Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 1

Nugume utekanye kandi wizigire Yehova

Nugume utekanye kandi wizigire Yehova

ICANDITSWE C’UMWAKA WA 2021: “Inkomezi zanyu zizobonekera mu kuguma mutekanye no mu kwizigira.”​—YES. 30:15.

URURIRIMBO RWA 3 Inkomezi zacu, icizigiro cacu n’umwizero wacu

INCAMAKE *

1. Ni ikibazo ikihe abantu bamwebamwe muri twebwe bobaza?

TWESE turipfuza kubaho dutekanye kandi dufise amahoro. Nta n’umwe ahimbarwa no kugira amaganya. Naho ari ukwo, vyoshika tukagira amaganya. Nkako, abasavyi ba Yehova bamwebamwe boshobora kubaza ikibazo Umwami Dawidi yabajije Yehova ati: “Nzogeza ryari gushira ukunana muri jewe, [canke kugira amaganya] n’intuntu mu mutima wanje ku murango?”​—Zab. 13:2.

2. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

2 Naho bitoshoboka ko tubaho ata kintu na kimwe kidutera amaganya, hari ivyo twokora kugira ngo tugabanye amaganya. Muri iki kiganiro, tugiye kubanza kurimbura ibintu bimwebimwe vyoshobora gutuma tugira amaganya. Ubukurikira, turarimbura ibintu bitandatu kirumara twokora vyodufasha kuguma dutekanye igihe turi mu ngorane.

NI IBIKI VYOTUMA TUGIRA AMAGANYA?

3. Ni ibintu ibihe bishobora gutuma tugira amaganya, kandi twoba dushobora kubitangira?

3 Hariho ibintu bitari bike bishobora kudutera amaganya, kandi ugasanga ata kintu twokora kugira ngo tugire ico tubihinduyeko. Nk’akarorero, ntidushobora kubuza ibiciro vy’ibifungurwa, vy’ivyambarwa n’ivy’uburaro ngo ntibiduge buri mwaka. Vyongeye, nta co twokora kugira ngo tugabanye incuro abo dukorana canke abo twigana bazoturyosharyosha ngo duhemuke, canke ngo tuje mu ngeso z’ubuhumbu. N’ikindi kandi, ntidushobora guhagarika ubukozi bw’ikibi bubera mu kibano cacu. Izo ngorane zidushikira kubera ko tuba mw’isi, aho usanga abantu benshi biyumvira mu buryo buteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Shetani ya mana y’iyi si, arazi ko abantu bamwebamwe bazoreka “amaganya y’ivy’iki gihe” akababuza gukorera Yehova. (Mat. 13:22; 1 Yoh. 5:19) Ntibitangaje rero kubona isi yuzuye ibintu bituma abantu bahagarika umutima.

4. Kugira imyitwarariko myinshi bishobora gutuma tumererwa gute?

4 Kugira imyitwarariko myinshi, birashobora gutuma tugira amaganya. Nk’akarorero, twoshobora guhagarika umutima yuko tutazoronka amahera yo kugura ivyo dukeneye, ko tuzorwara, ko tuzobura akazi canke mbere ko tuzogatakaza. Twoshobora no guhagarika umutima twibaza ko nitwoshwa kurenga kw’itegeko ry’Imana, tuzoca duhemuka. Vyongeye, kubera ko vuba Shetani azotuma abayoboke biwe bagaba igitero ku basavyi b’Imana, twoshobora guhagarika umutima twibaza ingene tuzovyifatamwo. Ariko rero twokwibaza duti: ‘None vyoba ari bibi ko ivyo bintu bimpagarika umutima ku rugero kanaka?’

5. Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo: ‘Mureke kwiganyira’?

