Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 3

Ivyo twigira ku mosozi ya Yezu

Ivyo twigira ku mosozi ya Yezu

“Yezu arakorora amosozi.”​—YOH. 11:35.

URURIRIMBO RWA 17 “Ndabishaka”

INCAMAKE *

1-3. Ni ibintu ibihe bishobora gutuma abasavyi b’Imana bakorora amosozi?

NI RYARI uheruka kurira? Rimwe na rimwe, turakorora amosozi y’umunezero. Ariko rero, akenshi usanga turira kubera intuntu tuba dufise ku mutima. Nk’akarorero, twoshobora kurira igihe tubuze uwacu. Mushiki wacu umwe wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yitwa Lorilei yanditse ati: “Vyarashika nkagira intuntu ikomeye yo kuba narabuze umukobwa wanje, gushika n’aho numva ko ata na kimwe cari gushobora kumpumuriza. Muri ivyo bihe, naribaza nimba hogeze igihe umutima wanje ukaremuruka.” *

2 Hariho izindi mvo zoshobora gutuma dukorora amosozi. Mushiki wacu umwe w’umutsimvyi yitwa Hiromi wo mu Buyapani, yavuze ati: “Birashika ngacika intege iyo abo mbwiye inkuru nziza batavyakiriye neza. Rimwe na rimwe, ndasaba Yehova ndiko ndarira ngo amfashe guhura n’umuntu yoshimishwa n’ukuri.”

3 Vyoba nawe bigushikira ukiyumva nk’abo bashiki bacu duhejeje kuvuga? Abenshi biradushikira. (1 Pet. 5:9) Naho twipfuza ‘gukorera Yehova tunezerewe,’ dushobora kuba turiko turamukorera turira kubera intuntu, ugucika intege, canke ikindi kintu kigerageza ukudahemuka kwacu. (Zab. 6:6; 100:2) None twovyifatamwo gute igihe tumerewe gutyo?

4. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

4 Turashobora kugira ivyo twigiye ku karorero ka Yezu. Rimwe na rimwe, na we nyene yaragira umubabaro ukomeye gushika n’aho ‘akorora amosozi.’ (Yoh. 11:35; Luka 19:41; 22:44; Heb. 5:7) Nimuze turabe ivyo bihe Yezu yakoroye amosozi. Uko tuvyihweza, turaza kubona ivyigwa twohigira. Turaza no kubona ingene twovyifatamwo neza mu bintu bituma dukorora amosozi.

AMOSOZI YAKOROYE KU BW’ABAKUNZI BIWE

Nushigikire ababuze ababo, nk’uko Yezu yabigize (Raba ingingo ya 5-9) *

5. Inkuru dusanga muri Yohani 11:32-36, itwigisha iki ku bijanye na Yezu?

5 Mu rushana rwo mu 32 inyuma ya Kristu, Lazaro umugenzi somambike wa Yezu yararwaye hanyuma arapfa. (Yoh. 11:3, 14) Lazaro yari afise bashikiwe babiri, Mariya na Marita, kandi Yezu yarakunda cane uwo muryango. Igihe abo bagore babura musaza wabo, baratuntuye cane. Inyuma y’urupfu rwa Lazaro, Yezu yaragiye mu gisagara c’i Betaniya, aho Mariya na Marita baba. Igihe Marita yumva ko Yezu yariko araza, yaciye anyaruka kumusanganira. Iyumvire intuntu yari afise igihe yabwira Yezu ati: “Mukama, iyo uza kuba wari hano musazanje ntiyari gupfa.” (Yoh. 11:21) Gatoyi inyuma y’aho, igihe Yezu yabona Mariya be n’abandi bariko bararira, ‘yaciye akorora amosozi.’​—Soma Yohani 11:32-36.

6. Kubera iki Yezu yarize igihe Lazaro yapfa?

6 Kubera iki ico gihe Yezu yarize? Igitabu Étude perspicace des Écritures kivuga giti: “Urupfu rw’umugenzi wiwe Lazaro be n’intuntu rwateye bashikiwe vyaratumye Yezu ‘aniha yongera arakorora amosozi.’” * Yezu ashobora kuba yariko yiyumvira ububabare umugenzi wiwe Lazaro yagize igihe yari arwaye, n’ingene yumvise amerewe igihe yabona ko yari agiye gupfa. Nta gukeka kandi ko Yezu yarijijwe no kubona ingene Mariya na Marita bari batuntujwe n’urupfu rwa musaza wabo. Nimba warabuze incuti canke umugenzi somambike, nta gukeka ko nawe warize nka Yezu. Reka turabe ivyigwa bitatu wokwigira ku mosozi yakoroye ico gihe.

