Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 4

Igituma twitaba Icibutso

Igituma twitaba Icibutso

“Muragume mugira ibi mu kunyibuka.”​—LUKA 22:19.

URURIRIMBO RWA 20 Watanze ca kinege cawe

INCAMAKE *

1-2. (a) Ni ryari canecane twibuka uwacu yapfuye? (b) Yezu yatanguje iki mw’ijoro ry’imbere y’uko apfa?

NAHO hoba haciye igihe kingana gute tubuze abacu, tuguma tubibuka. Igihe itariki bapfiriyeko ishitse ni ho canecane twibuka vyinshi ku biberekeye.

2 Buri mwaka, abantu amamiliyoni kw’isi yose turahurira hamwe kugira twibuke urupfu rw’umuntu dukunda cane, ari we Yezu Kristu. (1 Pet. 1:8) Turahurira hamwe kugira twibuke uwahevye ubuzima bwiwe akadutangira incungu kugira adukize igicumuro n’urupfu. (Mat. 20:28) Nkako, Yezu yashaka ko abayoboke biwe bibuka urupfu rwiwe. Mw’ijoro ry’imbere y’uko apfa, yaratanguje imfungurwa zo ku mugoroba zidasanzwe, aca ategeka ati: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.” *​—Luka 22:19.

3. Ni ibiki tugiye kurimbura muri iki kiganiro?

3 Hari abantu bakeyi mu bitaba Icibutso c’urupfu rwa Kristu bafise icizigiro co kuba mw’ijuru. Ariko n’abandi bantu amamiliyoni bafise icizigiro co kuba kw’isi ni ho baba bari. Muri iki kiganiro, turaza kurimbura igituma iyo migwi yompi yama ishashaye kwitaba Icibutso buri mwaka. Turaza kandi kubona akamaro ko kwitaba Icibutso. Reka duhere ku kurimbura imvo zimwezimwe zituma abarobanuwe bitaba Icibutso.

IGITUMA ABAROBANUWE BITABA ICIBUTSO

4. Ni kubera iki ku Cibutso abarobanuwe bihereza ku mukate no ku muvinyu?

4 Buri mwaka ku Cibutso, abarobanuwe barihereza ku mukate no ku muvinyu. Kubera iki bibereye ko bihereza kuri ivyo bimenyetso? Kugira turonke inyishu, reka turimbure ivyabaye mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaze ng’aha kw’isi. Bahejeje gufungura imfungurwa za Pasika, Yezu yaratanguje ihimbazwa ryahavuye ryitwa Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Yarahereje umukate n’umuvinyu intumwa ziwe z’intahemuka 11 maze ababwira ngo barye bongere banywe. Yezu yarababwiye ivyerekeye amasezerano abiri, ni ukuvuga isezerano rishasha n’isezerano ry’Ubwami. * (Luka 22:19, 20, 28-30) Ayo masezerano yaratumye bishoboka ko izo ntumwa n’abandi bantu bakeyi batorwa ngo babe abami n’abaherezi mw’ijuru. (Ivyah. 5:10; 14:1) Amasigarira y’abarobanuwe * bari muri ayo masezerano abiri ni bo bonyene bihereza ku mukate n’umuvinyu ku Cibutso.

5. Ni ibiki abarobanuwe bazi ku bijanye n’icizigiro cabo?

5 Iyindi mvo ituma abarobanuwe bitaba Icibutso ni uko kibaronsa akaryo ko kuzirikana ku cizigiro cabo. Yehova yarabahaye icizigiro ciza cane co kuba mw’ijuru bafise umubiri udapfa kandi utabora. Bazoganza bari kumwe na Yezu Kristu uwazuwe be n’abagenzi babo bo muri bamwe 144.000. N’ikiruta vyose, bazokwibonera Yehova n’amaso yabo bwite. (1 Kor. 15:51-53; 1 Yoh. 3:2) Abarobanuwe barazi yuko batewe agateka ko kwironkera ivyo vyiza mw’ijuru. Ariko kugira babishikeko, bategerezwa kuguma ari intahemuka gushika ku rupfu. (2 Tim. 4:7, 8) Igihe abarobanuwe bazirikanye ku cizigiro bafise co kuzoba mw’ijuru, baragira umunezero mwinshi. (Tito 2:13) Tuvuge iki ku vyerekeye “izindi ntama”? (Yoh. 10:16) Ni imvo zimwezimwe izihe zituma bitaba Icibutso?

