sheila tumaze gusenga cane, twarafashe ingingo y’uko noja aho nari narungitswe gukorera. Ariko twaravuganye ko twobandanya twandikiranira amakete, maze turabe nimba vyoshoboka ko twubakana muri kazoza. Iyo ntiyari ingingo yoroshe gufata. Ariko mu nyuma, twarabonye ko ari yo yari ibereye.

Narafashe igariyamoshi, ubwato n’indege, maze inyuma y’ukwezi kumwe ndashika i Accra, muri Gana. Ng’aho naragenywe ngo mbe umucungezi w’intara. Ivyo vyasaba kugira ingendo muri Gana, Côte d’Ivoire na Togo. Kenshi nagira izo ngendo ndi jenyene, nkoresheje imodoka yegukira ishami. Kugira izo ngendo ngendera abavukanyi vyarampimbara cane.

Mu ma wikendi na ho, naba mfise ibikorwa mu materaniro y’umuzunguruko. Nta Ngoro y’amateraniro twari dufise. Rero abavukanyi baca bashinga imigano, bagasakaza amababi y’ibigazi kugira bikinge izuba. Kubera ko ata mafirigo yari ahari, abavukanyi bazana ibitungwa bibona, bakaza barabaga ibikenewe kugira bagaburire abitavye iteraniro.

Hari ibintu bitwengeje vyahora biba kuri mwene ayo materaniro. Umusi umwe, umumisiyonari yitwa Herb Jennings c ariko aratanga insiguro, inka imwe yarirutse ivuye aho twazishira. Yaciye hagati y’umukiruruko n’aho abantu bari bicaye. Herb yaciye abanza guhora, iyo nka na yo ica ibura iyo ijana. Ariko, abavukanyi bane b’inguvu barayifashe bayisubiza mu zindi, mu gihe abandi bari bishwe n’agatwengo.

Muri iyo ndwi y’iteraniro, narerekanye ividewo ivuga ngo La Société du monde nouveau en action, mu bisagara vyari hafi y’ahabereye iteraniro. Mu kuyerekana, nakoresha projecteri n’igitambara cera naba naboheye hagati y’inkingi zibiri canke ibiti bibiri. Abantu barayikunze cane. Kuri benshi, ryari ryo rya mbere babonye ividewo. Hageze uduce twerekana abantu bariko barabatizwa, barakomye amashi cane. Iyo videwo yarabafashije kwibonera ingene Ivyabona vya Yehova bunze ubumwe kw’isi yose.

Twubakanye mu 1959 muri Gana

Nk’inyuma y’imyaka ibiri ndi muri Afrika, nararyohewe cane no kwitaba ihwaniro mpuzamakungu ryabereye mu gisagara ca New York, mu 1958. Nararyohewe cane igihe nabona Sheila, akaba yari yaje avuye muri Kebeke, aho yakorera ari umutsimvyi adasanzwe. Twari tumaze imisi twandikiranira amakete, ariko kubera ko twari dusubiye kubonana, naciye ndamusaba ko twokwubakana, na we aravyemera. Naciye nandikira umuvukanyi Knorr d ndamusaba nimba Sheila yokwitaba Ishure rya Gileyadi maze akansanga muri Afrika, kandi yaravyemeye. Amaherezo, Sheila yaraje muri Gana. Twagiriye ubugeni i Accra, ku wa 3 Gitugutu 1959. Twariboneye ko Yehova yaduhezagiye vy’ukuri kubera ko ari we twashize imbere mu buzima bwacu.

NKORANA NA SHEILA MURI KAMERUNE

Ndiko nkorera kw’ishami ryo muri Kamerune

Mu 1961, twarungitswe gukorera mu gihugu ca Kamerune. Nari mfise ibikorwa vyinshi kubera ko bari bansavye gutanguza ibiro vy’ishami bishasha. Kubera ko guhagarikira ibiro vy’ishami cari igikorwa gishasha kuri jewe, nari mfise vyinshi vyo kwiga. Mu nyuma, mu 1965, twaramenye ko Sheila yari yibungenze. Mvugishije ukuri, kwiyumvira ko twari tugiye kuba abavyeyi, ntivyatworoheye. Dutanguye kwiyumvamwo iryo banga rishasha no gutegura ivyo gusubira muri Kanada, hari ikintu kibabaje cane cabaye.