7. Amosozi Yezu yakoroye ku bw’abakunzi biwe atwigisha iki ku bijanye na Yehova?

7 Yehova aratahura ingene wiyumva. Yezu ni “ishusho nyayo” ya Se wiwe. (Heb. 1:3) Igihe Yezu yarira, yari aseruye ukuntu Yehova amererwa iyo umuntu apfuye. (Yoh. 14:9) Nimba utuntujwe no kubura uwawe, numenye neza ko Yehova atabona gusa intuntu ufise, mugabo kandi ko musangiye umubabaro. Aripfuza gukiza umutima wawe ujanjaguritse.​—Zab. 34:18; 147:3.

8. Kubera iki twizigira tudakeka ko Yezu azozura abacu bapfuye?

8 Yezu aripfuza kuzura abawe bapfuye. Gatoyi imbere y’uko Yezu arira, yahumurije Marita ati: “Musazawe arazuka.” Marita yaremeye ivyo Yezu yari amubwiye. (Yoh. 11:23-27) Kubera ko Marita yari umusavyi wa Yehova w’umwizigirwa, nta nkeka ko yari azi ko imyaka amajana imbere y’aho hariho abantu bari barazuwe n’umuhanuzi Eliya na Elisha. (1 Abm. 17:17-24; 2 Abm. 4:32-37) Vyongeye, ashobora kuba yari yarumvise ivyerekeye abantu Yezu yari yarazuye imbere y’aho. (Luka 7:11-15; 8:41, 42, 49-56) Na wewe urashobora kwizigira udakeka ko uzosubira kubona abawe bapfuye. Amosozi Yezu yakoroye igihe yariko araremesha abagenzi biwe bari batuntuye, ni ikimenyamenya c’uko ashashaye kuzura abapfuye.

9. Twokwigana Yezu gute mu gushigikira abatuntuye? Tanga akarorero.

9 Urashobora gushigikira abatuntuye. Yezu ntiyariranye gusa na Mariya na Marita, mugabo kandi yarabumvirije yongera arabahumuriza. Natwe turashobora kuremesha abatuntuye. Umukurambere umwe yitwa Dan wo muri Ostraliya, avuga ati: “Igihe nabura umugore wanje, nari nkeneye abonshigikira. Hari abubakanye batari bake bitanze ijoro n’umurango kugira gusa bantege ugutwi. Barandetse ndarira, kandi ntibigeze babibona nabi. Baramfashije n’ibindi bikorwa, nko kunyogereza imodoka, kuja kunsumira, no kuntegurira udufungurwa igihe ntaba nshoboye kwikorera ivyo bikorwa. Vyongeye, akenshi barasenga turi kumwe. Barambereye abagenzi nyakuri be n’abo tuvukana ‘bavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa’.”​—Imig. 17:17.

AMOSOZI YAKOROYE KU BWA BAGENZIWE

10. Niwigane inkuru ivugwa muri Luka 19:36-40.

10 Yezu yashitse i Yeruzalemu ku wa 9 Nisani mu 33. Igihe yari yegereje ico gisagara, abantu isinzi barashwabadutse maze bamusasira impuzu zabo mu nzira kugira berekane ko bemera yuko ari Umwami wabo. Emwe, cari igihe giteye umunezero koko! (Soma Luka 19:36-40.) Abigishwa biwe rero bashobora kuba batari biteze ivyaciye bikurikira. Bibiliya ivuga iti: “[Yezu] yegereye Yeruzalemu, abona ico gisagara arakiririra.” Yezu yamenyesheje ivyago vyoshikiye abantu b’i Yeruzalemu ariko ararira.​—Luka 19:41-44.

11. Kubera iki Yezu yaririye abantu b’i Yeruzalemu?

11 Icatumye Yezu agira umubabaro mu mutima ni uko yari azi ko naho bariko baramusanganira, Abayuda muri rusangi bari baramaze kwerekana ko batokwakiriye neza ubutumwa bw’Ubwami. Ivyo vyotumye Yeruzalemu isangangurwa, Abayuda borokotse na bo bakajanwa mu bunyagano. (Luka 21:20-24) Ikibabaje, nk’uko nyene Yezu yari yarabivuze, abenshi baramwiyamirije. Aho ubaye, abantu muri rusangi bakira gute ubutumwa bw’Ubwami? Nimba bakeyi ari bo bakira ukuri, wokwigira iki ku mosozi ya Yezu? Raba ibindi vyigwa bitatu wohigira.