5 Turazi ko Yezu yabwiye abayoboke biwe ko ‘boreka kwiganyira.’ (Mat. 6:25) None Yezu yoba yashatse kuvuga ko tudakwiye kugira amaganya namba? Habe namba! Kanatsinda, hari abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bo muri kahise bagize amaganya, mugabo baguma bamuhimbara. * (1 Abm. 19:4; Zab. 6:3) Yezu rero yariko araduhumuriza. Ntiyipfuza ko dutwarwa n’amaganya y’ivy’ubu buzima, ku buryo tudashira imbere gukorera Imana. Ni ibintu ibihe none twokora kugira ngo ntiturengerwe n’amaganya?​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ingene wobigira.

IBINTU BITANDATU BIZODUFASHA KUGUMA DUTEKANYE

Raba ingingo ya 6 *

6. Twisunze Abafilipi 4:6, 7, ni igiki gishobora gutururuza amaganya yacu?

6 (1Nusenge kenshi. Iyo abakirisu bari mu ngorane maze bagasenga Yehova babigiranye ubwira, barashobora kwumva baruhuriwe. (1 Pet. 5:7) Mu kwishura amasengesho yawe, Yehova arashobora kuguha “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira [kw’umuntu] kwose.” (Soma Abafilipi 4:6, 7.) Yehova aratururuza amaganya yacu biciye ku mpwemu nyeranda yiwe y’ububasha.​—Gal. 5:22.

7. Ni ibiki dukwiye kwibuka igihe dusenga Imana?

7 Igihe witura Yehova mw’isengesho, numusukire ibiri ku mutima. Numubwire udomako. Numubwire ingorane ufise iyo ari yo, umusigurire n’ingene uyibona. Nimba iyo ngorane yotorerwa umuti, numusabe ubukerebutsi bwo kumenya ico wokora be n’inkomezi zo kugikora. Nimba ubona ko ari ingorane ikurengeye, nusabe Yehova agufashe kutiganyira birenze urugero. Igihe usenze Yehova udomako, mu nyuma urarushiriza kubona neza ingene yishuye amasengesho yawe. Nimba adaciye akwishura ubwo nyene, ntucike intege. Yehova ntiyipfuza gusa ko umusenga udomako, ahubwo aripfuza n’uko ushishikara gusenga.​—Luka 11:8-10.

8. Igihe dusenga dukwiye gushiramwo n’iki?

8 Igihe uterera amaganya yawe kuri Yehova mw’isengesho, nushiremwo n’amajambo yo gukenguruka. N’igihe tuba turi mu ngorane zikomeye, biraba vyiza twibutse imihezagiro twifitiye. Nimba bishika bikakugora kuronka amajambo abereye yo guserura ukuntu wiyumva, niwibuke ko Yehova yishura n’amasengesho asanzwe, n’iyo woba umubwiye gusa ngo ‘Ndakwinginze umfashe!’​—2 Ngo. 18:31; Rom. 8:26.

Raba ingingo ya 9 *

9. Tworonka gute ugutekanirwa nyakuri?

9 (2Niwisunge ubukerebutsi bwa Yehova aho kwisunga ubw’iwawe. Mu kinjana c’umunani imbere ya Kristu, abantu bo muri Yuda baratewe ubwoba n’Abashuri. Kugira ngo ntibigarurirwe n’Abashuri, baciye bitura Misiri ngo ibafashe. (Yes. 30:1, 2) Yehova yarababuriye ko iyo nzira bari bafashe yobakwegeye akarambaraye. (Yes. 30:7, 12, 13) Yehova abicishije kuri Yesaya, yarabwiye abo bantu ingene bari kuronka ugutekanirwa nyakuri. Yababwiye ati: “Inkomezi zanyu zizobonekera mu kuguma mutekanye no mu kwizigira” Yehova.​—Yes. 30:15b.

