Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 1

‘Abarondera Yehova nta kintu ciza bazobura’

‘Abarondera Yehova nta kintu ciza bazobura’

ICANDITSWE C’UMWAKA WA 2022: ‘Abarondera Yehova, nta kintu ciza bazobura.’​—ZAB. 34:10.

URURIRIMBO RWA 4 “Yehova ni we Mwungere wanje”

INCAMAKE *

N’igihe Dawidi yari mu bihe bitoroshe, yabona ko ‘ata ciza na kimwe yabuze’ (Raba ingingo ya 1-3) *

1. Ni ibintu ibihe bitoroshe vyashikiye Dawidi?

DAWIDI yariko aranyaga amagara. Sauli, umwami wa Isirayeli w’umunyabubasha, yariko arondera kumwica. Igihe Dawidi yakenera ibifungurwa, yaraciye mu gisagara c’i Nobu maze asaba imikate itanu gusa. (1 Sam. 21:1, 3) Mu nyuma, we n’ingabo ziwe baciye bahungira mw’isenga. (1 Sam. 22:1) None vyagenze gute ngo Dawidi ashikirwe n’ivyo bintu?

2. Sauli yishize gute mu kaga gakomeye? (1 Samweli 23:16, 17)

2 Sauli yaragiriye Dawidi ishari rikomeye, amuhora ko yariko aravugangwa be n’uko yari yatahukanye intsinzi nyinshi ku rugamba. Sauli yari azi kandi ko ukugambarara kwiwe kwari kwatumye Yehova amwankira kubandanya ari umwami wa Isirayeli, be n’uko Yehova yari yahisemwo Dawidi ngo azomusubirire ku ngoma. (Soma 1 Samweli 23:16, 17.) Ariko kubera ko Sauli yari akiri umwami wa Isirayeli, akaba yari afise ingabo nyinshi be n’abamushigikiye benshi, vyabaye ngombwa ko Dawidi anyaga amagara. Sauli yoba yariyumvira ko vy’ukuri yari gushobora guhagarika umugambi Imana yari ifitiye Dawidi? (Yes. 55:11) Bibiliya nta co ibivugako. Ariko ico tuzi coco, ni uko Sauli yariko arishira mu kaga gakomeye. Nta wurwanya Imana ngo ayitsinde.

3. Dawidi yabona ibintu gute naho yari mu ngorane?

3 Dawidi ntiyari umuntu ahahamira ubukuru. Si we yihitiyemwo kuba umwami wa Isirayeli, ahubwo Yehova ni we yamugenye. (1 Sam. 16:1, 12, 13) Sauli yahavuye abona Dawidi nk’umwansi wiwe katwa. Ariko Dawidi ntiyegetse kuri Yehova ivyariko biramushikira, canke ngo yidogere kubona ata bifungurwa bikwiye yari afise canke kubona yaba mw’isenga. Ahubwo riho, bishoboka ko igihe yari yinyegeje muri iryo senga nyene, ari ho yatunganya urwo ruririmbo rwiza rwo gushemeza Imana, urwakuwemwo amajambo y’icanditswe c’ishimikiro agira ati: ‘Abarondera Yehova, nta kintu ciza bazobura.’​—Zab. 34:10.

4. Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura, kandi ni kubera iki bihambaye?

4 Muri iki gihe, birashika abasavyi ba Yehova benshi ntibaronke ibifungurwa bikwiye be n’ibindi bintu vya nkenerwa mu buzima. * Ivyo vyarashitse canecane mu gihe c’ikiza ca Korona. Vyongeye, kubera ko ya “makuba akomeye” yegereje, turashobora kwitega ko tuzohura n’ingorane zikomeye kuruta. (Mat. 24:21) Dufise ivyo mu muzirikanyi, nimuze turondere inyishu z’ibibazo bine: Ni mu buryo ki Dawidi ‘ata ciza na kimwe yabuze’? Kubera iki dutegerezwa kwiga kubumbwa n’ivyo dufise? Kubera iki twokwizigira ko Yehova azotwitwararika? Vyongeye, twokwitegurira gute kazoza ubu?