Uwo mwana yarapfuye imbere y’uko avuka. Umuganga yatubwiye ko yari umuhungu. Naho haciye imyaka irenga 50, ntitwigeze tuvyibagira. Naho ivyadushikiye vyari bibabaje cane, twarabandanije gukorera muri Kamerune, kandi ico gikorwa twaragikunda cane.

Ndi kumwe na Sheila muri Kamerune mu 1965

Muri Kamerune, kenshi abavukanyi barahangana n’uruhamo kubera ko ata ho bari bahengamiye mu vya politike. Ibintu vyararushiriza kwunyuka mu kiringo c’amatora. Ico twatinya ni co cabaye. Ku wa 13 Rusama 1970, igikorwa c’Ivyabona vya Yehova carabujijwe imbere y’amategeko. Ubutegetsi bwaratwatse inyubakwa nziza z’ibiro vy’ishami twari duherutse kwimukiramwo amezi atanu imbere y’aho. Mu ndwi imwe gusa, abamisiyonari bose harimwo jewe na Sheila, twarirukanywe mu gihugu. Ntivyari vyoroshe gutandukana n’abavukanyi na bashiki bacu kubera ko twabakunda cane kandi twari turajwe ishinga n’ivyo bobwirijwe kwihanganira.

Amezi atandatu yakurikiye, twayamaze ku biro vy’ishami vyo mu Bufaransa. Ndi ng’aho, nabandanije nkora uko nshoboye kwose kugira nitwararike abavukanyi bacu bari muri Kamerune. Muri Kigarama uwo mwaka nyene, twararungitswe gukorera ku biro vy’ishami vyo muri Nijeriya, akaba ari vyo vyaciye bitangura kwitwararika igikorwa co muri Kamerune. Abavukanyi na bashiki bacu bo muri Nijeriya baraduhaye ikaze n’igishika cinshi. Twarahimbawe no kumara imyaka itari mike dukorera ng’aho.

TUBWIRIZWA GUFATA INGINGO ITOROSHE

Mu 1973, twabwirijwe gufata ingingo itoroshe na gato. Sheila yari amaze igihe afise ingorane z’amagara zikomeye. Igihe twari kw’ihwaniro i New York yaraturikishije ararira, aca ambwira ati: «Singishoboye gukora ivyo nahora nkora! Ndarushe cane kandi nama ngwaye igihe cose.» Jewe na Sheila twari tumaze imyaka irenga 14 dukorera muri Afrika yo mu burengero. Narashima cane ukuntu yakorera Yehova adahemuka. Ariko, twari dukeneye kugira ivyo duhinduye. Tumaze kubiyaga no gusenga cane, twarafashe ingingo yo gusubira muri Kanada, aho yari gushobora kwivuza mu buryo bwiza. Guhagarika igikorwa c’ubumisiyonari n’umurimo w’igihe cose, yabaye ingingo itoroshe kandi ibabaje cane kurusha izindi twabwirijwe gufata.

Tumaze gushika muri Kanada, umugenzi wanje twari tuzinanye kuva kera yarampaye akazi mw’ihinguriro ryiwe rigurisha imiduga mu gisagara co mu buraruko bwa Toronto. Twarapanze inzu, turagura ibintu vyo mu nzu bimaze gukoreshwa, gutyo turashobora gutangura ubuzima bushasha tutarinze gusaba amadeni. Twipfuza kuguma tworoheje ubuzima twizigiye yuko umusi umwe vyokunze ko dusubira mu murimo w’igihe cose. Icadutangaje, ntitwatevye gusubira mu murimo w’igihe cose.

Naratanguye kuza nditanga ku misi ya gatandatu, mu bikorwa vyo kwubaka Ingoro y’amateraniro nshasha i Norval, muri Ontario. Mu nyuma, nahavuye ngenwa kugira ngo mbe umuhagarikizi w’Ingoro y’amateraniro. Sheila yari atanguye gutora mitende, kandi twabona ko ico gikorwa gishasha yogishoboye. Rero, twaciye twimukira mu nzu yari ku Ngoro y’amateraniro muri Ruheshi 1974. Twararyohewe cane kuba twari dusubiye mu murimo w’igihe cose.