10. Ni mu bihe bimwebimwe ibihe twokwerekana ko twizigira Yehova?

10 None twokwerekana gute ko twizigira Yehova? Rimbura uburorero bumwebumwe. Dufate ko uronse akazi k’amahera menshi, mugabo kakazogusaba umwanya munini, ku buryo bizohungabanya ibikorwa vyawe vy’impwemu. Canke dufate ko hari uwo mukorana akwereka ko yipfuza ko mukundana, mugabo akaba atari umusavyi wa Yehova yabatijwe. Canke na ho dufate ko hari uwo mu muryango wawe aguhaye gasopo ati: “Uhitamwo jewe canke Imana yawe.” Muri ivyo bihe vyose uzoba uhanganye no gufata ingingo itoroshe. Ariko muri kimwekimwe cose, Yehova azoguha ubuyobozi ukeneye. (Mat. 6:33; 10:37; 1 Kor. 7:39) Ikibazo rero ni iki: Woba uzokwizigira ubwo buyobozi kandi ukabushira mu ngiro?

Raba ingingo ya 11 *

11. Ni inkuru izihe zo muri Bibiliya twokwiga zodufasha kuguma dutekanye igihe turi mu ruhamo?

11 (3Nukure ivyigwa ku burorero bwiza be n’uburorero bubi. Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bwerekana akamaro ko kuguma dutekanye no kwizigira Yehova. Uko wiga izo nkuru, nurabe icafashije abasavyi b’Imana kuguma batekanye mu gihe c’uruhamo rukomeye. Nk’akarorero, igihe sentare nkuru y’Abayuda yategeka intumwa guhagarika kwamamaza, ntizaciye zigira ubwoba. Ahubwo babigiranye ubutinyutsi bishuye bati: “Dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.” (Ivyak. 5:29) Mbere n’inyuma y’aho babatonaguriye, ntibatekewe n’ubwoba. Uti kubera iki? Kubera ko bari bazi yuko Yehova yari kumwe na bo. Baramuhimbara. Ivyo vyatumye babandanya kwamamaza inkuru nziza. (Ivyak. 5:40-42) N’igihe umwigishwa Sitefano yagomba kwicwa, yagumye afise amahoro menshi kandi atekanye, ku buryo mu maso hiwe hari hameze “nko mu maso h’umumarayika.” (Ivyak. 6:12-15) Kubera iki? Kubera yari azi neza ko Yehova amushima.

12. Twisunze 1 Petero 3:14 na 4:14, kubera iki dukwiye kunezerwa igihe turiko turahamwa?

12 Intumwa zari zifise ibimenyamenya bigaragara vyabereka ko Yehova yari kumwe na bo. Yari yarabahaye ububasha bwo gukora ibitangaro. (Ivyak. 5:12-16; 6:8) Ariko si ko bimeze muri iki gihe. Naho ari ukwo, Yehova araduhumuriza biciye kw’Ijambo ryiwe, yuko igihe duhamwa duhorwa ubugororotsi, tumuhimbara be n’uko impwemu yiwe iba iri kumwe natwe. (Soma 1 Petero 3:14; 4:14.) Aho kuguma twibaza rero ingene tuzovyifatamwo nitwashikirwa n’uruhamo rukaze, dukwiye gushira umutima ku vyo twokora ubu, kugira turushirize kwizigira ko Yehova ashoboye kudushigikira no kuturokora. Cokimwe n’abo bigishwa bo mu kinjana ca mbere, dutegerezwa kwizigira umuhango Yezu yatanze ugira uti: “Nzobaha akanwa n’ubukerebutsi ababarwanya bose hamwe batazoshobora kurwanya canke guhaririza.” Yezu yaciye adukura amazinda ati: “Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubuzima bwanyu.” (Luka 21:12-19) Vyongeye, ntitwigere twibagira ko Yehova aguma yibuka utuntu tw’ido n’ido twerekeye abasavyi biwe bapfa ari intahemuka. Kuba avyibuka bizotuma abazura.