IGITUMA ABO MU ZINDI NTAMA BITABA ICIBUTSO

6. Kubera iki abo mu zindi ntama bitaba Icibutso?

6 Naho abo mu zindi ntama badafata ku mukate n’umuvinyu, barahimbarwa no kuba bahari nk’abarorerezi. Mu 1938, abafise icizigiro co kuba kw’isi baratumiwe ari bwo bwa mbere kwitaba Icibutso. Umunara wo ku wa 1 Ntwarante 1938 wavuze uti: “Bizoba ari vyiza cane ko [abo mu zindi ntama] bitaba ikoraniro nk’iri kugira barabe ibihabera. . . . Gikwiye kubabera ikiringo giteye umunezero kandi ni ko kiri koko.” Nka kurya abatumiwe ku rubanza rw’ubugeni bahimbarwa no kuba bahari, abo mu zindi ntama barahimbarwa no kwitaba Icibutso ari abarorerezi.

7. Kubera iki abo mu zindi ntama baba bashashaye kwumviriza insiguro y’Icibutso?

7 Abo mu zindi ntama na bo nyene barazirikana ku cizigiro cabo. Baba bashashaye kwumviriza insiguro y’Icibutso kubera ko ishimika ku vyo Kristu na bamwe 144.000 bazofadikanya na we kuganza bazokorera abantu b’intahemuka muri ya Ngoma y’imyaka igihumbi. Bayobowe n’Umwami wabo Yezu Kristu, abo bazoba bari mw’ijuru bazofasha mu guhindura isi iparadizo no mu gutuma abantu baba abatunganye. Ese ukuntu abantu amamiliyoni bitaba Icibutso ari abarorerezi bahimbarwa igihe bariko barazirikana ukuntu ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buzoranguka, nk’ubwo dusanga muri Yesaya 35:5, 6; 65:21-23; no mu Vyahishuwe 21:3, 4. Igihe bihaye ishusho bari mw’isi nshasha bari kumwe n’abo bikundira, birakomeza icizigiro cabo ca kazoza hamwe n’umwiyemezo bafise wo kuguma bakorera Yehova.​—Mat. 24:13; Gal. 6:9.

8. Ni iyindi mvo iyihe ituma abo mu zindi ntama bitaba Icibutso?

8 Rimbura iyindi mvo ituma abo mu zindi ntama bitaba Icibutso. Bipfuza kwereka abarobanuwe ko babakunda kandi ko babashigikiye. Ijambo ry’Imana ryari ryaravuze ko abarobanuwe hamwe n’abafise icizigiro co kuba kw’isi bokoranye bunze ubumwe. Uti gute? Reka turabe uburorero bukeyi.

9. Twisunze ibivugwa mu buhanuzi buri muri Zekariya 8:23, abo mu zindi ntama babona gute abarobanuwe?

9 Soma Zekariya 8:23. Ubu buhanuzi burerekana mu buryo bukora ku mutima ukuntu abo mu zindi ntama babona abarobanuwe. Imvugo ngo “Umuyuda” na “namwe” zerekeza ku mugwi umwe w’amasigarira y’abarobanuwe bakiri kw’isi. (Rom. 2:28, 29) “Abantu cumi bo mu ndimi zose z’amahanga” bagereranya abo mu zindi ntama. ‘Barafata koko’ abarobanuwe, ni ukuvuga barifatanya na bo badahemuka mu gusenga gutyoroye. Ku bw’ivyo, ku mugoroba w’Icibutso, abo mu zindi ntama baba bahari kugira berekane ko bashigikiye abarobanuwe.

10. Yehova yashikije gute ubuhanuzi buri muri Ezekiyeli 37:15-19, 24, 25?

10 Soma Ezekiyeli 37:15-19, 24, 25. Yehova yarashikije ubu buhanuzi mu gutuma abarobanuwe hamwe n’abo mu zindi ntama bakorana mu bumwe. Ubu buhanuzi buvuga ivy’udukoni tubiri. Agakoni “ka Yuda” ni ukuvuga umuryango abami ba Isirayeli bakomokamwo, kagereranya abafise icizigiro co kuba mw’ijuru. Agakoni “ka Efurayimu” * na ko kagereranya abafise icizigiro co kuba kw’isi. Yehova yoshize hamwe iyo migwi ibiri ikaba “agakoni kamwe.” Ivyo bisobanura ko iyo migwi yompi ikorera Umwami wayo Yezu Kristu yunze ubumwe. Buri mwaka, abarobanuwe n’abo mu zindi ntama baritaba Icibutso atari imigwi ibiri itandukanye, ahubwo ari “ubusho bumwe” buyobowe n’“umwungere umwe.”​—Yoh. 10:16.