“NTA CO NZOBURA”

5-6. Zaburi ya 23:1-6 idufasha gute gutahura ico Dawidi yashaka kuvuga igihe yavuga ko abasavyi b’Imana ‘ata ciza na kimwe bobuze’?

5 None Dawidi yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko abasavyi ba Yehova ‘ata ciza na kimwe bobuze’? Kurimbura imvugo nk’iyo dusanga muri Zaburi ya 23, birashobora kudufasha gutahura ico yashaka kuvuga. (Soma Zaburi 23:1-6.) Dawidi atanguza iyo zaburi amajambo agira ati: “Yehova ni Umwungere wanje. Nta co nzobura.” Mu mirongo isigaye y’iyo zaburi, Dawidi aravuga ibintu bihambaye vy’ukuri, na vyo akaba ari imihezagiro yo mu buryo bw’impwemu yironkera, kubera yemera ko Yehova amubera Umwungere. Yehova aramuyobora “mu mihora y’ubugororotsi,” kandi aguma amuba hafi mu mahirwe no mu magorwa. Dawidi ariyemerera ko kuba Yehova amuvyagiza “mu maragiriro yuzuye ubwatsi,” bitazobuza ko agira ingorane. Rimwe na rimwe yoshobora gucika intege, bikamera nk’aho ariko aca “mu mubande w’igitutu kizitanye,” kandi akagira n’abansi. Ariko kubera ko Yehova ari Umwungere wiwe, Dawidi ‘nta kintu kibi na kimwe azotinya.’

6 Turaronse rero inyishu ya ca kibazo cacu cabaza ngo: Ni mu buryo ki Dawidi ‘ata ciza na kimwe yabuze’? Nta kintu na kimwe yari abuze mu vy’impwemu. Umunezero wiwe ntiwari ushingiye ku bintu vy’umubiri. Dawidi yarabumbwa n’ivyo Yehova yamuronsa. Icari gihambaye cane kuri we, ni imihezagiro Yehova yamuha akongera akamukingira.

7. Twisunze Luka 21:20-24, abakirisu bo mu kinjana ca mbere baba i Yudaya bashikiwe n’ibintu bitoroshe ibihe?

7 Twisunze ayo majambo Dawidi yavuze, turashobora kubona igituma bihambaye ko tubona mu buryo bwiza ibintu vy’umubiri. Turashobora kunezererwa ibintu vyose vy’umubiri dutunze, ariko ntidukwiye kubishira imbere mu buzima bwacu. Ico kintu ni co abakirisu bo mu kinjana ca mbere baba i Yudaya bahavuye batahura. (Soma Luka 21:20-24.) Yezu yari yarababuriye ko hogeze igihe Yeruzalemu “[igakikuzwa] n’ingabo zishinze ikambi.” Ivyo bibaye bari guca “batangura guhungira mu misozi.” Naho guhunga vyotumye barokoka, vyotumye kandi batakaza ibintu vyinshi. Mu myaka iheze, Umunara w’Inderetsi wavuze uti: “Barataye amatongo hamwe n’amazu, eka mbere ntibakorakoranya utwo batunze ngo badukure mu nzu. Kubera ko bari bizigiye yuko Yehova abarinda kandi akabafata mu mugongo, barashize ugusenga kwiwe imbere y’ibindi bintu vyose vyoba vyaboneka ko bihambaye.”