13. Kurimbura uburorero bw’abananiwe kuguma batekanye no kwizigira Yehova vyodufasha gute?

13 Turashobora kandi gukura ivyigwa ku burorero bw’abananiwe kuguma batekanye no kwizigira Yehova. Kurimbura ubwo burorero bubi, bizodufasha kwirinda gukora amakosa nk’ayo bakoze. Nk’akarorero, igihe Umwami Asa wa Yuda yatangura kuganza, yarihetse kuri Yehova igihe yari ahanganye n’ingabo nyinshi cane, kandi Yehova yaramuhaye intsinzi. (2 Ngo. 14:9-12) Ariko mu nyuma, igihe yahangana n’ingabo nkeya gusa z’Umwami Bayasha wa Isirayeli, Asa yaciye aha igiturire Abasiriya ngo bamufashe mu vya gisirikare, aho guhanga amaso Yehova ngo amukize, nk’uko yari yarabigize mu ntango. (2 Ngo. 16:1-3) Vyongeye, igihe yarwara akaremba mu mpera z’ubuzima bwiwe, ntiyituye Yehova ngo amufashe.​—2 Ngo. 16:12.

14. Twigira iki ku makosa Umwami Asa yakoze?

14 Mu ntango, Asa yarituye Yehova igihe yari mu ngorane. Ariko mu nyuma vyaramunaniye kwitura Imana ngo imufashe, ahitamwo kwifatira ibintu mu minwe. Ubiravye, umugambi wa Asa wo kwitura Abasiriya ngo bamufashe kurwanya Isirayeli, umengo wari kugira ico ushitseko. Ariko ukuroranirwa kwiwe kwabaye ukw’igihe gito. Biciye ku muhanuzi umwe, Yehova yamubwiye ati: “Ko wishimikije umwami wa Siriya, ntiwishimikize Yehova Imana yawe, ni co catumye inteko za gisirikare z’umwami wa Siriya zikira ukuboko kwawe.” (2 Ngo. 16:7) Dutegerezwa kuba maso kugira ngo ntitwiyizigire birenze, mu bijanye no gutorera umuti ingorane zacu ku buryo tunanirwa no guhanga amaso Yehova ngo atuyobore biciye kw’Ijambo ryiwe. Mbere naho twoba dutegerezwa gufata ingingo yihuta, dukwiye kwiheka kuri Yehova dutekanye, kandi azodufasha kuroranirwa.

Raba ingingo ya 15 *

15. Twokora iki igihe dusoma Bibiliya?

15 (4Nufate ku mutwe imirongo yo muri Bibiliya. Igihe usomye muri Bibiliya imirongo yerekana igituma bihambaye kuguma dutekanye no kwizigira Yehova, nugerageze kuyifata ku mutwe. Kuyisoma n’ijwi ryumvikana canke kuyandika maze ukaza urayisubiramwo kenshi, vyoshobora kugufasha. Yehova yasavye Yosuwa kwama asoma igitabu c’Itegeko n’ijwi ritoyi, kugira ngo akorane ubukerebutsi. Ivyo yosomye, vyomufashije kandi kutagira ubwoba mu mabanga yari ajejwe. (Yos. 1:8, 9) Ibintu vyinshi bivugwa mw’Ijambo ry’Imana vyoshobora gutuma ugira amahoro yo mu mutima, igihe uri mu bintu vyotuma ugira amaganya canke utekerwa n’ubwoba.​—Zab. 27:1-3; Imig. 3:25, 26.

Raba ingingo ya 16 *

16. Yehova akoresha gute ishengero kugira ngo adufashe kuguma dutekanye no kumwizigira?

16 (5Niwifatanye n’abasavyi b’Imana. Yehova arakoresha abavukanyi na bashiki bacu kugira ngo adufashe kuguma dutekanye no kumwizigira. Igihe turi ku makoraniro, turungukira ku nyigisho zitangirwa ku mukiruruko, ku nyishu zitangwa n’abayitavye, no ku biyago biremesha tugirana n’abavukanyi na bashiki bacu. (Heb. 10:24, 25) Kwitura abagenzi twizigiye bo mw’ishengero tukabaserurira akari ku mutima, na vyo nyene birashobora kuturemesha cane. “Ijambo ryiza” tubwiwe n’umugenzi, rirashobora kuturemurura amaganya.​—Imig. 12:25.