11. Ni mu buryo nyamukuru ubuhe abagereranya “intama” bavugwa muri Matayo 25:31-36, 40 bashigikira benewabo na Kristu?

11 Soma Matayo 25:31-36, 40. Muri iki kigereranyo, “intama” zigereranya abagororotsi bo muri iki gihe c’iherezo bafise icizigiro co kuba kw’isi, ari na bo bagize izindi ntama. Barashigikira badahemuka benewabo na Kristu bakiri ng’aha kw’isi. Ivyo babigira canecane mu kubafasha kurangura igikorwa amahero bashinzwe co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa kw’isi yose.​—Mat. 24:14; 28:19, 20.

12-13. Ni mu bundi buryo ubuhe abo mu zindi ntama bashigikira benewabo na Kristu?

12 Buri mwaka kw’isi yose, mu ndwi z’imbere y’Icibutso abo mu zindi ntama barashigikira benewabo na Kristu mu kugira uruhara mw’isekeza ryo gutumira abantu ku Cibutso. (Raba uruzitiro ruvuga ngo  Woba uriko uritegurira ikiringo c’Icibutso?”) Vyongeye, barategura ibikenewe vyose ku bw’Icibutso mu mashengero yose ari hirya no hino kw’isi naho mu mashengero menshi usanga ata bihereza ku bimenyetso baba bahari. Abo mu zindi ntama barahimbarwa no gushigikira benewabo na Kristu muri ubwo buryo. Abo bavukanyi barazi yuko Yezu abona ko ivyo bagirira abarobanuwe ari nk’aho baba babimugiriye we ubwiwe.​—Mat. 25:37-40.

13 Twaba dufise icizigiro ikihe, ni izindi mvo izihe zituma twese twitaba Icibutso?

IGITUMA TWESE TWITABA ICIBUTSO

14. Ni gute Yehova na Yezu batugaragarije urukundo rudasanzwe?

14 Turakenguruka urukundo Yehova na Yezu batugaragarije. Yehova yaratugaragarije urukundo mu buryo bwinshi, ariko hariho bumwe buhambaye kuruta ubundi. Yaratweretse urukundo ruzira ubwikunzi mu kurungika Umwana wiwe akunda cane kugira ababazwe yongere adupfire. (Yoh. 3:16) Turatahura ko Yezu yatugaragarije urukundo rudasanzwe mu kwemera abikunze gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu. (Yoh. 15:13) Ntitwokwigera turonka ico twishura Yehova na Yezu ku rukundo batugaragarije. Yamara turashobora kwerekana ko dukenguruka mu kuntu dukoresha ubuzima bwacu buri musi. (Kol. 3:15) Vyongeye, turitaba Icibutso kugira twibuke urukundo batugaragarije twongere tubereke natwe ko tubakunda.

15. Kubera iki abarobanuwe n’abo mu zindi ntama bakenguruka cane incungu?

15 Turaha agaciro cane ingabire y’incungu. (Mat. 20:28) Abarobanuwe baraha agaciro cane incungu kubera ko ituma icizigiro cabo gishoboka. Kubera ko bizera incungu ya Kristu, Yehova abona ko ari abagororotsi kandi akabafata nk’abana biwe. (Rom. 5:1; 8:15-17, 23) Abo mu zindi ntama na bo nyene barakenguruka incungu. Kubera ko bizera incungu ya Kristu, Yehova abona ko badahumanye kandi barashobora kumukorera igikorwa ceranda bakagira n’icizigiro co kurokoka “muri ya makuba akomeye.” (Ivyah. 7:13-15) Uburyo abarobanuwe n’abo mu zindi ntama bagaragaza ko bakenguruka incungu ni mu kwitaba Icibutso buri mwaka.

16. Ni iyindi mvo iyihe ituma twitaba Icibutso?

16 Iyindi mvo ituma twitaba Icibutso ni uko twipfuza kugamburukira Yezu. Twaba dufise icizigiro ikihe, umwe wese muri twebwe aragamburuka itegeko Yezu yatanze muri rya joro yatanguza Icibutso. Yavuze ati: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.”​—1 Kor. 11:23, 24.