8. Ni icigwa gihambaye ikihe twigira ku vyashikiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere baba i Yudaya?

8 None ni icigwa gihambaye ikihe twokwigira ku vyashikiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere baba i Yudaya? Wa Munara w’Inderetsi nyene duhejeje kuvuga, wagize uti: “Muri kazoza harashobora kuzoba ibintu bigerageza ukuntu tubona ibintu vy’umubiri; mbega bizoba ari vyo bihambaye kuruta, canke agakiza kazoshikira abari ku ruhande rw’Imana bose kazoba ari ko gahambaye kuruta? Ego ni ko, uguhunga kwacu gushobora kuzotuma dushikirwa n’amagume amwamwe tugire n’ivyo dutakaza. Dukwiye kuzoba twiteguriye gukora ico ari co cose bizosaba, nk’uko bagenzi bacu bo mu kinjana ca mbere bahunze bakava i Yudaya . . . babigize.” *

9. Impanuro intumwa Paulo yahaye Abaheburayo ikuremesha gute?

9 Woba ubona ingene bitoroheye abo bakirisu guheba ibintu nka vyose bari batunze maze bagatangura ubuzima bushasha? Bari bakeneye kwizera ko Yehova yobaronkeje ivya nkenerwa. Ariko rero, hariho ikintu cobafashije. Hasigaye imyaka itanu ngo Abaroma bakikuze Yeruzalemu, intumwa Paulo yarahaye Abaheburayo impanuro nziza igira iti: “Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera, mu gihe mubumbwa n’ibintu vy’iki gihe. Kuko yavuze iti: ‘Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.’ Ku buryo dushobora kugira umutima rugabo tukavuga duti: ‘Yehova ni umutabazi wanje; sinzotinya. Umuntu yongira iki?’” (Heb. 13:5, 6) Nta nkeka ko abafashe nka nkama iyo mpanuro ya Paulo, vyaboroheye kumenyera ubuzima buciye bugufi babayemwo iyo bari bahungiye. Barizigira badakeka ko Yehova yobaronkeje ivya nkenerwa. Iyo mpanuro ya Paulo, na twebwe iradukura amazinda ko dukwiye kwizigira yuko Imana izoturonsa ivya nkenerwa.

“IVYO BIRATUBUMBA”

10. Ni “akabanga” akahe Paulo atwibira?

10 Paulo yarahaye impanuro nk’iyo nyene Timoteyo, na twebwe tudasigaye inyuma. Yamubwiye ati: “Iyo rero dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.” (1 Tim. 6:8) None ivyo vyoba bisigura ko tudakwiye kurya neza, kuba ahantu heza, canke rimwe na rimwe tukagura impuzu nshasha? Ivyo si vyo Paulo yashatse kuvuga. Yashaka kuvuga ko dukwiye kubumbwa n’ivyo dufise, uko vyoba bingana kwose. (Flp. 4:12) Ako ni ko kari “akabanga” ka Paulo. Itunga rihambaye kuruta ibindi vyose dufise, ni ubucuti dufitaniye n’Imana, si ibintu vy’umubiri dufise.​—Hab. 3:17, 18.

Mu myaka 40 Abisirayeli bamaze mu gahinga, ‘nta kintu na kimwe babuze.’ Twoba natwe twobumbwa n’ivyo dufise ubu? (Raba ingingo ya 11) *

11. Ku bijanye no kubumbwa n’ivyo dufise, twigira iki ku vyo Musa yabwiye Abisirayeli?

11 Ukuntu tubona ivyo dukeneye, birashobora kuba bitandukanye n’ukuntu Yehova abibona. Raba ivyo Musa yabwiye Abisirayeli inyuma y’imyaka 40 bari bamaze mu gahinga. Yababwiye ati: “Kuko Yehova Imana yawe yaguhezagiye mu gikorwa cose c’ukuboko kwawe. Arazi neza igenda ryawe muri aka gahinga kanini. Iyi myaka mirongo ine Yehova Imana yawe yarabanye nawe. Nta kintu wabuze.” (Gus. 2:7) Muri iyo myaka 40, Yehova yararonkeje Abisirayeli manu. Impuzu zabo, zimwe nyene bari bavanye mu Misiri, ntizigeze zihera. (Gus. 8:3, 4) Naho Abisirayeli bamwebamwe bashobora kuba bariyumviriye ko ivyo bintu yabaronkeje bitari bikwiye, Musa yarabibukije ko baronse ivya nkenerwa vyose. Yehova azohimbarwa nitwiga kubumbwa n’ivyo dufise, tugakenguruka mbere n’ibintu biciye bugufi aturonsa, tukabibona nk’umuhezagiro tukongera tukabikenguruka.