12. Amosozi Yezu yakoroye ku bwa bagenziwe atwigisha iki ku vyerekeye Yehova?

12 Yehova aritwararika abantu. Amosozi ya Yezu aratwibutsa ingene Yehova yitwararika cane abantu. “[Nta]shaka ko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashika ku kwigaya.” (2 Pet. 3:9) Muri iki gihe, turerekana ko dukunda bagenzi bacu mu kubandanya tugira akigoro ko kubabwira inkuru nziza y’Ubwami.​—Mat. 22:39.

Nuhindure urutonde rwawe rwo kwamamaza, nk’uko Yezu yabigize (Raba ingingo ya 13-14) *

13-14. Yezu yagaragarije gute abantu impuhwe, kandi natwe twozigaragaza gute?

13 Yezu yamamaza abigiranye umwete. Yarerekanye ko akunda abantu mu kuguma abigisha igihe cose haba habonetse akaryo. (Luka 19:47, 48) None ni igiki catuma yitanga gutyo? Yezu yarabumvira impuhwe. Rimwe na rimwe abantu isinzi baripfuza kwumviriza Yezu, ku buryo we hamwe n’abigishwa biwe ‘batashobora no gufungura.’ (Mrk. 3:20) Vyarashitse mbere aritanga mw’ijoro, ukaba wari umwanya worohereza umwe mu bipfuza kuganira na we. (Yoh. 3:1, 2) Abenshi mu batanguye kwumviriza Yezu ntibacitse abigishwa biwe. Ariko abamwumvirije bose bararonse intahe inogangije. No muri iki gihe, twipfuza kuronsa abantu bose akaryo ko kwumva inkuru nziza. (Ivyak. 10:42) Kugira tubishikeko, birashobora kuba ngombwa ko duhindura uburyo twamamaza.

14 Niwemere kugira ivyo uhinduye. Hamwe tutoza turahindura umwanya tugirako mu ndimiro, ntivyokunda ko dushikira abantu bipfuza kwakira inkuru nziza. Umutsimvyi yitwa Matilda avuga ati: “Twe n’umugabo wanje turagerageza kurondera abantu mu bihe bitandukanye. Mu gatondo ka kare, twamamaza mu cibare gikorerwamwo ubudandaji. Sasita na ho, kubera ko abantu benshi baba bari mw’ibarabara duca twamamaza ku mugaragaro. Ku mugoroba na ho, duca dusanga abantu ku mihana yabo kubera ari ho baboneka.” Aho kuguma twumiye ku rutonde rutworohereza, turakwiye kwemera kugira ivyo duhinduye kugira ngo twamamaze ku gihe dushobora kuronka abantu. Nitwabigira, nta nkeka ko bizohimbara Yehova.

AMOSOZI YAKOROYE KU BW’IZINA RYA SE

Nutakambire Yehova igihe uhagaritse umutima, nk’uko Yezu yabigize (Raba ingingo ya 15-17) *

15. Twisunze Luka 22:39-44, ni ibiki vyabaye mw’ijoro rya nyuma buca Yezu apfa?

15 Mw’ijoro ryo ku wa 14 Nisani mu 33, Yezu yaragiye mw’itongo ry’i Getsemani. Ari ng’aho, yarasukiye Yehova ivyari ku mutima. (Soma Luka 22:39-44.) Muri ico gihe kitari coroshe, ni ho Yezu yatakambira Yehova “hariko n’amaborogo akomeye be n’amosozi.” (Heb. 5:7) None ni igiki Yezu yasenze asaba muri iryo joro rya nyuma buca apfa? Yasavye Yehova ngo amuhe inkomezi kugira agume ari intahemuka kuri we yongere akore ivyo agomba. Muri iryo sengesho, Yehova yarumvise umubabaro Umwana wiwe yari afise aca amurungikira umumarayika kugira amukomeze.

16. Kubera iki Yezu yahagaritse umutima igihe yariko arasenga ari mw’itongo ry’i Getsemani?

16 Nta nkeka ko icatumye Yezu arira igihe yariko arasenga ari mw’itongo ry’ i Getsemani, ari uko yari ahagaritswe umutima no kubona abantu bomufashe nk’uwarogose kw’izina ry’Imana. Yari azi kandi n’ibanga rihambaye yari afise ryo kuburanira izina rya Se. Nimba nawe uriko uraca mu bintu bigerageza ukwizera kwawe, wokwigira iki kuri ayo mosozi ya Yezu? Raba ibindi vyigwa bitatu wohigira.