INGENE KWITABA ICIBUTSO BITUGIRIRA AKAMARO

17. Icibutso kidufasha gute kwiyegereza Yehova?

17 Turiyegereza Yehova. (Yak. 4:8) Nk’uko duhejeje kubibona, Icibutso kiraturonsa akaryo ko kuzirikana ku cizigiro Yehova yaduhaye no ku rukundo rudasanzwe yatugaragarije. (Yer. 29:11; 1 Yoh. 4:8-10) Igihe tuzirikanye ku cizigiro ntakekeranywa dufise no ku rukundo rutananirwa rwa Yehova, biratuma turushiriza kumukunda kandi ubucuti dufitaniye na we bugakomera.​—Rom. 8:38, 39.

18. Kuzirikana ku karorero ka Yezu bituma twipfuza gukora iki?

18 Turagira icipfuzo co kwigana Yezu. (1 Pet. 2:21) Mu misi y’imbere y’Icibutso, turasoma cane inkuru zo muri Bibiliya zivuga ivyabaye mu ndwi ya nyuma Yezu yamaze kw’isi, izerekeye urupfu rwiwe n’izuka ryiwe. Ku mugoroba w’Icibutso na ho, insiguro iratwibutsa urukundo Yezu yatugaragarije. (Ef. 5:2; 1 Yoh. 3:16) Iyo dusomye ivyerekeye akarorero ka Yezu ko kwitanga tukongera tukabizirikanako, turumva twipfuje “kubandanya [ku]genda nk’uko uyo na we yagenda.”​—1 Yoh. 2:6.

19. Dushobora gute kwigumiza mu rukundo rw’Imana?

19 Turakomeza umwiyemezo wacu wo kuguma mu rukundo rw’Imana. (Yuda 20, 21) Twigumiza mu rukundo rw’Imana mu gukora ivyo dushoboye vyose ngo tuyigamburukire, tukeza izina ryayo kandi tukanezereza umutima wayo. (Imig. 27:11; Mat. 6:9; 1 Yoh. 5:3) Kwitaba Icibutso biradufasha gukomeza umwiyemezo dufise wo gukoresha neza ubuzima bwacu buri musi, nk’aho twoba turiko tubwira Yehova duti: ‘Nipfuza kwigumiza mu rukundo rwawe ibihe vyose!’

20. Ni imvo zumvikana izihe zituma twitaba Icibutso?

20 Twaba dufise icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’ijuru canke kw’isi, turafise imvo zumvikana zituma twitaba Icibutso. Buri mwaka, igihe dukoraniye hamwe kuri uwo musi, turibuka urupfu rw’umuntu dukunda cane ari we Yezu Kristu. N’ikiruta vyose, turibuka ikintu kiranga urukundo rudasanzwe Yehova yadukoreye ni ukuvuga kuba yaratanze Umwana wiwe ngo atubere incungu. Muri uwu mwaka, Icibutso kizoba ku mugoroba wo ku wa gatanu, itariki 15 Ndamukiza 2022. Turakunda Yehova n’Umwana wiwe. Rero ku musi wo kwibuka urupfu rwa Yezu, nta coza kiturutira kwitaba ivyo birori.

URURIRIMBO RWA 16 Shemeza Ya ku bw’Umwana wiwe yarobanuwe

^ ing. 5 Twaba dufise icizigiro co kuzoba mw’ijuru canke mw’iparadizo ng’aha kw’isi, buri mwaka twama dushashaye kwitaba Icibutso. Muri iki kiganiro, turaza kubona imvo zumvikana zishingiye ku Vyanditswe zituma twitaba Icibutso hamwe n’akamaro ko kucitaba.

^ ing. 2 Ayo majambo yahinduwe kandi ngo “Murakore murtya kugira ngo kibe icibutso canje” (Bibiliya Yera) be na “Ivyo murabigire munyibuka” (Ubwuzure Bushasha).

^ ing. 4 Wipfuza ayandi makuru ku vyerekeye isezerano rishasha be n’isezerano ry’Ubwami, nurabe ikiganiro kivuga ngo “Muzoba ‘ubwami bw’abaherezi’” co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 2014, rup. 15-17.

^ ing. 4 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Ijambo amasigarira ryerekeza ku bakirisu barobanuwe bakiri kw’isi.

^ ing. 10 Kugira umenye ayandi makuru yerekeye ubuhanuzi bw’udukoni tubiri buvugwa muri Ezekiyeli ikigabane ca 37, raba Umunara w’Inderetsi wo muri Mukakaro 2016, rup. 31-32.