NIWIZIGIRE KO YEHOVA AZOKWITWARARIKA

12. Ni igiki cerekana ko Dawidi yizigira Yehova aho kwiyizigira?

12 Dawidi yari azi ko Yehova adahemuka be n’uko yitwararika cane abamukunda. Naho ubuzima bwa Dawidi bwari mu kaga igihe yatunganya Zaburi ya 34, yarabona n’amaso y’ukwizera “umumarayika wa Yehova” akambitse “irya n’ino” yiwe. (Zab. 34:7) Dawidi ashobora kuba yariko agereranya umumarayika wa Yehova n’umusoda akambitse mu gahinga, aguma areretse aho umwansi yozanana. Naho Dawidi yari umurwanyi karuhariwe, kandi Yehova akaba yari yamusezeraniye kuzomugira umwami, ntiyihetse ku buhinga bwiwe bwo guteza ibuye umugozi canke bwo kurwanisha inkota kugira ngo atsinde umwansi. (1 Sam. 16:13; 24:12) Yarihetse ku Mana, yizigiye ko umumarayika w’Imana ‘akiza abayitinya.’ Ego ni ko, muri iki gihe ntitwiteze gukingirwa ku gitangaro. Ariko ico tuzi ni uko uwizigira Yehova ata kintu na kimwe kizomugirira nabi ibihe bidahera.

Muri ya makuba akomeye, ingabo za Gogi w’i Magogi zizogerageza gutera imihana yacu. Ariko turaremeshwa no kumenya ko Yezu n’abamarayika biwe bazoba babibona kandi ko bazodutabara (Raba ikiganiro c’ukwiga ca 1, ingingo ya 13)

13. Gogi w’i Magogi niyagaba igitero, ni kubera iki bizosa n’aho tutagira gitabara? Ariko ni kubera iki tutazoba dukwiye kugira ubwoba? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

13 Vuba, ibigeragezo tuzocamwo bizokwerekana nimba vy’ukuri twizigira ko Yehova ashoboye kudukingira. Gogi w’i Magogi, ni ukuvuga urunani rw’amahanga, niyatera abasavyi b’Imana, bizosa n’aho ubuzima bwacu buri mu kaga. Bizoba ngombwa ko twizigira ko Yehova ashoboye kuturokora, kandi ko azobikora. Ayo mahanga azobona ko tumeze nk’intama zitagira gitabara. (Ezk. 38:10-12) Nta kirwanisho tuzoba dufise, kandi ntituzoba tuzi no kurwana. Ayo mahanga azobona ko vyoroshe kudutera. Ntibazobona ivyo twebwe tuzoba tubonesha amaso y’ukwizera, ni ukuvuga isinzi ry’abamarayika bazoba bakambitse irya n’ino yacu, biteguriye kuturwanira. Wumva none bobabona gute kandi batagira amaso y’ukwizera? Bazotangara cane nibabona ingabo zo mw’ijuru zije kudutabara.​—Ivyah. 19:11, 14, 15.

NIWITEGURIRE KAZOZA UBU

14. Ni ibiki twokora ubu kugira ngo twitegurire kazoza?

14 None twokora iki ubu mu kwitegurira kazoza? Imbere ya vyose, turakeneye kubona mu buryo bwiza ibintu vy’umubiri, kuko umusi umwe tuzobisiga. Turakwiye kandi kubumbwa n’ivyo dufise, tukongera tukanezerezwa cane no kubona dufitaniye ubucuti bwiza na Yehova. Uko turushiriza kumenya Imana yacu, ni ko turushiriza kwizigira ko izodukingira Gogi w’i Magogi niyadutera.