Raba ingingo ya 17 *

17. Twisunze Abaheburayo 6:19, ni mu buryo ki icizigiro cacu c’Ubwami gishobora gutuma dutekana n’igihe turi mu ngorane?

17 (6Nugume ukomeza icizigiro cawe. Icizigiro cacu c’Ubwami, kimeze “nk’inanga y’ubwato y’ubuzima,” kuko gituma dutekana n’igihe turi mu ngorane, canke dufise amaganya. (Soma Abaheburayo 6:19.) Nuzirikane ku muhango Yehova atanga w’uko muri kazoza tuzobaho ata kidutera amaganya. (Yes. 65:17) Niwihe ishusho wibereye mw’isi nshasha irangwa amahoro, ata na kimwe kikiguhagarika umutima. (Mika 4:4) Vyongeye, uko ubwira abandi ivyo wizeye, ni ko icizigiro cawe kizorushiriza gukomera. Nukore uko ushoboye kwose rero mu gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. Ubigenjeje gutyo, urashobora “[gushira] amazinda rwose ku vyerekeye ca cizigiro gushika kw’iherezo.”​—Heb. 6:11.

18. Ni ibiki twokwitega muri kazoza, kandi twohangana na vyo gute?

18 Uko iherezo ry’iyi si mbi ryegereza, tuzorushiriza kugira ingorane zituma tugira amaganya. Icanditswe c’umwaka wa 2021, kirashobora kudufasha guhangana n’izo ngorane no kuguma dutekanye tutisunze inkomezi zacu, mugabo biciye ku kwizigira Yehova. Muri uwu mwaka wose, nimuze twerekane biciye ku vyo dukora, yuko twizera umuhango Yehova yatanze ugira uti: “Inkomezi zanyu zizobonekera mu kuguma mutekanye no mu kwizigira.”​Yes. 30:15.

URURIRIMBO RWA 8 Yehova ni we buhungiro bwacu

^ ing. 5 Icanditswe c’umwaka wa 2021, kirashimika ku kuntu bihambaye ko twizigira Yehova mu bintu bitesha umutwe ducamwo, be n’ibizodushikira muri kazoza. Muri iki kiganiro, turarimbura ibintu ngirakamaro twokora, kugira ngo dushire mu ngiro impanuro dusanga muri ico canditswe c’umwaka.

^ ing. 5 Hari abavukanyi na bashiki bacu b’abizigirwa usanga bafise ingorane yo kwiganyira birenze, canke guta umutwe. Iyo ni ingorane y’amagara ikomeye, ikaba rero idakwiye kwitiranywa n’amaganya Yezu yariko aravuga.

^ ing. 63 INSOBANURO Y’ISHUSHO: (1) Mu biringo bitandukanye vy’umusi, mushiki wacu arasenga abigiranye ubwira ku bijanye n’amaganya afise.

^ ing. 65 INSOBANURO Y’ISHUSHO: (2) Mu gihe co gufungura mu karuhuko ka sasita ari ku kazi, ararondera ubuyobozi mw’Ijambo ry’Imana.

^ ing. 67 INSOBANURO Y’ISHUSHO: (3) Arazirikana ku burorero bwiza be n’uburorero bubi buvugwa muri Bibiliya.

^ ing. 69 INSOBANURO Y’ISHUSHO: (4) Arashira kuri frigo yiwe icanditswe kiremesha yipfuza gufata ku mutwe.

^ ing. 71 INSOBANURO Y’ISHUSHO: (5) Araryohewe no kuba ari kumwe n’abandi mu ndimiro.

^ ing. 73 INSOBANURO Y’ISHUSHO: (6) Arakomeza icizigiro ciwe mu kuzirikana kuri kazoza.