17. Kubona Yehova yarishuye ugutakamba kwa Yezu bitwigisha iki?

17 Yehova arumva ugutakamba kwawe. Yehova yarumvirije ugutakamba kwa Yezu. Kubera iki? Kubera ko ikintu nyamukuru cari kiraje ishinga Yezu, kwari ukuguma ari intahemuka kuri Se wiwe no kuburanira izina ryiwe. Nimba natwe ikintu nyamukuru kituraje ishinga ari ukuguma turi intahemuka kuri Yehova no kuburanira izina ryiwe, azokwishura amasengesho tumutura tumusaba ngo adufashe.​—Zab. 145:18, 19.

18. Ni mu buryo ubuhe Yezu ameze nk’umugenzi adutahura?

18 Yezu aratahura ingene umerewe. Igihe dufise intuntu, turahimbarwa iyo turemeshejwe n’umugenzi adutahura, na canecane uwuba yarashikiwe n’ingorane tuba turiko turacamwo. Yezu ni umugenzi ameze gutyo nyene. Arazi ico ari co kugira intege nke no gukenera gufashwa. Aratahura uko tumeze, kandi nta co atazokora ngo turonke imfashanyo “ku gihe nyaco.” (Heb. 4:15, 16) Nk’uko nyene Yezu yemeye gufashwa n’umumarayika igihe yari mw’itongo ry’i Getsemani, na twebwe turakwiye kwemera gufashwa na Yehova, vyaba biciye ku gitabu, kw’ividewo, ku nsiguro canke ku mukurambere canke umugenzi ahumuye yotugendera kugira aturemeshe.

19. Igihe uri mu bintu bigerageza ukudahemuka kwawe, ni igiki cotuma usubira kugira inkomezi? Tanga akarorero.

19 Yehova azokuronsa ‘amahoro yiwe.’ Yehova azodukomeza gute? Nitwasenga tuzoronka “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.” (Flp. 4:6, 7) Amahoro Yehova aturonsa atuma umutima wacu utekana, akongera agatuma tudata umutwe. Ivyo nyene ni vyo vyashikiye mushiki wacu yitwa Luz. Avuga ati: “Akenshi ndumva ko mfise irungu. Rimwe na rimwe, ivyo biratuma niyumvira ko Yehova atankunda. Ariko iyo bishitse, nca nihutira kubwira Yehova uko niyumva. Gusenga biratuma nsubirana.” Ivyo vyamushikiye biratwereka ko isengesho rishobora gutuma tugira amahoro.

20. Ni ivyigwa ibihe twakuye ku mosozi ya Yezu?

20 Emwe, amosozi ya Yezu turayigirako ivyigwa bihumuriza kandi ngirakamaro. Yatwibukije ko dukwiye gushigikira abagenzi bacu babuze ababo no kwizigira ko Yehova na Yezu bazodushigikira nivyashika tukabura uwacu. Yaturemesheje kandi kwamamaza no kwigisha tubigiranye impuhwe kubera ko Yehova Imana na Yezu Kristu na bo nyene ari abanyempuhwe. Vyongeye, yatumye duhumurizwa no kumenya ko Yehova n’Umwana wiwe yikundira batahura uko tumerewe, bagatahura ubugoyagoye bwacu, kandi ko bipfuza kudufasha kwihangana. Nimuze tubandanye gushira mu ngiro ivyo vyigwa, gushika igihe Yehova azoshitsa umuhango ukora ku mutima yaduhaye wo ‘guhanagura amosozi yose ku maso yacu.’​—Ivyah. 21:4.

URURIRIMBO RWA 120 Twigane ubwitonzi bwa Kristu

^ ing. 5 Rimwe na rimwe, Yezu yaragira umubabaro ukomeye gushika n’aho akorora amosozi. Muri iki kiganiro, turaza kubona ibiringo bitatu Yezu yakoroye amosozi be n’ivyigwa tuhigira.

^ ing. 1 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 6 Raba igitabu Étude perspicace des Écritures, Igitabu ca 2, rup. 34.

^ ing. 57 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yezu yarahumurije Mariya na Marita. Na twebwe turashobora guhumuriza ababuze ababo.

^ ing. 59 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yezu abigiranye umutima ukunze yarigishije Nikodemu mw’ijoro. Na twebwe turakwiye kwigisha Bibiliya abantu ku mwanya uborohereza.

^ ing. 61 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yezu yarasenze asaba inkomezi kugira agume ari intahemuka kuri Yehova. Na twebwe turakwiye kubigenza gutyo nyene igihe turi mu kigeragezo.