15. Ni ibintu ibihe vyashikiye Dawidi akiri muto vyatumye yizigira ko Yehova atokwigeze amuhemukira?

15 Raba ikindi kintu cafashije Dawidi, kandi gishobora kudufasha natwe kwitegurira ibigeragezo. Dawidi yavuze ati: “Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe; hahiriwe umuntu w’umugabo ahungira muri we.” (Zab. 34:8) Ayo majambo aratwereka igituma Dawidi yizigira ko Yehova yomushigikiye. Akenshi Dawidi yariheka kuri Yehova, kandi Imana yiwe ntiyigeze imuhemukira. Igihe Dawidi yari akiri muto, yarahanganye na ca kigatanya c’Umufilisitiya Goliyati, akibwira ati: “Uyu musi Yehova aragutanga mu kuboko kwanje.” (1 Sam. 17:46) Mu nyuma, igihe Dawidi yakorera Umwami Sauli, Sauli yaragerageje kumwica incuro zitari nke. Ariko rero “Yehova yari kumwe na” Dawidi. (1 Sam. 18:12) Kubera ko Dawidi yari yariboneye ingene Yehova yamufashije muri kahise, vyatumye yizigira ko yomufashije no mu bigeragezo yarimwo.

16. Ni mu buryo butandukanye ubuhe ‘twohonja’ ku kumera neza kwa Yehova?

16 Uko turushiriza kwiheka kuri Yehova kugira ngo atuyobore muri iki gihe, ni ko turushiriza kwizigira ko azoturokora muri kazoza. Gusaba umukoresha wacu agakonji kugira ngo twitabe iteraniro canke ihwaniro, bisaba ukwizera no kwiheka kuri Yehova. Ni na ko bimeze igihe tumusaba kuduhindurira urutonde kugira ngo dushobore kwitaba amakoraniro yose twongere tumare umwanya wiyongereye mu ndimiro. Dufate ko umukoresha wacu avyanse maze bigatuma dutakaza akazi. Twoba twokwizera ko Yehova atazokwigera aduheba be n’uko azokwama aturonsa ivya nkenerwa? (Heb. 13:5) Abenshi mu bari mu murimo w’igihe cose, barashobora kutwiganira ivyo biboneye vyerekana ingene Yehova yabaserutseko, igihe nyene bari bakeneye ko abafasha. Yehova ni umwizigirwa.

17. Icanditswe c’umwaka wa 2022 ni ikihe, kandi kubera iki kibereye?

17 Kubera ko Yehova ari ku ruhande rwacu, nta mvo n’imwe dufise yo gutinya ibizoshika muri kazoza. Igihe cose tuzoba turiko turashira imbere ivyungura Ubwami, Imana yacu ntizokwigera iduheba. Kugira ngo Inama Nyobozi itwibutse ko bihambaye ko twitegurira ibihe bigoye vyimirije gushika be n’uko dukwiye kwizigira ko Yehova atazokwigera aduheba, yahisemwo Zaburi ya 34:10 ngo ibe icanditswe c’umwaka wa 2022, ikaba igira iti: ‘Abarondera Yehova, nta kintu ciza bazobura.’

URURIRIMBO RWA 38 Imana izogukomeza

^ ing. 5 Icanditswe c’umwaka wa 2022 cakuwe muri Zaburi 34:10, kikaba kigira giti: ‘Abarondera Yehova, nta kintu ciza bazobura.’ Abenshi mu basavyi ba Yehova b’intahemuka, usanga ata bintu vyinshi batunze. Ni mu buryo ki none twovuga ko ‘ata ciza na kimwe babura’? Vyongeye, gutahura insobanuro y’uwo murongo bishobora gute kudufasha kwitegurira ibihe bitoroshe biri imbere?

^ ing. 4 Raba “Ibibazo vy’abasomyi,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nyakanga 2014.

^ ing. 8 Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 1999, rup. 26.

^ ing. 54 INSOBANURO Y’ISHUSHO: N’igihe Dawidi yari yahungiye mw’isenga ngo Umwami Sauli ntamwice, yagumye akenguruka ivyo Yehova yamuronsa.

^ ing. 56 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Abisirayeli bamaze kuva mu Misiri, Yehova yarabaronkeje manu yongera atuma impuzu zabo zidahera.