Igishimishije, amagara ya Sheila yarushiriza kumera neza. Haciye imyaka ibiri, twarungitswe gukorera mu muzunguruko kandi twaravyemeye. Uwo muzunguruko wari mu ntara ya Kanada yitwa Manitoba, akaba ari ahantu hakanya cane mu rushana. Ariko abavukanyi na bashiki bacu bo ng’aho barakundana cane. Twaratahuye yuko igihambaye atari ahantu dukorera, ahubwo ari kuguma dukorera Yehova aho twoba turi hose.

NARIZE ICIGWA GIHAMBAYE

Haheze imyaka myinshi turi mu muzunguruko, twaratumiwe gukorera kuri Beteli yo muri Kanada mu 1978. Ata gihe kinini kihaciye, hari ikintu kibabaje canshikiye ariko canyigishije icigwa gihambaye. Nari nahawe gushikiriza insiguro y’isaha imwe n’inusu mu gifaransa, kw’ikoraniro ridasanzwe ryabereye i Montreal. Ikibabaje, abariko barayikurikira ntiyabaryoheye. Mu nyuma, hari umuvukanyi wo mu rwego rw’umurimo yampaye impanuro ku bijanye n’iyo nsiguro. Mvugishije ukuri, nahavuye nsanga ivyo gutanga insiguro bitanyorohera. Ariko iyo mpanuro sinayakiriye neza. Ico kiyago cagenze nabi kandi narababaye cane kubera ko nabona yuko uwo muvukanyi atigeze ankeza, ahubwo ko yantoye amahinyu gusa. Narakoze ikosa mu kwanka impanuro mfatiye ku kuntu yatanzwe no ku kuntu nabona uwayimpaye.

Narize icigwa gihambaye inyuma y’insiguro natanze mu gifaransa

Haciye imisi mikeyi, umwe mu bagize Komite y’ishami yarambwiye ibijanye n’ico kintu. Nariyemereye ko ntakiriye neza iyo mpanuro kandi ko numva nicujije. Naciye ndondera wa muvukanyi yari yampaye impanuro kandi yarambabariye. Ico kintu cabaye caranyigishije ko kwicisha bugufi bihambaye, kandi sinzokwigera ndavyibagira. (Imig. 16:18) Narasenze Yehova kenshi ndamubwira ico kintu, kandi mfise umwiyemezo wo kutazokwigera nsubira kwakira nabi impanuro.

Ubu maze imyaka irenga 40 ndi muri Beteli yo muri Kanada. Kandi kuva mu 1985, naratewe agateka ko kuba umwe mu bagize Komite y’ishami. Muri Ruhuhuma 2021, umukenyezi wanje nikundira Sheila yarasinziriye mu rupfu. Ndamukumbura cane kandi nanje nsigaye mfise amagara make. Ariko igikorwa ca Yehova gituma ngira vyinshi vyo gukora kandi ngahimbarwa, gutyo ‘imisi ikarengana sindanabibone.’ (Umus. 5:20) Naho nashikiwe n’ingorane nyinshi mu buzima, hari ibintu vyinshi niboneye vyatumye ngira umunezero mwinshi. Kuba narashize Yehova imbere mu buzima bwanje kandi nkamara imyaka 70 mu murimo w’igihe cose, vyatumye ngira ubuzima buhimbaye. Nsenga nsaba ko abavukanyi na bashiki bacu bakiri bato na bo nyene bashira Yehova mu kibanza ca mbere mu buzima bwabo, kuko najijutse yuko gukorera Yehova ari vyo vyonyene bizotuma bagira ubuzima buhimbaye.

a Nurabe inkuru y’ubuzima ya Marcel Filteau ivuga ngo «Yehova ni ubuhungiro bwanje n’inkomezi zanje,» mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma 2000 (mu gifaransa).

b Gushika mu 1957, aka karere ko muri Afrika katwarwa n’Ubwongereza kakaba kitwa Côte-de-l’Or.

c Nurabe inkuru y’ubuzima ya Herbert Jennings ivuga ngo «Ntimuzi ibizoba ejo,» mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 2000 (mu gifaransa).

d Nathan H. Knorr ni we yari ahagarikiye igikorwa cacu ico gihe.